ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/2 rup. 4-9
  • Umuti w’imyidogo ikunze kuba

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umuti w’imyidogo ikunze kuba
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Icotuma umubano uroranirwa
  • Umubano w’ababiranye ni ingabire iva ku Mana
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Nimwisunge Imana kugira muronke agahimbare mu mubano
    Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
  • Inyuma y’umusi w’ubugeni
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Nufatane icubahiro uwo mwubakanye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/2 rup. 4-9

Umuti w’imyidogo ikunze kuba

BIBILIYA ntivuga yuko umubano w’ababiranye ari icoroshe. Intumwa Paulo ahumekewe n’Imana, yanditse yuko abubakanye bobwirijwe kugira “amagorwa mu buzima bwabo.” (1 Abakorenti 7:28, Ubwuzure Bushasha) Naho ari ukwo, hari vyinshi abubakanye bashobora gukora kugira ngo bagabanye amagorwa bagira maze batume umunezero umwe wese azanira mugenziwe wongerekana. Rimbura iyi myidogo itandatu ikunze kuba abanega n’abakenyezi baseruye, urabe n’ingene gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bishobora gufasha.

1

UMWIDOGO:

“Tubanye tutabana.”

INGINGO NGENDERWAKO YO MURI BIBILIYA:

“Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”​—ABAFILIPI 1:10.

Umubano wanyu ni kimwe mu bintu bihambaye kuruta ibindi mu buzima bwanyu. Urabereye gushirwa imbere y’ibindi. Nimurabe neza rero ko urutonde rw’ivyo mukora rudatuma haba uwo mwidogo. Ntimureke imirimo ya misi yose, naho yoba ikenewe, ngo itume muba nk’aho umwe wese yifitiye ubuzima yisangije. Ego ni ko, akazi hamwe n’ibindi bintu umuntu adashobora guhunga vyoshobora gutuma mubwirizwa kumara umwanya mutari kumwe. Ariko murashobora gushingira akarimbi ikintu cose mufiseko ububasha, nk’akarorero umwanya mumara mwisamaza canke muri kumwe n’abagenzi, kandi ni ko mukwiye kubigenza.

Ariko rero, bamwebamwe mu bubakanye boshobora kwirondeza akazi kiyongereye canke bakongereza ibibasamaza barondera gusa kutamarana umwanya n’abo bubakanye. Mwene abo bantu usanga ‘babanye n’abo bubakanye ariko batabana,’ mugabo si ibipfa kubashikira. Ahubwo riho, baba bariko barahunga ingorane. Nimba wewe canke uwo mwubakanye ari ukwo mumeze, murakeneye kurondera ibituma haba ingorane no guca mugerageza kubitorera umuti. Usangiye ubuzima n’uwo mwubakanye ni ho gusa mushobora kunywana maze ‘mukaba umubiri umwe’ koko.​—Itanguriro 2:24.

Ingene bamwebamwe bashize mu ngiro iyo mpanuro: Andrewa na Tanji ni abubakanye bo muri Ositaraliya bamaranye imyaka cumi. Andrew avuga ati: “Narize yuko gukora cane birenze be n’ukwitwararika incuti n’abagenzi mu buryo burenze bishobora kubangamira umubano. Ni co gituma twe n’umukenyezi wanje turondera umwanya wo kuyaga no guseruranira uko twiyumva.”

Dave na Jane, ababa muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bakaba kandi bamaze imyaka 22 bubakanye, buri mugoroba baramara iminota mirongo itatu ya mbere bayaga ivyabashikiye bongera bahanahana ivyiyumviro. Jane avuga ati: “Uwo mwanya urahambaye cane ku buryo tutareka ngo hagire ikintu na kimwe kiwudutesha.”

2

UMWIDOGO:

“Uwu mubano ntukindonsa ivyo nipfuza.”

INGINGO NGENDERWAKO YO MURI BIBILIYA:

“Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite, ahubwo arondere ak’uwundi.”​—1 ABAKORINTO 10:24.

Umuntu arazwa ishinga ahanini n’ico umubano umuronsa ntazokwigera agira agahimbare vy’ukuri, naho yosubira kwubaka urwiwe incuro n’izindi. Umubano ugenda neza igihe umwe wese arondera ahanini gutanga aho kurondera guhabwa. Yezu yarerekanye igituma ari ukwo biri mu kuvuga ati: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”​—Ivyakozwe 20:35.

Ingene bamwebamwe bashize mu ngiro iyo mpanuro: Maria na Martin, ababa muri Megizike, bamaze imyaka 39 bubakanye. Ariko ntivyamye biborohera. Baribuka canecane ikintu kimwe kitoroshe cabashikiye. Maria atwiganira ati: “Igihe kimwe twariko turahazuka bikomeye, ndabwira Martin ikintu kitaranga icubahiro na gato. Yaciye ashangashirwa. Naragerageje kumusigurira yuko ntabivuze ndabikuye ku mutima, ahubwo ko nabitewe gusa n’agashavu, ariko ntiyavyumva.” Martin avuga ati: “Muri ukwo guhazuka, naratanguye kwiyumvira yuko bitari bigishoboka ko tubana, yuko ntari nkwiye kubandanya nigora ngo ndiko ndondera umubano mwiza.”

Martin yari akeneye kwubahwa, Maria na we akipfuza ko Martin amutahura. Nta n’umwe muri bo yaronka ico yipfuza.

None bashoboye gute gutorera umuti iyo ngorane? Martin avuga ati: “Narihaye umwanya wo guturura, maze twempi turiyemeza gushira mu ngiro impanuro iranga ubukerebutsi Bibiliya iduha yo kwubahana no kugira ubuntu. Uko imyaka yagiye irahaca, twariboneye yuko naho hovyuka ingorane incuro zingana gute, dushobora kuzitorera umuti dusavye Imana imfashanyo tukongera tugashira mu ngiro impanuro dusanga muri Bibiliya.”​—Yesaya 48:17, 18; Abanyefeso 4:31, 32.

3

UMWIDOGO:

“Uwo twubakanye ntashitsa ivyo asabwa.”

INGINGO NGENDERWAKO YO MURI BIBILIYA:

“Umwe wese muri twebwe azokwibarizwa n’Imana ivyiwe.”​—ABAROMA 14:12.

Tuvugishije ukuri, umubano ntushobora kugenda neza igihe umwe mu bubakanye ari we wenyene yihata kugira ngo uroranirwe. Ariko birarushiriza kwunyuka igihe bompi batitaho ibintu, umwe wese agata ikosa ku wundi.

Ugumye wiyumvira ahanini ivyo uwo mwubakanye yari akwiye gukora, umenye ko uzokwama wumva udundumiwe. Ni ko bizokugendera na canecane nimba ivyo uwo mwubakanye adashitsa ubigira icitwazo co kureka gushitsa ivyo ubwawe ujejwe. Ariko wihatiye kuba umunega canke umukenyezi mwiza, umubano wanyu ntuzobura kumera neza. (1 Petero 3:1-3) N’igihambaye kuruta, uzoba weretse Imana yuko wubaha intunganyo yashizeho y’umubano w’ababiranye, kandi ivyo ukora bizoyihimbara cane.​—1 Petero 2:19.

Ingene bamwebamwe bashize mu ngiro iyo mpanuro: Kim n’umunega wiwe baba muri Koreya, bakaba bamaze imyaka 38 bubakanye. Kim avuga ati: “Hari igihe umunega wanje angirira ishavu akareka kumvugisha, simenye n’igituma. Bituma numva umengo urwo ankunda rwakanye. Biramaze gushika nkiyumvira nti: ‘Kubera iki ashaka ko ndamutahura kandi na we atagerageza kuntahura?’”

Kim yoshobora kwibanda ku kuntu yumva arenganijwe be no ku vyo umunega wiwe adashitsa. Ariko ashima kubigenza ukundi. Kim avuga ati: “Aho kuguma nshavuye, nariboneye yuko vyiza ari uko ntera intambwe ya mbere kugira ngo tugarukane amahoro. Amaherezo twempi turaturura maze tukabiyaga mu mahoro.”​—Yakobo 3:18.

4

UMWIDOGO:

“Umugore wanje ntanyumvira.”

INGINGO NGENDERWAKO YO MURI BIBILIYA:

“Umutwe w’umugabo wese [ni] Kristu.”​—1 ABAKORINTO 11:3.

Umunega abona ko umukenyezi wiwe atamwumvira, akwiye kubanza kwihweza nimba ubwiwe yiteguriye kwumvira uwuri Umutwe wiwe, ni ukuvuga Yezu Kristu. Umunega arashobora kwerekana ko yumvira Yezu mu kwigana akarorero kiwe.

Intumwa Paulo yanditse ati: “Bagabo, mubandanye gukunda abagore banyu nk’uko na Kristu yakunze ishengero akaryigura.” (Abanyefeso 5:25) Yezu ‘ntiyakandamiza’ abigishwa biwe. (Mariko 10:42-44) Yaraha abayoboke biwe ubuyobozi butomoye akongera akabakosora igihe bikenewe. Ariko ntiyigera akara. Yabafatana ubuntu kandi agatahura ko bari n’aho bageza. (Matayo 11:29, 30; Mariko 6:30, 31; 14:37, 38) Yama ashira imbere inyungu zabo aho gushira imbere inyungu ziwe.​—Matayo 20:25-28.

Umunega arakeneye kwibaza iki kibazo: ‘Uburyo mbona ubukuru be n’uburyo mbona abakenyezi muri rusangi bwoba ahanini bwisunga imico yo ng’aha iwacu aho kwisunga impanuro n’uburorero biri muri Bibiliya?’ Nk’akarorero, wobona gute umukenyezi atahuje n’uburyo umunega wiwe abona ibintu, agashikiriza iciyumviro gitandukanye n’ic’umunega wiwe, akagishikiriza ashimitse ariko abigiranye icubahiro? Muri Bibiliya, Sara umukenyezi wa Aburahamu avugwa ko yari intangakarorero mu bijanye no kuba umukenyezi yumvira canke ayoboka. (1 Petero 3:1, 6) Ariko rero, igihe vyaba bikenewe yaraserura iryo agona, nka ca gihe Aburahamu atari yabonye ibintu bimwebimwe vyari bigeramiye urugo rwiwe.​—Itanguriro 16:5; 21:9-12.

Biribonekeza ko Aburahamu atatera ubwoba Sara ku buryo atinya guserura iryo agona. Ntiyatwaza igikenye. NK’ukwo kwa Aburahamu, umunega akurikiza impanuro zo muri Bibiliya ntaturubika umukenyezi wiwe amusaba kumwumvira mu vyo yishakiye vyose. Umunega azokwubahwa n’umukenyezi wiwe igihe akoresha ubukuru bwiwe abigiranye impuhwe.

Ingene bamwebamwe bashize mu ngiro iyo mpanuro: James, uwuba mu Bwongereza akaba kandi amaze imyaka umunani yubatse, avuga ati: “Ndiko ndiga kudafata ingingo zihambaye ntabanje kugisha inama umukenyezi wanje. Ndihatira kutiyumvira ivyanje gusa. Ndarondera nyabuna gushira imbere ivyo we akeneye aho gushira imbere ivyo jewe nkeneye.”

George uwuba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, akaba amaze imyaka 59 yubatse, avuga ati: “Namye ngerageza kudafata umukenyezi wanje nk’umuntu wo hasi, ahubwo nkamufata nk’umufasha afise ubwenge kandi abishoboye.”​—Imigani 31:10.

5

UMWIDOGO:

“Umunega wanje ntahagarikira ivyo mu rugo.”

INGINGO NGENDERWAKO YO MURI BIBILIYA:

“Umugore w’inkerebutsi vy’ukuri yubaka inzu yiwe, mugabo uw’igipfu arayisambura n’amaboko yiwe bwite.”​—IMIGANI 14:1.

Nimba umunega wawe asa n’uwudashaka gufata ingingo canke guhagarikira ivyo mu rugo, urafise n’imiburiburi amahitamwo atatu. (1) Woshobora kwama wadomye urutoki ku makosa yiwe, canke (2) ukigarurira ubukuru yari afise mu rugo, canke na ho (3) ukamukeza bivuye ku mutima ku twigoro twose agira. Uhisemwo kimwe muri ivyo bibiri vya mbere, uzosanga urugo rwanyu uriko urarusambuza amaboko yawe bwite. Uhisemwo ico ca gatatu, bizogufasha kwubaka canke gukomeza umubano wanyu.

Abagabo benshi usanga bashira imbere kwubahwa kuruta mbere gukundwa. Ku bw’ivyo, utumye umunega wawe yumva ko yubashwe, ugatuma abona ko utwigoro agira two guhagarikira ivyo mu rugo tugira ico tuvamwo kandi dushimwa, urashobora gusanga aciye arushiriza gushitsa ibanga ajejwe. Ego ni ko, bizoshika ntuhuze n’umunega wawe ku kintu kanaka. Muri ico gihe, murakenera guca mubiyaga. (Imigani 18:13) Ariko rero, amajambo uhitamwo gukoresha be n’ijwi ukoresha bizotuma usambura canke wubaka umubano wanyu. (Imigani 21:9; 27:15) Uvuganye icubahiro, bizokworoha ko ushika ku co wipfuza, ico na co akaba ari ukugira umunega atagonanwa guhagarikira ivyo mu rugo.

Ingene bamwebamwe bashize mu ngiro iyo mpanuro: Michele, uwuba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika akaba amaze imyaka 30 yubatse, avuga ati: “Kubera ko twe na bene wacu mawe yatureze adafise umunega amufata mu mugongo, yari umugore w’indyamunyu kandi azi kwibako. Hari ukuntu ngomba kumera nka we. Ku bw’ivyo, nama nkenera kwihatira kuba umuntu ayoboka nk’uko bibereye. Nk’akarorero, narize kugisha inama umunega wanje aho gupfa gufata ingingo.”

Rachel, uwuba muri Ositaraliya akaba amaze imyaka 21 yubakanye na Mark, na we nyene ivyo yakuriyemwo vyaramugizeko inkurikizi. Atwiganira ati: “Mawe ntiyigera yumvira dawe. Uguhazuka n’ukutubaha ni vyo vyaharangwa. Mu myaka ya mbere y’umubano wacu, nari mawe ku gasaka. Ariko uko imyaka yagiye irahaca, nariboneye akamaro ko gushira mu ngiro impanuro Bibiliya itanga ku bijanye no kugaragaza icubahiro. Ubu twe na Mark twibaniye neza ntiworaba.”

6

UMWIDOGO:

“Ingeso ziwe zandambiye.”

INGINGO NGENDERWAKO YO MURI BIBILIYA:

“Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi.”​—ABAKOLOSAYI 3:13.

Mukireshanya, ushobora kuba waribanda cane kuri kamere nziza z’uwo mwohavuye mwubakana ku buryo wasa n’uwutabona utunenge afise. None ntiwogira nk’ukwo nyene n’ubu? Ego ni ko ntihabuze ivyo uwo mwubakanye akora bituma ugira imvo yumvikana yo kwidoga. Ariko niwibaze uti: ‘None ni kamere izihe uwo twubakanye afise nshima kwibandako? Ni kamere nziza canke mbi?’

Yezu yarakoresheje ikigereranyo gikomeye cerekana ko dukeneye kwirengagiza utunenge tubona ku bandi. Yabajije ati: “Kubera iki . . . uraba igikumbi kiri mu jisho rya mwene wanyu, mugabo nturimbūre ikigiga kiri mu jisho ryawe bwite?” (Matayo 7:3) Igikumbi ni akantu k’akatsi. Ikigiga coco ni urugegene rw’igiti rurerure kandi ruremereye rukoreshwa bwa nkingi ishigikira igisenge c’inzu. None icigwa yagomba gutanga ni ikihe? Yavuze ati: “Banza ukure nya kigiga mu jisho ryawe, maze uzoheza ubone neza ingene ukura igikumbi mu jisho rya mwene wanyu.”​—Matayo 7:5.

Yezu yatanguje ico kigereranyo n’amajambo yo kutuburira atuma umuntu azirikana. Yavuze ati: “Nimureke guca urubanza kugira ntimuzocirwe urubanza; kuko urubanza muca ari rwo namwe muzocirwa.” (Matayo 7:1, 2) Nimba wipfuza ko Imana yirengagiza ikigiga cawe, ni ukuvuga amakosa ukora, vyokubera vyiza wirengagije utunenge ubona ku wo mwubakanye.​—Matayo 6:14, 15.

Ingene bamwebamwe bashize mu ngiro iyo mpanuro: Jenny, uwuba mu Bwongereza akaba amaze imyaka icenda yubakanye na Simon, avuga ati: “Ikintu gikunze cane gutuma nshavurira umunega wanje mbona ko ari ukuntu usanga adatunganya ibintu imbere y’igihe, akama yakoze ibintu ku munota wa nyuma. Biratangaje kuko tukireshanya nakunda cane ukuntu yakora ibintu atiriwe ariyumvira cane. Ariko ubu ndabona ko nanje mfise utunenge, nko kuba nkunda gutegeka abandi mu tuntu twose. Umwe wese muri twebwe ariko ariga kwirengagiza utunenge twa mugenziwe.”

Curt, uwubakanye n’umwe Michele twavuze, agira ati: “Wibanze ku tunenge tw’uwo mwubakanye, uzobona umengo utwo tunenge tuguma turushiriza kuba udukomeye. Imbere ya vyose, nshima kwibanda kuri za kamere zatumye nkunda Michele.”

Icotuma umubano uroranirwa

Utwo turorero dukeyi turerekana yuko ingorane zidashobora kubura mu mubano ariko ko atari akananirabahinga. None ni igiki cotuma umubano uroranirwa? Niwige gukunda Imana no kugira umutima ukunze wo gushira mu ngiro impanuro dusanga mw’Ijambo ryayo Bibiliya.

Alex na Itohan, ababa muri Nijeriya bakaba bamaze imyaka irenga 20 bubakanye, barize kubigira. Alex avuga ati: “Nariboneye yuko hafi ingorane iyo ari yo yose yo mu mubano ishobora gutorerwa umuti igihe abubakanye bashize mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.” Umukenyezi wiwe na we avuga ati: “Twariboneye akamaro ko kwama dutura isengesho turi kumwe no gushira mu ngiro impanuro Bibiliya itanga yo gukundana bivuye ku mutima no kwihanganirana. Ubu dufise ingorane nkeyi tugereranije n’igihe twatangura kubana.”

Woba woshima kumenya n’ibindi ku kuntu impanuro ngirakamaro zo mw’Ijambo ry’Imana zishobora kugira ico zimariye urugo rwawe? Nimba wobishima, nusabe Ivyabona vya Yehova muyage ku kigabane ca 14 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?b

[Utujambo tw’epfo]

a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 4]

Twoba turondera umwanya wo kuba turi kumwe?

[Ifoto ku rup. 5]

Noba ngerageza gutanga vyinshi kuruta ivyo mpabwa?

[Ifoto ku rup. 6]

Noba ntera intambwe ya mbere kugira ngo dutorere umuti ukutumvikana?

[Ifoto ku rup. 7]

Noba ndimbura iciyumviro c’umukenyezi wanje imbere yo gufata ingingo?

[Ifoto ku rup. 9]

Noba nibanda kuri kamere nziza z’uwo twubakanye?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika