ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/1 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Izina ry’Imana
    Be maso!—2017
  • Kubera iki dukwiye gukoresha izina ry’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Imana yoba ifise izina?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Woba uzi izina ry’Imana? Woba urikoresha?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/1 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Imana yitwa nde?

Abo mu muryango wacu bose barafise amazina y’uruharo. Mbere n’ibikoko vy’ibitungano usanga babiha amazina! Wumva bitoba bibereye ko Imana igira izina? Muri Bibiliya, Imana irafise amazina menshi y’icubahiro, nk’Imana Mushoboravyose, Umukama Segaba, n’Umuremyi, ariko irafise n’izina ry’uruharo.—Soma Yesaya 42:8; raba na Yesaya 12:2, Bibiliya Yera.

Mu mabibiliya menshi usanga muri Zaburi 83:18 handitse izina ry’uruharo ry’Imana. Nk’akarorero, muri Bibiliya y’isi nshasha, uwo murongo uvuga uti: “Wewe, uwitwa Yehova, [ni] wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.”

Kubera iki dukwiye gukoresha izina ry’Imana?

Igihe tuganira n’abo dukunda, nk’akarorero abagenzi bacu bashika, turabahamagara mw’izina

Imana yipfuza ko dukoresha izina ryayo ry’uruharo. Igihe tuganira n’abo dukunda, nk’akarorero abagenzi bacu bashika, turabahamagara mw’izina, na canecane igihe usanga ubwabo bashima ko tubigira. Wumva atari ukwo nyene dukwiye kubigenza igihe tuganira n’Imana? Vyongeye, Yezu Kristu yaturemesheje gukoresha izina ry’Imana.—Soma Matayo 6:9; Yohani 17:26.

Ariko kugira ngo tube abagenzi b’Imana, turakeneye kumenya n’ibindi uretse izina ry’Imana. Nk’akarorero, Imana imeze gute? Vyoba vy’ukuri bishoboka ko tuyiyegereza? Bibiliya irishura ivyo bibazo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika