“Ndi ikimuga ubu, mugabo ntibizokwama gutyo!”
Nk’uko vyavuzwe na Sara van der Monde
Abantu barakunda kumbwira ngo: “Sara, turakunda ukuntu umwenyura. Kubera iki wama uhimbawe gutyo?” Nca ndababwira ko mfise icizigiro kidasanzwe. Ico cizigiro kirashobora kuvugwa muri aya majambo agira ati: “Ndi ikimuga ubu, mugabo ntibizokwama gutyo!”
NAVUKIYE i Paris mu Bufaransa mu 1974. Navutse bigoranye, maze mu nyuma bantora indwara yonona ubwonko. Vyarangora gukoresha amaguru n’amaboko, kandi ivyo navuga ntivyumvikana neza. Vyongeye, narafashwe n’intandara kandi narakunda kwandura indwara ziterwa n’imikorobe.
Igihe nari mfise imyaka ibiri, umuryango wacu warimukiye i Melbourne muri Ositraliya. Haciye imyaka ibiri, dawe yaradutaye twe na mawe. Ndibuka yuko ico gihe ari ho natangura kwiyumvamwo ko niyegereje Imana. Mawe, akaba yari Icabona ca Yehova, yama antwara ku makoraniro ya gikirisu, ari na ho namenyeye ko Imana inkunda ikongera ikanyitwararika. Kumenya ico kintu no kuba mawe yarankunda akongera akansubiriza umutima mu nda, vyatumye numva ntekaniwe naho ivyacu vyari vyahindutse.
Mawe yaranyigishije kandi gusenga Yehova. Mu vy’ukuri, nasanze gusenga vyoroshe kuruta kuvuga. Igihe ndiko ndasenga, sinirirwa ndarwana urugamba rwo kuvuga amajambo, mugabo ni nk’aho ndayumva neza ariko ariyandika mu muzirikanyi wanje. Vyongeye, kubera ko ivyo mvuga bitumvikana, ndahumurizwa no kumenya ko Yehova atahura ikintu cose, caba ari ico mvugiye mu mutima canke ico mvuze mu buryo butumvikana.—Zab. 65:2.
Nyinyana n’ingorane
Igihe nari mfise imyaka itanu, ya ndwara yonona ubwonko yari imaze gukomera ku buryo nari nkeneye ibintu biremereye bishigikira amaguru kugira ngo nshobore gutambuka. Vyarangora gutambuka ku buryo nagenda ndazungazunga! Igihe nari mfise imyaka 11, sinaringishobora gutambuka. Mu nyuma, sinashobora kuja mu gitanda no kukivamwo ntafashijwe n’imashini, ino ikaba yaranterura ikantereka mu gakinga kanje k’ibimuga gafise imoteri, kano nkaba ndagatwara nkoresheje amaboko.
Sinohakana ko bishika nkumva ncitse intege kubera ubwo bumuga. Mugabo nca nibuka icivugo c’umuryango wacu kigira giti: “Ntugahagarikwe umutima n’ibintu udashoboye. Niwibande gusa ku vyo ushoboye.” Ivyo vyaratumye nshobora kugendera kw’ifarasi, gusoza ubwato, gusiganwa mu twato, kuja kuba mw’ihema mu buryo bwo kwisamaza, no gutwara umuduga nca mw’ibarabara ridacamwo imiduga! Kubera ko ndi umuhinguzi w’utugenegene, ndakunda gucapa n’irangi, kubarira, kujisha mwene vya bihuzu barenza ku gitanga, gushariza impuzu nkoresheje inyuzi no kubumba utugenegene.
Kubera ko mfise ubumuga bukomeye, hari abavuze yuko ntafise ubwenge bukwiye ku buryo nofata ingingo yo gusenga Imana. Igihe nari mfise imyaka 18, umwigisha umwe yampimirije kuva i muhira kugira ngo data wanje mpunge idini rya mawe. Yaremeye mbere kundonderera aho mba. Ariko rero, naramubwiye yuko ntazokwigera mpeba ukwizera kwanje be n’uko nzova i muhira mu gihe gusa nzoba nshoboye kwibeshaho.
Haciye igihe gito tuvuganye ivyo bintu n’uwo mwigisha, narabatijwe ndaba Icabona ca Yehova. Haciye imyaka ibiri, narimukiye mu nyubakwa ntoya. Kuba ndi ng’aho birampimbara kubera ko ndonka imfashanyo n’umwidegemvyo nkeneye.
Nsabwa ikintu ntari niteze
Mu myaka n’iyindi yahaciye, narashikiwe n’ibindi bintu bigerageza ukwizera. Umusi umwe narakubiswe n’inkuba igihe umunyeshure mugenzanje, na we nyene akaba yari ikimuga, yansaba yuko twokwubakana. Mu ntango naranezerewe. Cokimwe n’abandi bigeme benshi, ndipfuza kuronka uwo twubakana. Yamara, kuba abantu bamugaye bompi si icemeza yuko bazogira umubano urangwa agahimbare. Vyongeye, uwo musore ntitwari dusangiye ukwizera. Ivyo twemera, ivyo twakora be n’imigambi twari dufise vyari bitandukanye rwose. Wumva none twari kubana gute? N’ikindi kandi, nari niyemeje kugamburuka ubuyobozi butomoye Imana itanga budusaba kwubakana gusa n’uwo dusangiye ukwemera. (1 Kor. 7:39) Naramubwiye rero n’umutima mwiza yuko ntashobora kwemera ico kintu.
Gushika uyu musi, ndazi ko nahisemwo neza. Kandi mu mutima wanje sinkekeranya na gato yuko nzohimbarwa mw’isi nshasha Imana yasezeranye. (Zab. 145:16; 2 Pet. 3:13) Magingo ivyo bitarashika, niyemeje kuguma ndi intahemuka kuri Yehova no guhimbarwa n’ukuntu ivyanje vyifashe.
Si je nzobona harageze ko mva mu gakinga kanje k’ibimuga maze nkiruka nk’umuyaga. Ico gihe nzosemerera nti: “Nari ikimuga, ariko ubu mfise amagara meza kandi nzokwama gutyo ibihe vyose!”