Igiturire kizohera!
“Niwizigire Yehova, ugumye inzira yiwe . . . Ababisha nibarandurwa, uzobibona.”—ZABURI 37:34.
WOBA cokimwe n’abandi bantu benshi ubona ko igiturire gitegerezwa kubaho kandi ko kitazokwigera kiranduranwa n’imizi? Niba ari ukwo ubibona, amakenga ufise ari n’ishingiro. Muri kahise kose, abantu baragerageje gushiraho ubwoko bwose bubaho bw’intwaro. Ariko ntibigeze bashobora kurandurana n’imizi igiturire. Hoba none hari icizigiro c’uko hazogera igihe abantu bose bagakora ibintu ata wugunga uwundi?
Emwe nureme, Bibiliya iremeza ko bizoshoboka! Itubwira yuko Imana igiye guhagurukira igiturire ikagikura kw’isi. None izobigenza gute? Izobikora biciye ku Bwami bwayo, ubwo na bwo bukaba ari intwaro yo mw’ijuru izohindura rwose iyi si. Ubwo Bwami ni bwo Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga basaba. Muri rya sengesho rikunze kwitwa Dawe wa twese, Yezu yavuze ati: “Ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi.”—Matayo 6:10, BY.
Ku bijanye n’Umutegetsi aganza ubwo Bwami, ari we Yezu Kristu, Bibiliya yavuze iti: “Azorokora umworo atabaza, n’umurushwa be n’uwo wese atagira gifasha. Azokwumvira akagongwe umuntu mutoyi be n’umworo, kandi ubuzima bw’aboro azobukiza. Ubuzima bwabo azobucungura abukize agahahazo n’ubukazi.” (Zaburi 72:12-14) Urabona yuko Yezu agirira impuhwe abashikirwa n’ingaruka z’igiturire, kandi azohagurukira agahahazo! None ga yemwe ivyo ntibihumuriza?
Biciye kuri uwo Mutegetsi w’impuhwe n’ububasha, Ubwami bw’Imana buzokura igiturire kw’isi. Uti gute? Buzobikora mu gukuraho vya bintu bitatu bituma igiturire ciganza.
Akosho kava ku gicumuro
Muri iki gihe, twese dutegerezwa kunyinyana n’impengamiro dufise zo gukora igicumuro, na zo zikaba zituma dukorana ubwikunzi. (Abaroma 7:21-23) Naho ari ukwo, hariho abantu bameze neza bipfuza gukora ivyiza. Baremera ko amaraso yasheshwe ya Yezu ashoboye kubacungura, ivyo bigatuma bashobora kubabarirwa ibicumuro vyabo.a (1 Yohani 1:7, 9) Abantu nk’abo bazokwungukira kuri ico kintu Imana yakoze kigaragaza urukundo kuruta ibindi vyose, nk’uko tubisoma muri Yohani 3:16, ahagira hati: “Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.”
Imana izokorera abantu b’abizigirwa ikintu ciza igitangaza. Mw’isi nshasha igiye kuza, Imana izokuraho igicumuro n’ingaruka zaco zose, buhorobuhoro itume abantu b’abizigirwa baba abatunganye n’abagororotsi. (Yesaya 26:9; 2 Petero 3:13) Akosho kava ku gicumuro ntikazosubira gutuma hagira umuntu akora ivy’ubugunge. Ku ngoma y’Ubwami bw’Imana, abantu b’abizigirwa bazogirwa abidegemvya bave mu buja bw’ibintu bituma bononekara.
Akosho kava kuri iyi si mbi tubamwo
Ikibabaje, benshi muri kino gihe baragirira nabi abandi n’ibigirankana. Bararya imitsi abantu batobato be n’aboro, kandi bakosha n’abandi bantu ngo bakorane ubugunge. Bibiliya ikebura mwene abo bantu iti: “Umubisha nahebe inzira yiwe, n’umuntu agira nabi ahebe ivyiyumviro vyiwe.” Hamwe abo bantu bameze nabi bokwigaya koko, Bibiliya isezerana yuko Imana “izobaba[ba]rira cane.”—Yesaya 55:7.
Ariko rero abaguma bagira akagagazo bakanka guhindura inzira zabo, nta kundi Imana izobigenza atari ukubakuraho. Biciye ku Bwami bw’Imana, uwu muhango Bibiliya itanga uzoranguka, na wo ukaba ugira uti: “Niwizigire Yehova ugumye inzira yiwe . . . Ababisha nibarandurwa, uzobibona.”b (Zaburi 37:34) Ababi b’intigaya nibamara gukurwaho, abasavyi b’Imana b’abizigirwa ntibazosubira gushikirwa n’ingaruka ziva ku giturire.
Akosho kava kuri Shetani
Shetani wa Mubesheranyi ni we mucumuzi w’intagondwa kuruta abandi bose. Ese ukuntu dukenguruka kubona Yehova yimirije kubuza Shetani gusubira kugira akosho ku bantu. Amaherezo, Imana izozimanganya Shetani. Ico kimwenyi ntikizokwigera gisubira kwosha abantu gukora ivy’ubugunge.
Ego ni ko, iciyumviro c’uko Imana izokuraho ibintu vyose bituma haba ibiturire coshobora gusa nk’aho ari indoto. Woshobora kwibaza uti: ‘Ubwo vy’ukuri Imana irafise ububasha bwo kuzotuma ayo mahinduka aba? Nimba ibufise, ni kubera iki itarabikora?’ Ivyo ni ibibazo vyiza, kandi Bibiliya irabitangira inyishu zimara akanyota.c Turakuremesheje ngo ubwawe wisuzumire ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’ivyimirije gushika, aho ibintu vyose bifitaniye isano n’igiturire bizoba vyakuweho ubutakigaruka.
a Ushaka kumenya n’ibindi ku kuntu urupfu rwa Yezu rushobora kuducungura, raba ikigabane ca 5 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana nk’uko riboneka muri Bibiliya.
c Ushaka ayandi makuru, raba ikigabane ca 3, 8, na 11 vy’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?