Igiturire gikwiragiye ukungana iki?
“Hari ibikorwa ishirahamwe ryacu rikorera umutegetsi umwe wo mu karere iwacu. Akenshi tubwirizwa kurindira amezi abiri canke atatu kugira ngo turonke agahembo k’ivyo tumukorera. Ariko rero, hari umukozi umwe wa Leta aherutse kunterefona. Yambwiye yuko mu gihe twokwemera kuza turamuhako na makeyi yoshobora kuza aradufasha kuronka ako gahembo bidatevye.”—JOHN.a
VYOBA birashika hakagira uwukwaka igiturire? Naho vyoba bitarashika ngo hagire uwukwaka igiturire nk’uwo yavuzwe aho haruguru, ushobora kuba umaze gushikirwa n’ingaruka z’igiturire.
Icegeranyo co mu 2011 casohowe n’ishirahamwe rirwanya ibiturire kw’isi yose (Transparency International),b kivuga yuko “vyinshi mu bihugu be n’uturere bishika 183 vyaronse amanota ari munsi y’atanu. Ku rugero rufatirwako mu gutanga ayo manota, inota 0 rihabwa ibihugu vyimonogoje mu kurya igiturire, amanota 10 na yo agahabwa ibihugu bitarangwamwo igiturire.” Imyaka ibiri imbere y’aho, ni ukuvuga mu 2009, iryo shirahamwe ryariyemereye ko icegeranyo ryagize muri uwo mwaka cerekana ukuntu igiturire gikwiye hose, kikaba cavuze giti: “Biragaragara ko ata karere na kamwe kw’isi katarangwamwo ingorane zituruka ku giturire.”
Rimwe na rimwe, ingaruka z’igiturire usanga ziteye ubwoba. Nk’akarorero, ikinyamakuru kimwe (Time) cavuze yuko “igiturire be n’ukutitaho ibintu” vyagize uruhara n’imiburiburi ku rugero kanaka mu rupfu rw’abantu benshi cane bahitanywe na ca kinyamugigima gikomeye cabica bigacika muri Hayiti mu 2010. Ico kinyamakuru congeyeko giti: “Bivuye ku biturire vyinshivyinshi abagomba kwubaka amazu baha abitwa ko ari abagenduzi ba Leta, usanga bubaka amazu batarinze kugisha inama abahinga.”
None ako karanda k’igiturire koba kazotorerwa umuti ruhasha? Kugira ngo twishure ico kibazo, turakeneye kumenya ibintu nyamukuru bituma haba igiturire. Ivyo ni vyo duca irya n’ino mu kiganiro gikurikira.
a Si ko asanzwe yitwa kubera ko bitashimwe ko amenyekana.
b Twisunze ibivugwa n’iryo shirahamwe, ico cegeranyo “gitondeka ibihugu cisunze urugero rw’ibiturire birangwa mu bisata vy’ubutunzi bikoresha uburyo bihabwa na Leta.”
“Kwaka igiturire ni ugukoresha nabi ububasha wahawe urondera inyungu zawe bwite. Kiragirira nabi umuntu azeye uburaro n’uburamuko ku bantu bafise ubukuru b’inzirabugunge.”—Ishirahamwe rirwanya ibiturire kw’isi yose (TRANSPARENCY INTERNATIONAL)