INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA
Imana yitwa nde?
Abo mu muryango wacu bose barafise amazina y’uruharo. Mbere n’ibikoko vy’ibitungano usanga babiha amazina! Wumva bitoba bibereye ko Imana igira izina? Muri Bibiliya, Imana irafise amazina menshi y’icubahiro, nk’Imana Mushoboravyose, Umukama Segaba, n’Umuremyi, ariko irafise n’izina ry’uruharo.—Soma Yesaya 42:8; raba na Yesaya 12:2, Bibiliya Yera.
Mu mabibiliya menshi usanga muri Zaburi 83:18 handitse izina ry’uruharo ry’Imana. Nk’akarorero, muri Bibiliya y’isi nshasha, uwo murongo uvuga uti: “Wewe, uwitwa Yehova, [ni] wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.”
Kubera iki dukwiye gukoresha izina ry’Imana?
Igihe tuganira n’abo dukunda, nk’akarorero abagenzi bacu bashika, turabahamagara mw’izina
Imana yipfuza ko dukoresha izina ryayo ry’uruharo. Igihe tuganira n’abo dukunda, nk’akarorero abagenzi bacu bashika, turabahamagara mw’izina, na canecane igihe usanga ubwabo bashima ko tubigira. Wumva atari ukwo nyene dukwiye kubigenza igihe tuganira n’Imana? Vyongeye, Yezu Kristu yaturemesheje gukoresha izina ry’Imana.—Soma Matayo 6:9; Yohani 17:26.
Ariko kugira ngo tube abagenzi b’Imana, turakeneye kumenya n’ibindi uretse izina ry’Imana. Nk’akarorero, Imana imeze gute? Vyoba vy’ukuri bishoboka ko tuyiyegereza? Bibiliya irishura ivyo bibazo.