Gutangura gusohora integuro iri mu congereza coroheje
TURAHIMBAWE no kubamenyesha yuko mu kiringo c’umwaka umwe co kugerageza, uhereye kuri iyi nteguro yo kwiga y’Umunara w’Inderetsi, hazoza harasohoka buri kwezi integuro zibiri z’icongereza: iyiri mu congereza gisanzwe n’iyiri mu congereza coroheje. Iyo nteguro yo mu congereza coroheje izoba irimwo ibiganiro vyo kwiga be n’ibiganiro vy’inyongera vyarobanuwe mu gihe hazoba habonetse ikibanza co kubishiramwo. Turizigiye yuko ivyo bizotuma Ivyabona vya Yehova benshi baronka ibintu bihambaye bakeneye mu vy’impwemu. Uti kubera iki?
Icongereza ni ururimi ruvugwa cane n’abavukanyi bacu bo mu bihugu bimwebimwe nk’amazinga ya Salomo, Fiji, Gana, Kenya, Liberiya, Nijeriya na Papouasie-Nouvelle-Guinée. Naho abavukanyi bacu bo muri ivyo bihugu boshobora kuba bavuga izindi ndimi kavukire, akenshi barakoresha icongereza mu buzima bwabo bwa misi yose, nk’igihe bari ku makoraniro no mu busuku bwo mu ndimiro. Ariko rero, icongereza bakoresha usanga coroshe kuruta igikoreshwa mu bisohokayandikiro vyacu. Vyongeye, hariho abandi basavyi ba Yehova bimukiye mu bihugu aho usanga bategerezwa gukoresha icongereza mu biyago vyabo naho nyene baba bazi icongereza gike. N’ikindi kandi, ntibashobora kwitaba amakoraniro agirwa mu ndimi zabo kavukire.
Ibiganiro twihweza buri ndwi mu Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi ni bwo buryo nyamukuru budufasha kuguma turonka ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu ku gihe kibereye. Ku bw’ivyo, kugira ngo abitaba amakoraniro bose bafashwe kwungukira mu buryo bushitse kuri ayo mayagwa, integuro iri mu congereza coroheje irakoresha amajambo arushirije kuba make hamwe n’indimburo be n’inyubako y’amajambo vyoroheje. Iyo nteguro nshasha izoba ifise igipfukisho kimeze ukundi. Udutwe, ingingo, ibibazo vy’isubiramwo be n’amashusho vyo mu biganiro vyo kwiga bizoba bihuye n’ivyo mu nteguro isanzwe. Ivyo bizotuma bose bashobora gukurikira mu nteguro iyo ari yo yose maze bagire uruhara mu Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Kugira ngo ubone aho izo nteguro zibiri zitandukaniye mu congereza, raba akarorero kari aho hepfo kakuwe mu ngingo ya 2 mu kiganiro ca mbere co kwiga co muri iki kinyamakuru.
Turizigiye yuko iyo ntunganyo nshasha izokwishura amasengesho abantu benshi batuye babwira Yehova ngo: “Nuntahuze, kugira nige amabwirizwa yawe.” (Zab. 119:73) Turizigiye yuko ivyo bizotuma abazi icongereza gike, hamwe n’abana bato bavuga icongereza bamwebamwe, bashobora gutegura neza Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi igirwa buri ndwi. Turakengurukira cane Yehova kubona abitumwe n’urukundo “[akunda] umuryango wose w’abavukanyi,” ariko arakoresha wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” kugira ngo atange ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu ku bwinshi.—1 Pet. 2:17; Mat. 24:45.
Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova