ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/3 rup. 25-29
  • Nturabe “ibiri inyuma”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nturabe “ibiri inyuma”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IMISI MYIZA YA KERA
  • IVYO TWAHEVYE
  • IBINTU BIBI VYADUSHIKIYE MURI KAHISE
  • Nugumize amaso kuri kazoza
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Gukurikira Yezu bisaba iki?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Mwibuke muka Loti
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Mwibuke muka Loti
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/3 rup. 25-29

Nturabe “ibiri inyuma”

“Nta muntu ashize ukuboko kw’isuka irimishwa n’ibitungwa araba ibiri inyuma, abereye ubwami bw’Imana.”​—LUKA 9:62.

WOKWISHURA GUTE?

Ni kubera iki dukwiye ‘kwibuka muka Loti’?

Ni ibintu bitatu ibihe dukwiye kwirinda kugumizako umutima?

Ni gute tuguma tujana n’ishirahamwe rya Yehova?

1. Ni ingabisho iyihe Yezu yatanze, kandi ni ikibazo ikihe gica kivyuka?

“MWIBUKE muka Loti.” (Luka 17:32) Iyo ngabisho Yezu Kristu yatanze, hakaba haciye imyaka hafi 2.000, irahambaye muri iki gihe kuruta ikindi gihe cose. Ariko none Yezu yashaka kuvuga iki mu gutanga iyo ngabisho ikomeye? Abayuda bariko baramwumviriza ntibari bakeneye iyindi nsobanuro. Bari bazi ivyari vyarashikiye muka Loti. Igihe yariko arahunga ava i Sodomu ari kumwe n’umuryango wiwe, yararavye inyuma abigiranye ukugambarara maze acika inkingi y’umunyu.​—Soma Itanguriro 19:17, 26.

2. Ni igiki gishobora kuba caratumye muka Loti araba inyuma, kandi ukugambarara kwiwe kwamukwegeye iki?

2 Ariko none, ni igiki catumye muka Loti araba inyuma? Yoba yashaka kumenya ivyariko biraba? Yoba yaravye inyuma kubera ko atemera yuko ico gisagara cariko kiratikizwa canke kubera ko yabuze ukwizera? Canke na ho, yoba yagumye yiyumvira ibintu vyose yari yasize i Sodomu akumva avyipfuje? (Luka 17:31) Icatumye araba inyuma caba ikihe, ukugambarara kwiwe kwatumye ahasiga ubuzima. Iyumvire ntuze ico kintu! Yapfiriye umusi umwe na ba bantu b’ibihumbu baba i Sodomu n’i Gomora. Ni co gituma Yezu yavuze ati: “Mwibuke muka Loti”!

3. Yezu yashimitse gute ku vy’uko tudakwiye kuraba inyuma mu buryo bw’ikigereranyo?

3 Na twebwe tubayeho mu gihe bihambaye cane ko tutaraba inyuma mu buryo bw’ikigereranyo. Yezu yarashimitse kuri ico ciyumviro igihe yishura umugabo umwe yari amusavye ko yosubira inyuma gusezera umuryango wiwe imbere y’uko acika umwigishwa. Yezu yavuze ati: “Nta muntu ashize ukuboko kw’isuka irimishwa n’ibitungwa araba ibiri inyuma, abereye ubwami bw’Imana.” (Luka 9:62) Mu kwishura gutyo, Yezu yoba none yaramukariye canke atagize ibitegereka? Oya, kuko yari azi yuko ico kintu uwo mugabo yari amusavye cari icitwazo gusa co guhunga iryo banga. Yezu yavuze yuko mwene ukwo kwigiza ibintu inyuma ari ukuraba “ibiri inyuma.” None igihe umuntu ariko arakoresha isuka irimishwa n’ibitungwa, hoba hari ico bitwaye agiye aracishamwo akaraba ibiri inyuma canke agashira hasi koko iyo suka maze agahindukira? Kimwe muri ivyo cotuma asamara ntakore ico yari akwiye kuba ariko arakora, ivyo bikaba vyogira ingaruka mbi ku gikorwa ciwe.

4. Dutegerezwa kugumiza amaso ku biki?

4 Aho gushira umutima kuri kahise, dutegerezwa kugumiza amaso ku biri imbere. Raba ukuntu ico kintu kivugwa mu buryo butomoye mu Migani 4:25, ahagira hati: “Nayo amaso yawe, akwiye kuraba imbere adakebaguzwa, emwe amaso aca ibibatsi yawe akwiye kuguma ahanze imbere yawe adakebaguzwa.”

5. Ni imvo iyihe dufise yo kutaraba ibiri inyuma?

5 Turafise imvo yumvikana yo kutaraba ibiri inyuma. None iyo mvo ni iyihe? Turi mu “misi ya nyuma.” (2 Tim. 3:1) Ubu ntihimirije gutikizwa ibisagara vy’ababisha bibiri gusa, ahubwo himirije gutikizwa isi yose. Ni igiki kizodufasha kwirinda gushikirwa n’ivyashikiye muka Loti? Turakeneye kubanza kumenya bimwebimwe mu biri inyuma yacu twohava twipfuza kuraba. (2 Kor. 2:11) Nimuze rero twihweze ivyo bintu ivyo ari vyo maze tumenye ingene twokwirinda kubishirako umutima.

IMISI MYIZA YA KERA

6. Ni kubera iki ivyo twibuka vyadushikiye kera vyoshobora kuba atari ko vyari biri koko?

6 Ingeramizi imwe yibonekeje ni ukubona mu buryo bugoramye imisi myiza ya kera. Ivyo twibuka vyadushikiye kera vyoshobora kuba atari ko vyari biri koko. Tutabiciye n’ikanda twoshobora gufatira mu rwara ingorane zadushikiye kera, muri ico gihe nyene tukarenza urugero ku bijanye n’umunezero twari dufise, tukamera nk’ababona ko ibintu vyari vyifashe neza kuruta uko vyari biri koko. Ukwo kwibuka ibintu mu buryo bugoramye kurashobora gutuma twipfuza cane imisi myiza ya kera. Mugabo Bibiliya itugabisha iti: “Ntuvuge ngo: ‘Kubera iki imisi ya kera yari myiza kuruta iyi?’, kuko bitaranga ubukerebutsi kubaza ivyo.” (Umus. 7:10, New English Translation) Ni kubera iki ukwiyumvira mwene ukwo guteye akaga cane?

7-9. (a) Ni ibiki vyashikiye Abisirayeli mu Misiri? (b) Ni ibintu ibihe Abisirayeli biboneye vyari gutuma banezerwa? (c) Abisirayeli batanguye kwidodomba ku bijanye n’iki?

7 Rimbura ivyashikiye Abisirayeli mu gihe ca Musa. Naho mu ntango Abisirayeli babonwa nk’abashitsi mu gihugu ca Misiri, aho Yozefu amariye gupfa, Abanyamisiri “[barabashiriyeho] abakuru b’ibikorwa vy’agahato, kugira babahahaze mu kubikoreza imizigo.” (Kuv. 1:11) Amaherezo abasavyi b’Imana barashikiwe n’ihonyabwoko igihe Farawo yagerageza kugabanya ibitigiri vyabo. (Kuv. 1:15, 16, 22) Ntibitangaje na gato rero kuba Yehova yabwiye Musa ati: “Nabonye koko amarushwa abantu banje barimwo mu Misiri, kandi numvise amaborogo yabo kubera ababahindagiza ku bikorwa; kuko nzi neza imibabaro barimwo.”​—Kuv. 3:7.

8 Woba ushobora kwiha ishusho y’umunezero Abisirayeli bagize igihe bava mu gihugu bari baragizwemwo abaja, bakavayo ari abantu bidegemvya? Bari bariboneye mu buryo butangaje ububasha bwa Yehova igihe yateza vya Vyago cumi wa munyabwibone Farawo n’abantu biwe. (Soma Kuvayo 6:1, 6, 7.) Nkako, Abanyamisiri ntibahavuye gusa barekura Abisirayeli, ariko kandi barabahimirije kugenda, barabaha inzahabu n’ifeza vyinshi cane ku buryo vyavuzwe yuko abasavyi b’Imana ‘bakovye Abanyamisiri.’ (Kuv. 12:33-36) Abisirayeli barongeye kunezerwa igihe babona ukuntu Farawo n’ingabo ziwe batikirizwa mu Kiyaga Gitukura. (Kuv. 14:30, 31) Ese ukuntu kwibonera ivyo bintu vy’agatangaza bitegerezwa kuba vyarakomeje ukwizera kwabo!

9 Ariko rero, biratangaje kubona haciye igihe gito gusa barokowe ku gitangaro, abo bantu nyene baciye batangura kwidodomba. Bidodomba ku bijanye n’iki? Ibifungurwa ntuze! Ntibamazwe ipfa n’ivyo Yehova yabaronsa bituma bidodomba bati: “Ese ukuntu twibuka amafi twahora turya mu Misiri ata co dutanze, amakonkombure n’amapasiteke n’ibitunguru vya pwaro n’ibitunguru vy’amagoma n’ibitungurusumu! Mugabo ubu, ubuzima bwacu burumye. Nta kindi tuguma duhanze amaso atari manu.” (Guh. 11:5, 6) Ego cane, bari basigaye babona ibintu mu buryo bugoramye cane ku buryo bipfuje mbere gusubira mu gihugu bari baragizwemwo abaja! (Guh. 14:2-4) Abisirayeli bararavye ibiri inyuma ntibaba bagishimwa na Yehova.​—Guh. 11:10.

10. Ivyashikiye Abisirayeli bitwigisha iki?

10 Ivyo none bitwigisha iki muri iki gihe? Igihe dushikiwe n’ingorane, nimuze ntitukagume twiyumvira ibintu vyo muri kahise vyosa n’aho vyari vyiza, kumbure n’ibintu vy’imbere y’uko tumenya ukuri. Naho atari bibi kuzirikana ivyigwa twakuye ku bintu vyadushikiye kera canke kwibuka ibintu biteye umunezero vyabaye kera, turakeneye kuguma tubona ivyo bintu nk’uko biri koko kandi mu buryo buri ku burimbane. Ahandiho, twoshobora kurushiriza kudahimbarwa n’ukuntu ivyacu vyifashe maze tukipfuza gusubira mu buzima twahoramwo.​—Soma 2 Petero 2:20-22.

IVYO TWAHEVYE

11. Abantu bamwebamwe babona gute ivyo bahevye?

11 Birababaje kubona hari abaraba inyuma bakibuka ivyo bahevye maze bakabona ko ari uturyo bahomvye. Ushobora kuba wari ufise akaryo ko kwiga amashure ahanitse, kuba rurangiranwa, canke gutunga, mugabo ukaba wahisemwo kutabikurikirana. Bene wacu na bashiki bacu benshi barahevye ibibanza vyabaronsa amahera menshi mu bijanye n’urudandaza, ukwinezereza, ukwigisha kuri kaminuza, canke inkino zo kwinonora imitsi. Ubu haraciye igihe babihevye, mugabo iherezo ntirirashika. Woba uguma wiyumvira ukuntu wari kuba umerewe iyo udaheba ivyo bintu?

12. Paulo yabona gute ibintu yari yarahevye?

12 Intumwa Paulo yarahevye ibintu vyinshi kugira ngo abe umuyoboke wa Kristu. (Flp. 3:4-6) None yabona gute ivyo yari yarahevye? Atubwira ati: “Ivyahora ari inyungu kuri jewe, nabibonye nk’uruhombo kubera Kristu.” Uti kubera iki? Abandanya ati: “Ibintu vyose mbona koko yuko ari uruhombo kubera agaciro gahebuje ko kumenya Kristu Yezu Umukama wanje. Kubera we, naremeye guhomba ibintu vyose ndabibona nk’ikigunguzi c’umwanda, kugira ngo nunguke Kristu.”a (Flp. 3:7, 8) Nka kurya nyene umuntu ataye umucafu mu nyuma aticuza kuba yawutaye, ni na ko Paulo aticujije ku bijanye n’akaryo ako ari ko kose isi itanga yari yarahevye. Ntiyari akibona ko ivyo bintu bifise agaciro.

13, 14. Twokurikiza gute akarorero Paulo yatanze?

13 Ni igiki kizodufasha nitwasanga turiko turiyumvira ibijanye n’ivyo twokwita uturyo twaducitse? Urakurikiza akarorero Paulo yatanze. Uti gute? Rimbura agaciro k’ivyo ufise ubu. Usigaye ufitaniye na Yehova ubucuti bw’agaciro kandi uri umwizigirwa kuri we. (Heb. 6:10) Hoba none hariho inyungu z’ivy’umubiri isi itanga zogereranywa n’imihezagiro yo mu buryo bw’impwemu twifitiye ubu be n’iyo tuzokwironkera muri kazoza?​—Soma Mariko 10:28-30.

14 Paulo aca avuga ikintu kizodufasha kubandanya gusukurira Yehova turi abizigirwa. Avuga ko ‘yibagira ibiri inyuma akaramiriza ku biri imbere.’ (Flp. 3:13) Urabona ko Paulo ashira ahabona ibintu bibiri twokora, vyompi bikaba bikenewe. Ica mbere, tubwirizwa kwibagira ibiri inyuma, ntidupfishe ubusa inguvu n’umwanya vy’agaciro mu kurazwa ishinga birenze urugero n’ivyo bintu. Ica kabiri, nka kurya kw’umwirutsi agira ashike ku murongo wa nyuma, turakeneye kuramiriza, tukaguma duhanze amaso ibiri imbere.

15. Kuzirikana uburorero bw’abasavyi b’Imana b’abizigirwa bitumarira iki?

15 Igihe tuzirikanye uturorero tw’abasavyi b’Imana b’abizigirwa, baba aba kera canke ab’ubu, turashobora kurushiriza kwipfuza kuguma tuja imbere aho kuraba ibiri inyuma. Nk’akarorero, iyo Aburahamu na Sara baguma bibuka Uri, “baba bararonse akaryo ko gusubirayo.” (Heb. 11:13-15) Mugabo ntibasubiyeyo. Igihe Musa yava mu Misiri ubwa mbere, yasizeyo ibintu biruta kure n’iyo ivy’uwundi Mwisirayeli uwo ari we wese yasizeyo mu nyuma. Yamara, nta hantu na hamwe muri Bibiliya herekana ko yipfuje ivyo bintu. Ahubwo, inkuru yo muri Bibiliya itubwira yuko “yabonye ko iceyi ca Kristu ari ubutunzi buruta amatunga yo mu Misiri; kuko yashinze ijisho itangwa ry’impembo.”​—Heb. 11:26.

IBINTU BIBI VYADUSHIKIYE MURI KAHISE

16. Ivyadushikiye kera bishobora kugira ico bidukozeko gute?

16 Ariko rero, si ibintu vyose vyadushikiye muri kahise vyoboneka ko ari vyiza. Dushobora kuba tuguma twiyumvira ibicumuro canke amakosa twakoze kera. (Zab. 51:3) Hari aho twoba tukibabazwa n’impanuro ikomeye twahawe. (Heb. 12:11) Twoshobora kuguma twiyumvira ibintu biranga akarenganyo vyadushikiye canke ivyo twibaza ko ari akarenganyo. (Zab. 55:2) Twokora iki kugira ngo twiyemeze neza ko tutareka ngo mwene ivyo bintu bitume dushira umutima ku biri inyuma? Rimbura uturorero dutatu.

17. (a) Ni kubera iki Paulo yavuze ko yari “umuntu ari hasi y’uwo hasi y’aberanda bose”? (b) Ni igiki cafashije Paulo kutarengerwa n’ivyiyumviro bica intege?

17 Amakosa twakoze kera. Intumwa Paulo yavuze ko yari “umuntu ari hasi y’uwo hasi y’aberanda bose.” (Ef. 3:8) Ni kubera iki yabona ibintu muri ubwo buryo? Avuga ati: “Kuko nahamye ishengero ry’Imana.” (1 Kor. 15:9) Woba ushobora kwiha ishusho y’ukuntu Paulo ategerezwa kuba yarumvise amerewe igihe yahura na bamwebamwe mu bo yari yarahamye? Ariko rero, aho kureka ngo arengerwe n’ivyo vyiyumviro bica intege, Paulo yashize umutima ku buntu ata wari abukwiriye yari yaragiriwe. (1 Tim. 1:12-16) Ivyo vyatumye akenguruka cane maze aravyurirwa umutima wo kubandanya mu busuku bwiwe. Mu bintu Paulo yari yiyemeje kwibagira, harimwo n’ingendo iranga igicumuro yahorana. Natwe nyene nitwashira umutima ku mbabazi Yehova yatugiriye, tuzokwirinda gutakaza inguvu zacu mu guhagarikwa umutima bidakenewe n’ibintu vyabaye kera tudashobora guhindura. Tuzokoresha inguvu zacu mu gikorwa twashinzwe.

18. (a) Ni igiki coshobora kudushikira mu gihe turavye inyuma tukibuka impanuro twahawe maze bikatubabaza? (b) Twokurikiza gute amajambo ya Salomo ajanye no kwemera impanuro?

18 Impanuro ibabaza. Bite ho nimba twipfuza kuraba inyuma mu kwibuka impanuro twahawe maze tukumva tubabaye? Uretse ko ivyo bishobora kutubabaza, birashobora no kuduca intege, bigatuma ‘tudendebukirwa.’ (Heb. 12:5) Twaba ‘tugaye’ iyo mpanuro kubera twanse kuyemera canke ‘tudendebukiwe’ kubera ko tuyemeye maze tugatana n’akabando, ikivamwo ni kimwe: Ntitureka vy’ukuri ngo iyo mpanuro itugirire akamaro maze idutyorore. Ese ukuntu vyorushiriza kuba vyiza dukurikije aya majambo ya Salomo agira ati: “Fata indero ugumye; nturekure. Yizigame, kuko ari yo buzima bwawe.” (Imig. 4:13) Nka kurya kw’umushoferi yubahiriza ivyapa vyo kw’ibarabara, nimuze twemere impanuro, tuyishire mu ngiro, maze dutere tuja imbere.​—Imig. 4:26, 27; soma Abaheburayo 12:12, 13.

19. Twokwigana gute ukwizera kwa Habakuki na Yeremiya?

19 Ibintu biranga akarenganyo koko canke ivyo twiyumvira ko ari akarenganyo. Vyoshobora gushika tukiyumva nka wa muhanuzi Habakuki, uwatakambiye Yehova ataka ubutungane, kubera ko atatahura igituma Yehova yari yararetse hakaba ibintu bimwebimwe biranga akarenganyo. (Hab. 1:2, 3) Birahambaye cane ko twigana ukwizera kw’uwo muhanuzi, uwavuze ati: “Na ho nyene jewe nzokwigina Yehova; nzonezererwa Imana y’ubukiriro bwanje.” (Hab. 3:18) Cokimwe na Yeremiya wo mu gihe ca kera, nitwaguma ‘turindiriye’ twizeye bimwe bishitse Yehova, we Mana y’ubutungane, tuzoshobora kwizigira yuko ibintu vyose bizoshirwa mu buryo mu gihe kibereye.​—Int. 3:19-24.

20. Twokwerekana gute ko ‘twibuka muka Loti’?

20 Tubayeho mu bihe biteye umunezero. Muri iki gihe hariko haraba ibintu vyiza igitangaza kandi akari inyuma karahinda. Ese umwe wese muri twebwe yoguma ajana n’ishirahamwe rya Yehova. Nimuze dukurikize ya mpanuro yo mu Vyanditswe idusaba kuraba imbere aho kuraba ibiri inyuma. Nitwabigenza gutyo, tuzoba twerekanye ko ‘twibuka muka Loti’!

[Akajambo k’epfo]

a Ijambo ryo mu ntango ryahinduwe ng’aha ngo “umwanda” ryasobanura kandi ikintu “baterera imbwa,” “umwanda w’ibikoko,” “amazirantoke.” Incabwenge imwe mu vya Bibiliya ivuga yuko Paulo yakoresheje iryo jambo kugira ngo yerekane “ukuntu umuntu aheba buhere ikintu kitagira akamaro kandi giteye ishishi ku buryo ata ho yongera guhurira na co.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika