Nimwubahe umubano w’ababiranye mu kubona ko ari ingabirano iva ku Mana
“Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akifatanya n’umugore wiwe maze bakaba umubiri umwe.”—ITA. 2:24.
1. Ni kubera iki Yehova abereye ko tumwubaha?
YEHOVA IMANA, we yatanguje umubano w’ababiranye, arabereye koko yuko tumwubaha. Kubera ko ari we Muremyi wacu, akaba Segaba wacu, akaba na Data wa twese wo mw’ijuru, avugwa mu buryo bubereye ko ari we atanga “ingabirano nziza yose be n’impano yose itagira akanenge.” (Yak. 1:17; Ivyah. 4:11) Ukwo ni ko agaragaza urukundo rwiwe rukomeye. (1 Yoh. 4:8) Ivyo yatwigishije vyose, ivyo yadusavye vyose, ivyo yaduhaye vyose nta kindi catumye abigira atari ukugira ngo tuvyungukireko.—Yes. 48:17.
2. Ni ubuyobozi ubuhe Yehova yahaye umugabo n’umugore ba mbere?
2 Bibiliya ivuga yuko umubano w’ababiranye ari imwe muri izo ngabirano “nziza” ziva ku Mana. (Rusi 1:9; 2:12) Igihe Yehova yahagarikira ibirori vy’ubugeni bwa mbere, yarahaye uwo mugabo n’umugore ari bo Adamu na Eva ubuyobozi butomoye ku bijanye n’ukuntu bororanirwa. (Soma Matayo 19:4-6.) Iyo bakurikiza ubuyobozi Imana yari yabahaye, bari kugira agahimbare kamaho. Ariko rero, barakengereye n’ubujuju n’akantu itegeko ry’Imana maze barashikirwa n’inkurikizi z’agahomerabunwa.—Ita. 3:6-13, 16-19, 23.
3, 4. (a) Ni gute abantu benshi muri iki gihe bakengera umubano w’ababiranye, bagakengera na Yehova Imana? (b) Ni uburorero ubuhe tugira twihweze muri iki kiganiro?
3 Nk’uko uwo mugabo n’umugore ba mbere babigize, igihe abantu benshi muri iki gihe bafata ingingo zijanye n’umubano w’ababiranye, usanga bitwararika buhoro ubuyobozi Yehova atanga canke ntibabwitwararike na gato. Bamwebamwe barafata minenerwe umubano w’ababiranye, abandi na bo bakagerageza kuwuha iyindi nsiguro kugira ngo uhuze n’ivyipfuzo vyabo bwite. (Rom. 1:24-32; 2 Tim. 3:1-5) Bariyobagiza yuko umubano w’ababiranye ari ingabirano iva ku Mana. Mu gukengera iyo ngabirano, baba kandi bakengereye uwayitanze, ari we Yehova Imana.
4 Birashika mbere bamwebamwe mu basavyi b’Imana ntibabe bakibona umubano w’ababiranye nk’uko Yehova awubona. Abakirisu bamwebamwe bubakanye barafata ingingo yo gutandukana, canke bakahukana ata mvo zishingiye ku Vyanditswe zibitumye. None ivyo umuntu yovyirinda gute? Ubuyobozi Imana yatanze buri mw’Itanguriro 2:24 bushobora gute gufasha abakirisu bubatse gukomeza umubano wabo w’ababiranye? Kandi abariko bariyumvira kwubaka izabo bashobora gute kuvyitegurira? Nimuze twihweze ingo zitatu zo mu bihe vya Bibiliya zaroraniwe zerekana ingene kwubaha Yehova ari co kintu gihambaye cane gituma umubano w’ababiranye uramba.
Nutsimbataze ukudahemuka
5, 6. Ni ibintu ibihe bishobora kuba vyaragerageje Zekariya na Elizabeti, kandi ukudahemuka kwabo kwahezagiwe gute?
5 Zekariya na Elizabeti bakora ibintu vyose bibereye. Umwe wese muri bo yubakanye n’umuntu yitwararika ivy’impwemu. Zekariya yararangura adahemuka amabanga yari ajejwe ajanye n’ubuherezi, kandi bompi barakurikiza Itegeko ry’Imana uko bashoboye kwose. Nta gukeka ko hariho ibintu vyinshi vyo kubashimira. Naho vyari ukwo, iyo ugendera urugo rwabo muri Yuda, ntiwari guteba kubona ko hariho ikintu kibuze. Nta bana bari bafise. Elizabeti yari ingumba, kandi bompi bari bitereye mu myaka.—Luka 1:5-7.
6 Muri Isirayeli ya kera, kuvyara abana cari ikintu gihabwa agaciro cane, kandi wasanga imiryango ari mininiminini rwose. (1 Sam. 1:2, 6, 10; Zab. 128:3, 4) Umugabo w’Umwisirayeli wo muri ico gihe yarashobora kwahukana n’umukenyezi wiwe abigiranye ubuhemu mu gihe uno yaba atamuvyariye abana. Zekariya wewe yaragumanye na Elizabeti aranka kumuhemukira. Ntiyarondeye kugira ibimworohereza mu mubano wabo w’ababiranye, eka n’umukenyezi wiwe nta vyo yagize. Naho kuba batari bafise abana vyabababaza, barabandanije gukorera Yehova badahemuka bari kumwe. Yehova abicishije ku gitangaro, yahavuye abahezagira cane mu gutuma bavyara umwana w’umuhungu mu busaza bwabo.—Luka 1:8-14.
7. Ni mu bundi buryo ubuhe Elizabeti yerekanye ko ari intahemuka ku mugabo wiwe?
7 Elizabeti yarerekanye mu bundi buryo ukudahemuka kudasanzwe. Igihe umwana wiwe Yohani yavuka, Zekariya ntiyashobora kuvuga kubera yuko yari yagizwe ikiragi bitumwe n’uko yari yakekeranije ku vyo umumarayika w’Imana avuze. Yamara, Zekariya ategerezwa kuba hari ukuntu yabwiye umukenyezi wiwe yuko umumarayika wa Yehova yari yaramubwiye ngo aze yite ako gahungu “Yohani.” Ababanyi hamwe n’incuti bashaka kwita ako gahungu izina rya se. Mugabo Elizabeti yarashigikiye adahemuka ubuyobozi umugabo wiwe yari yamuhaye. Yavuze ati: “Oya, habe namba! ahubwo niyitwe Yohani.”—Luka 1:59-63.
8, 9. (a) Ukudahemuka gukomeza gute umubano w’ababiranye? (b) Umugabo n’umugore bashobora kwerekana ukudahemuka mu buryo bumwebumwe butomoye ubuhe?
8 Nk’uko vyagendeye Zekariya na Elizabeti, muri iki gihe abubakanye barashikirwa n’ibintu bivuna umutima be n’izindi ngorane. Umubano w’ababiranye utarangwamwo ukudahemuka ntushobora kurama. Ukumenyerana mu buryo butabereye n’uwo mudasangiye igitsina, ukuraba amashusho yerekana ivy’ubushegabo, ukurenga ibigo, n’ibindi bintu bibangamira umubano w’ababiranye umeze neza, birashobora gutuma abubakanye badasubira kwizigirana. Kandi igihe mu mubano w’ababiranye hataba hakirangwa ukwizigirana, urukundo ruca rutangura kuyama. Mu buryo bunaka, ukudahemuka kumeze nk’uruzitiro rukikuje umuryango rutangira abantu be n’ibintu biteye akaga ngo ntivyinjire, ivyo bigatuma abari muri uwo muryango bumva batekaniwe ku rugero runaka. Ku bw’ivyo, igihe umugabo n’umugore badahemukirana, barashobora kubana neza bakongera bagaseruriranira akari ku mutima, bagatuma urukundo bakundana rwongerekana. Egome, ukudahemuka kurahambaye cane.
9 Yehova yabwiye Adamu ati: “Umugabo azosiga se na nyina [yifatanye] n’umugore wiwe.” (Ita. 2:24) None ivyo bisobanura iki? Bategerezwa kugira ico bahinduye ku migenderanire bahora bafitaniye n’abagenzi babo be n’incuti zabo. Umwe wese muri bo ategerezwa kubanza guhebera umwanya mugenziwe no kumwitwararika. Ntibiba bigishoboka ko bashira imbere abagenzi babo be n’incuti zabo ngo birengagize urugo rwabo baba baheruka gushinga; eka kandi ntibakwiye kureka ngo abavyeyi babo babafatire ingingo zerekeye urugo canke ngo bisuke mu vyo batumvikanako. Ico gihe umwe wese muri abo bubakanye aba ategerezwa kwifatanya na mugenziwe. Ubwo ni bwo buyobozi Imana itanga.
10. Ni igiki kizofasha abubakanye gutsimbataza ukudahemuka?
10 Mbere no mu ngo aho usanga abubakanye badasangiye idini, ukudahemuka kuravamwo ivyiza. Mushiki wacu umwe yubakanye n’umugabo badasangiye ukwemera, avuga ati: “Ndakengurukira cane Yehova kuba anyigisha kuyobokera umugabo wanje no kumwubaha bigera kure. Kuguma ndi intahemuka vyatumye tumara imyaka 47 tugaragarizanya urukundo n’icubahiro bikomeye.” (1 Kor. 7:10, 11; 1 Pet. 3:1, 2) Niwihatire rero gutuma uwo mwubakanye yumva ko atekaniwe. Biciye ku vyo uvuga no ku vyo ukora, nurondere ingene wokura amazinda uwo mwubakanye yuko ubona ko ari we muntu ahambaye kuruta abandi bose kw’isi. Nukore uko ushoboye kwose ntureke ngo hagire umuntu n’umwe canke ikintu na kimwe kigutandukanya n’uwo mwubakanye. (Soma Imigani 5:15-20.) Ron na Jeannette, bano bakaba bamaze imyaka irenga 35 bubakanye kandi bahimbawe, bavuga bati: “Kubera yuko dukora ivyo Imana idusaba tudahemuka, tugize urugo ruhimbawe kandi ruroraniwe.”
Ubumwe burakomeza umubano w’ababiranye
11, 12. Ni gute Akwila na Pirisila basenyera ku mugozi umwe igihe baba bari (a) i muhira, (b) mu gikorwa cabo ca misi yose, (c) mu busuku bwa gikirisu?
11 Igihe intumwa Paulo yaba ariko aravuga ibijanye na ba bagenzi biwe somambike ari bo Akwila na Pirisila, ntiyavuga umwe atari kumwe n’uwundi. Uwo mugabo n’umugore bari bunze ubumwe ni akarorero keza k’ivyo Imana yashaka kuvuga igihe yavuga yuko umugabo n’umugore bakwiye kuba “umubiri umwe.” (Ita. 2:24) Barakunda gukorera hamwe igihe baba bari i muhira iwabo, ku kazi kabo ka misi yose no mu busuku bwa gikirisu. Nk’akarorero, igihe Paulo yashika i Korinto ari bwo bwa mbere, Akwila na Pirisila baramusavye babigiranye umutima mwiza ngo agume iwabo, bikaba biboneka yuko ari ho yahavuye amara igihe kinaka akorera ibikorwa vyiwe. Mu nyuma, igihe bari i Efeso, barakoresheje inzu yabo kugira ngo igirirwemwo amakoraniro y’ishengero bongera barasenyera ku mugozi umwe mu gufasha abashasha, nka Apolo, kugira ngo batere imbere mu vy’impwemu. (Ivyak. 18:2, 18-26) Uwo mugabo n’umugore b’abanyamwete baciye baja i Roma, na ho nyene bakaba baratanze inzu yabo kugira ize iragirirwamwo amakoraniro y’ishengero. Mu nyuma, barasubiye i Efeso, barakomeza abavukanyi.—Rom. 16:3-5.
12 Akwila na Pirisila baramaze kandi igihe kinaka bakorana na Paulo mu mwuga bari basangiye, uwo na wo ukaba wari uwo kujisha amahema. N’ico gihe nyene, uwo mugabo n’umugore bavugwa bari kumwe, basenyera ku mugozi umwe ata guhiganwa canke guhazuka. (Ivyak. 18:3) Ariko rero, nta gukeka ko kuba baramana umwanya mu bikorwa vya gikirisu ari vyo vyatuma bagira urugo rukomeye cane mu vy’impwemu kandi rurangwa agahimbare. Haba i Korinto, i Efeso canke i Roma, baramenyekanye cane ko ari “abakozi bagenz[i ba Paulo] muri Kristu Yezu.” (Rom. 16:3) Barakoze bafatanye mu nda kugira ngo bateze imbere igikorwa co kwamamaza Ubwami ahantu hose bakoreye.
13, 14. (a) Ni ibiki bishobora kubangamira ubumwe mu mubano w’ababiranye? (b) Ni ibintu bimwebimwe ibihe abubakanye bokora kugira bakomeze ubucuti bwabo uko bagize “umubiri umwe”?
13 Ego cane, igihe abubakanye bahuje imigambi n’ibikorwa biratuma umubano wabo ukomera. (Umus. 4:9, 10) Ikibabaje ni uko muri iki gihe usanga abubakanye benshi bamarana umwanya muto. Usanga umugore n’umugabo bamara amasaha menshi bari ku buzi butandukanye. Abandi usanga bafata ingendo ndende baja ku kazi kabo canke bakimukira mu mahanga ari bonyene gukorerayo kugira baze bararungika amahera i muhira. Mbere n’igihe abubakanye bamwebamwe baba bari i muhira, basanga ata n’umwe ari kumwe n’uwundi kubera umwanya bamara barorera televiziyo, bakora utuntu two kwisamaza bikundira, binonora imitsi, bakina udukino two kuri videwo, canke bari kuri Internet. Vyoba ari ukwo bimeze mu rugo iwanyu? Nimba ari ukwo bimeze, mubona mwoshobora kugira ico muhinduye ku kuntu ivyanyu vyifashe kugira mumare umwanya wiyongereye muri kumwe? Mubona gute mufashanije ibikorwa vya misi yose nko gutegura ibifungurwa, kwoza ivyombo canke gukora mu busitani? Mwoba mwoshobora gukorera hamwe igihe mwitwararika abana banyu canke igihe mufasha abavyeyi banyu bageze mu zabukuru?
14 N’igihambaye kuruta, nimuze muramara umwanya muri kumwe mu bikorwa bijanye n’ugusenga Yehova. Kwihweza icanditswe c’umusi muri kumwe no kugira uruhara mu gusenga kwo mu muryango birabaronsa uturyo twiza two gutuma umuryango wanyu uguma uhuza ivyiyumviro n’imigambi. N’ikindi kandi, nimugire uruhara mu busuku muri kumwe. Nimba bishoboka, nimugerageze gukora ubutsimvyi muri kumwe, naho nyene uko ivyanyu vyifashe vyotuma mubukora ukwezi kumwe gusa canke umwaka umwe. (Soma 1 Abakorinto 15:58.) Mushiki wacu umwe yakoze ubutsimvyi ari kumwe n’umugabo wiwe, avuga ati: “Ubusuku cari kimwe mu bintu vyatuma tumarana umwanya kandi tukayaga vy’ukuri. Kubera ko twempi twari duhuje umugambi wo gufasha abandi mu buryo bw’impwemu, narumva ko tugize umugwi ukomeye. Narumva ndushirije kumwiyegereza atari kubera ko gusa ari umugabo wanje, ariko kandi kubera ko ari umugenzi mwiza.” Uko wewe n’uwo mwubakanye muza murakorera hamwe ibintu vy’ingirakamaro, ni ko ibibashimisha, ivyo mushira imbere y’ibindi be n’utumenyero mufise bizogenda birahuza gushika murushirije kwiyumvira, kwiyumva no gukora nk’“umubiri umwe,” nka kumwe kwa Akwila na Pirisila.
Nimukurikize ubuyobozi butangwa n’Imana
15. Ni ikintu nyamukuru ikihe gituma umubano w’ababiranye uroranirwa? Sigura.
15 Yezu yari azi ko bihambaye gushira Imana mu kibanza ca mbere mu mubano w’ababiranye. Yarabonye Yehova ahagarikira ubugeni bwa mbere. Yarabonye ukuntu Adamu na Eva bari bahimbawe igihe cose bakurikiza ubuyobozi Imana yari yabahaye, arongera aribonera ingorane zavuyemwo igihe babwirengagiza. Ni co gituma igihe Yezu yigisha abandi, yasubiyemwo ubuyobozi Se wiwe yatanze buboneka mw’Itanguriro 2:24. Yongeyeko kandi iki ciyumviro kigira giti: “Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye.” (Mat. 19:6) Ku bw’ivyo rero, kwubaha Yehova bimwe bigera kure kiracari co kintu nyamukuru gituma umubano w’ababiranye ugira agahimbare kandi ukaroranirwa. Abavyeyi ba Yezu bo kw’isi, ari bo Yozefu na Mariya, baradusigiye akarorero gahambaye muri ivyo.
16. Yozefu na Mariya berekanye gute ko bakurikiza ubuyobozi butangwa n’Imana mu buzima bwabo bwo mu muryango?
16 Yozefu yaragaragariza Mariya umutima mwiza akongera akamwubaha. Igihe yamenya ari bwo bwa mbere yuko yibungenze, yararondeye gutunganya iyo ngorane mu buryo buranga imbabazi, n’imbere y’uko umumarayika w’Imana amusigurira ivyari vyashikiye Mariya. (Mat. 1:18-20) Uko bari bubakanye, baragamburutse ingingo yasohowe na Sezari bongera barakurikiza neza Itegeko rya Musa. (Luka 2:1-5, 21, 22) Vyongeye, naho abagabo ari bo bonyene basabwa kuja ku misi mikuru ihambaye yabera i Yeruzalemu, Yozefu na Mariya, bari kumwe n’abagize umuryango wabo, barayijako buri mwaka. (Gus. 16:16; Luka 2:41) Muri ubwo buryo no mu bundi, uwo mugabo n’umugore batinya Imana barihatiye guhimbara Yehova bongera barerekana ko bubaha cane ivy’impwemu. Ntibitangaje kuba ari bo Yehova yahisemwo kugira bitwararike Umwana wiwe Yezu mu gice ca mbere c’ubuzima bwiwe bwo kw’isi.
17, 18. (a) Ni mu buryo butandukanye ubuhe abubakanye bashobora gushira mu kibanza ca mbere ibijanye no gukurikiza ubuyobozi butangwa n’Imana mu muryango wabo? (b) Ivyo bazovyungukirako gute?
17 Mwoba namwe nyene mukurikiza ubuyobozi butangwa n’Imana mu buzima bwanyu bwo mu muryango? Nk’akarorero, igihe mugomba gufata ingingo zihambaye, mwoba mubanza gusuzuma ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, mugasenga ku bijanye n’ico kintu, hanyuma mukaronderera impanuro ku mukirisu ahumuye? Canke murondera gutorera umuti ingorane mwisunze ukuntu mwebwe ubwanyu mubona ibintu canke ukuntu abo mu muryango n’abagenzi babibona? Mwoba mwihatira gushira mu ngiro inama ngirakamaro nyinshi zivuga ibijanye n’umubano w’ababiranye be n’ubuzima bwo mu muryango zisohorwa na wa mushumba wo kwizigirwa? Canke musanga muriko murakurikiza gusa imico kama y’iwanyu kibure impanuro zo mw’isi zikundwa na benshi? Mwoba musenga mokongera mukigira hamwe mudahorereza, mukishingira imigambi yo mu vy’impwemu mukongera mukayaga ku vyo mukwiye gushira imbere y’ibindi mu muryango?
18 Uwitwa Ray avuga ku bijanye n’imyaka 50 we n’umugore wiwe bamaze bubakanye kandi bahimbawe ati: “Ntitwigeze dushikirwa n’ingorane ngo itunanire gutorera umuti, kubera ko twaguma tugira Yehova umwe mu bagize ‘umugozi nyabutatu’ wacu.” (Soma Umusiguzi 4:12.) Danny na Trina na bo nyene bafise iciyumviro nk’ico. Bavuga bati: “Kubera ko twakoreye Imana turi kumwe, umubano wacu w’ababiranye wararushirije gukomera.” Bamaze imyaka irenga 34 bubakanye kandi bahimbawe. Nimwama mushira Yehova mu kibanza ca mbere mu mubano wanyu w’ababiranye, azobafasha kuroranirwa yongere abahezagire cane.—Zab. 127:1.
Nimubandanye kwubaha iyo ngabirano iva ku Mana
19. Ni kubera iki Imana yatanze ingabirano y’umubano w’ababiranye?
19 Abantu benshi muri iki gihe babona ko ikintu conyene gihambaye ari agahimbare kabo bwite. Mugabo umusavyi wa Yehova abona ibintu mu buryo butandukanye n’ubwo. Arazi yuko Imana yatanze ingabirano y’umubano w’ababiranye kugira ngo ishitse umugambi wayo. (Ita. 1:26-28) Iyo Adamu na Eva bubaha iyo ngabirano, isi yose yari kuba Iparadizo yuzuyeko abasavyi b’Imana bahimbawe kandi bagororotse.
20, 21. (a) Ni kubera iki dukwiye kubona ko umubano w’ababiranye ari mweranda? (b) Mu ndwi ikurikira tuzokwiga ivyerekeye iyihe ngabirano?
20 Ikiruta vyose, abasavyi b’Imana babona ko umubano w’ababiranye ari akaryo ko kuninahaza Yehova. (Soma 1 Abakorinto 10:31.) Nk’uko tumaze kubibona, ukudahemuka, ubumwe be n’ugukurikiza ubuyobozi butangwa n’Imana ni kamere zishimwa n’Imana zikomeza umubano w’ababiranye. Ku bw’ivyo, twaba turiko turitegurira gushinga urwacu, turiko turakomeza umubano wacu w’ababiranye, canke turiko turagerageza kuwurokora, dutegerezwa kubanza kubona umubano w’ababiranye nk’uko uri koko, tukabona ko ari intunganyo nyeranda yashizweho n’Imana. Kuguma twibuka ukwo kuri bizotuvyurira umutima wo gukora uko dushoboye kwose kugira ngo dufate ingingo zijanye n’umubano w’ababiranye twishimikije Ijambo ry’Imana. Tubigenjeje gutyo, ntituba twubashe gusa ingabirano y’umubano w’ababiranye ariko kandi tuba twubashe n’uwayitanze ari we Yehova Imana.
21 Ariko ntiwumve, umubano w’ababiranye si yo ngabirano yonyene Yehova yaduhaye; eka kandi si co kintu conyene gituma umuntu agira agahimbare mu buzima. Mu kiganiro cacu gikurikira, tuzokwihweza iyindi ngabirano y’agaciro iva ku Mana, iyo na yo akaba ari ingabirano y’ubwirebange.
Wokwishura gute?
• Ukudahemuka gukwiye kugira ico gukoze gute ku bakirisu bubatse?
• Ni kubera iki gukorana mu bumwe bikomeza umubano w’ababiranye?
• Ni mu buryo butandukanye ubuhe abubatse bokurikiza ubuyobozi butangwa n’Imana?
• Dushobora gute kwubaha Yehova, we yatanguje umubano w’ababiranye?
[Amafoto ku rup. 15]
Gukorera hamwe birafasha abubakanye kuguma bunze ubumwe