ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/11 rup. 7-11
  • Rwaruka, nimunanire akosho k’urunganwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Rwaruka, nimunanire akosho k’urunganwe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Akosho ko kumera nk’abandi gakomeye ukungana iki?
  • “Gume mwerekana ico mwebwe ubwanyu muri”
  • ‘Nuzirikane kugira ngo wishure’
  • Nugire ‘imigambi ivamwo akarusho’
  • ‘Nezerwa mu buto bwawe’
  • Ingene wotsinda akosho k’urunganwe
    Be maso!—2014
  • Nonanira gute akosho k’urunganwe?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Nonanira gute agakuku?
    Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza
  • Akosho k’Urunganwe n’Agateka Kawe ko Kwamamaza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/11 rup. 7-11

Rwaruka, nimunanire akosho k’urunganwe

‘Imvugo yanyu ibe iyirunze umunyu, kugira ngo mumenye ingene mubwirizwa kwishura umuntu wese.’​—KOL. 4:6.

1, 2. Abakiri bato benshi babona gute ibijanye no kuba abatandukanye n’abandi, kandi kubera iki?

NTA gukeka yuko umaze kwumva imvugo ngo “akosho k’urunganwe,” ukaba kandi uzi ico ari co ufatiye ku vyagushikiye. Bishobora kuba bimaze gushika umuntu akaguhimiriza gukora ikintu uzi yuko ari kibi. Wumva umerewe gute igihe ivyo bishitse? Uwitwa Christopher w’imyaka 14 avuga ati: “Birashika nkumva umengo nonyika, canke nkipfuza kumera nk’abandi banyeshure twigana kugira ngo simboneke ko ntandukanye n’abandi.”

2 Abo mu runganwe rwawe boba bakugirako akosho gakomeye? Nimba ari ukwo biri, ni kubera iki? Vyoba biterwa n’uko wipfuza ko bakwemera? Ico cipfuzo ubwaco si kibi. Nkako, n’abantu bakuze usanga bipfuza kwemerwa n’abo mu runganwe rwabo. Nta muntu n’umwe, yaba umuto canke uwukuze, ashima ko bamuharira ivomo. Ariko rero, birumvikana yuko gushigikira ibigororotse bitazokwama bituma abandi bagushima. Mbere na Yezu ivyo vyaramushikiye. Naho ari ukwo, yama nantaryo akora ibigororotse. Naho bamwebamwe bamukurikiye bagacika abigishwa biwe, abandi barasuzuguye uwo Mwana w’Imana, ‘bamubona nk’ubusa.’​—Yes. 53:3.

Akosho ko kumera nk’abandi gakomeye ukungana iki?

3. Ni kubera iki woba wihenze hamwe wokwisunga ivyo abo mu runganwe rwawe bisunga?

3 Rimwe na rimwe, woshobora kwoshwa ngo wisunge ivyo abo mu runganwe rwawe bisunga kugira gusa bagushime. Hamwe wobigira woba wihenze cane. Abakirisu ntibakwiye “kuba inzoya, nk’abazungazungishwa n’ibisebuzi.” (Ef. 4:14) Utwana dutoya twoshobora kwoshwa n’abandi bitagoranye. Ariko rero, kubera ko ukiri muto, umusi uri izina uzoba umuntu akuze. Ku bw’ivyo, nimba wemera ko ingingo mfatirwako za Yehova ziriho ku bw’ineza yawe, uzohungukira niwabaho wisunga ivyo wemera. (Gus. 10:12, 13) Ukoze ibihushanye n’ivyo, woba uretse kuganza ubuzima bwawe. Ikizwi coco, ni uko igihe uretse abandi bakakugirako akosho, uba ucitse nk’igikinisho cabo.​—Soma 2 Petero 2:19.

4, 5. (a) Aroni yatwawe gute n’akosho, kandi ni ivyigwa ibihe ushobora kuhakura? (b) Ni uburyo ubuhe abo mu runganwe rwawe boshobora gukoresha kugira ngo bagerageze kukugirako akosho?

4 Vyarigeze gushika mwene wabo na Musa ari we Aroni, aratwarwa n’akosho k’urunganwe. Igihe Abisirayeli bamuhimiriza ngo abahingurire imana, yarabigize. Aroni ntiyari asanzwe ari umunyabwoba. Imbere y’aho, yari yarashigikiye Musa igihe bahangana na Farawo, wa muntu yari afise ububasha kurusha abandi bose mu Misiri. Ico gihe Aroni yaravuganye ubutinyutsi, aramumenyesha ubutumwa bw’Imana. Mugabo igihe Abisirayeli bagenziwe bamushirako umukazo, yaratwawe n’akosho kabo. Ese ukuntu akosho k’urunganwe gashobora kugira ububasha bukomeye! Aroni vyaramworoheye kunanira umwami wa Misiri kuruta kunanira abo mu runganwe rwiwe.​—Kuv. 7:1, 2; 32:1-4.

5 Nk’uko ako karorero ka Aroni kavyerekana, abakiri bato si bo gusa bashikirwa n’akosho k’urunganwe, eka kandi abafise agatima ko gukora ikibi si bo gusa bagira iyo ngorane. Akosho k’urunganwe karashobora gushikira mbere n’abipfuza gukora ibigororotse babikuye ku mutima, harimwo na wewe. Abo mu runganwe rwawe boshobora kugerageza kuguhatira gukora ibibi mu kuguhigisha ngo ukore ikintu giteye akaga, mu kukwagiriza, canke mu kugutyekeza. Uko akosho k’urunganwe koba kameze kwose biragoye guhangana na ko. Kugira ngo ushobore kukananira, utegerezwa kubanza guhera amazinda ku bijanye n’ivyo wemera.

“Gume mwerekana ico mwebwe ubwanyu muri”

6, 7. (a) Ni kubera iki bihambaye yuko ujijuka ku bijanye n’ivyo wemera, kandi ushobora gute kugira ubwo bujijutsi? (b) Ni ibibazo ibihe wokwibaza kugira ngo ukomeze ukujijuka kwawe?

6 Kugira ngo unanire akosho k’urunganwe, utegerezwa kubanza kujijuka yuko ivyo wemera ari ukuri be n’uko ingingo mfatirwako wisunga zigororotse. (Soma 2 Abakorinto 13:5.) Kujijuka bizogufasha kugira ubutinyutsi, naho woba usanzwe uri umuntu atinyatinya. (2 Tim. 1:7, 8) Ariko rero n’igihe nyene umuntu asanzwe afise ubutinyutsi, vyoshobora kumugora cane gushigikira ikintu atemera bimwe bishitse. Ubona gute none wiyemeje yuko ivyo wigishijwe muri Bibiliya ari ukuri koko? Nutangurire ku nyigisho z’ishimikiro. Nk’akarorero, uremera Imana kandi warumvise abandi bavuga igituma bemera yuko iriho. Niwibaze rero uti: ‘Ni igiki gituma jewe njijuka yuko Imana iriho?’ Ico kibazo ntigifise intumbero yo gutuma utangura gukekeranya ahubwo gifise intumbero yo gukomeza ukwizera kwawe. Muri ubwo buryo nyene, niwibaze uti: ‘Ni igiki kimenyesha ko Ivyanditswe vyahumetswe n’Imana?’ (2 Tim. 3:16) ‘Ni kubera iki najijutse yuko turi mu “misi ya nyuma”?’ (2 Tim. 3:1-5) ‘Ni igiki gituma nemera yuko ingingo mfatirwako za Yehova ari jewe zigirira akamaro?’​—Yes. 48:17, 18.

7 Woshobora kugonanwa kwibaza mwene ivyo bibazo, utinya yuko utazobironkera inyishu. Ariko rero, vyoba ari cokimwe no kugonanwa gutereza amaso imbere yawe kuri mwene ka kantu kerekana ukuntu ibitoro biri mu muduga wawe bingana, utinya yuko wohava usanga urushinge ruraba ahanditse ngo “Ibitoro vyakamye”! Igihe ata bitoro biri muri mwene ca gikono babishiramwo, uba ukeneye kubimenya kugira ngo ugire ico ukoze. Muri ubwo buryo nyene, vyoba vyiza umenye ahantu aho ari ho hose woba udafise ukujijuka maze ukagira ico ukoze kugira ngo uhakomeze.​—Ivyak. 17:11.

8. Sigura ico wokora kugira ngo urushirize guhera amazinda yuko itegeko Imana yatanze ryo kwirinda ubusambanyi riranga ubukerebutsi.

8 Rimbura aka karorero. Bibiliya iguhimiriza ‘guhunga ubusambanyi.’ Niwibaze uti: ‘Ni kubera iki iryo tegeko riranga ubukerebutsi?’ Rimbura imvo zose zituma abo mu runganwe rwawe bisuka mu busambanyi. Nuzirikane kandi imvo zitandukanye zituma umuntu aza arakora ubusambanyi “aba ariko acumura ku mubiri wiwe bwite.” (1 Kor. 6:18) Ubu na ho, nusuzume izo mvo, maze wibaze uti: ‘Ingendo nziza kuruta izindi nokurikira ni iyihe? Vyoba vy’ukuri bibereye yuko nisuka mu busambanyi?’ Nurushirize mbere kuzirikana kuri ico kintu, mu kwibaza uti: ‘Nokwumva merewe gute hamwe nokwisuka mu busambanyi?’ Ego ni ko, woshobora guca wemerwa n’abo mu runganwe rwawe, ariko none wokwumva umerewe gute mu nyuma uri kumwe n’abavyeyi bawe canke abakirisu bagenzi bawe ku Ngoro y’Ubwami? Wokwiyumva gute ugerageje gutura isengesho Imana? Ubwo koko wokwemera guheba impagararo idahumanye ufise imbere y’Imana kugira gusa unezereze abo mwigana?

9, 10. Ni gute uguhera amazinda ku bijanye n’ivyo wemera kuzotuma ushobora kurushiriza guhera amazinda igihe uzoba uri kumwe n’abo mu runganwe rwawe?

9 Nimba uri umuyabaga, ugeze mu kiringo c’ubuzima aho “ububasha [bwawe] bwo kwiyumvira” buriko burongerekana kuruta ikindi gihe cose. (Soma Abaroma 12:1, 2.) Nukoreshe ico kiringo kugira ngo uzirikane ata gufyina ku bijanye n’igituma kuba Icabona ca Yehova bihambaye cane kuri wewe. Ukuzirikana mwene ukwo kuzogufasha kurushiriza guhera amazinda ku bijanye n’ivyo wemera. Maze, niwashikirwa n’akosho k’urunganwe, uzoshobora kwishura udatebaganye kandi ata mazinda ufise. Uzokwiyumva nk’uko mushiki wacu mukirisu umwe yiyumva, uno akaba avuga ati: “Igihe naniye akosho k’urunganwe, nta kindi mba ndiko ndakora atari ukumenyesha abandi ico ndi. Idini ndimwo si ikintu nitirirwa gusa. Ni ryo shimikiro ry’ivyiyumviro vyanje, imigambi yanje, imico runtu nisunga, be n’ubuzima bwanje bwose.”

10 Egome, bisaba ko ugira akigoro kugira ngo ugume wumiye ku vyo uzi ko bigororotse. (Luka 13:24) Kandi woshobora kwibaza nimba bibereye ko ugira ako kigoro. Mugabo niwibuke iki kintu: Nimba werekana ko wicuza canke ko umaramaye ku bijanye n’impagararo yinaka uba wafashe, abandi bazobibona, kandi boshobora mbere guca barushiriza kukugirako akosho. Ariko rero uvuganye ukujijuka, woshobora gutangazwa n’ukuntu abo mu runganwe rwawe batazoteba kureka kukugirako akosho.​—Gereranya na Luka 4:12, 13.

‘Nuzirikane kugira ngo wishure’

11. Ni ivyiza ibihe biri mu kwitegurira akosho k’urunganwe?

11 Ikindi kintu gihambaye wokora kugira ngo unanire akosho k’urunganwe ni ukwitegura. (Soma Imigani 15:28.) Kwitegura bisobanura kuzirikana imbere y’igihe ku bintu vyoshobora gushika. Rimwe na rimwe kuzirikana ku bintu vyohava bigushikira birashobora kugufasha kwirinda guhazuka bimwe bikomeye. Nk’akarorero, dufate yuko ubonye imbere yawe nka hariya umugwi w’abanyeshure mwigana bariko baranywa itabi. Vyoba bishoboka rwose ko baza kuguhereza itabi ngo unywe? Wokora iki kugira ngo wirinde guhava ushikirwa n’ingorane? Mu Migani 22:3 hagira hati: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha.” Uciye mu yindi nzira, woshobora kuba wirinze guhura na bo. Ivyo ntivyerekana ko uri umunyabwoba; ni ingendo iranga ubukerebutsi.

12. Woshobora gute guhwamika umuntu arondeye kugucokora?

12 Tuvuge iki mu gihe udashobora kwirinda ikintu nk’ico gihejeje kuvugwa? Dufate yuko umwe mu bo mu runganwe rwawe akubajije asa n’uwutavyemera ati: “Nankana uracari isugi?” Ikintu cogufasha ni ugukurikiza impanuro dusanga mu Bakolosayi 4:6, igira iti: “Imvugo yanyu yamane igikundiro, irunze umunyu, kugira ngo mumenye ingene mubwirizwa kwishura umuntu wese.” Nk’uko ico canditswe kivyerekana, ukuntu uzohitamwo kuvyifatamwo ico gihe bizovana n’ingene ibintu vyifashe. Bishobora kuba bidakenewe ko uvuga amajambo menshi ku bijanye na Bibiliya. Hari aho vyoba bihagije wishuye mu buryo busanzwe kandi ushikamye. Nk’akarorero, mu kwishura ico kibazo kijanye no kumenya nimba uri isugi, woshobora kuvuga gusa uti: “Egome ndacari isugi,” canke uti: “Mu vy’ukuri ico ni ikibazo kiraba umuntu ku giti ciwe.”

13. Ugutahura gushobora gute kugufasha kwishura uwo mu runganwe rwawe agucokoye?

13 Akenshi Yezu yaratanga inyishu ngufi igihe yaba abona ko kuvuga amajambo menshi ata ciza vyovuyemwo. Nkako, igihe Herodi yamubaza ikibazo, nta na kintu na kimwe yishuye. (Luka 23:8, 9) Akenshi usanga kwinumira ari bwo buryo bwiza bwo kwishura ibibazo bitaranga urupfasoni. (Imig. 26:4; Umus. 3:1, 7) Ariko rero, woshobora kubona yuko umuntu munaka azazaniwe n’impagararo yawe, bikaba kandi biboneka ko ata buryarya abigiranye, nk’akarorero akazazanirwa n’ukuntu wifata mu vyerekeye igitsina, naho nyene uwo muntu mu ntango yoba yagututse. (1 Pet. 4:4) Muri ico gihe, vyoshobora kuba vyiza umusiguriye mu buryo bunogangije ibijanye n’iyo mpagararo yawe ishingiye kuri Bibiliya. Nimba ari ukwo biri, ntureke kumusigurira ubitumwe n’ubwoba. Niwame “[witeguriye] kwiburanira.”​—1 Pet. 3:15.

14. Mu bihe bimwebimwe, ubigiranye ubugenge ushobora gute gutuma uwuriko arondera kukugirako akosho azirikana ku bimwerekeye?

14 Mu bihe bimwebimwe woshobora kwishura uwurondera kukugirako akosho mu kumubwira ikintu gituma azirikana ku bimwerekeye. Ariko rero, utegerezwa kugerageza kubigirana ubugenge. Nk’akarorero, mu gihe umunyeshure mwigana aguhigishije ngo wemere itabi aguhaye, woshobora kuvuga uti: “Oya, urakoze,” ugaca wongerako uti: “Sinari nzi ko umuntu yiyubahiriza nkawe yonywa itabi!” Woba ubona ingene uba utumye uwo arondera kukugirako akosho azirikana ku bimwerekeye? Aho kugira ngo usigure vyanka bikunda igituma utanywa itabi, uba utumye uwo muntu abwirizwa kuzirikana igituma anywa itabi.

15. Ni ryari biba bibereye ko ugenda ukava iruhande y’abo mu runganwe rwawe bariko baragerageza kukugirako akosho, kandi kubera iki?

15 Tuvuge iki none mu gihe abo mu runganwe rwawe bobandanya kurondera kukugirako akosho naho woba wagerageje kunana? Muri ico gihe, birarushiriza kuba vyiza uciye wigira. Uko urushiriza kuhateba, ni ko urushiriza guhakwa guhemuka. Ku bw’ivyo rero, nuve aho hantu. Ivyo urashobora kubigira utiyumvamwo ko watsinzwe. Na kare, uba wifatiye ibintu mu minwe. Ntuba wabaye igikinisho c’abo mu runganwe rwawe, ahubwo uba wanezereje umutima wa Yehova.​—Imig. 27:11.

Nugire ‘imigambi ivamwo akarusho’

16. Akosho koshobora gute kuva ku bantu bamwebamwe bivugisha ko ari abakirisu?

16 Rimwe na rimwe, akosho ko gukora ikintu kitabereye koshobora kuva ku bandi bakiri bato bivugisha ko ari abasavyi ba Yehova. Nk’akarorero, tuvuge iki mu gihe woshika ku mutororokano munaka watunganijwe na mwene uwo muntu ugasanga nta muntu akuze awuhagarikiye? Canke na ho tuvuge iki mu gihe ku mutororokano munaka inzoga zoba ari nywa nawe, maze bamwebamwe bagatangura kunywa birenze urugero? Hoshobora kwaduka ibintu bitari bike bisaba ko ukurikiza ijwi ryawe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya. Mushiki wacu umwe w’umuyabaga yigana ati: “Twe na mwene wacu twarasohotse igihe twariko turaraba senema kubera yuko yari yuzuyemwo amajambo y’ibishegu. Abo twari kumwe barafashe ingingo yo kuhaguma. Abavyeyi bacu baradukeje kubera ico kintu twari twagize. Ariko rero, bamwe twari kumwe barashavuye kubera yuko twari twatumye baboneka nabi.”

17. Igihe ugira witabe umutororokano munaka, ni ibintu ngirakamaro ibihe wokora kugira ngo wisunge ingingo mfatirwako z’Imana?

17 Nk’uko ico kintu cabaye kivyerekana, gukurikiza ijwi ryawe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya vyoshobora gutuma ugira ubuyega. Mugabo nugume wumiye ku vyo uzi yuko bibereye. Niwitegure. Mu gihe ugiye ku mutororokano munaka, nugire umugambi wo guca uhava igihe ibintu bitagenze nk’uko wari uvyiteze. Abakiri bato bamwebamwe barumvikanye n’abavyeyi babo yuko bazoca babaterefona kugira ngo baze kubatora babatahane i muhira hakiri kare. (Zab. 26:4, 5) Mwene iyo ‘migambi iravamwo akarusho.’​—Imig. 21:5.

‘Nezerwa mu buto bwawe’

18, 19. (a) Ni kubera iki wokwemera udakeka yuko Yehova yipfuza ko uhimbarwa? (b) Imana yiyumva gute ku bijanye n’abananira akosho k’urunganwe?

18 Yehova yakuremanye ubushobozi bwo kunezererwa ubuzima, kandi yipfuza ko uhimbarwa. (Soma Umusiguzi 11:9.) Uribuka yuko benshi mu bo mu runganwe rwawe ata kindi baronka atari “[u]kunezererwa igicumuro akanya gato.” (Heb. 11:25) Imana y’ukuri yipfuza yuko uronka ikintu kiruta kure n’iyo ico. Yipfuza yuko uhimbarwa ibihe bidahera. Igihe rero ugeragejwe ngo ukore ikintu uzi yuko Imana ibona ko ari kibi, uribuka yuko impera n’imperuka ivyo Yehova agusaba vyama ari wewe bigirira akamaro.

19 Kubera ko uri uwukiri muto, urakeneye gutahura yuko naho woshimwa n’abo mu runganwe rwawe, bishoboka cane yuko inyuma y’imyaka itari mike benshi muri bo batazoba mbere bacibuka izina ryawe. Igihushanye n’ivyo, igihe unaniye akosho k’urunganwe, Yehova arabibona, kandi ntazokwigera akwibagira canke ngo yibagire ukutadohoka kwawe. ‘Azokugomorera ingomero z’amajuru, agucuncuburireko vy’ukuri umuhezagiro gushika aho hadasubira kubaho umukeno.’ (Mal. 3:10) Vyongeye, araguha atitangiriye itama impwemu yiwe nyeranda kugira ngo isubirire ikintu ico ari co cose woba uhajije ubu. Egome, Yehova arashobora kugufasha kunanira akosho k’abo mu runganwe rwawe!

Woba uvyibuka?

• Akosho k’urunganwe gashobora kugira ububasha ubuhe?

• Ukujijuka kurangura uruhara uruhe mu bijanye no kunanira akosho k’urunganwe?

• Ushobora gute kwitegurira kunanira akosho k’urunganwe?

• Umenya gute ko Yehova aha agaciro ukutadohoka kwawe?

[Ifoto ku rup. 8]

Ni kubera iki Aroni yemeye guhingura inyana y’inzahabu?

[Ifoto ku rup. 10]

Niwitegure, ni ukuvuga umenye imbere y’igihe ivyo uzovuga

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika