ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/2 rup. 6-10
  • Ingene impwemu nyeranda yagize uruhara mw’irema

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene impwemu nyeranda yagize uruhara mw’irema
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igitangaza c’irema
  • Ububasha bw’Imana butagira aho bugarukira
  • Impwemu nyeranda be n’isi
  • Impwemu nyeranda be n’ibinyabuzima
  • Ikiremwa gihambaye kuruta ibindi vyose vyo kw’isi
  • Twemere icese uruhara impwemu nyeranda irangura
  • Impwemu nyeranda be n’ukwizera Imana kwacu
  • Impwemu nyeranda ni iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Kubera iki twoyoborwa n’impwemu y’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ububasha bwo kurema bw’«Umuremyi w’ijuru n’isi»
    Niwiyegereze Yehova
  • Inkuru itazwi yerekeye irema
    Be maso!—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/2 rup. 6-10

Ingene impwemu nyeranda yagize uruhara mw’irema

“Kw’ijambo rya Yehova amajuru yarakozwe, ku mpwemu yo mu kanwa kiwe na ho ingabo zayo zose zirakorwa.”​—ZAB. 33:6.

1, 2. (a) Ubumenyi umuntu afise ku vyerekeye ikirere n’isi vyongerekanye gute uko igihe cagiye kirahaca? (b) Ni ikibazo ikihe dukeneye kuronkera inyishu?

MU MYAKA irenga 100 iheze, abahinga mu vya siyansi benshi biyumvira yuko ikirere kirimwo ikigwi c’inyenyeri (ari co galaxie) kimwe gusa, ni ukuvuga ikigwi isi yacu irimwo citwa Nzira Nyamweru. Ese ingene batatahura na gato ukuntu ikirere kingana! Ubu vyiyumvirwa ko ikirere kirimwo ibigwi vy’inyenyeri birenga amamiliyaridi 100, bimwebimwe bikaba birimwo inyenyeri amamiliyaridi n’amamiliyaridi. Uko barushiriza gukoresha mwene vya vyuma bigagamisha ibintu biri kure bita téléscopes bikomeye, ni ko barushiriza kwubura ibindi bigwi vy’inyenyeri.

2 Nk’uko nyene ubumenyi mu vya siyansi bwerekeye ikirere bwari n’aho bugarukira mu myaka irenga ijana iheze, ni ko n’ubumenyi bwerekeye isi bwari n’aho bugarukira. Ego ni ko, abantu bariho muri ico gihe bari bazi vyinshi kuruta basekuruza babo. Ariko rero, muri iki gihe ukuntu ubuzima ari bwiza be n’ukuntu bugizwe n’ibintu vy’urusobangane hamwe n’ukuntu isi ifasha ibinyabuzima kubandanya kubaho, biratahurika kuruta uko vyatahurika ico gihe. Kandi nta gukeka ko tuzomenya n’ibindi vyinshi ku vyerekeye isi n’ikirere mu myaka iri imbere. Mugabo birabereye canecane ko twibaza duti: Ivyo vyose vyabayeho gute? Turashobora kumenya inyishu y’ico kibazo kubera gusa Umuremyi yayihishuye mu Vyanditswe Vyeranda.

Igitangaza c’irema

3, 4. Imana yaremye gute ibiriho, kandi ibikorwa vyayo biyininahaza gute?

3 Ukuntu ibiriho vyabayeho birasigurwa mu majambo atangura yo muri Bibiliya agira ati: “Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi.” (Ita. 1:1) Imbere y’uko Yehova arema ibintu bifadika, yarakoresheje impwemu nyeranda yiwe, ni ukuvuga inguvu yiwe ikora akazi, kugira ngo areme ibiri mu kirere hamwe n’isi. Umuntu w’umuhinga arakoresha iminwe n’ibikoresho kugira ngo ahingure ibintu, mugabo Imana yoyo irungika impwemu nyeranda kugira ngo irangure ibikorwa vyayo bihambaye.

4 Ivyanditswe bivuga mu buryo bw’ikigereranyo yuko impwemu nyeranda ari “urutoke” rw’Imana. (Luka 11:20; Mat. 12:28) Kandi “igikorwa c’amaboko yayo,” ni ukuvuga ivyo Yehova yaremye akoresheje impwemu nyeranda yiwe, kiratuma aninahazwa cane. Umwanditsi wa Zaburi Dawidi yaririmvye ati: “Amajuru amenyesha ubuninahazwa bw’Imana; ikirere na co kivuga igikorwa c’amaboko yayo.” (Zab. 19:1) Egome, ivyaremwe biboneka biratanga ikimenyamenya c’ububasha buteye akoba impwemu nyeranda y’Imana ifise. (Rom. 1:20) None ivyo bibigira gute?

Ububasha bw’Imana butagira aho bugarukira

5. Tanga akarorero kerekana ububasha bwo kurema impwemu nyeranda ya Yehova ifise.

5 Ukuba ibiri mu kirere ari vyinshi cane mu buryo busiga ubwenge bwacu biratanga ikimenyamenya c’uko ububasha bwa Yehova be n’inguvu ziwe bitagira aho bigarukira. (Soma Yesaya 40:26.) Abahinga bo mu bihe vya none barazi yuko ikintu gifadika gishobora guhinduka inguvu, inguvu na zo zigahinduka ikintu gifadika. Izuba ryacu, rino rikaba ari ikinyenyeri, riratanga akarorero k’ikintu gifadika gihinduka inguvu. Uko haciye isegunda, izuba riratuma amatoni nk’ane y’ibintu bifadika bihinduka umuco w’izuba, ubushuhe be n’ubundi bwoko bw’inguvu. Agahimba inzatsa k’izo nguvu kadushikira karahagije kugira ngo ibinyabuzima biri kw’isi bibandanye kubaho. Biboneka yuko vyasavye ko hakoreshwa ububasha n’inguvu vyinshi cane kugira ngo izuba be n’izindi nyenyeri amamiliyaridi zose biremwe. Yehova arafise inguvu zari zikenewe kugira ngo ivyo bintu biremwe be n’iziruta izo.

6, 7. (a) Ni kubera iki dushobora kuvuga yuko Imana yakoresheje impwemu nyeranda yayo mu buryo burimwo urutonde? (b) Ni igiki cerekana ko ibiri mu kirere bitabayeho ku gihamana?

6 Dukikujwe n’ibintu vyerekana ko Imana yakoresheje impwemu nyeranda mu buryo burimwo urutonde. Tubitangire akarorero: Dufate ko ufise ikarato irimwo udupira two gukina dufise amabara atandukanye. Urazungagije iyo karato, ugacangacanga utwo dupira. Uciye udusuka hasi twose icarimwe. Woba wokwitega yuko utwo dupira tugwa hasi turi mu migwi twisunze amabara yatwo, ni ukuvuga utw’ubururu tukaja hamwe, utw’umuhondo tukaja hamwe, gutyogutyo? Birumvikana ko ata vyo wokwitega! Ibintu vyose umuntu akoze atabicungereye usanga imisi yose ata rutonde rubamwo. Abantu baremera ko ivyo bintu ari ukuri.

7 None iyo turaramuye amaso tukihweza ibiri mu kirere dukoresheje mwene vya vyuma bigagamisha ibintu biri kure, tubona iki? Turabona ibigwibigwi vy’inyenyeri be n’imibumbe amahero kandi biri mu rutonde rudasanzwe, ivyo vyose bikaba bigenda ata na kimwe gihusha inzira yaco. Ivyo ntivyoshobora kuba vyarabayeho ku gihamana canke biciye kw’isanganya ryabereye mu kirere. Dutegerezwa rero kwibaza duti: Ni inguvu izihe zakoreshejwe mu ntango kugira ngo habeho ivyo bintu biri mu kirere birimwo urutonde? Twebwe abantu ntidushobora gutahura izo nguvu biciye ku kwihweza gusa ibintu abantu bashikako bakoresheje ubuhinga mu vya siyansi. Ariko rero, Bibiliya ivuga yuko izo nguvu ari impwemu nyeranda y’Imana, zikaba ari zo nguvu zikomeye kuruta izindi zose kw’isi no mw’ijuru. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Kw’ijambo rya Yehova amajuru yarakozwe, ku mpwemu yo mu kanwa kiwe na ho ingabo zayo zose zirakorwa.” (Zab. 33:6) Kandi iyo dukoresheje amaso yacu, tubona gusa agace kanzwinya k’izo “ngabo” z’inyenyeri igihe turavye mu kirere mw’ijoro!

Impwemu nyeranda be n’isi

8. Mu vy’ukuri tuzi ibingana iki ku bijanye n’ivyo Yehova yaremye?

8 Ivyo dutahura muri iki gihe ku bijanye n’ibidukikije ni bike cane ubigereranije n’ibintu vyose biriho vyo kwiga. Ku bijanye n’ukuntu ubumenyi dufise bwerekeye ibintu Imana yaremye bungana, wa mugabo w’umwizigirwa Yobu yavuze ati: “Raba! Utwo ni udusunwa tw’inzira zayo, vyongeye, ese ingene ivyo twumva ku biyerekeye ari utwongoshwe gusa!” (Yobu 26:14) Haciye imyaka amajana, Umwami Salomo, uno akaba yari umuntu azi kwihweza ivyo Yehova yaremye, yavuze ati: “Ikintu cose yakigize ciza mu gihe caco. Mbere n’igihe kitagira urugero yagishize mu mutima wabo, ngo abantu ntibigere bubura igikorwa Imana y’ukuri yakoze kuva ku ntango gushika kw’iherezo.”​—Umus. 3:11; 8:17.

9, 10. Imana yakoresheje izihe nguvu igihe yarema isi, kandi ni ibindi bintu ibihe vyabaye mu misi itatu ya mbere y’irema?

9 Ariko rero, Yehova yarahishuye amakuru ya nkenerwa ajanye n’ivyo yaremye. Nk’akarorero, Ivyanditswe bitumenyesha yuko impwemu y’Imana yakorera kw’isi, ubu hakaba haciye imyaka idaharurika. (Soma Itanguriro 1:2.) Ico gihe, nta si yumutse yariho, nta muco wariho, kandi biboneka yuko ata mpemu zariho ku buringanire bw’isi.

10 Bibiliya irabandanya kuvuga ivyo Imana yakoze mu misi y’irema ikurikirana. Iyo si imisi y’amasaha 24 mugabo ni ibiringo. Ku musi wa mbere w’irema, Yehova yaratumye umuco utangura kuboneka ku buringanire bw’isi. Ico gikorwa kijanye no gutuma haboneka umuco carangiye igihe izuba n’ukwezi vyashobora kuboneka umuntu abiravye ari kw’isi. (Ita. 1:3, 14) Ku musi ugira kabiri, ikirere caciye gitangura gutunganywa. (Ita. 1:6) Ico gihe isi yaragiyeko amazi, iraronka umuco be n’umwuka mugabo ntihari bwaboneke isi yumutse. Mu ntango z’umusi ugira gatatu w’irema, Yehova yarakoresheje impwemu nyeranda yiwe mu gushiraho isi yumutse, bikaba bishoboka ko yayikoresheje mu kuyobora inguvu zikomeye zo mu nda y’isi kugira ngo atume haboneka ibice bigize isi, bivuye mu mazi yari akwiye kw’isi yose. (Ita. 1:9) Harabaye n’ibindi bintu bitangaje kuri uwo musi ugira gatatu no mu bindi biringo vy’irema vyakurikiye.

Impwemu nyeranda be n’ibinyabuzima

11. Kuba mu binyabuzima harimwo ibikozwe mu buryo bugoye gutahura, bipanze ku rutonde kandi vyiza vyerekana iki?

11 Impwemu y’Imana yaratumye kandi haremwa ibinyabuzima birimwo urutonde rudasanzwe. Imana ikoresheje impwemu yayo nyeranda, kuva ku musi w’irema ugira gatatu gushika ku musi w’irema ugira gatandatu, yararemye ubwoko bw’ibimera n’ibikoko butandukanye bimwe bitangaje. (Ita. 1:11, 20-25) Gutyo, ibinyabuzima birimwo uburorero budaharurika bw’ibintu bikozwe mu buryo bugoye gutahura, bipanze ku rutonde kandi vyiza, ivyo bikaba vyerekana yuko vyaremwe mu buryo buhanitse.

12. (a) Agahimba ntekeramakuru ADN karangura iki? (b) Kuba ako gahimba kabandanya gukora neza bitwigisha iki?

12 Rimbura ibijanye n’agahimba ntekeramakuru kitwa ADN (acide désoxyribonucléique), kano kakaba ari kimwe mu bintu ibinyabuzima bikoresha kugira ngo birage kamere zibiranga ibindi binyabuzima bibikomotseko. Ibinyabuzima vyose biri kw’isi, harimwo na mwene twa tunyabuzima tutabonwa n’amaso bita imikorobe, hakabamwo n’ivyatsi, inzovu, ibimizi be n’abantu, birondoka bikoresheje ako gahimba ntekeramakuru ADN. Naho ibiremwa vyo kw’isi usanga bitandukanye cane, bikurikiza urutonde rumeze kumwe mu kuraga kamere zavyo ibibikomotseko, ivyo bikaba vyaratumye ubwoko nyamukuru bw’ibinyabuzima budahindagurika uko imyaka yagiye irarengana. Dukurikije umugambi Yehova Imana afise, ibinyabuzima bitandukanye vyo kw’isi birabandanya rero kurangura uruhara rwavyo muri rwa rusobangane rw’ibinyabuzima. (Zab. 139:16) Ukwo kuntu ibintu vyatunganijwe mu buryo buri n’ico bumaze kandi buri ku rutonde biratanga ikindi kimenyamenya c’uko ibiriho vyakozwe n’“urutoke” rw’Imana, ari yo mpwemu nyeranda.

Ikiremwa gihambaye kuruta ibindi vyose vyo kw’isi

13. Imana yaremye umuntu gute?

13 Haciye imyaka idaharurika, Imana na yo ikaba yari yaramaze gushiraho ibintu bifise ubuzima n’ibidafise ubuzima bitagira uko bingana, isi ntiyari ikiri ‘iyitagira imero n’igiharabuga.’ Ariko rero, Yehova ntiyari bwarangize gukoresha impwemu yiwe mu kurema. Yari mu gushiraho ikiremwa ciwe gihambaye kuruta ibindi vyose. Umusi ugira gatandatu w’irema uri mu kurangira, Imana yararemye umuntu. None Yehova yamuremye gute? Yakoresheje impwemu nyeranda yiwe be n’ibintu vyo kw’isi.​—Ita. 2:7.

14. Ni mu buryo buhambaye ubuhe abantu batandukanye n’ibikoko?

14 Mw’​Itanguriro 1:27 hagira hati: “Imana irema umuntu mw’ishusho yayo, imurema mw’ishusho y’Imana; ibarema ari umugabo n’umugore.” Kuba twaremwe mw’ishusho y’Imana bisobanura yuko Yehova yaturemanye ubushobozi bwo kugaragaza urukundo, bwo kwihitiramwo, mbere n’ubwo kugiranira ubucuti n’Umuremyi wacu. Ni co gituma ubwonko bwacu butandukanye cane n’ubw’ibikoko. Tubivuze tudomako, Yehova yahinguye ubwonko bw’umuntu ku buryo dushobora kubandanya kwiga tunezerewe ibimwerekeye n’ivyerekeye ibikorwa vyiwe ibihe bidahera.

15. Ni akaryo akahe Adamu na Eva bari bafise?

15 Mu ntango z’ukubaho kw’abantu, Imana yarahaye Adamu n’umukenyezi wiwe Eva isi be n’ibintu vy’akaroruhore vyari kuri yo kugira ngo bige ibivyerekeye bongere babinezererwe. (Ita. 1:28) Yehova yarabaronkeje ibifungurwa umukimba be n’Iparadizo babamwo. Bari bafise akaryo ko kubaho ibihe bidahera no kuvyara abantu amamiliyaridi batagira agasembwa kandi babakunda. Ariko rero, ibintu ntivyagenze gutyo.

Twemere icese uruhara impwemu nyeranda irangura

16. Ni icizigiro ikihe dufise naho abantu ba mbere bagararije?

16 Aho kugamburukira Umuremyi wabo babigiranye ugukenguruka, Adamu na Eva baragararije babitumwe n’ubwikunzi. Ivyo vyatumye abantu bose b’abanyagasembwa bakomotse kuri bo bashikirwa n’imibabaro. Mugabo Bibiliya irasigura ingene Imana izokuraho amabi yose yatewe n’ingendo y’icaha y’abavyeyi bacu ba mbere. Ivyanditswe birerekana kandi ko Yehova azoshitsa umugambi yari afise mu ntango. Isi izocika Iparadizo yuzuyeko abantu bahimbawe kandi bafise amagara meza bizigiye kubaho ibihe bidahera. (Ita. 3:15) Kugira ngo tugume dufise ico cizigiro ceza umutima, turakeneye gufashwa n’impwemu nyeranda y’Imana.

17. Ni ivyiyumviro ibihe dutegerezwa kwirinda?

17 Turakwiye gusenga Yehova tumusaba impwemu nyeranda. (Luka 11:13) Kubigenza gutyo bizodufasha kurushiriza kujijuka yuko ivyaremwe ari igikorwa c’amaboko y’Imana. Muri iki gihe, inyigisho zijanye no kutemera Imana be n’izivuga yuko ibintu vyabayeho biciye kw’ihindagurika, zino zikaba zishingiye ku vyiyumviro birimwo amakosa kandi bitagira ishingiro, zirarushiriza kwongerekana. Ntidukwiye kureka iryo segenya ry’ivyiyumviro bitari vyo ngo rituvuruge ubwenge canke ngo ridutere ubwoba. Abakirisu bose bategerezwa kwitegurira kunanira ivyo bintu be n’akosho k’urunganwe kajanye na vyo.​—Soma Abakolosayi 2:8.

18. Igihe turiko turihweza inkomoko y’ibiri mu kirere be n’abantu, ni kubera iki kutemera yuko vyashizweho n’Umuremyi afise ubwenge kwoba ari ukutabona kure?

18 Nta gukeka ko tuzorushiriza kwizera Bibiliya be n’Imana ubwayo nitwasuzuma ata buryarya ibimenyamenya bishigikira irema. Benshi babona yuko bitumvikana kwemera yuko hoba hariho iyindi nguvu uretse iyo bashobora gusigura bakoresheje ubuhinga, yoba yaragize uruhara mu gutuma ibiri mu kirere be n’abantu bibaho. Ariko rero, hamwe twobona ibintu muri ubwo buryo, ntitwoba turiko turihweza ibimenyamenya vyose ata ho duhengamiye. Vyongeye, twoba turiko turirengagiza ivyaremwe “bitagira igitigiri” vyibonekeza birimwo urutonde kandi vyashizweho ku bw’umugambi munaka. (Yobu 9:10; Zab. 104:25) Twebwe abakirisu, turemera tudakeka yuko inguvu zikora akazi zakoreshejwe mw’irema ari impwemu nyeranda yari iyobowe na Yehova mu buryo burimwo ubwenge.

Impwemu nyeranda be n’ukwizera Imana kwacu

19. Ni igiki gituma twemera ko Imana ibaho be n’uko impwemu yayo ikora?

19 Si ngombwa ngo tumenye akantu kose ku vyerekeye irema kugira ngo twizere Imana, tuyikunde twongere tuyubahe bimwe bigera kure. Nka kurya kw’ubugenzi abantu bagiranira, kwizera Yehova ntibishingiye gusa ku bimenyamenya biboneka. Nk’uko nyene ubucuti buri hagati y’abagenzi bugenda burongerekana uko barushiriza kumenyana, ni na ko ukwizera Imana kwacu kugenda kurongerekana uko tumenya vyinshi ku biyerekeye. Mu vy’ukuri, turarushiriza kujijuka yuko ibaho igihe yishuye amasengesho yacu be n’igihe tubonye ivyiza biva ku gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zayo mu buzima bwacu. Turarushiriza kwiyegereza Yehova uko turushiriza kwibonera ibimenyamenya vy’uko ariko arayobora intambuko zacu, ko ariko aradukingira, ko ariko arahezagira utwigoro tugira mu murimo tumurangurira, be n’uko ariko araturonsa ivyo dukeneye. Ivyo vyose biratuma twemera bimwe bikomeye ko Imana iriho be n’uko impwemu nyeranda yayo ikora.

20. (a) Ni kubera iki Imana yaremye ibiriho be n’abantu? (b) Bizotugendera gute nitwabandanya gukurikiza ubuyobozi bw’impwemu nyeranda y’Imana?

20 Bibiliya ni akarorero gahambaye k’ukuntu Yehova akoresha inguvu ziwe zikora akazi kubera yuko abayanditse “bavuze ivyava ku Mana nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda.” (2 Pet. 1:21) Kwiga Ivyanditswe tuvyitondeye birashobora gutuma turushiriza kwizera Imana tukemera ko ari yo yaremye ibintu vyose. (Ivyah. 4:11) Yehova yararemye ibiriho kugira ngo yerekane kamere yiwe ikwegera y’urukundo. (1 Yoh. 4:8) Nimuze rero dukore uko dushoboye kwose kugira ngo dufashe abandi kwiga ivyerekeye uwo Data wa twese wo mw’ijuru munyarukundo akaba n’Umugenzi wacu. Ku bitwerekeye, nitwabandanya kuyoborwa n’impwemu y’Imana, tuzoterwa agateka ko kwiga ibiyerekeye ibihe bidahera. (Gal. 5:16, 25) Ese umwe wese muri twebwe yoguma yiga ivyerekeye Yehova be n’ibikorwa vyiwe bihambaye akongera akagaragaza mu buzima bwiwe urukundo rutagira aho rugarukira Yehova yagaragaje igihe yakoresha impwemu nyeranda yiwe mu kurema ikirere, isi hamwe n’abantu!

Woshobora kubisigura?

• Ukuba hariho ikirere be n’isi bitwigisha iki ku vyerekeye ukuntu Imana ikoresha impwemu nyeranda?

• Kuba twaremwe mw’ishusho y’Imana bituma turonka uturyo utuhe?

• Ni kubera iki dukeneye gusuzuma ibintu vyerekana ko ibiriho vyaremwe?

• Ubucuti dufitaniye na Yehova bushobora gukomera mu buryo butandukanye ubuhe?

[Ifoto ku rup. 7]

Urutonde ruboneka mu biri mu kirere rutwigisha iki ku bijanye n’ivyaremwe?

[Abo dukesha ifoto]

Inyenyeri: Anglo-Australian Observatory/David Malin Images

[Amafoto ku rup. 8]

Ni gute aka gahimba ntekeramakuru ADN gakora kumwe muri ibi bintu vyose?

[Ifoto ku rup. 10]

Woba witeguriye kuburanira ukwizera kwawe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika