Niwigishe abana bawe
Yarakundwa n’Imana be n’abagenzi biwe
UWO mwigeme, nta n’umwe muri kino gihe azi izina ryiwe. Azwi gusa ko ari umukobwa wa Yefuta, se wiwe. Reka turabe muri Bibiliya maze twige ivyerekeye abo bantu babiri. Turaza kubona ko umukobwa wa Yefuta yakundwa n’Imana be n’abagenzi biwe.
Ivya Yefuta n’umukobwa wiwe turashobora kubisoma muri Bibiliya mu Bacamanza ikigabane ca 11. Kubera ko Yefuta yari umusavyi w’Imana w’umwizigirwa, nta gukeka ko yama aganira n’umukobwa wiwe ku Vyanditswe.
Yefuta yabayeho imbere y’uko abasavyi b’Imana, ari bo Bisirayeli, basaba ko umuntu nka bo ababera umwami. Yefuta yari umugabo akomeye azi kurwana. Ni co gituma Abisirayeli bamusavye ngo abaje imbere mu kurwanya Abamoni, bano bakaba bari ababanyi babo bari bamaze igihe babarwanya.
Yefuta yaripfuza ko Imana imufasha gutsinda Abamoni, akaba ari co gituma yaciye agira ico ayisezeraniye. Yefuta yavuze yuko Yehova aramutse amuhaye intsinzi, na we yociye amuha umuntu wa mbere yosohotse mu nzu yiwe aje kumusanganira atashe. Uyo muntu yomaze imyaka yose isigaye y’ubuzima bwiwe akorera kw’itaberenakulo y’Imana, aho akaba ari ho abantu basengera Imana muri ico gihe. Woba none uzi uwasohotse ubwa mbere?—a
Emwe, umukobwa wiwe nyene ni we yasohotse ubwa mbere! Yefuta yarababaye cane. Yari afise uwo mwana umwe gusa. Ariko rero, yari yaragiraniye isezerano na Yehova kandi yategerezwa kurishitsa. Uwo mukobwa yaciye ubwo nyene avuga ati: “Dawe, nimba wateranuriye akanwa Yehova, nungirire nk’uko vyakwiviriye mu kanwa.” Yaciye asaba se ngo amureke mu kiringo c’amezi abiri agende mu misozi kuririrayo. Kubera iki yababaye gutyo? Kubera yuko ashikije indagano ya se yobaye ahevye uburenganzira yari afise bwo kwubaka urwiwe no kuvyara abana. Naho vyari ukwo, ntiyabona yuko ivyipfuzo vyiwe ari vyo bihambaye cane. Yaripfuza kugamburukira se no kuba intahemuka kuri Yehova. Woba wiyumvira yuko yatumye Yehova na se banezerwa?—
Yefuta rero yararungitse umukobwa wiwe ngo amare amezi abiri ari kumwe n’abagenzi biwe b’abakobwa. Aho agarukiye, se wiwe yarashikije indagano yari yaragize mu kumurungika kw’itaberenakulo y’Imana i Shilo ngo amareyo ubuzima bwiwe bwose. Uko umwaka utashe, abigeme bo muri Isirayeli baraja i Shilo kuremesha umukobwa wa Yefuta.
Hari abakiri bato woba uzi bagamburukira abavyeyi babo bakongera bagakunda Yehova?— Ni vyiza ko urondera kubamenya neza kugira ngo ubagire abagenzi. Wiganye umukobwa wa Yefuta ukagamburuka ukongera ukaba intahemuka, uzogira abagenzi beza. Uzotuma abavyeyi bawe banezerwa, kandi na Yehova azogukunda.
Soma muri Bibiliya yawe
a Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.