ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/6 rup. 32
  • Ubuntu buratuma umujinya ushonga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuntu buratuma umujinya ushonga
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/6 rup. 32

Ubuntu buratuma umujinya ushonga

UMUTAMAKAZI umwe yarafashe nabi cane George na Manon, bano bakaba ari umugabo n’umugore b’Ivyabona bo mu Buholande, igihe bamwegera kugira ngo bamubwire inkuru nziza y’Ubwami. Baramenye yuko yari yarapfakaye incuro zibiri, arabura n’umwana w’umuhungu, akaba kandi yari arwaye rumatizime ikomeye. Naho yabaye nk’uwuturura igihe bariko barayaga, ntiyigeze vy’ukuri abagaragariza umutima mwiza.

Ariko rero, George yarahaye iciyumviro Manon c’uko bogaruka kuraba uwo mutamakazi bamuzaniye amashurwe kubera ko yasa n’uwishwe n’irungu kandi akaba yari afise umujinya. Igihe bagaruka, uwo mutamakazi, uno akaba yitwa Rie, yarakozwe ku mutima cane. Ariko rero, kubera ko ico gihe ata kanya yari afise, basezeranye kuzobonana ikindi gihe. Igihe George na Manon bagaruka ku musi bari baravuganye, nta muntu n’umwe bahasanze. Naho bagerageje kugaruka ku biringo bitandukanye, ntibasubiye kumubona. Baratanguye mbere kwibaza yuko yoba abinyegeza.

Umusi umwe, George yahavuye asanga Rie i muhira. Rie yarasavye imbabazi kuba atubahirije isango maze asigura yuko yahora mu bitaro. Yavuze ati: “Mbega urazi ico nagize aho muviriye ng’aha? Emwe, naratanguye gusoma Bibiliya!” Haciye hakurikira ikiyago gishimishije maze inyigisho ya Bibiliya iratangura.

Uko Rie yiga Bibiliya, ni ko yagenda arareka kuba umunyamujinya, akaba yahavuye aba umukenyezi ahimbawe kandi w’umunyabuntu. Naho atari agishobora kuva i muhira, yaciye atangura kuza arabwira ivyo yari asigaye yizera umuntu wese aje kumuraba. Amagara yiwe ntiyamukundira kwama yitaba amakoraniro y’ishengero, yamara yarahimbarwa no kuba abavukanyi na bashiki bacu baramugendera. Igihe yashikana imyaka 82, yaritavye iteraniro ry’umuzunguruko maze arabatizwa mu kwerekana ko yiyeguriye Imana.

Haciye amezi makeyi gusa apfuye, haratowe icese yari yaranditse. Muri ico cese, yaradondoye umubabaro uterwa n’irungu mu gihe c’ubusaza yongera arashimika ku kamaro ko kugira ubuntu. Manon avuga ati: “Narakozwe ku mutima cane igihe nasoma ico cese kandi ndahimbawe cane n’uko Yehova yadufashije kumugaragariza ubuntu.”

Egome, akarorero Yehova ubwiwe atanga karatuvyurira umutima wo kugaragaza urukundo nk’urwo n’ubuntu nk’ubwo. (Ef. 5:1, 2) Ubusuku bwacu buzovamwo ivyiza uko “t[w]ishimagiza nk’abasuku b’Imana . . . [biciye ku] buntu.”​—2 Kor. 6:4, 6.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika