Nugamburukire Imana maze wungukire ku mihango yayo
“Kubera ko [Imana] itashobora kurahira uwundi muntu n’umwe ayiruta.”—HEB. 6:13.
1. Ivyo Imana ivuga bitandukanye gute n’ivyo abantu b’abacumuzi bavuga?
YEHOVA ni “Imana y’inyakuri.” (Zab. 31:5) Abantu b’abacumuzi ntibashobora kwama bizigirwa, mu gihe Imana yoyo ‘idashobora kubesha.’ (Heb. 6:18; Soma Guharūra 23:19.) Ivyo itegekanya gukora ku bw’ineza y’abantu vyama biranguka. Nk’akarorero, ibintu vyose Imana yavuga mu ntango y’ikiringo cose c’irema yuko yokoze, ‘vyaba kuno.’ Ni co gituma umusi ugira gatandatu w’irema urangiye, ‘Imana yihweje ikintu cose yari yakoze, igasanga ni ciza cane.’—Ita. 1:6, 7, 30, 31.
2. Umusi w’akaruhuko w’Imana ni iki, kandi kubera iki ‘yawugize mweranda’?
2 Yehova Imana amaze kwihweza ibikorwa vyiwe vyose vy’irema, yaratanguye umusi ugira indwi, ukaba utari umusi w’amasaha 24, ahubwo cari ikiringo kirekire aho yaruhutse ibikorwa vyo kw’isi bijanye n’irema. (Ita. 2:2) Umusi w’akaruhuko w’Imana nturarangira. (Heb. 4:9, 10) Bibiliya ntihishura igihe nyezina uwo musi watanguriye. Ushobora kuba watanguye haciye igihe gito umugore wa Adamu ari we Eva aremwe, hakaba haciye nk’imyaka 6.000. Turarindiriye ya Ngoma ya Yezu Kristu y’imyaka igihumbi, iyizotuma umugambi Imana yari ifise igihe yarema isi uranguka, uwo na wo ukaba wari uw’uko isi iba Iparadizo yamaho yuzuye abantu batagira agasembwa. (Ita. 1:27, 28; Ivyah. 20:6) Woba wokwemera udakeka ko uzogira kazoza gahimbaye nk’ako? Cane nyene! Kuko “Imana [yahezagiye] umusi ugira indwi, i[ka]wugira mweranda.” Ico cari ikimenyamenya c’uko naho hoshika ingorane zitari zitezwe zimeze gute, umugambi w’Imana worangutse ata kabuza umusi wayo w’akaruhuko urangiye.—Ita. 2:3.
3. (a) Umusi w’akaruhuko w’Imana umaze gutangura, ni ubugarariji ubuhe bwabaye? (b) Yehova yavuze gute umugambi afise wo gukuraho ubwo bugarariji?
3 Ariko rero, umusi w’akaruhuko w’Imana umaze gutangura, ibara ryaciye rigwa. Shetani, uno akaba yari umwana w’Imana w’umumarayika, yarigize imana irwanya Yehova. Yaravuze ikinyoma ca mbere, arahenda Eva ku buryo uno agambararira Yehova. (1 Tim. 2:14) Eva na we yaratumye umugabo wiwe yifatanya na we muri ubwo bugarariji. (Ita. 3:1-6) No muri ico gihe ibintu vyari vyifashe nabi kuruta ikindi gihe cose, aho hari havyutse amakenga ku bijanye n’uko Imana yoba ari imvugakuri, Yehova ntiyabonye yuko bikenewe ko yemeza ashizeko n’indahiro ko umugambi wiwe worangutse. Ahubwo nyabuna, Imana ikoresheje amajambo yotahuwe igihe yashinze kigeze, yaravuze gusa ukuntu ubwo bugarariji bwokuweho iti: “Nzoshira inyankane hagati yawe [ni ukuvuga Shetani] na wa mugore no hagati y’uruvyaro rwawe n’uruvyaro rwiwe. Uyo [ni ukuvuga Uruvyaro rwasezeranywe] azogukomeretsa mu mutwe, nawe uzomukomeretsa ku gitsintsiri.”—Ita. 3:15; Ivyah. 12:9.
INDAHIRO CARI IKINTU C’INGIRAKAMARO CEMEWE N’AMATEGEKO
4, 5. Ni ikintu cemewe n’amategeko ikihe Aburahamu yakoresha rimwe na rimwe?
4 Muri ico gihe co mu ntango ya kahise k’abantu, nta wokwemeza ko kurahira yuko ikintu kanaka ari ukuri vyari mu bigize imvugo Imana yari yarahaye Adamu na Eva. Mu bisanzwe, ibiremwa bitagira agasembwa bikunda Imana kandi biyigana ntibikeneye kurahira; vyama bivuga ukuri kandi birizigirana biherejeko. Mugabo ibintu vyarahindutse igihe abantu bacumura bakaba abanyagasembwa. Mu nyuma, igihe ukubesha n’uguhendana vyakwiragira mu bantu, vyarabaye ngombwa ko baza bararahira kugira berekane ko ibintu bihambaye ari ivy’ukuri.
5 Kurahira cari ikintu cemewe n’amategeko umwe sekuruza w’imiryango Aburahamu yungukiyeko n’imiburiburi mu bihe bitatu. (Ita. 21:22-24; 24:2-4, 9) Nk’akarorero, ivyo vyarashitse igihe yagaruka avuye gutsinda umwami wa Elamu n’abari bafatanije na we. Umwami wa Salemu n’umwami wa Sodomu barasohotse gusanganira Aburahamu. Melekisedeki, umwami wa Salemu, yari n’“umuherezi w’Imana Musumbavyose.” Ku bw’ivyo, yarahezagiye Aburahamu yongera arashemeza Imana kuba yari yatumye Aburahamu atsinda abansi biwe. (Ita. 14:17-20) Mu nyuma, igihe umwami wa Sodomu yipfuza guha impera Aburahamu kubera ko yatabaye abantu b’uwo mwami akabakiza izo ngabo zari zabateye, Aburahamu yarahiye ati: “Ndugije ukuboko kwanje ndahira Yehova Imana Musumbavyose, Uwashizeho ijuru n’isi, yuko, kuva ku runyuzi gushika ku mugozi w’inkweto, ata na kimwe nzotora mu vyawe vyose, kugira ntuvuge ngo: ‘Ni jewe natungishije Aburamu.’”—Ita. 14:21-23.
UMUHANGO YEHOVA YAHAYE ABURAHAMU ASHIZEKO N’INDAHIRO
6. (a) Ni akarorero akahe Aburahamu yadusigiye? (b) Twungukira gute ku kuba Aburahamu yaragamburutse?
6 Yehova Imana yarakoresheje kandi indahiro ku bw’ineza y’abantu b’abacumuzi, mu gukoresha imvugo nka: “‘Ndahiye ukubaho kwanje,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.” (Ezk. 17:16) Bibiliya iravuga incuro zitandukanye zirenga 40 aho Yehova Imana yarahiye. Kumbure akarorero kazwi cane ni akajanye n’ivyo yagiraniye na Aburahamu. Mu kiringo c’imyaka myinshi, Yehova yarahaye Aburahamu imihango nk’ingahe ishingiye ku masezerano, yose hamwe ikaba yerekana ko rwa Ruvyaro rwasezeranywe rwokomotse kuri Aburahamu biciye ku mwana wiwe Izahaki. (Ita. 12:1-3, 7; 13:14-17; 15:5, 18; 21:12) Mu nyuma, Yehova yaragerageje Aburahamu mu buryo bukomeye, mu kumutegeka gutanga umwana wiwe yakunda cane. Aburahamu yaragamburutse adatebaganye maze agira atange Izahaki kw’ikimazi, umumarayika w’Imana aca aramubuza. Imana yaciye irahira iti: “Ndirahiye jewe ubwanje . . . yuko, ko wakoze ico kintu ntiwimane umuhungu wawe, umwana wawe rudende, ni ukuri nzoguhezagira, kandi ni ukuri nzogwiza uruvyaro rwawe nk’inyenyeri zo mu majuru, nk’udutete tw’umusenyi turi ku nkengera y’ikiyaga; kandi uruvyaro rwawe ruzokwigarurira irembo ry’abansi barwo. Kandi biciye ku ruvyaro rwawe amahanga yose yo kw’isi azokwihesha koko umuhezagiro kubera yuko wumvirije ijwi ryanje.”—Ita. 22:1-3, 9-12, 15-18.
7, 8. (a) Imana yarahiye Aburahamu ku bw’intumbero iyihe? (b) “Izindi ntama” za Yezu zizokwungukira gute ku muhango Imana yatanze ishizeko n’indahiro?
7 Ni kubera iki Imana yarahiye Aburahamu yuko ivyo yasezeranye vyorangutse? Kwari ukugira ngo ikure amazinda abobaye abaraganwa na Kristu bagize igihimba c’inyongera ca rwa “ruvyaro” rwasezeranywe no kugira ngo ikomeze ukwizera kwabo. (Soma Abaheburayo 6:13-18; Gal. 3:29) Nk’uko intumwa Paulo yabisiguye, Yehova “yaserukanye indahiro, kugira ngo biciye ku bintu bibiri bidahinduka [ni ukuvuga umuhango wiwe n’indahiro yiwe] muri vyo bikaba bidashoboka ko Imana ibesha, twebwe abahungiye muri bwa buhungiro turonke indemesho ikomeye kugira ducakire ca cizigiro twashizwe imbere.”
8 Abakirisu barobanuwe si bo bonyene bungukira ku ndahiro Imana yarahiye Aburahamu. Yehova yararahiye yuko abantu bo mu “mahanga yose yo kw’isi [bokwihesheje] . . . umuhezagiro” biciye ku “ruvyaro” rwa Aburahamu. (Ita. 22:18) Muri abo bantu bohezagiwe harimwo n’abo mu “zindi ntama” bagamburukira Kristu, bironkeje icizigiro co kubaho ibihe bidahera kw’isi y’iparadizo. (Yoh. 10:16) Icizigiro ufise caba ico kuba mw’ijuru canke kw’isi, ‘nugicakire’ mu kubandanya kubaho ugamburukira Imana.—Soma Abaheburayo 6:11, 12.
INDAHIRO IMANA YARAHIYE ZIJANYE N’UWO MUHANGO
9. Ni indahiro iyihe Imana yarahiye igihe abakomotse kuri Aburahamu bari abashumba mu Misiri?
9 Haciye imyaka amajana, Yehova yarasubiye kurahira ku bijanye n’imihango yavuzwe aho haruguru igihe yarungika Musa kugira ico abwiye abakomotse kuri Aburahamu, ico gihe bakaba bari abashumba mu Misiri. (Kuv. 6:6-8) Mu kwerekeza kuri ico kiringo, Imana yavuze iti: “Umusi natora Isirayeli, . . . naradugije ukuboko ndabarahira ko nzobakura mu gihugu ca Misiri nkabajana mu gihugu nari natase ku bwabo, igihugu gitemba amata n’ubuki.”—Ezk. 20:5, 6.
10. Ni umuhango uwuhe Imana yahaye Abisirayeli aho imariye kubarokora ikabakura mu Misiri?
10 Mu nyuma, aho Isirayeli imariye kurokorwa igakurwa mu Misiri, Yehova yaratanze uwundi muhango ashizeko n’indahiro, ati: “Nimwagamburuka vy’ukuri ijwi ryanje kandi mukagumya koko isezerano ryanje, muzocika rero inyegu yanje idasanzwe mu bindi bisata vyose, kuko isi yose ari rwanje. Kandi ubwanyu muzombera ubwami bw’abaherezi n’ihanga ryeranda.” (Kuv. 19:5, 6) Mbega ikibanza c’iteka Imana yari ihaye Isirayeli! Ivyo vyasobanura yuko abantu bo muri iryo hanga baramutse bagamburutse, bogize icizigiro co gukoreshwa n’Imana ari ubwami bw’abaherezi kugira ngo abandi bantu basigaye baronke imihezagiro. Mu nyuma, Yehova yavuze mu kudondora ivyo yari yarakoreye Isirayeli ico gihe, ati: “Ni kwo guca . . . nkurahira indahiro, ninjira mw’isezerano nawe.”—Ezk. 16:8.
11. Isirayeli yakiriye gute akamo Imana yayiteye ko kugiranira na yo ubucuti bushingiye kw’isezerano ari igisata yari yacaguye?
11 Ico gihe, Yehova ntiyategetse Isirayeli kurahira yuko yogamburutse; eka kandi Imana ntiyahase Abisirayeli ngo bagiranire na yo ubwo bucuti budasanzwe. Ahubwo nyabuna, bavuze bavyishakiye bati: “Ivyo Yehova avuze vyose turiteguriye kubikora.” (Kuv. 19:8) Haciye imisi itatu, Yehova Imana yaramenyesheje Isirayeli ivyo yosavye iryo hanga yari yacaguye. Ubwa mbere, barumvise ya Mabwirizwa cumi, mu nyuma Musa ababwira ayandi mabwirizwa yanditse muri Kuvayo 20:22 gushika muri Kuvayo 23:33. None Isirayeli yavyakiriye gute? “Abantu bose ba[ciye] bishura n’ijwi rimwe, bati: ‘Amajambo yose Yehova avuze turiteguriye kuyakora.’” (Kuv. 24:3) Musa yaciye yandika ayo mategeko mu “gitabu c’isezerano” yongera arayasoma n’ijwi ryumvikana kugira ngo iryo hanga ryose rishobore gusubira kuyumva. Inyuma y’aho, abantu bararaganye ubugira gatatu bati: “Ivyo Yehova avuze vyose turiteguriye kubikora no kubigamburuka.”—Kuv. 24:4, 7, 8.
12. Yehova n’igisata yari yaracaguye bavyifashemwo gute ku bijanye n’isezerano ryari hagati yabo?
12 Yehova yaciye atangura gushitsa uruhara rwiwe ku bijanye n’iryo sezerano ry’Itegeko mu gutunganya ihema ryo gusengeramwo be n’ubuherezi vyotumye abantu b’abacumuzi bashobora kumwegera. Isirayeli yoyo ntiyatevye kwibagira ko yari yiyeguriye Imana, gutyo “[ituntuza] Umweranda wa Isirayeli.” (Zab. 78:41) Nk’akarorero, igihe Musa yariko araronswa ubundi buyobozi ku Musozi Sinayi, Abisirayeli vyaranse ko bihangana maze batangura kureka kwizera Imana, mu kwiyumvira yuko Musa yari yabataye. Baciye rero bakora igishushanyo c’inyana c’inzahabu maze babwira abantu bati: “Iyi ni yo Mana yawe, ewe Isirayeli, yakuduganye igukuye mu gihugu ca Misiri.” (Kuv. 32:1, 4) Mu nyuma baragize ico bise “umusi mukuru wa Yehova” maze bunamira ico gishushanyo cabo cakozwe n’abantu bongera bagishikanira ibimazi. Aho Yehova abiboneye, yabwiye Musa ati: “Bakebeje ningoga bata inzira nabategetse kugenderamwo.” (Kuv. 32:5, 6, 8) Ikibabaje ni uko kuva ico gihe Isirayeli yaranzwe no kuza iragirira indagano Imana mu nyuma ikazirengako.—Guh. 30:2.
IZINDI NDAHIRO ZIBIRI
13. Ni umuhango uwuhe Imana yahaye Umwami Dawidi ishizeko n’indahiro, kandi ufitaniye isano gute na rwa Ruvyaro rwasezeranywe?
13 Mu gihe c’ingoma y’Umwami Dawidi, Yehova yaratanze iyindi mihango ibiri ashizeko n’indahiro ku bw’ineza y’abantu bose bamugamburukira. Ubwa mbere, yarahiye Dawidi yuko intebe yiwe y’ubwami yokwamyeho. (Zab. 89:35, 36; 132:11, 12) Ivyo vyasobanura yuko rwa Ruvyaro rwasezeranywe rwokwiswe “Umwana wa Dawidi.” (Mat. 1:1; 21:9) Dawidi abigiranye ukwicisha bugufi yise uwo yomukomotseko “Umukama” wiwe kubera ko Kristu yogiye mu kibanza kiri hejuru.—Mat. 22:42-44.
14. Ni umuhango uwuhe Yehova yatanze ashizeko n’indahiro ku vyerekeye rwa Ruvyaro rwasezeranywe, kandi tuwungukirako gute?
14 Ubwa kabiri, Yehova yahumekeye Dawidi kuvuga imbere y’igihe yuko uwo Mwami adasanzwe yobaye n’Umuherezi Mukuru w’abantu. Muri Isirayeli, ubwami n’ubuherezi vyari bitandukanye cane. Abaherezi bava mu muryango wa Lewi, abami na bo bakava mu muryango wa Yuda. Mugabo Dawidi yavuze imbere y’igihe ku bijanye n’uwo yobaye samuragwa wiwe ahambaye, ati: “Ijambo Yehova abwira Umukama wanje ni iri: ‘Icara iburyo bwanje, gushika ngize abansi bawe nk’intebe y’ibirenge vyawe.’ Yehova yararahiye (kandi ntazokwicuza), ati: ‘Uri umuherezi gushika igihe kitagira urugero mu buryo bwa Melekisedeki!’” (Zab. 110:1, 4) Mu gushitsa ubwo buhanuzi, Yezu Kristu we Ruvyaro rwasezeranywe, ubu araganza ari mw’ijuru. Vyongeye, akora ari Umuherezi Mukuru w’abantu mu gufasha abigaya kugiranira n’Imana ubucuti bwemewe.—Soma Abaheburayo 7:21, 25, 26.
ISIRAYELI NSHASHA Y’IMANA
15, 16. (a) Ni Isirayeli zibiri izihe zivugwa muri Bibiliya, kandi ni iyihe muri izo Imana ihezagira muri iki gihe? (b) Ni ibwirizwa irihe Yezu yahaye abayoboke biwe ku bijanye no kurahira?
15 Kubera ko ihanga rya Isirayeli ryateye akagere Yezu Kristu, amaherezo ryaratakaje ubucuti budasanzwe ryari rifitaniye n’Imana be n’icizigiro co kuzocika “ubwami bw’abaherezi.” Yezu yarabibwiye indongozi z’Abayuda ati: “Ubwami bw’Imana muzobwakwa buhabwe ihanga ryama ivyamwa vyabwo.” (Mat. 21:43) Iryo hanga rishasha ryavutse kuri Pentekote yo mu 33 G.C., igihe impwemu y’Imana yasukwa ku bigishwa ba Yezu bashika 120 bari bakoraniye i Yeruzalemu. Bahavuye bitwa “Isirayeli y’Imana” kandi ntibatevye gucika ibihumbi bigizwe n’abantu bo mu mahanga yose y’ico gihe.—Gal. 6:16.
16 Mu buryo butandukanye na Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri, iryo hanga ry’Imana rishasha ryo mu buryo bw’impwemu ryagumye ryama ivyamwa vyiza mu kubandanya rigamburukira Imana. Rimwe mu mabwirizwa abagize iryo hanga bagamburuka rijanye no kugira indahiro. Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi abantu barakoresha nabi indahiro, mu kurahira ibinyoma canke mu kurahira ku bijanye n’ibintu bidahambaye. (Mat. 23:16-22) Yezu yigishije abayoboke biwe ati: “Ntimukarahire na gato . . . Ijambo ryanyu Ego niribe Ego, Oya yanyu ibe Oya; kuko ikirenze kuri ivyo kiva kuri wa mubisha.”—Mat. 5:34, 37.
17. Ni ibibazo ibihe bizorimburwa mu kiganiro c’ukwiga gikurira?
17 Ivyo vyoba bisobanura ko kurahira vyama ari bibi? N’igihambaye kuruta, kureka Ego yacu ikaba Ego birimwo iki? Ivyo bibazo bizorimburwa mu kiganiro c’ukwiga gikurikira. Uko tubandanya kuzirikana Ijambo ry’Imana, ese twovyurirwa umutima wo kuguma tugamburukira Yehova. Na we azoheza ahimbarwe no kuduhezagira ibihe bidahera mu buryo buhuye n’imihango y’agaciro yatanze ashizeko n’indahiro.
Imihango Yehova atanga yama iranguka