ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/12 rup. 16-17
  • Twohitamwo gute abagenzi beza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twohitamwo gute abagenzi beza?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Nuhitemwo abagenzi bakunda Imana
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Nuhitemwo neza abagenzi
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Urashobora kuba umugenzi wa Yehova
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Dukunde abo Imana ikunda
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/12 rup. 16-17

Niwige Ijambo ry’Imana

Twohitamwo gute abagenzi beza?

Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.

1. Kubera iki dukwiye guhitamwo abagenzi tuvyitondeye?

Abantu benshi baripfuza kwemerwa n’abandi. Akenshi, ico cipfuzo kiratuma twigana abadukikuje. Rero, abagenzi bacu barashobora gutuma tumera neza canke tumera nabi. Ku bw’ivyo rero, ihitamwo tugira ry’abagenzi rirashobora kugira ico rikoze ku co tuzovamwo.​​—⁠Soma Imigani 4:​23; 13:​20.

Wa mwanditsi wa Bibiliya Dawidi yandika ahumekewe n’Imana yahitamwo abagenzi biwe abigiranye ubukerebutsi. Yifatanya n’abamufasha kuguma ari umusavyi w’Imana agendera mu gutungana kwiwe. (Zaburi 26:4, 5, 11, 12) Nk’akarorero, Dawidi yari afitaniye ubugenzi na Yonatani kubera ko Yonatani yamuremesha kwizigira Yehova.​​—⁠Soma 1 Samweli 23:​16-​18.

2. Wobigenza gute kugira ube umugenzi w’Imana?

Naho Yehova ari mushoboravyose, turashobora vy’ukuri kuba abagenzi biwe. Nk’akarorero, Aburahamu yarabaye umugenzi w’Imana. Kubera ko Aburahamu yizigira Yehova akongera akamugamburukira, Yehova yamubona nk’umugenzi. (Itanguriro 22:2, 9-​12; Yakobo 2:​21-​23) Twizigiye Yehova kandi tugakora ivyo adusaba, turashobora natwe kuba abagenzi biwe.​​—⁠Soma Zaburi 15:​1, 2.

3. Ushobora gute kwungukira ku bagenzi beza?

Abagenzi nyakuri ntibaguhemukira kandi baragufasha gukora ibigororotse. (Imigani 17:​17; 18:​24) Nk’ akarorero, naho bishoboka ko Yonatani yarusha Dawidi imyaka 30 kandi mu bisanzwe akaba ari we yari kuba samuragwa w’ingoma ya Isirayeli, yarashigikiye Dawidi adahemuka nka we mwami yatowe n’Imana. Abagenzi nyakuri kandi baragira umutima rugabo wo kugukosora igihe babonye ko uriko urakora ivy’ubupfu. (Zaburi 141:​5) Abagenzi bakunda Imana baragufasha kugira ingeso nziza.​​—⁠Soma 1 Abakorinto 15:​33.

Ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova urashobora kuhasanga abantu bakunda ibigororotse nkawe. Uzohasanga abagenzi bazogushigikira mu twigoro ugira kugira ngo uhimbare Imana.​​—⁠Soma Abaheburayo 10:24, 25.

Ariko rero, n’abagenzi bakunda Imana vyoshika rimwe na rimwe bakatubabaza. Ntiwihute kubabazwa n’amakosa bakora. (Umusiguzi 7:9, 20-​22) Uribuka ko ata mugenzi atunganye abaho kandi ko abagenzi bakunda Imana badufitiye akamaro. Ijambo ry’Imana riduhimiriza kwirengagiza amakosa y’abakirisu bagenzi bacu.​​—⁠Soma Abakolosayi 3:​13.

4. Wokora iki igihe abitwa ko ari abagenzi bawe bakurwanije?

Abantu benshi iyo batanguye gufashwa kugira batahure Ijambo ry’Imana, bamwebamwe mu bahora ari abagenzi babo baca babarwanya. Birashoboka ko abagenzi nk’abo boba badatahura impanuro ngirakamaro canke icizigiro ntakekeranywa waronse muri Bibiliya. Kumbure woshobora kubafasha.​​—⁠Soma Abakolosayi 4:​6.

Mu bindi bihe na ho, abitwa ko ari abagenzi boshobora kuvuga nabi inkuru nziza iri mw’Ijambo ry’Imana bashinyagura. (2 Petero 3:​3, 4) Bamwebamwe boshobora kugushinyaguriza kubera wihatira gukora ibigororotse. (1 Petero 4:​4) Biramutse bigushikiye, hari aho woca ubwirizwa guhitamwo hagati yo kuba umugenzi wabo no kuba umugenzi w’Imana. Uhisemwo kuba umugenzi w’Imana, uzoba uhisemwo umugenzi mwiza kuruta abandi bose umuntu yoshobora kuronka.​​—⁠Soma Yakobo 4:​4, 8.

Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 12 n’ica 19 vy’iki gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika