ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/5 rup. 18-21
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/5 rup. 18-21

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

NI IGIKI umugabo umwe wo muri Ekose yasanze kimara akanyota kuruta urudandaza rwinjiza cane? Ni igiki cafashije umugabo umwe wo muri Brezile kuvavanura n’ubuzima bw’ubuhumbu, agaheba n’ikiyayuramutwe citwa kokayine? Umugabo umwe wo muri Sloveniya yashoboye gute guheba ingeso yo kunywa inzoga zirenze urugero? Umva ivyo abo bantu batuyagira.

“Nasa n’uwufise ubuzima bwiza.”​—JOHN RICKETTS

YAVUTSE MU 1958

IGIHUGU AKOMOKAMWO: EKOSE

IVYO YACIYEMWO: YARI UMUDANDAZA ARORANIWE

KAHISE KANJE: Nakuriye mu buzima bwiza. Dawe yari intwazangabo mu gisoda c’Ubwongereza, ugaca wumva ko umuryango wacu utaguma hamwe. Uretse muri Ekose, twarabaye kandi mu Bwongereza, mu Budagi, muri Kenya, muri Maleziya, muri Irlande no muri Shipre. Kuva mfise imyaka umunani, nize mu mashure y’indaro yo muri Ekose. Nahavuye ndonka urupapuro rw’umutsindo kuri kaminuza y’i Cambridge.

Mfise imyaka 20, naratanguye umwuga wo kudandaza igitoro namazemwo imyaka umunani. Mu ntango, nakorera urwo rudandaza muri Amerika y’Epfo, mu nyuma na ho muri Afrika, hanyuma muri Ostraliya yo mu Burengero. Maze kwimukira muri Ostraliya, narashinze ishirahamwe ry’ivy’imitahe, nkaba nahavuye ndarigurisha.

Amahera yavuyemwo yatumye nshobora guhagarika akazi mfise imyaka 40. Umwanya nari nsigaye mfise naciye nza ndawukoresha mu kugira ingendo. Narazungurutse Ostraliya yose n’ipikipiki incuro zibiri nongera ndazunguruka isi yose. Nasa n’uwufise ubuzima bwiza.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Ntaranahagarika akazi, naripfuza kumenya ukuntu noshimira Imana ku bw’ubuzima nari mfise. Naratanguye kuza ndaja gusenga mw’ishengero rya angilikani, ari na ryo nakuriyemwo. Mugabo nta vyinshi bigisha kuri Bibiliya. Naciye nigana n’aba mormons, mugabo nsanga batishimikiza Bibiliya nca ndabivamwo.

Umusi umwe, Ivyabona vya Yehova barangendeye. Sinatevye guca mbona ko bishimikiza cane Bibiliya mu vyo bigisha. Icanditswe kimwe bansomeye cari ico muri 1 Timoteyo 2:3, 4. Ico canditswe kivuga yuko Imana igomba ko “abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” Narakozwe ku mutima n’ukuntu nya Vyabona vya Yehova batashimika gusa ku bumenyi, ariko bagashimika ku bumenyi butagira amakosa bushingiye kuri Bibiliya.

Kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova vyaramfashije kuronka ubwo bumenyi butagira amakosa. Nk’akarorero, naramenye ko Imana na Yezu batari mu bigize Ubutatu bw’amayobera; ahubwo ni babiri batandukanye. (Yohani 14:28; 1 Abakorinto 11:3) Narahimbawe no kumenya ukwo kuri kworoshe. Narababajwe kandi no kubona nari nararuhiye ubusa ndondera gutahura ubwo Butatu budatahurika!

Sinatevye gutangura kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Narakozwe ku mutima n’ukuntu bose bafatana kigenzi kandi bakigenza runtu; wamengo ni aberanda. Urukundo rwabo nyakuri rwarankuye amazinda yuko nari nubuye idini ry’ukuri.​—Yohani 13:35.

IVYIZA NAHAKUYE: Maze kubatizwa, narahuye n’inkumi nziza utoraba yitwa Diane. Yari yakuze ari Icabona ca Yehova, kandi yari afise kamere nziza nyinshi nashimye. Twahavuye twubakana. Kuba Diane ankunda akongera akamfata mu mugongo vyambereye umuhezagiro nyakuri uva kuri Yehova.

Twe na Diane twaragize icipfuzo gikomeye co kwimukira ahakenewe cane abamamaji b’inkuru nziza yo muri Bibiliya. Mu 2010, twarimukiye muri Belize muri Amerika yo Hagati. Aho muri Belize ubu turabwira inkuru nziza abantu bakunda Imana kandi banyotewe koko ubumenyi bwo muri Bibiliya.

N’ikindi kandi, kuba naramenye ukuri kwerekeye Imana n’Ijambo ryayo Bibiliya birandonsa amahoro yo mu mutima. Kubera ko ndi umwamamaji w’inkuru nziza, narahimbawe no kwigisha Bibiliya abandi bantu batari bake. Nta kintu kiryoshe nko kwitegereza ukuntu ukuri kwo muri Bibiliya kuryohora ubuzima bw’umuntu nk’uko nyene bwaryohoye ubuzima bwanje. Emwe, nagiye nubura uburyo bwiza kuruta ubundi bwo gushimira Imana ku bw’ubuzima mfise.

“Ntiworaba ingene bangaragarije umutima mwiza.”​—MAURÍCIO ARAÚJO

YAVUTSE MU 1967

IGIHUGU AKOMOKAMWO: BREZILE

IVYO YACIYEMWO: YAGIZE UBUZIMA BW’UBUHUMBU

KAHISE KANJE: Nakuriye mu gasagara gatoyi gatekanye kitwa Avaré ko muri Leta ya São Paulo. Benshi mu bantu baho ni abakozi batobato.

Dawe yapfuye mawe anyibungenze. Nkiri agahungu gatoyi, mawe atari muhira naca nitera mu mpuzu ziwe. Naratanguye kugira inyifato nk’iy’abantu b’igitsina-gore, bituma abantu batangura kumbona nk’umuntu aryamana n’abo basangiye igitsina. Nahavuye ntangura kuryamana n’abahungu n’abagabo.

Ndiko ndasozera ubuyabaga, nararondera hasi hejuru abo turyamana b’igitsina-gabo n’ab’igitsina-gore, nkabarondera iyo barangwa hose, uri mu bunywero, mu butambiro bw’ijoro, eka no mu masengero. Mu gihe c’imisi mikuru ya bose yo kwidagadura (carnaval), nambara nk’umugore ngatamba mu madefire yagirwa n’amashure yigisha intambo yitwa samba. Abantu benshi barankunda.

Mu bagenzi nari mfise harimwo abaryamana n’abo basangiye igitsina, abamaraya n’abiziziwe n’ibiyayuramutwe. Bamwe muri bo baranyosha ngo nywe ikiyayuramutwe ca kokayine, kandi nticatevye kunyizizira. Rimwe na rimwe twarakinywa bukadukerako. Mu bindi bihe na ho, naraja ukwanje nkamara umusi wose ndakinywa. Naronze nsigara ku mutwe ku buryo vyari bisigaye bivugwa yuko ngo ndwaye sida.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Ico gihe narabonanye n’Ivyabona vya Yehova. Ntiworaba ingene bangaragarije umutima mwiza. Kimwe mu vyanditswe bansomeye ni Abaroma 10:13 ahavuga hati: “Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa.” Ayo majambo yaramfashije cane kubona akamaro ko gukoresha izina rya Yehova. Akatari gake, igihe naba namaze ijoro ryose nywa ca kiyayuramutwe kokayine, narugurura idirisha nkaraba mw’ijuru ngaca nsenga Yehova niyuha iryosozi ndamutakambira ngo amfashe.

Nari mpagaritswe umutima no kubona mawe yishwe n’agahinda kubera yabona ukuntu ndiko ndonona ubuzima bwanje n’ibiyayuramutwe. Ku bw’ivyo, narafashe ingingo yo guhagarika kubinywa. Budakeye na kabiri, naremeye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Barandemesheje yuko kwiga Bibiliya vyokomeje umwiyemezo nari mfise wo kuvavanura n’ibiyayuramutwe, kandi ni ko vyagenze!

Uko nabandanya niga Bibiliya ni ko nabona ko nkeneye kugira ivyo mpinduye mu buzima bwanje. Ikintu cangoye cane guheba ni ingeso z’abaryamana n’abo basangiye igitsina, kubera ko ari ingeso nari maranye igihe kirekire rwose. Ariko icamfashije ni uguhindura abo twifatanya. Naravavanuye n’abagenzi twari tumaranye igihe kirekire ndareka no kuza ndaja mu bunywero no mu butambiro bw’ijoro.

Naho bitanyoroheye kugira ayo mahinduka, narahumurijwe no kumenya ko Yehova anyitwararika be n’uko atahura urugamba nariko ndarwana. (1 Yohani 3:19, 20) Mu 2002, nari maze guheba ingeso zose z’abaryamana n’abo basangiye igitsina, kandi muri uwo mwaka nyene narabatijwe mba Icabona ca Yehova.

IVYIZA NAHAKUYE: Mawe abonye ukuntu nahindutse yaratangaye rwose aca na we nyene atangura kwiga Bibiliya. Ikibabaje ni uko yagize ingorane y’itembera ry’amaraso mu bwonko. Naho ari ukwo, yarabandanije gukunda Yehova n’ukuri kwo muri Bibiliya.

Ndamaze imyaka umunani nkora igikorwa c’igihe cose, nkaza ndamara mwinshi mu mwanya wanje nigisha abandi Bibiliya. Mvugishije ukuri, vyarashitse nza ndanyinyana n’ivyipfuzo bibi. Ariko ndaremeshwa no kumenya yuko guhitamwo kudatwarwa n’ivyo vyipfuzo bituma mpimbara Yehova.

Kwiyegereza Yehova no kubaho mu buryo bumuhimbara vyatumye ndushiriza kwumva ko ndi n’ico maze. Ubu ndi umuntu ahimbawe.

“Nari ingunguru itobotse.”​—LUKA ŠUC

YAVUTSE MU 1975

IGIHUGU AKOMOKAMWO: SLOVENIYA

IVYO YACIYEMWO: YANYWA INZOGA ZIRENZE URUGERO

KAHISE KANJE: Navukiye i Ljubljana, umugwa mukuru wa Sloveniya. Mu bwana nari ndyohewe ariko bija guhinduka mfise imyaka ine. Ico gihe dawe yariyahuye. Ico cago kimaze kuba, mawe yabwirijwe kubira akuya kugira aronke igitunga abana biwe babiri b’abahungu bariko bakura, ari bo jewe na mukurwanje.

Mfise imyaka 15, naragiye kuba kwa nyokuru. Vyarandyohera kubera ko benshi mu bagenzi banje baba muri iyo micungararo. Vyongeye, nari mfise umwidegemvyo mwinshi kurusha uwo nari mfise nkiba i muhira. Mfise imyaka 16, naratanguye kwifatanya n’abantu baja kunywa mu mpera z’umushamvu. Narateretse umushatsi, ntangura kwambara nk’umugarariji, mu nyuma na ho ntangura kunywa itabi.

Naho nagerageje kunywa ibiyayuramutwe bitandukanye, inzoga ni zo nashishikaye kunywa kubera ko zandyohera kuruta ibindi. Mu ntango nanywa uturahuri dukeyi tw’umuvinyu ariko budakeye na kabiri nari nsigaye nkubita icupa rirenga. Nahavuye mba karuhariwe mu vyo kunyegeza ko naborewe. Akenshi, wamenya ko nanyoye ari uko mpemye zikakumotera. Ariko nta n’uwaca n’ikanda ko nashobora kuba nanyoye amalitiro nk’angahe y’umuvinyu canke y’ibiyeri, aho rero nkaba navanze na ya nzoga ikaze cane yitwa vodoka!

Akenshi ni je nafasha abagenzi banje guhaguruka igihe twaba twakesheje mu butambiro, naho washobora gusanga nanyoye nk’izo banyoye kugwiza kabiri. Umusi umwe nagiye numva ijambo umwe mu bagenzi banje yari avuze ringuye mu matwi yuko nari ingunguru itobotse, ikaba ari imvugo yo gutyozanya yo mu kinyasloveniya ishaka kuvuga umuntu ata we banganya kunywa. Iryo jambo ryarambabaje vy’ukuri.

Naciye ntangura kurimbura ukuntu nariko ndakoresha ubuzima bwanje. Numva ata co maze. Nabona ko ata kintu na kimwe kiri n’ico kimaze nakora mu buzima bwanje.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Ico gihe, narabonye ko umwe mu bo twigana yari asigaye yitonda kuruta uko yahora. Narashatse kumenya icabitumye nca ndamutumira ngo tuje ahantu gufata akantu. Turiko turayaga, yaransiguriye yuko yari asigaye yigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Yarambwiye bimwe mu vyo yariko ariga, vyose bikaba vyambereye bishasha narirya ata vy’idini nari nigeze nigishwa kuva mu bwana. Naratanguye kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova no kwigana na bo Bibiliya.

Kwiga Bibiliya vyaranyuguruye amaso ndabona ukuri kwinshi gukomeye kandi kuremesha. Nk’akarorero, naramenye yuko tubayeho mu gihe Bibiliya yita “imisi ya nyuma.” (2 Timoteyo 3:1-5) Naramenye kandi ko vuba Imana igiye gukuraho ababi kw’isi maze ihe abantu beza akaryo ko kwiberaho ibihe bidahera mw’Iparadizo. (Zaburi 37:29) Ivyo vyatumye nipfuza cane gutyorora ubuzima bwanje kugira nzobe muri abo beza.

Naratanguye kubwira abagenzi banje ukuri kwo muri Bibiliya nariko ndiga. Benshi baratwengera mw’ijigo ivyo nababwira, ariko ivyo vyaramfashije mu buryo ntaziga. Ukwo kuntu bavyakiriye kwaramfashije kubona ko batari abagenzi beza. Nahavuye ntahura ko ingorane yanje yo kunywa yari ifitaniye isano cane n’abo nagira abagenzi. Si bo babona impera y’umushamvu irageze kugira basubire kwiborererwa.

Naravavanuye n’abo bagenzi ndabasubiriza abagenzi b’Ivyabona vya Yehova baremesha. Kwifatanya na bo vyarandemesha cane; bari abantu bakunda Imana vy’ukuri kandi bihatira koko kubaho bisunga ingingo ngenderwako zayo. Buhorobuhoro, narashoboye guheba ingeso nari mfise yo kunywa inzoga zirenze urugero.

IVYIZA NAHAKUYE: Ndakengurukira Yehova kubona ntagikenera inzoga kugira numve ndyohewe. Sinzi iyo mba ngereye iyo ntaheba ingeso nari mfise. Mugabo ndabona ko ubuzima mfise ubu ari bwo bwiza.

Ubu nkorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Sloveniya, nkaba maze imyaka indwi ntewe ako gateka. Kumenya Yehova no kumukorera vyaratumye ngira ubuzima buri n’ico buvuze koko.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika