Niwige Ijambo ry’Imana
Imana ni nde?
Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.
1. Imana ni nde?
Imana y’ukuri ni iyaremye vyose. Bibiliya iyita “Umwami w’ibihe bidahera,” bisobanura ko itagize intango kandi ko itazokwigera igira iherezo. (Ivyahishuwe 15:3) Kubera yuko Imana ari yo Sôko ry’ubuzima, ni yo yonyene dukwiye gusenga.—Soma Ivyahishuwe 4:11.
2. Imana imeze gute?
Nta muntu arigera abona Imana kubera ari Impwemu, bisobanura ko irengeye ibiremwa vyose biboneka biba kw’isi. (Yohani 1:18; 4:24) Ivyo Imana yaremye birahishura kamere yayo. Nk’akarorero, iyo twitegereje ukuntu ivyamwa n’amashurwe biremwe be n’ukuntu biri ubwoko bwinshi, duca tubona urukundo n’ubukerebutsi Imana ifise. Ubunini bw’ikirere buraduhishurira ububasha bw’Imana.—Soma Abaroma 1:20.
Turashobora kwiga n’ibindi vyinshi muri Bibiliya ku bijanye na kamere y’Imana. Nk’akarorero, iratubwira ivyo Imana ikunda n’ivyo yanka, ukuntu ifata abantu be n’ukuntu ivyifatamwo mu bihe bitandukanye.—Soma Zaburi 103:7-10.
3. Imana yoba ifise izina?
Yezu yavuze ati: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.” (Matayo 6:9) Naho Imana ifise amazina y’icubahiro menshi, ifise izina ry’uruharo rimwe gusa. Ururimi rumwerumwe rwose usanga rufise ukuntu rwatura iryo zina. Mu kirundi tuvuga ngo “Yehova.”—Soma Zaburi 83:18.
Izina ry’Imana ryarakuwe mu mabibiliya menshi risubirizwa n’amazina y’icubahiro nka Umukama canke Uhoraho. Ariko igihe Bibiliya yandikwa, yarimwo izina ry’Imana incuro nka 7.000. Yezu yaramenyekanishije izina ry’Imana mu kurikoresha igihe yaba ariko arasigurira abantu Ijambo ry’Imana. Yarafashije abantu kumenya Imana.—Soma Yohani 17:26.
4. Yehova yoba atubabaye?
Yehova arerekana ko atwitwararitse mu kuba ari we ubwiwe yumviriza amasengesho dutura. (Zaburi 65:2) None kuba hari imibabaro myinshi vyoba bisobanura ko Imana itatubabaye? Abantu bamwebamwe bavuga yuko Imana ituma dushikirwa n’imibabaro kugira ngo itugerageze, ariko ivyo si vyo. Bibiliya ivuga iti: “Kirazira yuko Imana y’ukuri yogira ivy’ububisha.”—Yobu 34:10; Soma Yakobo 1:13.
Imana yarateye iteka umuntu mu kumuha ubushobozi bwo kwihitiramwo. Ntidukenguruka none kuba dushobora kwihitiramwo gukorera Imana? (Yosuwa 24:15) Imibabaro ni myinshi cane kubera yuko benshi bahitamwo gukorera abandi ibibi. Yehova biramubabaza kubona mwene ako akarenganyo.—Soma Itanguriro 6:5, 6.
Vuba Yehova agiye gukoresha Yezu kugira akureho imibabaro be n’abayitera. Mu kurindira, Yehova arafise imvo zumvikana zo kureka hakaba harabayeho imibabaro. Ikindi kiganiro mwene iki kizosigura igituma Imana ireka hakaba imibabaro.—Soma Yesaya 11:4.
5. Imana ishaka ko dukora iki?
Yehova yaturemanye ubushobozi bwo kumumenya no kumukunda. Ashaka ko twiga ukuri ku bimwerekeye. (1 Timoteyo 2:4) Twize Bibiliya, turashobora kumenya Imana ikatubera Umugenzi.—Soma Imigani 2:4, 5; Yakobo 2:23.
Ko Yehova yaduhaye ubuzima, dukwiye kumukunda kuruta uko dukunda uwundi uwo ari we wese. Turashobora kwereka Imana ko tuyikunda mu kuyiyagira mw’isengesho no mu gukora ivyo idusaba. (Imigani 15:8) Yehova adusaba gufatana abandi urukundo.—Soma Mariko 12:29, 30; 1 Yohani 5:3.
Ushaka kumenya amakuru yiyongereye, raba ikigabane ca 18 c’iki gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 17]
Hoba hari imvo zumvikana zoshobora gutuma umuntu areka uwiwe akamara ikiringo kanaka ababara?