ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/10 rup. 26-29
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/10 rup. 26-29

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

VYAGENZE gute ngo umuntu yakuriye mu bintu biteye agahinda acike umugabo na sebibondo ahimbawe kandi avyifatamwo neza? Ni igiki catumye umukenyezi umwe aheba ingeso mbi nyinshi yari afise? Umva ivyo abo bantu batuyagira.

‘Numva umengo nta co maze.’​—VÍCTOR HUGO HERRERA

  • YAVUTSE MU 1974

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: SHILI

  • IVYO YACIYEMWO: YARI YARIZIZIWE N’INZOGA

KAHISE KANJE:

Navukiye mu gisagara ciza co mu bumanuko bwa Shili citwa Angol. Sinigeze mbona dawe. Igihe nari maze imyaka itatu, mawe yaciye yimukira ku mugwa mukuru Santiago agenda atujanye jewe na mwene wacu. Twahavuye tuja kuba mu kumba gatoyi mw’ikambi y’imfatakibanza yari yateguriwe abatagira uburaro. Twakoresha akazu ka surwumwe kagenewe bose, amazi na yo tukaba twayavoma ku muringoti w’abakora akazi ko kuzimya umuriro.

Haciye imyaka nk’ibiri, Leta yaraduhaye akazu gatoyi. Ariko ikibabaje, aho hantu twaba habarizwa ivyo kunywa ibiyayuramutwe, inzoga zirenze urugero, ububisha n’ubumaraya.

Umusi umwe mawe yarahuye n’umugabo umwe, uno bakaba bahavuye bubakana. Uwo mugabo wa mawe yari umunywi katwa. Yama yadukubise twe na mawe. Kenshi nararaba aho nikinga nkarira, nkiyumvira nti: ‘Ese icompa dawe yonkingira.’

Naho mawe ata ko atagira ngo aturonse ivyo dukeneye, twari abakene cane. Igihe twaba dushonje, rimwe na rimwe twikora ku mata y’ifu n’agasukari vyonyene. Dukeneye kwisamaza na ho, jewe n’uwo mwene wacu twaromboka tukaja kurunguruka imboneshakure kw’idirisha ry’umubanyi. Ariko rero, umusi umwe uwo mubanyi yaratugunduye, kandi kuva uwo musi twaciye tubiheba.

Igihe uwo mugabo wa mawe yaba atagasomye, ivyo na vyo bikaba vyaba gake, yaratugurira ivyo turya na mwene wacu. Umusi umwe twagiye tubona atuzanira imboneshakure ntoya. Ico gihe cabaye kimwe mu bihe biri ku rushi numvise ko nezerewe.

Igihe nari mfise imyaka 12, naciye nja kwiga gusoma. Haciye umwaka umwe, narahevye ishure ntagura gukora akazi ka misi yose. Inyuma y’akazi, jewe n’abantu bakuze twakorana twaca tuja ahantu tukiryohera, tukanywa tukaborerwa, tugafata n’ibiyayuramutwe. Ntivyatevye kunyigarurira.

Igihe nari mfise imyaka 20, narahuye n’uwitwa Cati mu nyuma turubakana. Mu ntango, vyose vyagenda neza, ariko mu nyuma nahavuye nsubira mu vyo nahora ngenderamwo. Ingeso zanje zatera zunyuka. Amaherezo naratahuye ko ivyo nakora vyonshikanye mw’ibohero canke mu rupfu. N’ikibabaje kuruta, naratuma umwana wanje Víctor ashikirwa n’ibintu bibabaje vyanshikiye nkiri muto. Vyarambabaza, nkumva ndiyanse, nkongera nkumva umengo nta co maze.

Nko mu 2001, hari Ivyabona vya Yehova babiri batugendeye iwacu, hanyuma Cati atangura kwigana na bo Bibiliya. Yaza arambwira ivyo yaba yize. Kubera ko nashaka kumenya vyinshi, nanje naciye ntangura kwiga Bibiliya. Mu 2003, Cati yarabatijwe aba Icabona ca Yehova.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Umusi umwe, narasomye muri Rusi 2:12, ahavuga yuko Yehova aha impera abagaragaza ukwizera, bakaronderera ubuhungiro kuri we. Naratahuye yuko hamwe nogira amahinduka, noshoboye gutuma Imana ihimbarwa kandi ikampezagira. Narabonye ukuntu Bibiliya yiyamiriza cane akaborerwe. Amajambo ari mu 2 Bakorinto 7:1 yarankoze ku mutima. Ico canditswe kiduhimiriza ngo “twiyuhagire ubuhumane bwose.” Naciye rero ntangura guheba ingeso mbi nari mfise. Mu ntango, ivyo vyatuma ndushiriza gushavura, mugabo Cati ntiyigeze areka kumfata mu mugongo.

Nahavuye mpeba akazi nakora, kubera ko ku kazi bangirako akosho gakomeye ko kunywa itabi n’inzoga. Naho kumara igihe ntafise akazi vyasavye ko twemera kubeshwaho na bike, vyarandonkeje umwanya wiyongereye wo kwiga Bibiliya. Ico gihe ni ho natangura vy’ukuri gutera imbere mu vy’Imana. Cati ntiyigera ansaba ibirengeye ivyo nashobora kuronka, kandi ntiyigeze yidoga ngo ni je ntuma tubaho mu buryo bubayabaye. Ndamushimira vy’ukuri kubona yaranshigikiye abigiranye urukundo.

Naciye ntangura kuza ndifatanya cane n’Ivyabona vya Yehova. Baramfashije gutahura yuko naho ata mashure nari narize, Yehova aha agaciro icipfuzo mfise ku mutima co kumukorera. Urukundo n’ubumwe twasanze mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova vyaragize ico bikoze cane ku muryango wacu. Amahoro twasanzeyo nta handi twari bwigere tuyabona. Muri Kigarama 2004, na jewe narabatijwe.

IVYIZA NAHAKUYE:

Narabonye yuko amajambo Yehova yavuze muri Yesaya 48:17 ari ay’ukuri, na yo akaba agira ati: “Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura.” Mawe na mwene wacu barakozwe cane ku mutima n’amahinduka nagize ku buryo na bo ubu bariko bariga Bibiliya. Eka n’ababanyi bacu baranezerwa no kubona ingene nahindutse be n’ukuntu umuryango wacu uhimbawe.

Mfise umukenyezi akunda Imana kandi abona ko ndi umugenzi ashobora kwizigira. Naho ntigeze menya dawe, Bibiliya yaranyigishije ingene norera abana banje batatu. Baranyubaha. N’igihambaye kuruta, barabona ko Yehova abaho koko, kandi baramukunda.

Ndakenguruka vy’ukuri kubona Yehova yarandonkeje akaryo ko kuba umuntu ahimbawe naho nakuze ntazi agahimbare ico ari co.

“Nahavuye mba umwigeme akunda gushavura, akara cane.”​—NABIHA LAZAROVA

  • YAVUTSE MU 1974

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: BILGARIYA

  • IVYO YACIYEMWO: YADANDAZA IBIYAYURAMUTWE

KAHISE KANJE:

Navukiye i Sofia muri Bilgariya, nkaba navukiye mu muryango udatunze kandi udakenye. Dawe yataye umuryango igihe nari mfise imyaka itandatu. Vyarambabaje cane, kandi vyaransigiye inkovu ku mutima. Numva ko natawe nk’akanuka be n’uko ntabereye gukundwa. Uko nagenda ndakura, vyatumye ncika umugarariji. Nahavuye mba umwigeme akunda gushavura, akara cane.

Igihe nari mfise imyaka 14, naromotse mva i muhira ari ryo rya mbere. Narakunda kwiba amahera mawe hamwe na sokuru na nyokuru. Kw’ishure nama ndiko ndatera intureka kubera nashavura cane, ivyo bikaba vyatumye ndungikwa ku mashure atanu atandukanye mu myaka mikeyi gusa. Hasigaye imyaka itatu ngo ndonke urupapuro rw’umutsindo, naciye mpeba ishure. Niyamira mu buhumbu. Nahavuye nizizirwa n’itabi be n’ikiyayuramutwe citwa marijuwana. Naranywa inzoga nkazihasha, nkama nja mu vyo kwidagadura. Naratanguye no kudandaza ibiyayuramutwe. Sinabona ico ubuzima bumaze muri iyi si itagira icizigiro, aho abantu bashikirwa n’imibabaro n’urupfu. Ivyo vyatuma rero ndondera kubaho niryohererwa ku musi ku musi.

Mu 1998, ico gihe nkaba nari mfise imyaka 24, narafatiwe ku kibuga c’indege i São Paulo muri Brezile, mfatwa ndi mu bijanye n’urudandazwa rw’ibiyayuramutwe. Naciye ncirwa imyaka ine y’umunyororo.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Mu 2000, Ivyabona vya Yehova baratanguye kugendera rimwe mu ndwi ibohero nari mbohewemwo. Umwe muri bo, uwitwa Marines, yarangaragariza cane umutima mwiza. Yaramvyuriye akayabagu ko kumenya vyinshi ku vyerekeye Bibiliya. Kubera ntari bwumve ivyerekeye Ivyabona vya Yehova, narabajije abo twari dupfunganywe ivyo bari babaziko. Igitangaje ni uko abenshi mu bo nabaza bavuga nabi Ivyabona vya Yehova. Umwe mu bo twari dupfunganywe yambwiye ko nokwinjira idini iryo ari ryo ryose kiretse mu Vyabona vya Yehova. Ivyo yavuze vyatumye nipfuza cane kumenya vyinshi ku biberekeye; naripfuje kumenya igituma Ivyabona bankwa ukuraho. Nahavuye ntahura ko babanka kubera bari mw’idini ry’ukuri. Nakare Bibiliya ivuga yuko uwo wese agerageza vy’ukuri gukurikira Yezu azohamwa.​—2 Timoteyo 3:12.

Muri ico gihe, narashinzwe gukorera mu nyubakwa y’ubuyobozi bw’ibohero. Umusi umwe, narasanze mu bubiko amakarato yarimwo ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso!a vya kera. Naciye ntwara ivyo binyamakuru mu kumba nari mpfungiwemwo, ntangura kubisoma. Uko narushiriza kubisoma, ni ko narushiriza kwumva meze nk’umuntu ari mu bugaragwa bugadutse ahejeje kwubura iriba ry’amazi apfutse. Kubera ko nari mfise umwanya mwinshi cane, buri musi naramara amasaha menshi niga Bibiliya.

Umusi umwe, narasabwe kwitaba ku biro vy’ubuyobozi bw’ibohero. Kubera yuko niyumvira ko ngira ndekurwe, naciye negeranya utwanje ningoga, ndasezera abo twari dupfunganywe, nca ndanyaragasa nja ku biro. Ariko ndahashitse, baciye bamenyesha ko hari ikindi kintu gishasha kinyagira, ico na co kikaba cari ugutunga impapuro za magendo. Ivyo vyatumye ncirwa iyindi myaka ibiri yo gupfungwa.

Nkivyumva, naciye numva ncitse intege. Ariko haciye imisi, naratanguye kubona ko ivyo bintu vyohavuye bimviramwo ikintu ciza. Naho nari narize ibitari bike muri Bibiliya, mu mutima numva yuko ninarekurwa nzoca nisubirira mu buzima nahoramwo. Nari ngikeneye umwanya kugira ngo ngire amahinduka.

Vyarashika nkiyumvira yuko bitoshobotse ko Imana inyemerera kuba umusavyi wayo. Mugabo narazirikanye ku vyanditswe bimwebimwe, nk’ico mu 1 Bakorinto 6:9-11. Ico canditswe cerekana yuko mu kinjana ca mbere G.C. (G.C. bisobanura “mu Gihe Cacu”), hari abakirisu bari bahoze ari ibisuma, imborerwa, abanyazi imbere y’uko bakorera Yehova. Ariko Yehova yarabafashije barahinduka. Akarorero kabo karandemesheje cane.

Ingeso zimwezimwe ntizangoye guheba. Nk’akarorero, vyaranyoroheye guheba ukunywa ibiyayuramutwe. Ariko rero, guheba itabi vyabaye ibindi bindi. Kugira ngo ndarihebe, vyasavye ko ndwana iyo ntambara mu kiringo c’umwaka urenga. Kimwe mu vyamfashije muri urwo rugamba ni uko narondeye kumenya ingaruka itabi rigira ku magara y’umuntu. Ikiruta vyose, gusenga Yehova ntahengeshanya ni vyo vyamfashije kuriheba.

Aho dawe amariye kuduta, nasigaye niyumva nk’uwatawe nk’akanuka. Ariko uko naguma niyegereza Yehova, buhorobuhoro naratanguye kurengera izo nyiyumvo. Amajambo yo muri Zaburi 27:10 yarankoze ku mutima cane. Agira ati: “Hamwe data na mama bonta, Yehova ubwiwe yonyitorera.” Naratahuye yuko nari nironkeye Umuvyeyi mwiza kuruta abandi bose atokwigeze anta! Kuva ico gihe, ubuzima bwanje bwaciye butangura kugira intumbero. Haciye amezi atandatu mvuye mu munyororo, aho hakaba hari muri Ndamukiza 2004, narabatijwe mba Icabona ca Yehova.

IVYIZA NAHAKUYE:

Ubu mbayeho mpimbawe. Kubera ko navavanuye n’ingeso mbi, ubu ndamerewe neza ku mubiri no ku mutima kuruta uko vyari biri igihe nari nkiri muto. Ndahimbawe mu mubano wanje, kandi ndafitaniye ubucuti bwa hafi n’Umuvyeyi wanje wo mw’ijuru, Yehova. Mu basavyi biwe, narahasanze ba dawe, ba mawe, bene wacu be na bashikanje. (Mariko 10:29, 30) Ndahimbarwa no kuba barabonye yuko hari ico nzovamwo n’imbere y’uko jewe ubwanje ndabibona.

Birashika nkumva ndiyagirije kubera ivyo naciyemwo muri kahise. Ariko ndahumurizwa no kumenya yuko mw’isi nshasha yasezeranywe n’Imana, ‘tutazokwibuka’ ibintu bibi twaciyemwo. (Yesaya 65:17) Mu kurindira ico gihe, ivyanshikiye muri kahise biramfasha kwumvira ikibabarwe abantu bashikirwa n’ibintu bisa n’ivyo naciyemwo. Muri ubwo buryo mba nungukiye kuri ivyo bintu naciyemwo. Nk’akarorero, igihe mba ndiko ndabwira abandi inkuru nziza y’Ubwami, biranyorohera kuyagisha abantu biziziwe no kunywa inzoga n’ibiyayuramutwe, canke bakora ivy’ububisha, nkabayagisha ata kubinuba. Nimba narashoboye kugira amahinduka kugira ngo mpimbare Yehova, sinkeka yuko n’uwo ari we wese yobishobora!

a Vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

“Naho ntigeze menya dawe, Bibiliya yaranyigishije ingene norera abana banje batatu”

“Nari nironkeye Umuvyeyi mwiza kuruta abandi bose atokwigeze anta!”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika