ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/10 rup. 32
  • “Karamfasha gushikira imitima y’abantu”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Karamfasha gushikira imitima y’abantu”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • “Turagusezereye”
    Be maso!—2010
  • Ivyo abantu bavuga ku bijanye no gusenga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
  • Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Guteza imbere ibijanye n’umurimo urangurwa mu rurimi runyamahanga
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/10 rup. 32

“Karamfasha gushikira imitima y’abantu”

I PORTO ALEGRE, kino kikaba ari igisagara kiri mu Bumanuko bwa Berezile, haraciye igihe habereye inama nkarishabwenge mpuzamakungu yihweza ibibazo vyo mu kibano. Abantu ibihumbi mirongo bavuye mu bihugu 135 baritavye iyo nama. Mu gihe c’uturuhuko, umugwi umwe w’Ivyabona bo mw’ishengero ry’i Porto Alegre waregereye abantu batari bake bari bavuye mu bindi bihugu kugira ngo bababwire ubutumwa bwo muri Bibiliya bwerekeye Ubwami. None baganiriye gute?

Uwitwa Elizabete, uno akaba ari umutsimvyi, yigana ati: “Twakoresheje ka gatabu Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose (mu gifaransa)” Yongeyeko ati: “Benshi muri abo bari bavuye mu bindi bihugu ntibari bwigere bumva ivyerekeye inkuru nziza y’Ubwami, mugabo barakiriye neza ubutumwa twabashikirije. Twaraganiriye n’abantu bava muri Boliviya, mu Bufaransa, mu Buhindi, mu Bushinwa, muri Isirayeli, no muri Nijeriya. Twari dufise ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya vyo mu ndimi kavukire za bamwebamwe muri abo bari bavuye mu bindi bihugu, bakaba bavyakiranye umunezero.”

Muri Megizike, umutsimvyi umwe yitwa Raúl na we nyene arakoresha ako gatabu kandi haravamwo ivyiza. Mu gihe giheze, yaregereye umugabo w’Umwarabu afise imyaka 80 yari aherutse kubura umukenyezi wiwe. Uwo mugabo amaze gusoma urupapuro rwo muri ako gatabu ruriko ubutumwa bw’Ubwami mu carabu, yaciye akorora amosozi y’umunezero. Uti kubera iki? Umuhango Imana itanga w’uko urupfu rutazoba rukiriho, nk’uko bivugwa mu Vyahishuwe 21:3, 4, waramukoze ku mutima cane igihe yawusoma mu rurimi kavukire. Uwundi munsi, igihe Raúl yariko aramamaza akaryo kizanye, yarahuye n’umugabo avuga igiporotigali. N’uwo mugabo nyene yari yarabuze uwiwe, ni ukuvuga umuhungu wiwe. Raúl yaramuretse arasoma ubutumwa buri ku rupapuro rwo muri ako gatabu bwanditse mu rurimi rw’igiporotigali. Nya mugabo ahejeje kubusoma, yarerekanye yuko yipfuza kumenya n’ibindi ku vyerekeye Bibiliya maze aremera kwiga Bibiliya.

Raúl yarakoresheje ka gatabu Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose kugira ngo abwire inkuru nziza abantu bavuga icongereza, igifaransa, igihindi, igikoreya, igiperesi, igishinwa, ikidagi, ikimigisi, ikinyarumeniya, ikirusiya be n’ikizapoteki. Avuga ati: “Narabonye ukuntu bihambaye gukoresha ako gatabu mu busuku ndangura. Karamfasha gushikira imitima y’abantu naho nyene ntazi indimi zabo.”

Kubera yuko abantu barushiriza kugira ingendo no kuja kuba mu mahanga, turaronka uturyo twiyongereye two guhura n’abavuga urundi rurimi. Tuzoshobora kubabwira ubutumwa bw’Ubwami mu gukoresha ka gatabu Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose. Woba wama ukitwaza?

[Amafoto ku rup. 32]

Uwu ni Raúl hamwe na ka gatabu kamufasha gushikira imitima y’abantu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika