“Mwiyubare umwambiro w’Abafarizayo”
Yezu yagabishije abigishwa biwe ati: “Mwiyubare umwambiro w’Abafarizayo, ari bwo bwiyorobetsi.” (Luka 12:1) Inkuru isa n’iyo irimwo ayo majambo ya Yezu iratomora yuko yariko ariyamiriza “inyigisho” z’Abafarizayo.—Mat. 16:12.
Rimwe na rimwe Bibiliya irakoresha ijambo “umwambiro” mu kugereranya ukwononekara. Nta gukeka ko inyigisho z’Abafarizayo n’agatima bari bafise vyonona ababumviriza. Ni kubera iki none inyigisho z’Abafarizayo zari ziteye akaga?
1 Abafarizayo baribona ubugororotsi, kandi barakengera abantu basanzwe.
Ukwo kwibona ubugororotsi kuravugwa muri umwe mu migani ya Yezu. Yavuze ati: “Nya Mufarizayo arahagarara, atangura gusengera ku mutima ati: ‘Ewe Mana, ndagukengurukira yuko ntameze nk’abandi bantu: abanyazi, abakora ibitagororotse, abarenga ibigo, canke mbere nk’uyu mutozakori. Ndisonzesha kabiri mu ndwi, ngatanga ic’icumi c’ibintu vyose ndonka.’ Mugabo wa mutozakori, ahagaze nka hariya, ntiyagomba no kuraramura amaso yiwe ngo arabe mw’ijuru, mugabo aguma yikubita ku gikiriza, avuga ati: ‘Ewe Mana, ngirira impuhwe jewe umucumuzi.’”—Luka 18:11-13.
Yezu yarashimagije agatima k’ukwicisha bugufi k’uwo mutozakori mu kuvuga ati: “Ndabibabwiye: Uyo muntu yamanutse i muhira iwe abonetse ko ari umugororotsi kuruta urya wundi; kuko uwo wese yishira hejuru azoteterezwa, mugabo uwicisha bugufi we akazoshirwa hejuru.” (Luka 18:14) Naho abatozakori bari bazwi ko ari ingunge, Yezu yararondeye gufasha abo muri bo bamwumviriza. N’imiburiburi abatozakori babiri, Matayo na Zakayo, barabaye abayoboke biwe.
Bite ho hamwe twokwiyumvira ko turuta abandi kubera ubushobozi canke uduteka twahawe n’Imana kibure kubera hari ivyo badashoboye no kubera ubugoyagoye bafise? Turakwiye guca twikuramwo ivyiyumviro nk’ivyo, kuko Ivyanditswe bivuga biti: “Urukundo rurihangana, rugira neza, urukundo ntirugira ishari, urukundo ntirwihayagiza, ntirwihimbaza, ntirukora ibiteye isoni, ntirurondera ivyarwo, ntirwiciraho, ntirwiyumvira ikibi ku bantu, ntirunezererwa ukugabitanya kw’abandi, ariko runezeranwa n’ukuri.”—1 Kor. 13:4-6, Bibiliya Yera.
Turakwiye kugira agatima nk’ak’intumwa Paulo. Amaze kuvuga yuko “Kristu Yezu yaje mw’isi gukiza abacumuzi,” yongeyeko ati: “Muri abo jewe ndi agahebuza.”—1 Tim. 1:15.
Ibibazo vyo kuzirikana:
Noba ntahura ko ndi umucumuzi be n’uko ubukiriro ndabukesha ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova? Canke imyaka myinshi maze nkorera Imana ntahemuka, uduteka mfise mw’ishirahamwe ryayo kibure ubushobozi nsanganywe, vyoba bituma mbona ko nduta abandi?
2 Abafarizayo bararondera gutangaza abandi mu kwiyerekana ko ari abagororotsi. Bipfuza kuba abahambaye no kwitwa amazina y’ivyubahiro.
Mugabo Yezu yagabishije ati: “Ibikorwa vyose bakora babikora ngo abantu bababone; kuko bāgura utubweta tw’ivyanditswe bambara nk’uburyo bwo kwikingira, kandi bakarehūra ubuyonga bw’impuzu zabo. Bakunda ikibanza kiboneka kuruta ibindi ku mfungurwa zo ku migoroba be n’ivyicaro vy’imbere mu masinagogi, n’indamutso mu tuguriro no kwitwa Rabi n’abantu.” (Matayo 23:5-7) Raba ukuntu agatima bari bafise kari gatandukanye n’aka Yezu. Naho yari Umwana w’Imana atagira agasembwa, yaricisha bugufi. Igihe umugabo umwe yamwita “mwiza,” Yezu yavuze ati: “Unyitira iki mwiza? Nta n’umwe ari mwiza, atari umwe, na we ni Imana.” (Mrk. 10:18) Ikindi gihe, Yezu yarogeje ibirenge vy’abigishwa biwe, aba ahaye abayoboke biwe akarorero ko kwicisha bugufi.—Yoh. 13:1-15.
Umukirisu w’ukuri akwiye gukorera abo basangiye ukwemera. (Gal. 5:13) Ivyo ni ko biri canecane ku barondera gukwiza ibisabwa kugira babe abacungezi mw’ishengero. “[Ku]rondera gushikira ibanga ry’ubucungezi” ni ikintu kibereye, mugabo umuntu akwiye kugira iryo hangiro abitumwe n’icipfuzo co gufasha abandi. Iryo “banga” si ikibanza gituma umuntu aba uwuhambaye canke agira ububasha. Abacungezi barakwiye ‘kwiyorosha mu mutima’ nka Yezu.—1 Tim. 3:1, 6; Mat. 11:29.
Ibibazo vyo kuzirikana:
Noba mfise agatima ko kugirira neza abafise amabanga mw’ishengero, kumbure nkabigira nizigiye kumenyekana canke kuronka uduteka twiyongereye? Noba mfise agatima ko kwibanda ku mice y’umurimo w’Imana isa n’iyituma menyekana nkongera nkahayagizwa? Noba vy’ukuri ndondera kubonwa ko nkora neza gusumba abandi?
3Amategeko n’imigenzo vy’Abafarizayo vyatuma abantu basanzwe bibagora gukurikiza Itegeko.
Itegeko rya Musa ryarereka muri rusangi Abisirayeli ukuntu bosenga Yehova. Ariko rero, ntiryavuga utuntu twose babwirizwa gukora. Nk’akarorero, Itegeko ryarababuza gukora kw’Isabato, mugabo ntiryabaha urutonde rw’ibikorwa bokora canke batokora. (Kuv. 20:10) Abafarizayo bararondeye gutanga amakuru babona ko ahaze mu kwongeramwo amategeko n’imigenzo vyabo. Yezu yarakurikiza Itegeko rya Musa, mugabo akirengagiza amategeko Abafarizayo bari barishiriyeho. (Mat. 5:17, 18; 23:23) Ntiyafata ijambo ku rindi ivyo Itegeko ryavuga. Yezu yaratahura intumbero y’Itegeko be n’uko abantu bakeneye kugira imbabazi n’impuhwe. Yaragira ibitegereka, n’igihe nyene abayoboke biwe baba badashikije ivyo abitezeko. Nk’akarorero, naho yahimirije batatu mu ntumwa ziwe kuguma barikanuye no kuguma bari maso muri rya joro yafatirwamwo, barasinziriye akatari gake. Ariko rero, yavuganye ikibabarwe ati: “Nkako umutima urashashaye, mugabo umubiri ni goyigoyi.”—Mrk. 14:34-42.
Ibibazo vyo kuzirikana:
Noba ndondera kwishiriraho amategeko ntabanduka canke gutuma abandi bisunga ivyiyumviro vyanje bwite? Noba nitega ibitegereka ku bandi?
Nuzirikane itandukaniro ryari hagati y’ukuntu Yezu yigisha n’ukuntu Abafarizayo bigisha. Woba ubona aho woryohora mu kuntu wigisha? Nimba ari ukwo, ubona gute wihatiye kubigira?
[Ifoto ku rup. 28]
Abafarizayo barambara utubweta tw’ivyanditswe.—Mat. 23:2, 5
[Amafoto ku rup. 29]
Abakurambere bakirisu bicisha bugufi baratandukanye n’Abafarizayo b’abanyabwibone kuko bobo bakorera abandi
[Ifoto ku rup. 30]
Woba witega ibitegereka ku bandi nk’uko Yezu yabigira?