ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/2 rup. 10-13
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/2 rup. 10-13

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

NI IGIKI catumye umurimyi w’itabi aheba uwo mwuga agaheba n’ivyo yemera cane mu vy’idini? Umunywi w’inzoga yaronse gute inkomezi zo guhindura ubuzima bwiwe? Umva ivyo bakuyagira.

“Ndahimbarwa no kuba ndi muri uwo muryango munini.”​—DINO ALI

YAVUTSE MU 1949

IGIHUGU AKOMOKAMWO: OSTRALIYA

IVYO YACIYEMWO: YARI UMURIMYI W’ITABI

KAHISE KANJE: Abavyeyi banje bavuye muri Alubaniya mu 1939 baja kuba mu gasagara gatoyi kitwa Mareeba ko mu ntara ya Queensland yo muri Ostraliya. Mu baje kuba muri ako karere harimwo Abagiriki n’Abanyabosiniya benshi, hamwe n’Abanyaserebiya be n’Abataliyano benshi, bakaba baje bazanye imico n’imigenzo vyabo. Mareeba kari akarere abantu barimamwo itabi kandi n’abavyeyi banje bahavuye batangura kuririma.

Haciye igihe gito, mushikanje yaravutse, akurikirwa na bakurwanje b’abahungu babiri hamwe nanje. Ikibabaje, dawe yarapfuye ahitanywe n’umutima mfise umwaka umwe. Mawe yarubakanye n’uwundi mugabo maze avyara abandi bahungu bane. Twese twakuriye kw’itongo ry’uwo mugabo wa mawe barimamwo itabi.

Navuye muhira nkiri umuyabaga. Ndengeje gatoyi imyaka 20, narubakanye na Saime, tugirira ubugeni mu musigiti wo mu karere twabamwo kubera ko twempi twari abisilamu. Incuti zanje zose bari abisilamu. Narasoma Ikorowani be n’igitabu cigana ubuzima bw’intumwa y’Imana Muhamedi. Muri ico gihe nyene narasoma n’akabibiliya nari mfise. Ikorowani iravuga ivy’intumwa z’Imana (canke abahanuzi) zivugwa muri Bibiliya, kandi gusoma Bibiliya vyaramfashije kumenya igihe babayemwo.

Ivyabona vya Yehova baratugendera i muhira bakama badusigiye ibinyamakuru n’ibitabu, kandi twe na Saime twarahimbarwa no kubisoma. Ndibuka tugiranira na bo ibiyago vyinshi biryoshe ku bibazo bitandukanye bijanye n’ivy’Imana. Igihe cose batugendeye, barishura ibibazo vyanje bakoresheje Bibiliya aho gutanga ivyiyumviro vyabo bwite. Ivyo vyarankoze ku mutima koko.

Ivyabona vya Yehova baransavye ngo twigane Bibiliya bongera barantumira ku makoraniro yabo, ariko sinigeze nemera. Ico nabona ko cihutirwa mu buzima bwanje kwari ukuronka umurima nigabira no kugira umuryango munini. Sinigeze ngira umurima wanje bwite, ariko nahavuye nironkera abana batanu.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Naho hari haciye imyaka icenda ntanguye kuyaga n’Ivyabona vya Yehova, sinari bwahindure ivyo nemera mu vy’idini. Ariko rero, narahimbarwa no kuronka be no gusoma ibitabu vyose basohora. Imisi yose ku w’iyinga, twe na Saime twarafata umwanya wo kubisoma. Twarabitse ibinyamakuru vyose twagiye turaronka mu myaka n’iyindi. Vyarambereye kirumara cane igihe abandi batangura kugeza ukwizera kwariko kurakura mu mutima wanje.

Nk’akarorero, narahuye n’umuvugabutumwa wo mw’idini rimwe ry’abaporoti aragerageza kumpata ngo nakire Yesu ambere Umukiza. Uwo muvugabutumwa yari yarashoboye kujijura muramwanje n’umwe muri bene wacu dusangiye mama baramukurikira. Budakeye na kabiri, abagenzi banje bo mu madini atandukanye baratanguye kunyumvisha ko nkwiye kwifatanya na bo. Bamwe barampaye ibitabu bityoza Ivyabona vya Yehova. Narabasavye ngo banyereke muri Bibiliya aho bakuye ivyo bigisha, ariko ibibazo vyanje birabata ku w’amazi.

Ukwo kurwanywa, aho kunca intege, kwatumye riho ndushiriza kwimba muri Bibiliya nkagira ubushakashatsi bwiyongereye nkoresheje ibitabu nari narahawe n’Ivyabona vya Yehova. Amaherezo narabonye ko hageze yuko ngira ico nkoze, nganshira mu ngiro ivyo nariko ndiga.

Ico gihe sinigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova; naratanguye gusa kwitaba amakoraniro yabo. Mu ntango nari mfise ubwoba bwinshi n’amasoni menshi, ariko kuri ayo makoraniro narahahuriye n’abantu b’umutima mwiza, nongera ndahimbarwa n’ivyo ndahigira. Naciye mfata ingingo yo kuzoba Icabona ca Yehova, maze mu 1981 nderekana ko niyeguriye Imana mu kubatizwa.

Umukenyezi wanje ntiyarwanije ingingo nafashe, ariko vyarashika agaserura amakenga ambwira ngo ndabe neza ko ntoba ndiko ndahendwa. Naho ari ukwo, igihe nabatizwa ni ho yari. Narabandanije kumubwira ibintu vyinshi nariko niga. Haciye nk’umwaka mbatijwe, igihe twari mu muduga dutashe tuvuye iyo twari twaragiye gufatira akaruhuko, Saime yarambwiye ko yipfuza kuba Icabona ca Yehova. Erega narakubiswe n’inkuba wa muntu we! Yabatijwe mu 1982.

Kugira amahinduka yari akenewe mu buzima bwacu ntihari aho gutuma umwana. Nari narahevye kurima itabi kubera ko biteye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. (2 Abakorinto 7:1; Yakobo 2:8) Vyarafashe igihe kugira turonke akazi kabereye koshoboye kudutunga. Vyongeye, inyuma y’aho, bamwebamwe mu ncuti zacu baramaze imyaka n’iyindi banka kutugendera. Twaragerageje kubafata nk’uko ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zivyerekana mu kubereka ko tubakunda. Ngo uko bukeye si ko bwira, ibintu vyahavuye bihinduka; incuti zacu zishika ntizikidufata nk’ibicibwa.

IVYIZA NAHAKUYE: Ibigeragezo bitandukanye naciyemwo, nko gutsinda amasoni, kunyinyana n’ingorane z’ivy’ubutunzi, canke kwihanganira ukurwanywa n’umuryango, vyaranyigishije ko Yehova Imana anyihanganira cane akabandanya kumfasha gutorera umuti ingorane zanje. Nk’akarorero, ubu ndi umukurambere mw’ishengero, akenshi nkaba mbwirizwa guhagarara imbere nkigisha abantu. Ivyo biracambera urugamba kubera ko ngigimiza bivuye ku guhagarika umutima. Ariko kubera yuko nama ntura isengesho kandi Yehova akamfasha, birakunda ko nshitsa iryo banga.

Twe n’umukenyezi wanje dusigaye turi abagenzi pfampfe; ubucuti dufitaniye simbona ico nobugereranya. Ni ivy’ukuri yuko hari ivyo tutakoze neza mu kurera abana bacu, ariko twarakoze uko dushoboye kwose turashimangira muri bo ukuri twize muri Bibiliya. (Gusubira mu vyagezwe 6:6-9) Kukaba nkako, umuhungu wanje mukuru n’umukenyezi wiwe ni abamisiyonari.

Ndibuka ikintu cabaye igihe kimwe gatoyi inyuma y’aho dutanguriye kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova uko tugize umuryango. Naraparitse umuduga maze ntereza amaso mu ngoro ku bantu benshi bari bahakoraniye. Naciye mbaza umuryango wanje nti: “Mubona iki?” Muri iyo ngoro hari abantu b’imico kama itandukanye, bakomoka mu turere dutandukanye, bavuga n’indimi zitandukanye, uri Abanyakorowasiya, Abanyalubaniya, Abanya-Ostraliya n’Abasangwa bo muri Ostraliya, bakaba bari bavanganye banezerewe. Ndahimbarwa no kuba ndi muri uwo muryango munini w’abavukana mu vy’Imana ukwiye kw’isi yose, atari muri Ostraliya gusa.​—1 Petero 5:9.

“Mwene wacu ntiyigeze antana n’akabando.”​—YELENA VLADIMIROVNA SYOMINA

YAVUTSE MU 1952

IGIHUGU AKOMOKAMWO: UBURUSIYA

IVYO YACIYEMWO: YARI YARIZIZIWE N’INZOGA, ARAGERAGEZA NO KWIYAHURA

KAHISE KANJE: Navukiye mu gasagara gatoyi kandi karangwamwo amahoro kitwa Krasnogorsk ko hafi y’igisagara ca Moscou. Nakuriye mu muryango w’abarimu. Nari umunyeshure aciye ubwenge nkaba nari narize ivy’umuziki. Nabona ko nzogira kazoza keza.

Maze kwubaka urwanje, twe n’umugabo wanje twaciye twimukira mu karere karangwamwo imvugo mbi, akaborerwe, no kunywa itabi. Naho ico gihe nabona ko kuba ahantu nk’aho ata ngorane vyonteje, harangizeko akosho kabi. Ngiye mu manza, naba nzi ko ngiye gusa kuririmba no kuvuza igitari. Ariko maze kuzishikamwo, abantu baransaba ngo dusangire itabi n’inzoga. Sinatevye kwizizirwa n’inzoga.

Ivyo vyaratanguye kwonona ubuzima bwanje. Vyarafashe igihe kugira nshike habi rwose, ariko igihe vyashika nta co nari nshoboye guhereza umunwa. Ico gihe numva nshaka gupfa, nkaba naragerageje kwiyahura ariko ndabigira ukutari ko. Ndashima kubona bitakunze.

Muri ivyo bihe bitoroshe vyose, mwene wacu yama yangendeye. Yari asigaye ari Icabona ca Yehova, kandi yaragerageza kunsigurira ukuntu Bibiliya yomfasha. Kubera ko Bibiliya ntayiyumvamwo, mu ntango naza ndamwiyama. Mugabo uwo mwene wacu ntiyigeze antana n’akabando. Yaranyihanganiye cane arangaragariza n’urukundo rwinshi ku buryo natevye ndemera kwiga Bibiliya.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Maze gutangura kwiga Bibiliya, narafashe ingingo ntabanduka yo guheba inzoga. Muri ico gihe, hari umubanyi yari yaborewe yansimbiyeko aransekeza. Naruhukiye mu bitaro ndi intere. Zine mu mbavu zanje zari zavunitse, ijisho rimwe na ryo ryononekaye. Wa wundi ngo ‘ata gapfuye nta gakira,’ ico kiringo namaze mu bitaro caramfashije kwihanganira inkurikizi z’uguheba inzoga.

Ico gihe, naguma nsenga. Icanditswe co muri Bibiliya campojeje cane ni ico mu Gucura intimba 3:55, 56 kigira giti: “Ewe Yehova, nasemereye izina ryawe ndi mu cobo co hasi cane. Ntuzobura kwumva ijwi ryanje. Ntunyegeze ugutwi kwawe ugutaka kwanje nsaba ko nduhurirwa, ntukunyegeze ugutabaza kwanje.”

Ndabona neza ko Yehova yishuye amasengesho yanje. Yarampaye inkomezi zo kutaguma niyumvira ivyo naciyemwo. Vyaragiye birashika nkumva nosubira kunywa. Birampimbara kubona ntatwawe n’ico cipfuzo.

Uko nabandanya kwiga Bibiliya, naramenye ko nkwiye gufata mu mugongo umugabo wanje mw’ibanga ajejwe ryo kuba serugo. (1 Petero 3:1, 2) Ivyo ntivyanyoroheye kubera ko nari menyereye guha amategeko umugabo wanje. Narasavye Yehova ngo amfashe. Sinaciye mpinduka ubwo nyene, mugabo buhorobuhoro nagiye ndarushiriza kuba umukenyezi mwiza kandi afata mu mugongo umugabo wiwe.

Umugabo wanje nikundira amaze kubona ayo mahinduka, yarajorewe. Gushika ico gihe, ivya Bibiliya ntiwamubaza. Ariko aho mfatiye ingingo yo guheba itabi, yavuze ati: “Niwaheba itabi, nanje nzoca ntangura kwiga Bibiliya!” Twempi itabi twarisezeye uwo musi nyene.

IVYIZA NAHAKUYE: Umugabo wanje imvugo yabaye ingiro; yaratanguye kwiga Bibiliya. Ubu imisi yose twama dusomera hamwe Bibiliya, tukazirikana ku vyo dusomye kandi tukagerageza gushira mu ngiro mu buzima bwacu impanuro turonka.

Sinoronka ukuntu nsigura ingene ivyo mu muryango wacu bisigaye ari vyiza cane; aho rero simvuze ukuntu jewe ubwanje nahungukiye. Ndashimira Yehova kubona yarankwegereye kuri we. (Yohani 6:44) Ndashimira kandi mwene wacu, we atigeze antana n’akabando. Emwe, nariboneye ko vy’ukuri Bibiliya ihindura ubuzima!

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 11]

Narabonye ko hageze yuko ngira ico nkoze

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 13]

Mwene wacu yaranyihanganiye cane arangaragariza n’urukundo rwinshi ku buryo natevye ndemera kwiga Bibiliya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika