Uri umubwiriza w’umwizigirwa
“Ntimwigaba.” —1 KOR. 6:19.
1. Isi muri rusangi ibona gute ukwigenga?
HARACIYE imyaka nka 2.500 umwanditsi umwe w’ibikino w’umugiriki yanditse ati: “Nta n’umwe yipfuza kwikorera ingǒgo y’ubushumba.” Benshi muri iki gihe boshobora guca bemera ayo majambo. Umuntu avuze ijambo ubushumba uca ubona abantu bahahazwa kandi baboshwe, igikorwa cabo n’ukwitanga kwabo bikaba atari bo bigirira akamaro mugabo bikakagirira ababatwara.
2, 3. (a) Ni amabanga ayahe abashumba ba Kristu ari bo basuku biwe bajejwe? (b) Ni ibibazo ibihe vyerekeye ububwiriza tugira turimbure?
2 Yamara, Yezu yarerekanye yuko abigishwa biwe bobaye abasuku bicisha bugufi canke abashumba. Ariko rero, ubwo bushumba bw’abakirisu b’ukuri si ikintu co kubashira hasi canke kubahahaza. Abo bashumba baraterwa iteka, bakizigirwa kandi bakubahwa. Nk’akarorero, rimbura ivyo Yezu yavuze gatoyi imbere y’uko apfa ku bijanye n’“umushumba” umwe. Kristu yamenyesheje yuko yoshinze ibikorwa “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.”—Mat. 24:45-47.
3 Biri n’ico bivuze kuba mu yindi nkuru isa n’iyo uwo mushumba yitwa “umubwiriza.” (Soma Luka 12:42-44.) Abakirisu b’abizigirwa benshi bariho muri iki gihe ntibari mu bagize uwo mugwi w’umubwiriza w’umwizigirwa. Ariko rero, Ivyanditswe vyerekana yuko uwo wese akorera Imana afise ibanga ry’ububwiriza. Ni amabanga ayahe none ajanye n’ubwo bubwiriza? Ayo mabanga akwiye kubonwa gute? Kugira ngo turonke inyishu, nimuze turimbure uruhara rw’ababwiriza bo mu bihe vya kera.
URUHARA RW’ABABWIRIZA
4, 5. Ni amabanga ayahe ababwiriza bo mu bihe vya kera bari bafise? Tanga uburorero.
4 Mu bihe vya kera, umubwiriza akenshi yari umushumba w’umwizigirwa yashingwa igikorwa co guhagarikira ivyo mu rugo rwa shebuja canke urudandaza rwiwe. Mu bisanzwe, ababwiriza bari bafise ubukuru budasanzwe bakaba bari bajejwe guhagarikira ivyo mu rugo, ivy’amahera be n’abandi basuku. Ivyo turabibonera ku vyerekeye Eliyezeri, uwari ajejwe kwitwararika amatunga menshi ya Aburahamu. Ashobora kuba ari Eliyezeri Aburahamu yarungitse i Mezopotamiya kuronderera umugore umuhungu wiwe Izahaki. Mbega igikorwa gihambaye!—Ita. 13:2; 15:2; 24:2-4.
5 Yozefu, umwuzukuruza wa Aburahamu, yacungera ivyo mu rugo kwa Potifari. (Ita. 39:1, 2) Yahavuye aronka umubwiriza wiwe bwite, akaba yari ajejwe “inzu ya Yozefu.” Uwo mubwiriza yaratunganije ivyo kwakira bamwe benewabo na Yozefu cumi. Kandi abitegetswe na Yozefu, yarateguye ivyerekeye ca gikombe c’ifeza vyitwa ko cibwe. Biragaragara ko ababwiriza bari abantu bizigirwa cane.—Ita. 43:19-25; 44:1-12.
6. Ni ibanga ry’ububwiriza irihe abakurambere bakirisu batandukanye bajejwe?
6 Ibinjana n’ibindi inyuma y’aho, intumwa Paulo yanditse yuko abacungezi bakirisu bategerezwa kuba ‘ababwiriza b’Imana.’ (Tito 1:7) Kubera ko abacungezi bagenywe kugira ngo baragire “ubusho bw’Imana,” baratanga ubuyobozi bakongera bakaja imbere abandi mu mashengero. (1 Pet. 5:1, 2) Ego ni ko, amabanga barangura aratandukanye. Nk’akarorero, abacungezi bakirisu benshi bo muri iki gihe basukurira ishengero rimwe. Abacungezi b’ingenzi basukurira amashengero menshi. Abagize Komite y’ishami na bo bitwararika amashengero ari mu bihugu vyose bikukira iryo shami. Naho ari ukwo, vyitezwe ko bose barangura ibikorwa vyabo badahemuka; bose bategerezwa kugira ico ‘babazwa’ n’Imana.—Heb. 13:17.
7. Tuzi gute yuko abakirisu bose ari ababwiriza mu buryo bunaka?
7 Ariko none, tuvuge iki ku bijanye n’abakirisu benshi b’intahemuka batari abacungezi? Intumwa Petero yarandikiye ikete abakirisu muri rusangi, akaba yavuze ati: “Nk’uko umwe wese yaronse ingabirano, muyikoreshe mu gukoreranira nk’ababwiriza beza b’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana bwerekanwa mu buryo butari bumwe.” (1 Pet. 1:1; 4:10) Imana ibigiranye ubuntu bwayo ata wari abukwiriye, yarahaye umwe wese muri twebwe ingabirano, ivyo atunze, ububangukirwe canke ubuhanga dushobora gukoresha ku bw’ineza y’abo dusangiye ukwemera. Ku bw’ivyo, abantu bose bakorera Imana ni ababwiriza, kandi ibanga ryabo ry’ububwiriza rituma baba abantu bateye iteka, b’abizigirwa kandi bagira ico babazwa.
TURI AB’IMANA
8. Ni ingingo ngenderwako imwe ihambaye iyihe dukwiye kwibuka?
8 Tugira dushimike ku ngingo ngenderwako zitatu twebwe ababwiriza dukwiye kurimbura. Iya mbere: Twese turi ab’Imana kandi turi n’ico tubazwa na yo. Paulo yanditse ati: “Ntimwigaba kuko mwaguzwe ikiguzi,” ico na co kikaba ari inkuka y’amaraso ya Kristu. (1 Kor. 6:19, 20) Ko turi aba Yehova, tubwirizwa kugamburuka amabwirizwa yiwe, ano akaba atari umuzigo. (Rom. 14:8; 1 Yoh. 5:3) Turi kandi abashumba ba Kristu. Cokimwe n’ababwiriza ba kera, turahabwa umwidegemvyo mwinshi, mugabo uwo mwidegemvyo uri n’aho ugarukira. Dutegerezwa kurangura amabanga yacu twisunze ubuyobozi twahawe. Naho twoba dufise agateka k’umurimo akahe, tuguma turi abasuku b’Imana n’aba Kristu.
9. Yezu yerekanye gute imigenderanire iri hagati y’umushumba na shebuja?
9 Yezu aradufasha gutahura imigenderanire iri hagati y’umushumba na Shebuja. Igihe kimwe yarabwiye abigishwa biwe ibijanye n’umushumba yatashe i muhira amaze umusi wose akora. None shebuja yoba aca amubwira ati: “Ingo ningoga uje ku meza”? Oya. Amubwira ati: “Ntegurira ikintu mfungure imfungurwa zanje zo ku mugoroba, wambare itabuliya, unkorere gushika mpejeje kurya no kunywa, mu nyuma nawe ubone kurya no kunywa.” None Yezu yerekanye gute icigwa kiri muri ico kigereranyo? Yavuze ati: “Na mwebwe rero, igihe mukoze ibintu vyose mwashinzwe, muvuge muti: ‘Turi abashumba b’imburakimazi. Ivyo dukoze ni ivyo twabwirizwa gukora.’”—Luka 17:7-10.
10. Ni igiki cerekana yuko Yehova akenguruka utwigoro tugira two kumukorera?
10 Turazi ko Yehova akenguruka utwigoro tugira two kumukorera. Bibiliya idukura amazinda iti: “Imana [si] iyitagororotse ngo yibagire igikorwa canyu n’urukundo mwerekanye ko mufitiye izina ryayo.” (Heb. 6:10) Yehova yama adusaba ibitegereka. Vyongeye, ivyo adusaba vyose ni ibitugirira akamaro kandi ntivyigera bitubera umuzigo. Ariko rero, mu buryo buhuye n’uwo mugani wa Yezu, umushumba ntakora ibimunezereza mu gushira imbere inyungu ziwe. Iciyumviro ni iki: Igihe twiyeguriye Imana, tuba duhisemwo gushira imbere inyungu zayo mu buzima bwacu. Woba uvyemera?
IVYO YEHOVA ADUSABA TWESE
11, 12. Twebwe ababwiriza, ni kamere iyihe dutegerezwa kugaragaza kandi ni ibiki dutegerezwa kwirinda?
11 Ingingo ngenderwako igira kabiri ni iyi: Kubera ko turi ababwiriza, twese twisunga ingingo mfatirwako z’ishimikiro zimwe. Ego ni ko, amabanga amwamwe ashingwa abantu bakeyi mw’ishengero rya gikirisu. Ariko rero, amabanga menshi yega bose. Nk’akarorero, kubera ko turi abigishwa ba Kristu tukaba n’Ivyabona vya Yehova, dutegekwa gukundana. Yezu yavuze yuko urukundo ari rwo ruranga abakirisu b’ukuri. (Yoh. 13:35) Ariko rero, urukundo rwacu ntirugarukira ku muryango w’abavukanyi gusa. Turihatira kugaragariza urukundo n’abo tudasangiye ukwizera. Ico ni ikintu twese dushobora kugira kandi turakwiye kukigira.
12 Turasabwa kandi kugira inyifato nziza. Turipfuza kwirinda inyifato be n’uburyo bwo kubaho Ijambo ry’Imana ryiyamiriza. Paulo yanditse ati: “Nta basambanyi, canke abasenga ibigirwamana, canke abarenga ibigo, canke abagabo babikirwa kugirwako ibitagirwa, canke abagabo baryamana n’abagabo, canke ibisuma, canke abanyamunoho, canke imborerwa, canke abatukana, canke abanyazi bazotorana ubwami bw’Imana.” (1 Kor. 6:9, 10) Tuvugishije ukuri, bisaba akigoro kugira tubeho twisunga ingingo mfatirwako zigororotse z’Imana. Yamara, ako kigoro si ak’impfagusa. Turironkera ivyiza vyinshi, harimwo kubaho mu buryo butuma tugira amagara meza, tugiranira imigenderanire myiza n’abandi, tukagira n’impagararo nziza imbere y’Imana.—Soma Yesaya 48:17, 18.
13, 14. Ni ibanga irihe abakirisu bose bashinzwe, kandi dukwiye kuribona gute?
13 Uribuka kandi yuko umubwiriza yaba afise igikorwa ategerezwa gukora. Natwe ni ukwo. Twarahawe ingabirano y’agaciro, iyo na yo ikaba ari ubumenyi bwerekeye ukuri. Imana yiteze ko tubwira abandi ubwo bumenyi. (Mat. 28:19, 20) Paulo yanditse ati: “Umuntu rero natubone nk’aho turi abasuku ba Kristu n’ababwiriza b’amabanga meranda y’Imana.” (1 Kor. 4:1) Paulo yaratahura yuko iryo banga ry’ububwiriza ryasaba kwitwararika neza “amabanga meranda” no kuyabwira abandi adahemuka nk’uko yari yarabitegetswe na Shebuja Yezu Kristu.—1 Kor. 9:16.
14 Nakare, kubwira abandi ukuri ni co kintu kiranga urukundo twokora. Ariko ntiwumve, ukuntu ivy’umukirisu umwe vyifashe usanga bitandukanye n’ivy’uwundi. Bose ntibashobora gukora bimwe mu busuku. Ivyo Yehova arabitahura. Igihambaye ni ugukora ivyo dushoboye vyose. Gutyo, tuba tugaragarije Imana n’abandi bantu urukundo ruzira ubwikunzi.
AKAMARO KO KUBA UMWIZIGIRWA
15-17. (a) Ni kubera iki ari ntahara ko umubwiriza aba umwizigirwa? (b) Yezu yerekanye gute ingaruka zo kutaba umwizigirwa?
15 Ingingo ngenderwako igira gatatu, ino ikaba ifitaniye isano cane n’izo zindi zibiri, ni iyi: Dutegerezwa kuba intahemuka n’abizigirwa. Umubwiriza yoshobora kuba afise kamere nziza nyinshi n’ububangukirwe bwinshi, yamara nta na kimwe muri ivyo cogira ico kivuze mu gihe yoba atitaho ibintu canke akaba ahemukira shebuja. Kuba umwizigirwa ni ntahara kugira ngo umuntu abe umubwiriza kirumara kandi aroranirwa. Uribuka yuko Paulo yanditse ati: “Ikironderwa mu babwiriza ni uko umuntu asangwa ari umwizigirwa.”—1 Kor. 4:2.
16 Nimba turi abizigirwa, nta gukeka ko tuzoronka impera. Nimba tutari abizigirwa na ho tuzohomba. Iyo ngingo ngenderwako turayisanga muri ca kigereranyo Yezu yatanga cerekeye italanto. Abashumba ‘bacuruje’ badahemuka bakoresheje amahera ya shebuja barakejwe bongera barahezagirwa cane. Wa mushumba atitayeho gukoresha ivyo shebuja yari yamujeje yabonywe ko ari “mubi,” “ikinebwe” n’“imburakimazi.” Yaratswe italanto yari yahawe yongera aratererwa hanze.—Soma Matayo 25:14-18, 23, 26, 28-30.
17 Ikindi gihe, Yezu yarerekanye ingaruka zo kutaba umwizigirwa. Yavuze ati: “Umuntu umwe yari umutunzi akaba yari afise umubwiriza, hanyuma uno baramumuregako yuko amusesagurira ibintu. Nuko aramuhamagara, amubwira ati: ‘Ivyo numva kuri wewe ni ibiki? Zana raporo y’ububwiriza bwawe, kuko utagishoboye guhagarikira inzu.’” (Luka 16:1, 2) Kubera ko uwo mubwiriza yasesagura ubutunzi bwa shebuja, uno yaramwirukanye. Mbega icigwa gikomeye tuhigira! Nta gukeka ko tutigera twipfuza kutaba abizigirwa mu vyo dusabwa gukora.
VYOBA BIRANGA UBUKEREBUTSI KWIGERERANYA N’ABANDI?
18. Ni kubera iki tudakwiye kwigereranya n’abandi?
18 Umwe wese muri twebwe arakwiye kwibaza ati: ‘Mbona gute ibanga ryanje ry’ububwiriza?’ Ingorane zoshobora kwaduka igihe twigereranije n’abandi. Bibiliya iduhanura iti: “Umwe wese yerekane ico igikorwa ciwe bwite kimaze, ni ho azogira imvo yo kwirata ku bimuraba ubwiwe wenyene, atari mu kwigereranya n’uwundi.” (Gal. 6:4) Aho kugereranya ivyo dukora n’ivyo abandi bakora, dukwiye nyabuna kwitwararika ivyo dushoboye gukora. Ivyo ntibizoturinda gusa kwivyimvya ariko kandi bizoturinda gucika intege. Igihe twisuzuma, turakwiye gutahura yuko ibintu bihinduka. Kumbure kubera ko dufise amagara make, twitereye mu myaka canke dufise amabanga atandukanye, ntidushobora gukora ivyo twahora dukora. Ku rundi ruhande, hari aho twoba dushoboye gukora vyinshi kuruta ivyo dukora ubu. Nimba ari ukwo biri, mubona gute tugerageje kwongereza ivyo dukora?
19. Nimba tudatewe agateka kanaka, ni kubera iki tudakwiye gucika intege?
19 Uwundi muce tworimbura ni uwerekeye amabanga dufise canke ayo twipfuza kuronka. Nk’akarorero, umuvukanyi yoshobora kuba yipfuza gusukura ari umukurambere mw’ishengero canke gushingwa gushikiriza insiguro ku materaniro no ku mahwaniro. Ni vyiza ko dukora tugatama kugira ngo tube abakwiriye utwo duteka, ariko ntidukwiye gucika intege nimba tutaduhawe ku gihe twari twiteze. Bitumwe n’imvo tutoshoka dutahura, uduteka tumwetumwe twoshobora kuduterwa haciye igihe kirekire kuruta ico twari twiteze. Uribuka ko Musa yasa n’uwiteguriye kuyobora Abisirayeli abakuye mu Misiri, mugabo yabwirijwe kurindira imyaka 40. Ivyo vyatumye aronka umwanya uhagije wo gutsimbataza kamere yari akeneye kugira ngo ayobore iryo hanga ry’izosi ridadaraye kandi ry’irigarariji.—Ivyak. 7:22-25, 30-34.
20. Twigira iki ku vyashikiye Yonatani?
20 Vyoshobora gushika ntitwigere duterwa agateka kanaka. Ukwo ni ko vyagendeye Yonatani. Yari mwene Sauli bikaba rero vyari gushoboka ko aba umwami wa Isirayeli. Ariko rero, Imana yahisemwo Dawidi, uno akaba yari akiri muto cane, kugira ngo abe umwami. None Yonatani yavyakiriye gute? Yaravyemeye maze arashigikira Dawidi gushika naho ahakwa kuhasiga ubuzima. Yabwiye Dawidi ati: “Wewe ubwawe uzoba umwami wa Isirayeli, nanje ubwanje nzoba uwa kabiri kuri wewe.” (1 Sam. 23:17) Woba ubona icigwa kirimwo? Yonatani yaremeye uko ivyiwe vyari vyifashe, kandi ntiyagiriye ishari Dawidi nka se wiwe. Aho kwipfuza ivyo abandi bashobora kuba bashinzwe gukora, twese turakwiye kwitwararika kurangura amabanga tujejwe. Turashobora kwemera tudakeka yuko mw’isi nshasha, Yehova azokwitwararika guhaza ivyipfuzo bibereye vy’abasavyi biwe bose.
21. Dukwiye kubona gute ibanga ryacu ry’ububwiriza?
21 Nimuze twame twibuka yuko twebwe ababwiriza b’abizigirwa tutari abashumba bigorewe barangwa n’uguhahazwa be n’amarira. Ahubwo nyabuna turi abantu baterwa iteka cane, tukaba twajejwe igikorwa kitazokwigera congera gukorwa co gutangaza inkuru nziza muri iyi misi ya nyuma y’ivy’iyi si. Magingo turiko turakora ivyo, turaronka umwidegemvyo mwinshi wo kwihitiramwo ukuntu turangura amabanga yacu. Nimuze rero tube ababwiriza b’abizigirwa. Ese twoha agaciro agateka dufise ko gukorera Umwe ahambaye kuruta abandi bose mw’ijuru no kw’isi.