ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/1 rup. 3-7
  • ‘Nuhungire mw’izina rya Yehova’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Nuhungire mw’izina rya Yehova’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imisi y’igihuhusi canke y’ikirura mu bihe vya Bibiliya
  • Ubuhungiro bwo mu buryo bw’impwemu be n’ubwo mu buryo bw’umubiri
  • Abeza izina ry’Imana barakingirwa
  • Izina ry’Imana si igiheko
  • Ingene duhunga muri iki gihe
  • Woba uriko urahungira kuri Yehova?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Yehova ni we buhungiro bwacu
    Turirimbire Yehova tunezerewe
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/1 rup. 3-7

‘Nuhungire mw’izina rya Yehova’

“Emwe, nzosigaza . . . abantu baciye bugufi kandi batobato, kandi bazohungira vy’ukuri mw’izina rya Yehova.”​—ZEF. 3:12.

1, 2. Ni igihuhusi c’ikigereranyo ikihe kigiye gutera abantu vuba?

VYOBA bimaze gushika bikaba ngombwa ko uhunga imvura y’igihuhusi mu kuja kwikinga munsi y’ikiraro? Ikiraro coshobora kugukingira imvura y’igihuhusi, mugabo hari aho kitogukingira igihuhusi gikomeye.

2 Hariho igihuhusi gitandukanye n’ico kiriko kiregereza, kino kikaba kigeramiye abantu bose. Ico gihuhusi ni “umusi w’ikirura” w’ikigereranyo. Uwo “musi uhambaye wa Yehova” uzogira ico ukoze ku bantu bose. Ariko rero, turashobora kuronka ubuhungiro dukeneye. (Soma Zefaniya 1:14-18.) None ubwo buhungiro tuzoburonka gute mu gihe c’uwo “musi w’uburake bwa Yehova” ugiye gutangura vuba?

Imisi y’igihuhusi canke y’ikirura mu bihe vya Bibiliya

3. Ni “ikirura gituragara” ikihe cateye bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango icumi?

3 Umusi wa Yehova uzotangurana n’itikizwa ry’amadini yose y’ikinyoma yo kw’isi. Ku bijanye n’ukuntu tworonka ubuhungiro, turashobora kuronderera inyishu mu bintu vyashikiye abasavyi b’Imana ba kera. Yesaya, uwabayeho mu kinjana c’umunani B.G.C., yasanishije urubanza Yehova yaciriye bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango icumi bwari bwahunye n’“ikirura gituragara,” ico abantu batoshoboye guhagarika. (Soma Yesaya 28:1, 2.) Ubwo buhanuzi bwarangutse mu 740 B.G.C., igihe Ashuri yatera akarere k’iyo miryango, uwa Efurayimu ukaba ari wo wari uhambaye cane muri yo.

4. “Umusi uhambaye wa Yehova” washitse gute kuri Yeruzalemu mu 607 B.G.C.?

4 Urwo rubanza rwashikijwe kuri Isirayeli yari yahemutse rwakurikiwe n’“umusi uhambaye wa Yehova” washitse kuri Yeruzalemu no ku bwami bw’Ubuyuda mu 607 B.G.C. Ico kintu cashitse kubera ko abantu b’i Buyuda na bo nyene bari babaye abahuni. Abanyababiloni bari bayobowe na Nebukadinezari barateye Ubuyuda n’umurwa mukuru waho, ari wo Yeruzalemu. Abayuda bari barahindukiriye “ubuhungiro bw’ikinyoma” kugira ngo bubafashe, ubwo na bwo bukaba bwari amasezerano y’ivya politike bwari bwaragiraniye na Misiri. Ariko rero, nka kurya kw’ikirura kirimwo urubura gitema kigatongora, Abanyababiloni barakukumuye ubwo “buhungiro.”​—Yes. 28:14, 17.

5. Abasavyi b’Imana uko bagize umugwi bizobagendera gute idini ry’ikinyoma ryose niryatikizwa?

5 Umusi uhambaye wa Yehova washitse kuri Yeruzalemu warerekanye urubanza rwoshikiye abiyita abakirisu b’abahuni bo mu gihe cacu. Vyongeye, igice gisigaye ca “Babiloni Akomeye,” ino ikaba ari inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, kizotikizwa. Mu nyuma, ibindi bintu bigize iyi si mbi ya Shetani bizoba bisigaye bizoherengetezwa. Yamara, abasavyi b’Imana uko bagize umugwi bazorokoka kubera ko bahungira muri Yehova.​—Ivyah. 7:14; 18:2, 8; 19:19-21.

Ubuhungiro bwo mu buryo bw’impwemu be n’ubwo mu buryo bw’umubiri

6. Abasavyi ba Yehova bashobora gute kuronka ubuhungiro?

6 Abasavyi b’Imana bashobora gute none kuronka ubuhungiro no muri iki gihe c’iherezo? Turaronka ubuhungiro bwo mu buryo bw’impwemu mu ‘kwiyumvira izina ry’Imana’ tubijanisha n’isengesho no mu kuyikorera tubigiranye umwete. (Soma Malaki 3:16-18.) Ariko rero, turatahura yuko dukeneye gukora n’ibindi uretse gusa kwiyumvira izina ryayo. Dusoma duti: “Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa.” (Rom. 10:13) Hariho isano hagati yo kwambaza izina rya Yehova no gukizwa na we kubera ukwo kumwambaza. Kandi abantu benshi b’imitima nziraburyarya barabona yuko abakirisu b’ukuri, ‘abiyumvira izina ryiwe’ babijanisha n’isengesho bakongera bakamukorera ari Ivyabona vyiwe, batandukanye n’abantu batamukorera.

7, 8. Ni mu buryo ubuhe abakirisu bo mu kinjana ca mbere baronse ubuhungiro bwo mu buryo bw’umubiri, kandi ivyo bifitaniye isano irihe no muri iki gihe?

7 Ariko rero, ubuhungiro bwo mu buryo bw’impwemu si bwo buhungiro bwonyene dushobora kuronka. Abasavyi b’Imana barasezeranirwa n’ubuhungiro bwo mu buryo bw’umubiri. Ivyo tubibonera ku bintu vyashitse mu 66 G.C. aho ingabo z’Abaroma zari zirongowe na Cestius Gallus zimariye gutera Yeruzalemu. Yezu yari yaravuze yuko imisi y’ayo makuba ‘yogeruwe.’ (Mat. 24:15, 16, 21, 22) Ivyo vyashitse igihe ingabo z’Abaroma zasubira inyuma ata wari avyiteze zikareka gusugereza ico gisagara, ivyo bikaba vyatumye “igifise umubiri [gikira],” ico na co akaba ari abakirisu b’ukuri. Barashoboye guhunga ico gisagara n’akarere kari kagikikije. Bamwebamwe barajabutse Yorodani maze bahungira mu misozi yo mu Buseruko bw’urwo ruzi.

8 Turashobora gusanisha abo bakirisu n’abasavyi b’Imana bo muri iki gihe. Muri kahise, abakirisu bo mu kinjana ca mbere bararondeye ubuhungiro, n’abasavyi b’Imana bo muri iki gihe bazoburondera. Ariko rero, ico gihe hoho ntibazohungira mu gice kinaka c’isi, kubera ko abakirisu b’ukuri bari kw’isi yose. Naho ari ukwo, “abatowe” hamwe na bagenzi babo b’intahemuka, uko bagize igisata bazorokoka mu buryo bw’umubiri mu guhungira muri Yehova no mw’ishirahamwe ryiwe rigereranywa n’umusozi, abiyita abakirisu b’abahuni nibakurwaho.

9. Ni bande bagerageje gutuma izina ry’Imana ryibagirwa? Tanga akarorero.

9 Ariko rero, birabereye ko abiyita abakirisu bashikirwa n’agatikizo kimirije kubera yuko batuma abayoboke b’amadini yabo baguma ata co bazi mu buryo bw’impwemu bakongera bakerekana ko banka urunuka izina ry’Imana. Muri ca kiringo co hagati y’ikinjana ca 5 n’ica 15 G.C., izina ry’uruharo ry’Imana ryari rizwi cane i Buraya. Iryo zina, iryandikwa mu ndome zine z’igiheburayo zitwa Tetaragarama zikaba zikunze guhindurwa ngo YHWH (canke JHVH), ryaraboneka ku biceri, ku bihome vy’amazu biraba kw’irembo, mu bitabu vyinshi no mu Mabibiliya menshi, eka mbere no mu masengero amwamwe y’abagatolika n’ay’abaporotisanti. Ariko rero, muri ibi bihe vya vuba abantu basigaye bafise akamenyero ko gukura izina ry’Imana mu mpinduro za Bibiliya be n’ahandi hantu. Ikintu kimwe cerekana ivyo bintu ni ikete ryandikiwe Inama z’Abasenyeri ryavuga ibijanye n’‘Izina ry’Imana,’ ryo ku wa 29 Ruheshi 2008, ryasohowe n’Urwego rwa Ekeleziya rw’i Vatikano (Congrégation pour le culte divin et la discipline des sacrements). Muri iryo kete Ekeleziya Gatolika ya Roma yaratanze ubuyobozi bw’uko ya Tetaragarama uko ihindurwa kwose ikwiye gusubirizwa ijambo “Umukama.” Urwo rwego rwategetse yuko izina ry’uruharo ry’Imana ridakwiye gukoreshwa canke kuvugwa mu ndirimbo no mu bisabisho mu misa z’abagatolika. Vyongeye, indongozi z’ayandi madini yo mu biyita abakirisu canke yo mu batiyita abakirisu na zo nyene zaranse guhishurira abantu amamiliyoni n’amamiliyoni bayasengamwo ukuntu Imana y’ukuri imeze.

Abeza izina ry’Imana barakingirwa

10. Izina ry’Imana ririko riraterwa iteka gute muri iki gihe?

10 Mu buryo butandukanye cane n’ivyo ayandi madini ariko arakora, Ivyabona vya Yehova baratera iteka izina ry’Imana bakongera bakarininahaza. Bararyeza mu kurikoresha mu buryo buranga icubahiro. Yehova arahimbarwa n’abantu bamwizigira, kandi aracika ikintu ico ari co cose gikenewe kugira ngo ahezagire abasavyi biwe yongere abakingire. “Arazi abaronderera ubuhungiro muri we.”​—Nah. 1:7; Ivyak. 15:14.

11, 12. Ni bande bashigikiye izina rya Yehova muri Yuda ha kera, kandi ni bande barishigikiye mu bihe vya none?

11 Naho abantu benshi bo mu Buyuda ha kera bari baracitse abahuni, hari ‘abahungiye mw’izina rya Yehova.’ (Soma Zefaniya 3:12, 13.) Egome, igihe Imana yahana Ubuyuda butagira ukwizera mu kureka Abanyababiloni bakigarurira ico gihugu bakongera bagatwara abantu baho ari imbohe, abantu bamwebamwe nka Yeremiya, Baruki na Ebedi-meleki barazigurijwe. Bari barabaye “hagati” mw’ihanga ry’abahuni mugabo bagumye ari abizigirwa. Abandi bagumye ari abizigirwa igihe bari imbohe. Mu 539 B.G.C., Abamedi n’Abaperesi bari bayobowe na Kuro barigaruriye Babiloni. Kuro ntiyatevye gutanga itegeko ryarekurira Abayuda bari basigaye gusubira mu gihugu cabo c’amavukiro.

12 Ku bijanye n’abokwiboneye ukwo gusubizwa umutamana kw’ugusenga kw’ukuri, Zefaniya yari yaravuze yuko Yehova yobakijije akongera akabanezerererwa. (Soma Zefaniya 3:14-17.) Ivyo vyaragaragaye ko ari ukuri no muri iki gihe cacu. Ubwami bw’Imana bumaze gushingwa mw’ijuru, Yehova yarabohoye mu buryo bw’impwemu amasigarira y’abarobanuwe b’abizigirwa abakura muri Babiloni Akomeye. Kandi arabanezerererwa gushika n’uyu musi.

13. Abantu bo mu mahanga yose bariko babohorwa mu buryo ubuhe?

13 Abafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi na bo nyene baravuye muri Babiloni Akomeye kandi barabohowe mu buryo bw’impwemu baravavanura n’inyigisho zo mu madini y’ikinyoma. (Ivyah. 18:4) Ku bw’ivyo, amajambo ari muri Zefaniya 2:3 araranguka ku rugero runini muri iki gihe cacu, ayo na yo akaba agira ati: “Nimurondere Yehova, yemwe abatekereza bo kw’isi mwese.” Abatekereza bo mu mahanga yose, baba abafise icizigiro co kuba mw’ijuru canke co kuba kw’isi, ubu bariko barahungira mw’izina rya Yehova.

Izina ry’Imana si igiheko

14, 15. (a) Ni ibiki bamwebamwe bakoresheje nk’ibiheko? (b) Ni igiki kidakwiye gukoreshwa nk’igiheko?

14 Abisirayeli bamwebamwe babona ko rwa rusengero rwari igiheko cobakingiye abansi. (Yer. 7:1-4) Imbere y’aho, Abisirayeli babona ko ya sandugu y’isezerano yari igiheko cobakingiye mu ntambara. (1 Sam. 4:3, 10, 11) Konsitantino Mukuru yaracafye ku nkinzo z’abasoda biwe indome z’ikigiriki khi na rho, zino zikaba ari indome zibiri zitangura z’izina ry’icubahiro “Kristu” mu kigiriki, yizigiye yuko ivyo vyokingiye abasoda biwe mu ntambara. Vyongeye, vyiyumvirwa ko Umwami Gustav Adolph wa kabiri wa Suwede, uno akaba yararwanye ya Ntambara y’imyaka mirongo itatu, yambara icuma gikingira igikiriza cerekanywe ku rupapuro rwa 7. Urabona yuko izina Iehova ryerekanwa mu buryo buboneka.

15 Abasavyi b’Imana bamwebamwe batewe n’amadayimoni barahungiye muri Yehova mu guhamagara izina ryiwe n’ijwi ryumvikana. Naho ari ukwo, ikintu kiriko izina ry’Imana ntigikwiye gukoreshwa nk’igiheko mu buzima bwa misi yose, nk’aho coba gifise ububasha budasanzwe bwo gukingira umuntu. Ico si co bisobanura guhungira mw’izina rya Yehova.

Ingene duhunga muri iki gihe

16. Muri iki gihe, dushobora gute guhunga mu buryo bw’impwemu?

16 Muri iki gihe, turaronkera ubuhungiro mu mutekano wo mu buryo bw’impwemu abasavyi b’Imana bibereyemwo uko bagize umugwi. (Zab. 91:1) Biciye kuri wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” no ku bakurambere bo mw’ishengero, turagabishwa ku bijanye n’ibintu abantu bo mw’isi bakunda gukora vyoshobora kubangamira umutekano wacu. (Mat. 24:45-47; Yes. 32:1, 2) Nuzirikane ku ngabisho dukunda guhabwa ku bijanye n’amaronko, wongere urimbure ingene mwene izo ngabisho zadukingiye amagorwa yo mu buryo bw’impwemu. Vyongeye, tuvuge iki ku bijanye n’ingeramizi yo gutsimbataza agatima ko kwiyorohereza, akoshobora gutuma duhororokerwa mu murimo wa Yehova? Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Ukwiyorohereza kw’ibijuju ni kwo kuzobirandura. Nayo uwunyumviriza, azokwibera mu mutekano kandi ntahagarikwe umutima n’ugutinya amagorwa.” (Imig. 1:32, 33) Kwihatira kuguma tudahumanye mu vy’inyifato runtu na vyo nyene biradufasha kugumana umutekano wacu wo mu buryo bw’impwemu.

17, 18. Ni igiki kiriko kirafasha abantu amamiliyoni guhungira mw’izina rya Yehova muri iki gihe?

17 Nuzirikane kandi ku kuntu wa mushumba w’umwizigirwa aturemesha gukurikiza itegeko Yezu yatanze ryo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami kw’isi yose. (Mat. 24:14; 28:19, 20) Zefaniya yaravuze ibijanye n’ihinduka ryofashije abantu guhungira mw’izina ry’Imana. Dusoma duti: “Ico gihe nzohindura ururimi rw’ibisata vy’abantu rube ururimi rutyoroye, kugira ngo bose bambaze izina rya Yehova, kugira ngo bamukorere bahuje inama.”​—Zef. 3:9.

18 None urwo rurimi rutyoroye ni uruhe? Ni ukuri kwerekeye Yehova Imana n’imigambi yiwe dusanga mw’Ijambo ryiwe ryahumetswe. Uba uriko urakoresha urwo rurimi mu buryo bunaka igihe ufasha abandi gutahura neza ivyerekeye Ubwami bw’Imana be n’ukuntu buzokweza izina ryayo, igihe ushimika ku bijanye no kuburanira ubusegaba bw’Imana, be n’igihe uvuga unezerewe ibijanye n’imihezagiro y’ibihe bidahera abantu b’abizigirwa bazokwironkera. Kubera ko benshi cane bariko baravuga urwo rurimi rw’ikigereranyo, abantu barushiriza kwongerekana bariko “[barambaza] izina rya Yehova” bakongera “[bakamukorera] bahuje inama.” Ego cane, abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi bariko barahungira muri Yehova.​—Zab. 1:1, 3.

19, 20. Ni gute kwizigira “ubuhungiro bw’ikinyoma” ata co vyashitseko mu bihe vya Bibiliya?

19 Abantu bo mw’isi babwirizwa guhangana n’ingorane zisa n’izidashobora gutorerwa umuti. Kubera ko abantu benshi bipfuza cane gutorera umuti ingorane zabo, usanga bahanga amaso abantu b’abanyagasembwa. Canke na ho barizigira yuko inzego z’ivya politike ari zo zizotorera umuti ingorane zabo, nk’uko nyene Isirayeli ya kera yigeze kuba ihanga amaso amahanga mabanyi kugira ngo ayifate mu mugongo, mu kugiranira amasezerano na yo. Ariko rero, urazi yuko kugira ico kintu bitafashije Isirayeli. Vyongeye nta gihugu na kimwe muri iki gihe, canke rya Shirahamwe mpuzamakungu, bizotorera umuti ingorane zose abantu bafise. Wumva none umuntu akwiye kubona yuko inzego z’ivya politike be n’amasezerano ari vyo vyomubera ubuhungiro? Mu buryo bw’ubuhanuzi, Bibiliya ivyita “ubuhungiro bw’ikinyoma.” Ntiwoba wihenze ubibonye muri ubwo buryo kubera ko abantu bose bavyizigira bazotaha zirayoye bimwe bikomeye.​—Soma Yesaya 28:15, 17.

20 Vuba, ca kirura kirimwo urubura kigereranya umusi wa Yehova kigiye gutera isi. Yaba imigambi y’abantu, ivyo bakoresha mu kwikingira ibirwanisho ruhonyanganda canke ubutunzi ntibizoshobora kubakingira. Muri Yesaya 28:17 hagira hati: “Urubura ruzokukumura ubuhungiro bw’ikinyoma, kandi amazi azosegenyukira mu bwihisho.”

21. Ni ivyiza ibihe twokwironkera mu gukurikiza amajambo dusanga mu canditswe c’umwaka wa 2011?

21 Muri iki gihe be n’igihe ivyo bintu bizoba biriko biraba muri kazoza, abasavyi b’Imana bazoronkera umutekano nyakuri mu Mana yabo Yehova. Izina Zefaniya, irisobanura ngo “Yehova yarahishije,” rirerekeza kuri iryo sôko nyakuri ry’ubwihisho. Birabereye kubona icanditswe cacu c’umwaka wa 2011 kirimwo impanuro iranga ubukerebutsi igira iti: ‘Nuhungire mw’izina rya Yehova.’ (Zef. 3:12) No muri iki gihe turashobora guhungira mw’izina rya Yehova kandi turakwiye kubigira, tukamwizigira n’umutima wacu wose. (Zab. 9:10) Nimuze twame twibuka buri musi aya majambo yahumetswe adusubiriza umutima mu nda, agira ati: “Izina rya Yehova ni umunara ukomeye. Umugororotsi awirukiramwo agakingirwa.”​—Imig. 18:10.

Woba uvyibuka?

• Dushobora gute guhungira mw’izina rya Yehova muri iki gihe?

• Ni kubera iki tudakwiye kwizigira “ubuhungiro bw’ikinyoma”?

• Ni ubuhungiro ubuhe dusezeranirwa kuzoronka muri kazoza?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 6]

Icanditswe c’umwaka wa 2011 kivuga ngo: ‘Nuhungire mw’izina rya Yehova.’​—Zefaniya 3:12.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 7]

Thüringer Landesmuseum Heidecksburg Rudolstadt, Waffensammlung “Schwarzburger Zeughaus”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika