Abasomyi bacu barabaza . . .
Mbega mu Vyabona vya Yehova, abagore barigisha?
Egome, kw’isi yose mu Vyabona vya Yehova usanga hariho abagore amamiliyoni bigisha ivy’Imana. Abo bagore bamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ni isinzi rinini. Ku bijanye n’abo bagore, muri Zaburi 68:11 havuze mu buryo menyeshakazoza hati: “Yehova ubwiwe aravuga ijambo; abagore batangaza inkuru nziza ni ingabo nyinshi.”
Ariko rero, igikorwa abo bagore bo mu Vyabona vya Yehova bakora co kwigisha ntucitiranye n’igikorwa n’abagore bari mu nzego nyobozi mu yandi madini. Nta ho bihuriye na gato. Uti gute?
Abo babwira ubutumwa si bamwe. Abagore bo mu nzego nyobozi zo mu yandi madini, na canecane amadini y’abiyita abakirisu, bashingwa amabanga yo kuyobora abandi imbere mw’ishengero barimwo, kandi usanga ahanini bigisha abo muri iryo shengero nyene. Ariko Ivyabona vya Yehova b’abagore bobo usanga ahanini bigisha abatari mw’ishengero ryabo, ni ukuvuga abantu bose bahura igihe baba bariko baramamaza inkuru nziza ku nzu no ku yindi canke ahandi.
Ikindi kintu Ivyabona vya Yehova b’abagore batandukaniyeko n’abagore bo mu yandi madini ni ivyo bakora mw’ishengero. Abagore bo mu nzego nyobozi bo mu madini y’abiyita abakirisu be n’ayandi, barahagarikira abo mu madini yabo bakongera bakabigisha inyigisho z’ayo madini. Ariko Ivyabona vya Yehova b’abagore bobo ntibigisha mw’ishengero mu gihe abagabo babatijwe baba ari ho bari. Abagabo bagenywe ni bo bonyene bigisha mw’ishengero.—1 Timoteyo 3:2; Yakobo 3:1.
Bibiliya ivuga ko abagabo ari bo gusa bazezwa ibanga ryo guhagarikira ishengero. Raba ukuntu intumwa Paulo yavyerekanye igihe yandikira Tito umucungezi mugenziwe, ati: “Iki ni co catumye ngusiga i Kirete: ni ukugira ngo . . . ugene abagabo b’inararibonye mu gisagara no mu kindi.” Paulo yongeyeko yuko umwe wese muri abo bagabo bogenywe muri ubwo buryo yobwirijwe kuba ari umuntu “ata co aregwa, umugabo w’umugore umwe.” (Tito 1:5, 6) Paulo yarahaye ubuyobozi nk’ubwo Timoteyo mw’ikete yamwandikiye amusigurira ukuntu ibintu vyabwirizwa gutunganywa mw’ishengero. Yamwandikiye ati: “Nimba umuntu arondera gushikira ibanga ry’umucungezi, aba yipfuje igikorwa ciza. Umucungezi akwiye rero kuba ata co anegurwa, ari umugabo w’umugore umwe, . . . ashoboye kwigisha.”—1 Timoteyo 3:1, 2.
Kubera iki abagabo ari bo bonyene bashingwa amabanga yo guhagarikira ishengero? Paulo avuga ati: “Sindekurira umugore kwigisha, canke kugira ubukuru ku mugabo, ahubwo nacereze. Kuko Adamu ari we yabanje kuremwa, hanyuma Eva.” (1 Timoteyo 2:12, 13) Kuba rero Imana yaremye umugabo imbere yo kurema umugore birerekana igituma yashinze abagabo ibanga ryo kwigisha ishengero no kurihagarikira.
Abakorera Yehova barakurikiza akarorero k’Indongozi yabo Yezu Kristu. Ku bijanye n’igikorwa Yezu yaranguye, umwigishwa Luka yanditse ati: “Agendagenda ava mu gisagara aja mu kindi, ava mu kigwati aja mu kindi, yamamaza yongera amenyesha inkuru nziza y’ubwami bw’Imana.” Mu nyuma, Yezu yararungitse abayoboke biwe gukora ico gikorwa nyene, na bo “baca muri ako karere bava mu kigwati baja mu kindi, bamenyesha inkuru nziza.”—Luka 8:1; 9:2-6.
Abakorera Yehova muri iki gihe, baba ari abagabo canke abagore, baragira uruhara n’umwete mu gikorwa Yezu yavuze ibicerekeye ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.”—Matayo 24:14.