Ingene Incungu idukiza
“Uwizera Umwana arafise ubuzima budahera; uwugambararira Umwana ntazobona ubuzima, ahubwo uburake bw’Imana buguma kuri we.”—YOH. 3:36.
1, 2. Ni imvo imwe iyihe yatumye Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni utangura gusohorwa?
“NTA muntu n’umwe atohoza Bibiliya avyitondeye yobura gukorwa ku mutima n’ukuntu urupfu rwa Kristu rushimikwako.” Ivyo vyavuzwe n’inomero igira kane y’iki kinyamakuru yasohotse kera cane muri Gitugutu 1879. Ico kiganiro casozereye n’iciyumviro gikomeye kigira giti: “Nimuze tube maso ku kintu ico ari co cose cosa n’igishaka kwerekana yuko urupfu rwa Kristu atari inkuka n’impongano ku bw’igicumuro.”—Soma 1 Yohani 2:1, 2.
2 Imwe mu mvo zatumye Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni utangura gusohorwa muri Mukakaro 1879 kwari ukuburanira inyigisho yo muri Bibiliya yerekeye incungu. Ivyari vyanditse muri ico kinyamakuru vyari ‘ibifungurwa bije ku gihe kibereye,’ kuko mu mpera z’imyaka ya 1800, igitigiri carushiriza kwongerekana c’abiyita abakirisu batanguye gukekeranya ku bijanye n’ukuntu urupfu rwa Yezu rwari gushobora kuba incungu ku bw’ibicumuro vyacu. (Mat. 24:45) Ico gihe, abantu benshi bariko baremera inyigisho y’ihindagurika, ico kikaba ari iciyumviro kivuguruza ivy’uko umuntu yatakaje ukutagira agasembwa. Abemera inyigisho y’ihindagurika bigisha yuko umuntu agenda ararushiriza kumera neza ubwiwe, akaba rero adakeneye incungu. Ku bw’ivyo rero, impanuro intumwa Paulo yahaye Timoteyo irabereye cane, na yo ikaba igira iti: “Rinda ico wabikijwe, uhunge amajambo ata co arimwo asiga iceyi ibintu vyeranda, uhunge n’amajambo avuguruzanya y’ivyo bita bihenda ngo ni ‘ubumenyi.’ Kubera uguhaya mwene ubwo bumenyi bamwe barakebeje bata ukwizera.”—1 Tim. 6:20, 21.
3. Ni ibibazo ibihe tugira turimbure?
3 Nta gukeka yuko wiyemeje ‘kudakevya ngo ute ukwizera.’ Kugira ngo ivyo ubishikeko, vyoba vyiza urimbuye ibi bibazo: Ni kubera iki nkeneye incungu? Vyasavye iki kugira ngo iboneke? Nshobora gute kwungukira kuri iyo ntunganyo y’agaciro ishobora kunkiza uburake bw’Imana?
Turashobora gukira uburake bw’Imana
4, 5. Ni igiki cerekana yuko uburake bw’Imana buguma ku vy’iyi si mbi?
4 Bibiliya be na kahise k’abantu birerekana yuko kuva aho Adamu acumuriye, uburake bw’Imana ‘bwagumye ku’ muryango w’abantu. (Yoh. 3:36) Ivyo bigaragazwa n’uko ata muntu n’umwe yashoboye guhunga urupfu. Ubutegetsi bwa Shetani burwanya Imana ntibwashoboye na gato gukingira abantu ngo ntibabandanye gushikirwa n’ivyago, kandi nta ntwaro y’abantu n’imwe yashoboye kuronsa abo itwara bose ibintu vy’ishimikiro bakeneye. (1 Yoh. 5:19) Ni co gituma abantu babandanya gusinzikazwa n’intambara, ubugizi bwa nabi, n’ubukene.
5 Biratomoye rero ko umuhezagiro wa Yehova utari ku vy’iyi si mbi. Paulo yavuze yuko “uburake bw’Imana buriko burahishurwa buvuye mw’ijuru ku kutibanga Imana kwose.” (Rom. 1:18-20) Ku bw’ivyo rero, abantu babayeho batibanga Imana kandi ntibigaye ntibazobura gushikirwa n’inkurikizi z’inyifato yabo. Muri iki gihe, uburake bw’Imana buriko buramenyekanishwa mu butumwa bwerekeye urubanza buriko burasukwa nk’ivyago kw’isi ya Shetani, kandi bene ayo makuru arasohoka mu bisohokayandikiro vyacu vyinshi bishingiye kuri Bibiliya.—Ivyah. 16:1.
6, 7. Ni igikorwa ikihe kiriko kirayoborwa n’abakirisu barobanuwe, kandi ni akaryo akahe abantu bagize isi ya Shetani bagifise?
6 Ivyo none vyoba bisobanura yuko abantu batagishobora kwiganzura ubutware bwa Shetani ngo babe abashimwa n’Imana? Oya, kuko umuryango ushikana ku gusubiza hamwe na Yehova ugitaburuye. Abakirisu barobanuwe, bano bakaba ari ‘ivyariho bisubirira Kristu,’ bariko barayobora ubusuku burangurwa ku mugaragaro, biciye kuri bwo abantu bo mu mahanga yose bakaba bariko baringingwa bati: “Nimusubize hamwe n’Imana.”—2 Kor. 5:20, 21.
7 Intumwa Paulo yavuze yuko Yezu “aturokora mu kudukiza uburake buriko buraza.” (1 Tes. 1:10) Ukwo kuntu Yehova azoserura ishavu ryiwe irya nyuma bizotuma abacumuzi batigaya batikizwa ubutagisubira kubaho. (2 Tes. 1:6-9) Ni bande bazorokora igufa? Bibiliya ivuga iti: “Uwizera Umwana arafise ubuzima budahera; uwugambararira Umwana ntazobona ubuzima, ahubwo uburake bw’Imana buguma kuri we.” (Yoh. 3:36) Egome, abantu bose bazoba bariho kandi bazoba bizera Yezu be n’incungu igihe ivy’iyi si bizoshika kw’iherezo ryavyo, ntibazotikizwa ku musi wa nyuma w’uburake bw’Imana.
Ingene incungu ikora
8. (a) Ni icizigiro gihambaye ikihe Adamu na Eva bari bafise? (b) Yehova yerekanye gute ko ari Imana y’ubutungane butagira agahaze?
8 Adamu na Eva baremwe batagira agasembwa. Iyo baguma bagamburukira Imana, ubu isi iba yuzuye uruvyaro rwabo ruhimbawe rubana na bo mw’Iparadizo. Ariko rero, ikibabaje ni uko abo bavyeyi bacu ba mbere barenze n’ibigirankana kw’itegeko ry’Imana. Ivyo vyatumye bacirirwa urwo gupfa ubutagisubira kubaho bongera barirukanwa muri ya Paradizo yo mu ntango. Igihe Adamu na Eva bavyara abana, igicumuro cari caramaze umuryango w’abantu, kandi amaherezo uwo mugabo n’umugore ba mbere barashaje hanyuma barapfa. Ivyo vyerekana ko Yehova atihindukiza mw’ijambo. Vyongeye, ni Imana y’ubutungane butagira agahaze. Yehova yari yaragabishije Adamu yuko kurya ku camwa cari kibujijwe vyotumye apfa, kandi ni ko vyagenze.
9, 10. (a) Ni kubera iki abakomoka kuri Adamu bapfa? (b) Dushobora gute gukira urupfu rw’akagirire?
9 Kubera ko dukomoka kuri Adamu, twarazwe umubiri munyagasembwa ufise impengamiro yo gucumura, impera n’imperuka ugapfa. Igihe Adamu yacumura, ni nk’aho twari muri we. Na twebwe rero twaraciriwe urwo gupfa. Iyo Yehova akuraho ivyo gupfa atarinze gutanga incungu, yobaye yihindukije mw’ijambo. Nkako, Paulo yaratuvugiye twese igihe yagira ati: “Tu[ra]zi ko Itegeko ari iry’impwemu; mugabo jewe ndi uw’umubiri, nagurishijwe ngo ngabwe n’igicumuro. Ewe jewe ndagowe! Ni nde azonkiza umubiri ushikirwa n’urwo rupfu?”—Rom. 7:14, 24.
10 Yehova ni we wenyene yari ashoboye gushiraho ishimikiro ryemewe, biciye kuri ryo akaba yari gushobora kutubabarira ibicumuro vyacu mu buryo bubereye maze akadukurako igihano c’urupfu rw’akagirire. Ivyo yabigize mu kurungika Umwana wiwe mukundwa avuye mw’ijuru kugira avuke ari umuntu atagira agasembwa, uwashobora gutanga ubuzima bwiwe ngo butubere incungu. Mu buryo butandukanye na Adamu, Yezu yagumye atagira agasembwa. Mu vy’ukuri, “nta gicumuro yakoze.” (1 Pet. 2:22) Yezu yari ashoboye rero kuvyara umuryango w’abantu batagira agasembwa. Ariko rero aho kubigenza gutyo, yararetse abansi b’Imana baramwica kugira ngo atume abantu b’abanyabicumuro bakomotse kuri Adamu bashobora gucika abana biwe maze agatuma bishoboka yuko abamwizeye baronka ubuzima budahera. Ivyanditswe bisigura biti: “Hari Imana imwe, n’umuhuza umwe hagati y’Imana n’abantu, akaba ari umuntu, Kristu Yezu, uwitanze ngo abe incungu ikwiranye ku bwa bose.”—1 Tim. 2:5, 6.
11. (a) Ivyiza biva ku ncungu bishobora gutangirwa ikigereranyo gute? (b) Ivyiza biva ku ncungu bishika no kuri bande?
11 Ingene incungu ikora birashobora kugereranywa n’ukuntu ivy’abantu biba vyifashe igihe ibanki ikoresha ubusuma iba yasahuye uduhera twabo twose baziganije, ivyo bigatuma baja mw’ideni. Ba nyene iyo banki baracirirwa umunyororo w’imyaka n’iyindi kandi ivyo biba bibereye. Ariko none tuvuge iki kuri abo baba baguye mu mporero? Kubera yuko baba bugarijwe n’ubukene, nta co baba bashoboye gukora kugira ngo batorere umuti iyo ngorane barimwo kiretse habonetse umuntu afise umutima mwiza kandi yifise yishinga iyo banki maze agasubiza abo bantu amahera yabo yose baziganije, akaba abakuye muri iryo deni. Muri ubwo buryo nyene, Yehova Imana n’Umwana wiwe mukundwa baracunguye uruvyaro rwa Adamu maze barahanagura umwenda rufise w’igicumuro bishimikije amaraso ya Yezu yasheshwe. Ni co gituma Yohani Umubatizi yashoboye kuvuga ku vyerekeye Yezu ati: “Raba, Umwagazi w’intama w’Imana ukuraho igicumuro c’isi!” (Yoh. 1:29) Iyo si y’abantu bakurwako ibicumuro si abakiri bazima gusa ariko harimwo n’abapfuye.
Ico vyasavye kugira ngo incungu iboneke
12, 13. Ni igiki dushobora kwigira ku kuba Aburahamu yari afise umutima ukunze wo gutanga Izahaki?
12 Ntidushobora gutahura neza na neza ico vyasavye Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru be n’Umwana wiwe mukundwa kugira ngo incungu iboneke. Mugabo Bibiliya irigana ibintu vyabaye bishobora kudufasha kuzirikana kuri ico kintu. Nk’akarorero, iyumvire ukuntu Aburahamu ategerezwa kuba yarumvise amerewe igihe yagira urugendo rw’imisi itatu aja i Moriya mu kugamburuka itegeko Imana yamuhaye rigira riti: “Enda jana umwana wawe, umwana wawe w’ikinege ukunda, Isaka nyene, uje mu gihugu c’i Moriya; umutangireyo kw ikimazi co kwoswa, ku musozi nzokubarira.”—Ita. 22:2-4.
13 Amaherezo Aburahamu yarashitse aho hantu yari yabariwe. Iyumvire ingene bitegerezwa kuba vyaratuntuje Aburahamu kuboha amaboko n’amaguru ya Izahaki maze akamuryamika ku gicaniro Aburahamu ubwiwe yari yubatse. Ese ukuntu Aburahamu ategerezwa kuba yaragize umubabaro igihe yabangura imbugita yagira yicishe umwana wiwe! Iyumvire ukuntu Izahaki yumvise amerewe igihe yari aryamye kuri ico gicaniro arindiriye kwumva umubabaro uva kuri nya mbugita ikarishe kandi isogota woshikanye ku rupfu rwiwe. Umumarayika wa Yehova yaratesheje Aburahamu agira akerere Izahaki. Ivyo Aburahamu na Izahaki bakoze ico gihe biradufasha gutahura ico bitegerezwa kuba vyarasavye Yehova mu kureka abakozi ba Shetani ngo bice Umwana wiwe. Ukuba Izahaki yarasenyeye ku mugozi umwe na Aburahamu birerekana neza ko Yezu yemeye abikunze gucumukura no gupfa ku bwacu.—Heb. 11:17-19.
14. Ni igiki cashitse mu buzima bwa Yakobo kidufasha gutahura ico vyasavye kugira ngo incungu iboneke?
14 Ico vyasavye kugira ngo incungu iboneke kirashobora kandi gutangirwa akarorero dufatiye ku kintu cashitse mu buzima bwa Yakobo. Mu bahungu biwe bose, uwo Yakobo yakunda cane yari Yozefu. Ikibabaje, bene wabo na Yozefu baramugiriye ishari bongera baramwanka. Yamara, Yozefu yari afise umutima ukunze wo kwemera ko se wiwe amutuma kuraba ukuntu bene wabo bamerewe. Ico gihe bari baragiye umukuku wa Yakobo nko ku bilometero 100 i Heburoni mu Buraruko bw’aho baba. Iyumvire ukuntu Yakobo yumvise amerewe igihe abahungu biwe bataha bazanye impuzu ya Yozefu yuzuyeko amaraso! Yavuganye umubabaro ati: “N’umwambaro w’umwana wanje! Igikōko c’inkazi caramuriye! Yosefu yaratabaguwe, nta kindi!” Ivyo vyose vyaragize ikintu gikomeye bikoze kuri Yakobo, uwamaze imisi myinshi agandariye Yozefu. (Ita. 37:33, 34) Yehova ntavyifatamwo neza na neza nk’uko abantu b’abanyagasembwa bavyifatamwo igihe bashikiwe n’ibintu binaka. Naho ari ukwo, kuzirikana kuri ico kintu cashitse mu buzima bwa Yakobo vyoshobora kudufasha gutahura ku rugero runaka ukuntu Imana itegerezwa kuba yarumvise imerewe igihe Umwana wayo mukundwa yafatwa nabi akongera akicwa bunyamaswa igihe yari ng’aha kw’isi ari umuntu.
Ukuntu twungukira ku ncungu
15, 16. (a) Yehova yerekanye gute ko yemeye incungu? (b) Wungukiye gute ku ncungu?
15 Yehova Imana yarazuye Umwana wiwe w’umwizigirwa afise umubiri w’impwemu uninahaye. (1 Pet. 3:18) Yezu uwari yazutse, yamaze imisi 40 yiyereka abigishwa biwe, arakomeza ukwizera kwabo yongera arabategura ku bw’igikorwa gihambaye co kwamamaza injili cari kibarindiriye. Yaciye aduga mw’ijuru. Ari ng’aho yarashikirije Imana agaciro k’amaraso yiwe yasheshwe, kugira ngo gakoreshwe ku bw’ineza y’abayoboke biwe b’ukuri bizera agaciro k’inkuka y’incungu yatanze. Yehova Imana yarerekanye ko yemeye incungu ya Kristu mu gushinga Yezu igikorwa co gusuka impwemu nyeranda ku bigishwa biwe bari bakoraniye hamwe i Yeruzalemu ku musi wa Pentekoti yo mu 33 G.C.—Ibik. 2:33.
16 Abo bayoboke ba Kristu barobanuwe baciye ubwo nyene batangura guhimiriza abantu nka bo ngo bahunge uburake bw’Imana mu kubatizwa mw’izina rya Yezu Kristu kugira ngo bababarirwe ibicumuro vyabo. (Soma Ibikorwa 2:38-40.) Kuva kuri uwo musi w’intibagirwa gushika ubu, abantu amamiliyoni bo mu mahanga yose barafashijwe kugiranira n’Imana ubucuti hishimikijwe ukwizera inkuka y’incungu ya Yezu. (Yoh. 6:44) Ubu na ho, turakeneye kurimbura ibindi bibazo bibiri: Hoba hari n’umwe muri twebwe yahawe icizigiro c’ubuzima budahera kubera ibikorwa vyiza akora? Tumaze kuronka ico cizigiro ciza igitangaza, vyoba bishoboka ko tugitakaza?
17. Ukwiye kubona gute umuhezagiro mwiza igitangaza wo kuba umukunzi w’Imana?
17 Incungu ni ikintu tutari tubereye na gato. Ariko biciye ku kuyizera, abantu amamiliyoni muri kino gihe barabaye abakunzi b’Imana, bakaba bafise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera mw’iparadizo ng’aha kw’isi. Ariko rero, kuba abakunzi ba Yehova si icemeza yuko tuzoguma dufitaniye na we ubwo bucuti. Kugira ngo duhunge umusi w’uburake w’Imana wo muri kazoza, dutegerezwa kuguma twerekana ko dukenguruka cane “incungu yarishwe na Kristu Yezu.”—Rom. 3:24; soma Abafilipi 2:12.
Nugume wizera incungu
18. Kwizera incungu birimwo n’iki?
18 Icanditswe c’ishimikiro c’iki kiganiro, ari co Yohani 3:36, kirerekana yuko kwizera Umukama Yezu Kristu birimwo ukumugamburukira. Kuba dukenguruka incungu bikwiye kutuvyurira umutima wo kubaho twisunga inyigisho za Yezu, harimwo n’ivyo yigishije ku bijanye n’imico runtu. (Mrk. 7:21-23) ‘Uburake bw’Imana buriko buraza’ ku bantu bose bisuka batigaya mu ngeso nk’ubusambanyi, ibijajuro biteye isoni be n’“ubuhumane bw’ubwoko bwose,” ubwoshobora kuba burimwo kuguma umuntu araba amashusho yerekana ubushegabo.—Ef. 5:3-6.
19. Ni mu buryo bwiza butandukanye ubuhe dushobora kwerekana ko twizera incungu?
19 Kuba dukenguruka incungu bikwiye gutuma tuguma dufise vyinshi dukora mu “bikorwa vy’ukwihebera Imana.” (2 Pet. 3:11) Nimuze dutegekanye umwanya uhagije wo kwama dusenga kandi tubigiranye ubwira, uwo kwiyigisha Bibiliya, uwo kwitaba amakoraniro, uwo gusenga mu muryango be n’uwo kugira uruhara n’umwete mu gikorwa co kwamamaza Ubwami. Vyongeye, ese ‘tutokwibagira gukora iciza be no gusangira ibintu n’abandi, kuko mwene ivyo bimazi ari vyo bihimbara Imana rwose.’—Heb. 13:15, 16.
20. Abo bose babandanya kwizera incungu bashobora kwitega umuhezagiro uwuhe wo muri kazoza?
20 Uburake bwa Yehova ni bwashika ku vy’iyi si mbi, ese ukuntu tuzohimbarwa no kuba twarizeye incungu kandi tukaguma twerekana ko tuyikenguruka! Kandi mw’isi nshasha Imana yasezeranye, tuzokwama ibihe vyose dukenguruka iyo ntunganyo nziza igitangaza yatumye dukira uburake bw’Imana.—Soma Yohani 3:16; Ivyahishuwe 7:9, 10, 13, 14.
Wokwishura gute?
• Ni kubera iki dukeneye incungu?
• Vyasavye iki kugira ngo incungu iboneke?
• Ni ivyiza ibihe biva ku ncungu?
• Twerekana gute ko twizeye inkuka y’incungu ya Yezu?
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 13]
Umuryango ushikana ku gusubiza hamwe na Yehova urataburuye
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 15]
Kuzirikana kuri ibi bintu vyashitse vyerekeye Aburahamu, Izahaki na Yakobo birashobora kudufasha gutahura ikintu gikomeye vyasavye kugira ngo incungu iboneke