ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/9 rup. 4-6
  • Ni nde vy’ukuri atwara isi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni nde vy’ukuri atwara isi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni nde vy’ukuri atwara isi?
  • Bibiliya ibivugako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Shetani yoba abaho?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Shetani—Si Igisigo Gisa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/9 rup. 4-6

Ni nde vy’ukuri atwara isi?

USHOBORA kuba utarigera uhura n’umwe mu bakuru b’utugwi tw’inkorabara. Ivyo vyoba none bisobanura ko batabaho? Mwene abo bakuru usanga barakanongoreye mu vyo guhisha akaranga kabo canke mbere mu vyo gutunganya ibikorwa vyabo bari mu mvuto. Naho ari ukwo, amakuru yo mu bimenyeshamakuru avuga ivy’intambara zo kurwanya ibiyayuramutwe, imigwi ikora ivy’ubumaraya, urudandaza rw’abantu, n’ibindi n’ibindi, aratwibutsa ko ibikorwa vya mwene abo bakuru b’inkozi z’ikibi bigira akosho kabi, ko bigira ingaruka ziteye agahinda, be n’uko babaho koko. Ingaruka ibikorwa vyabo bigira ku muryango w’abantu zirerekana yuko babaho.

Ijambo ry’Imana Bibiliya rirekana ko Shetani abaho koko, akaba akora nka kizigenza w’inkozi z’ikibi akomeye cane akora uko ashoboye kugira ngo ivyo agomba biranguke biciye ku ‘bimenyetso vy’ububeshi’ no ku “ruhendo . . . rujana n’ibitagororotse.” Mu vy’ukuri, nk’uko Bibiliya ibivuga, “aguma yihindura umumarayika w’umuco.” (2 Abatesalonika 2:9, 10; 2 Abakorinto 11:14) Cokimwe na ba bakuru b’inkozi z’ikibi, ingaruka z’ivyo akora zirerekana neza ko abaho. Yamara, abantu benshi birabagora kwemera ko ikinyabuzima c’impwemu c’ikibisha kitaboneka kibaho koko. Imbere y’uko twihweza neza ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye Shetani, reka tubanze turabe intambamyi zimwezimwe be n’ibintu bimwebimwe bitari vyo abantu bemera bikunze gutuma benshi bibagora kwemera ko Shetani abaho koko.

◼ “Imana y’urukundo yoshobora gute kurema Shetani?” Narirya Bibiliya ivuga ko Imana ari nziza be n’uko itunganye, iciyumviro c’uko yoba yararemye ikiremwa c’ikibisha, gisa n’ikitumvikana. Ico womenya co ni uko Bibiliya itavuga yuko Imana yaremye ikinyabuzima mwene ico. Ahubwo riho, ku vyerekeye Imana ivuga iti: “Ca Gitandara, igikorwa ciwe ntikigira akanenge, kuko inzira ziwe zose ari ubutungane. Ni Imana y’ubwizigirwa, itagira akarenganyo; ni we agororotse kandi atunganye.”​—Gusubira mu vyagezwe 32:4; Zaburi 5:4.

Dukeneye rero kumenya nimba bishoboka ko ikiremwa gitunganye caremwe n’Imana cokora ikibi. Imana ntiyaremye ibiremwa vyayo bimeze nk’ibimashini, ahubwo riho yarabihaye ubushobozi bwo kwihitiramwo. Ku bw’ivyo, ikiremwa gitunganye kandi gifise ubwenge kirashobora kwihitiramwo gukora iciza canke ikibi. Tuvugishije ukuri, hamwe ibiremwa vy’Imana bifise ubwenge, baba abantu canke ibiremwa vy’impwemu, bitoba bishobora kwihitiramwo gukora iciza canke ikibi, ivyo bikora rero ntivyokwitwa ko ari vyiza canke bibi.

Bica vyumvikana rero ko Imana itari guha ibiremwa vyayo ubushobozi bwo kwihitiramwo gukora iciza canke ikibi, hanyuma ngo ice iza irabibuza gukora ikibi igihe bishimye kugikora. Yezu yaravuze ivy’ugukoresha nabi ubwo bushobozi bwo kwihitiramwo igihe yavuga ku vyerekeye Shetani ati: “Ntiyashikamye mu kuri.” (Yohani 8:44) Ayo majambo arerekana neza ko uwahavuye acika Shetani, mu ntango yari ikiremwa c’impwemu gitunganye cari ‘gishikamye mu kuri.’a Yehova Imana yaremanye ibiremwa vyiwe ubushobozi bwo kwihitiramwo gukora iciza canke ikibi kubera ko abikunda kandi avyizigira.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ikiremwa gitunganye coba gishobora gutakaza ugutungana?” ruri ku rupapuro rwa 6.

◼ “Shetani ni umukozi w’Imana” Bamwebamwe babona ko igitabu co muri Bibiliya ca Yobu gisa n’ikivyerekana. Igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya cerekana yuko ngo amajambo avuga ko Shetani ‘yanyuragira mw’isi’ yerekana igikorwa abaganwa b’Ubuperesi ba kera bakora co kuja kurondera amakuru hirya no hino hanyuma bakagaruka kuyaha umwami wabo. (Yobu 1:7) Ariko zirikana: Iyo Shetani aza kuba yari umutasi w’Imana, ubwo yari kwirirwa arasigurira Imana ko avuye “kunyuragira mw’isi”? Inkuru yo mu gitabu ca Yobu ntiyerekana ko ico kiremwa c’impwemu cakorana n’Imana. Ahubwo riho icita Shetani, bisobanura ngo “Umurwanizi,” ivyo bikaba vyerekana ko mu vy’ukuri ari we Mwansi mukuru w’Imana. (Yobu 1:6) Uti none ico ciyumviro c’uko Shetani ari umukozi w’Imana cazananye hehe?

Kuva mu kinjana ca mbere G.C. (G.C. bisobanura mu Gihe Cacu), ibitabu bitemewe ko biri mu bigize Bibiliya, nk’icitwa “Igitabu c’Amayubile” be n’icitwa “Itegeko Rusangi” vy’akagwi kamwe k’idini ry’Abayuda, vyadondora Shetani ariko agerageza kugira ico yumvikanyeko n’Imana yamara akaba ayiyobokera. Umutohozakahise J. B. Russell, mu gitabu ciwe (Mephistopheles) asigura yuko wa mugabo w’umuporoti yaharanira amahinduka mu vy’idini yitwa Martin Luther yabona ko Shetani ari igikoresho c’Imana, “nk’umuhoro canke isuka Imana ikoresha mu kurima umurima wayo.” Russell abandanya avuga yuko ico ciyumviro ari ic’uko “iyo suka ihimbarwa no gukuraho ivyatsi bibi,” ariko ikaba iguma mu kuboko gukomeye kw’Imana, gutyo igashitsa ivyo Imana igomba. Iyo nyigisho ya Luther, iyahavuye yemerwa na wa munyatewolojiya w’Umufaransa Yohani Kaluvino, yarababaje benshi mu bemera Imana kuko bumva iteye kubiri n’ubutungane. Imana y’urukundo yoshobora gute kureka hakabaho ikibi, mbere ikanatuma kibaho? (Yakobo 1:13) Iyo nyigisho, hamwe n’amabi y’agahomerabunwa yabaye mu kinjana ca 20, iratuma abantu benshi batemera ko Imana na Shetani babaho.

◼ “Shetani ni uburyo gusa abantu biyumvira ikibi” Dufashe ko Shetani ari uburyo gusa abantu biyumvira ikibi, vyotuma imirongo imwimwe yo muri Bibiliya ihakwa kuba iyitumvikana. Nk’akarorero, uravye ibivugwa muri Yobu 2:3-6, wovuga ko Imana yariko ivugana na nde? Yoba kumbure yariko ivugana n’ikibi cari muri Yobu, canke yoba kumbure yariko irivugana? Mbega Imana yoba umwanya umwe yari gutera amashurwe Yobu ivuga ko ari intore, uwundi mwanya ikamugeza mu gutuma ashikirwa n’ibintu bibi? Kuvuga ko Imana yoba ikora gutyo kwoba ari ukwerekana ko igoramye, ivyo bikaba bihushanye n’ivyo Bibiliya ivuga yuko Imana “[i]tagiramwo ibitagororotse.” (Zaburi 92:15) Ushima atari ukwo Imana imeze, yaranse ‘gutuma ukuboko kwayo’ ngo igirire nabi Yobu. Biratomoye yuko Shetani atari uburyo abantu biyumvira ikibi canke kamere mbi Imana yoba ifise. Ahubwo riho, ni ikinyabuzima c’impwemu cigize Umwansi w’Imana.

Ni nde vy’ukuri atwara isi?

Muri iki gihe, abantu benshi babona ko kwemera yuko Shetani abaho vyataye igihe. Ariko rero, nta bundi buryo bwumvikana buraboneka bwo gusigura aho ibibi twibonera bikomoka nimba atari kuri Shetani. Kukaba nkako, kugerageza kwikuramwo ivy’uko Shetani abaho vyatumye abantu benshi batera akagere Imana n’amategeko yose agenga inyifato runtu.

Umuryoshamvugo w’Umufaransa wo mu kinjana ca 19 yitwa Charles-Pierre Baudelaire ni we yanditse ati: “Amayeri akomeye kuruta ayandi shetani akoresha, ni ukutwemeza ko atabaho.” Mu guhisha akaranga kiwe, yatumye mu vy’ukuri havyuka inkeka ku bijanye n’uko Imana ibaho. Nimba Shetani atabaho, ntiwumva none ko Imana ari yo yoca ibazwa ibibi vyose? None ivyo si vyo nyene Shetani ashaka ko abantu bemera?

Nka kurya kw’umukuru w’inkozi z’ikibi, Shetani arahisha akaranga kiwe kugira ashike ku co ashaka. Uti ni igiki? Bibiliya yishura iti: “Imana y’iki gihe . . . yarahumye imizirikanyi y’abatemera, ngo umuco wa ya nkuru nziza ininahaye yerekeye Kristu we shusho y’Imana, ntushobore kumenēra.”​—2 Abakorinto 4:4.

Ariko hari ikibazo kimwe gisigaye. Imana izogenza gute uwo mubisha kizigenza akorera mu kinyegero ari inyuma y’ibibi vyose n’imibabaro yose? Reka tubirabe mu kiganiro gikurikira.

[Akajambo k’epfo]

a Kugira utahure igituma Imana itaciye ubwo nyene ihagarika ubugarariji bwa Shetani, raba ikigabane ca 11 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 5]

Shetani ni umukozi w’Imana canke ni uwuyirwanya?

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 6]

Ikiremwa gitunganye coba gishobora gutakaza ugutungana?

Ugutungana Imana yahaye ibiremwa vyayo bifise ubwenge kuri n’aho kugarukira. Naho Adamu yaremwe atunganye, yabwirizwa kwubahiriza ibintu ntarengwa Umuremyi wiwe yari yamushingiye vyari gushobora kugirira nabi umubiri wiwe. Nk’akarorero, aramutse ariye umucafu, urucekeri canke igiti ntivyari kubura kumugirako inkurikizi. Yirengagije bwa bushobozi isi ifise bwo kwikwegerako ibintu agasimba avuye hejuru y’imanga, yari gupfa canke agakomereka cane.

Mu buryo busa n’ubwo, nta kiremwa gitunganye, yaba umuntu canke umumarayika, corenga uturimbi Imana yashinze mu vy’inyifato ibereye ngo ntigishikirwe n’ingaruka mbi. Igihe rero ikiremwa gifise ubwenge gikoresheje nabi ubushobozi gifise bwo kwihitiramwo, biroroshe ko gica kigwa mw’ikosa no mu gicumuro.​—Itanguriro 1:29; Matayo 4:4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika