Kubera iki worondera kumenya ivyerekeye ibitangaro?
“Kuvuga ko ikintu ari igitangaro ni uguhonyanga ivyo ubuhinga bwa siyansi bwisunga.”—VYAVUZWE NA RICHARD DAWKINS, UWAHOZE ARI UMWIGISHA W’IVYA SIYANSI.
“Kwemera ibitangaro ni ikintu cumvikana rwose. Ntibiteye kubiri n’ukwizera, ahubwo ni ivyerekana ko Imana ikunda ivyo yaremye be n’uko ibandanya kuvyitaho.” —VYAVUZWE NA ROBERT A. LARMER, UMWIGISHA WA FILOZOFIYA.
“WOBA wemera ibitangaro?” Nk’uko ayo majambo abo bantu bavuze avyerekana, abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye rwose kuri ico kibazo. Ariko none wewe ico kibazo wocishura gute?
Hari aho wogonanwa kwishura uti: “Ego ndavyemera.” Ushobora kuba ubona ko kwemera ibitangaro vyohava vyerekana ko hari ukuntu wemera ibintazi canke ko utize. Benshi ni ko babibona.
Ku rundi ruhande, woshobora kuba wemera udakeka yuko ibitangaro biba koko. Ushobora kuba wemera ibitangaro bivugwa muri Bibiliya, nka kimwe Musa yakora amazi y’Ikiyaga Gitukura akigabura. Ushobora kandi kuba wemera ko ibitangaro biba muri iki gihe cacu. Kukaba nkako, raporo imwe iherutse gusohoka yerekanye yuko “igice kitari gito c’Abanyaburaya n’Abanyamerika, nk’ibice bitatu kuri bine vy’ababa muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika be n’ibice 38 kw’ijana vy’abo mu Bwongereza, bacemera ibitangaro.” (The Cambridge Companion to Miracles, caryohowe na Graham H. Twelftree) Vyongeye, abakirisu si bo bonyene bemera ibitangaro. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Britannica Encyclopedia of World Religions) cerekana yuko kwemera ibitangaro “ari ikintu kiranga amadini nka yose.”
Canke ushobora kuba uri mu mugwi ugira gatatu wokwishura uti: “Nta vyo nzi kandi nta co ndabironderamwo! Nta bitangaro ndabona mu buzima bwanje!” Kubera iki none ukwiye kurondera kumenya ivyerekeye ibitangaro?
Raba iki kintu gishoboka: Dufate ko urwaye indwara idakira. Hamwe wosoma mu kinyamakuru c’ivy’ubuvuzi raporo ivuga ivy’umuti mushasha woshobora kuvura indwara yawe, ntivyoba bibereye none ko ufata n’imiburiburi umwanya na mutoyi ukagira n’akigoro na gatoyi kugira utohoze ivyawo? Mu buryo nk’ubwo, Bibiliya isezerana ko vuba hari ibitangaro bigiye kuba. Ivyo bitangaro bizogira ico bikoze ku kiri n’ubuzima cose kiri kuri iyi si. Ntivyoba none bibereye ko ukoresha umwanya wawe n’akigoro kugira urondere kumenya niba uwo muhango ari uwo kwizigirwa?
Ariko rero, imbere y’uko twihweza ivyo bitangaro vyasezeranywe ivyo ari vyo, reka tubanze tugire ico tuvuze ku bintu bitatu abahakana ibitangaro bakunze kuvuga.
[Uruzitiro ku rup. 3]
IGITANGARO NI IKI?
Ni ikintu kiba ariko kirengeye ububasha bwose buzwi bw’umuntu canke bwo mu bidukikije, kikaba gikunze kwitirirwa ububasha nsigabwenge bunaka.