Woba uvyibuka?
Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:
• Olivétan yari nde, kandi ni kubera iki dukwiye kwitwararika ivyo yakoze?
Yari Umufaransa yitwa Pierre Robert. Muri kwa guharanira amahinduka mu vy’idini kwaba mu kinjana ca 16, yarahinduye Bibiliya mu gifaransa. Aho gukoresha ijambo “umusenyeri” yakoresheje “umucungezi,” aho gukoresha ijambo “ekeleziya” na ho akoresha ijambo “ishengero.” Ahatari hake, yahinduye izina ry’Imana ngo “Yehova.”—1/9, urupapuro rwa 18-20.
• Imana yashaka kuvuga iki igihe yabwira Abalewi ngo: “Ni jewe muturi wawe”?
Umwumwe wose mu yindi miryango ya Isirayeli warahawe intara wari kubamwo, mugabo Abalewi, Yehova ni we yari “umuturi” wabo. (Guh. 18:20) Ntibari gutorana intara, mugabo baratewe agateka kadasanzwe k’umurimo. Naho vyari ukwo, Yehova yarabaronsa ivya nkenerwa. Muri iki gihe, abafise agateka ko guteza imbere ivyungura Ubwami barashobora kwizigira yuko bazoronswa ivyo bakenera mu buzima.—15/9, urupapuro rwa 7-8, 13.
• Tumenya gute igihe Yeruzalemu ya kera yatembagazwa n’Abanyababiloni?
Abatohozakahise ba kera usanga batanga amakuru atandukanye kandi avuguruzanya ku bijanye n’abami b’Abanyababiloni be n’ingoma zabo. Naho ari ukwo, abahinga baremera yuko Kuro wa kabiri yigaruriye Babiloni mu 539 B.G.C., uwo ukaba ari umwaka uhambaye cane. Abayuda bararekuwe, maze bashika mu gihugu cabo c’amavukiro mu 537 B.G.C. Bibiliya ivuga yuko bamaze imyaka 70 mu bunyagano. Yeruzalemu itegerezwa rero kuba yatembagajwe mu 607 B.G.C. (2 Ngo. 36:21, 22; Yer. 29:10; Dan. 9:1, 2)—1/10, urupapuro rwa 26-31.
• Ni igiki cofasha umukirisu kumenya nimba uburyo bunaka bwo kwiruhura bwomugirira akamaro canke butokamugirira?
Kugira umuntu amenye nimba uburyo bunaka bwo kwiruhura bwomugirira akamaro bukongera bugahimbara Imana, vyoba vyiza yibajije ati: Ukwo kwiruhura kugizwe n’ibiki? Nzokwiruhura ryari? Nzokwifatanya na bande?—15/10, urupapuro rwa 9-12.
• Ni kubera iki vyoba ari bibi gukorora inda?
Imana ibona ko ubuzima ari bweranda be n’uko inda y’agasamo ari umuntu muzima akwiye. (Zab. 139:16) Kwica umwana akiri mu nda ni icaha c’ubwicanyi, nk’uko vyerekanwa n’uko mu gihe ca rya Tegeko umuntu aramutse atumye umwana akiri mu nda agira ico aba, yogize ico abazwa. (Kuv. 21:22, 23)—1/11, urupapuro rwa 6.
• Inkuru ivugwa mu Migani 7:6-23 ishobora gute kudufasha kwirinda kuraba amashusho yerekana ubushegabo?
Ico gisomwa kiravuga ibijanye n’umusore yagendagenze ahantu hazwi ko haba umugore w’igihumbu. Uwo mugore yaramuryosharyosheje. Muri iki gihe, vyoba vyiza twirinze imihora yo kuri Internet irimwo amashusho avyura inambu y’umubiri, kandi birahambaye ko turondera gufashwa n’Imana biciye mw’isengesho n’imbere y’uko tubona mwene ayo mashusho kuri Internet.—15/11, urupapuro rwa 9-10.
• Tumenya dute nimba isi izorusimba mu 2012?
Bamwebamwe bafatiye ku rukurikirane rw’imyaka rwo mu kirangamisi ca kera c’Abamaya, biyumvira yuko isi izohera mu mwaka wa 2012. Mugabo ivyo ntibishoboka, kubera ko Yehova yaremye isi kugira ngo abantu bayibeko. Bibiliya ivuga yuko isi izokwamaho. (Umus. 1:4; Yes. 45:18)—1/12, urupapuro rwa 10.
• Ni abanditsi ba Bibiliya abahe bari bahari kuri Pentekoti yo mu 33 G.C.?
Biboneka yuko batandatu mu banditse Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu ari bo bari bahari. Intumwa zitatu ari zo Matayo, Yohani na Petero, ni ho zari ziri. Bene nyina ba Yezu babiri ari bo Yakobo na Yuda, na bo nyene ni ho bari bari. Vyongeye, birashoboka yuko wa musore Mariko ari ho yari ari.—1/12, urupapuro rwa 22.