Nukorere Imana uticuza
“Mu kwibagira ibiri inyuma nkaramiriza ku biri imbere.”—FLP. 3:13.
1-3. (a) Kwicuza ni iki, kandi bishobora gute kugira ico bidukozeko? (b) Dushobora kwigira iki kuri Paulo ku bijanye no gukorera Imana tuticuza?
UMURYOSHAMVUGO umwe yanditse ati: “Mu majambo yose abantu bavuga canke bandika, ayababaje kuruta ayandi yose ni aya: ‘Iyo menya!’” Uwo muryoshamvugo yari John Whittier, akaba yariko arerekeza ku bintu twicuza, ivyo twoshima gusubira gukora maze tukabikora ukundi. “Kwicuza” ni ukugira agahinda mu bwenge, kubabara mu muzirikanyi, kubera ko hariho ikintu cakozwe canke kumbure kitakozwe, kandi birashobora gusobanura “gusubira kurira.” Twese twarakoze ibintu twoshima gusubira gukora maze tukabikora ukundi. Ni ibiki wicuza?
2 Abantu bamwebamwe barakoze amakosa ababaje mu buzima bwabo, mbere barakora ibicumuro bikomeye. Abandi usanga ata kintu kibi cane bakoze, mugabo bakibaza nimba amwamwe mu mahitamwo bagize mu buzima yari meza vy’ukuri. Hari abashoboye kwirengagiza ivyabashikiye muri kahise maze ubuzima burabandanya. Abandi usanga babandanya kwicuza ku bijanye na kahise kabo. (Zab. 51:3) Weho bite? Woba woshima gukorera Imana uticuza, n’imiburiburi guhera uwu musi? Hoba hariho akarorero k’umuntu yabayeho koko dushobora kwigirako? Cane nyene, ni intumwa Paulo.
3 Mu buzima bwiwe, yarakoze amakosa akomeye yongera aragira amahitamwo aranga ubukerebutsi. Yaricujije cane ku bijanye na kahise kiwe, mugabo kandi yarize ukuntu yororanirwa mu murimo yarangurira Imana adahemuka. Nimuze turabe ico akarorero kiwe gashobora kutwigisha ku bijanye no gukorera Imana tuticuza.
KAHISE KABABAJE PAULO YAGIZE
4. Ni kahise kababaje akahe intumwa Paulo yagize?
4 Igihe Paulo yari umusore w’Umufarizayo, yarakoze ibintu yahavuye yicuza. Nk’akarorero, yarayoboye isekeza ryo guhama bimwe bikomeye abigishwa ba Kristu. Bibiliya ivuga ko Sitefano akimara kwicwa rumaratiri, “Sauli [uwahavuye aba Paulo, yaciye] atangura gutikiza ishengero. Yitera mu nzu no mu yindi, aburutira hanze abagabo n’abagore, akabatwara mw’ibohero.” (Ivyak. 8:3) Incabwenge yitwa Albert Barnes yavuze ko ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “gutikiza” ari “imvugo ikomeye, yerekana umwete n’uburake [Sauli] yari afise mu guhama” abakirisu. Ku bw’ivyo, nk’uko Barnes yabivuze, “Sauli yarwanije ishengero n’ubushangashirwe n’akantu nka kurya kw’igikoko.” Kubera ko Sauli yari Umuyuda w’ishaka, yabona ko Imana yari yaramushinze igikorwa co guhagarika ubukirisu. Ni co gituma yakurikirana abakirisu abigiranye ubunyamaswa, ‘apfuhagira iterabwoba n’ubwicanyi mu kurwanya abagabo n’abagore,’ agerageza kubatikiza.—Ivyak. 9:1, 2; 22:4.a
5. Sigura ukuntu Sauli yaretse guhama abayoboke ba Yezu agatangura kumwamamaza.
5 Sauli yari afise intumbero yo kuja i Damasiko, agakura abigishwa ba Yezu mu mazu yabo, maze akabajana i Yeruzalemu ku Nama Nkuru ababuruta kugira ngo bibonereko. Ariko rero, ntiyerewe kubera ko yariko ararwanya Umutwe w’ishengero rya gikirisu. (Ef. 5:23) Igihe Sauli yari agiye i Damasiko, Yezu yaramutangiriye maze Sauli ahumishwa n’umuco wabonetse ku gitangaro. Yezu yaciye arungika Sauli i Damasiko kugira ngo arindire uwundi muntu bobonanye. Ivyakurikiye turabizi.—Ivyak. 9:3-22.
6, 7. Ni igiki cerekana ko Paulo yari azi neza ibijanye na kahise kiwe kababaje?
6 Ivyo Paulo yaha agaciro vyarahindutse akimara kuba umukirisu. Yararetse kuba umwansi katwa w’ubukirisu, atangura kububuranira abigiranye umwete. Naho vyari ukwo, mu nyuma yaranditse ku bimwerekeye ati: “Nkako, mwarumvise ivy’ingeso zanje za kera mw’idini ry’Abayuda, yuko naheba nkimonogoza mu kuguma mpama ishengero ry’Imana nongera ndaritikiza.” (Gal. 1:13) Mu nyuma, yarasubiriye kuvuga ibijanye na kahise kiwe kababaje igihe yandikira Abakorinto, Abafilipi na Timoteyo. (Soma 1 Abakorinto 15:9; Flp. 3:6; 1 Tim. 1:13) Paulo ntiyahimbarwa no kwandika ibintu nk’ivyo ku bimwerekeye, mugabo kandi ntiyagerageza kumera nk’aho ata kintu na kimwe muri ivyo cari carigeze gushika. Yari azi neza ko yari yarakoze amakosa akomeye.—Ivyak. 26:9-11.
7 Umuhinga mu vya Bibiliya yitwa Frederic W. Farrar yaravuze ibijanye n’uruhara Sauli yari yaragize “mu gikorwa giteye ubwoba co guhama” abakirisu. Farrar yongeyeko yuko igihe dusuzumye twitonze insobanuro ikomeye y’ico kiringo kibabaje co mu buzima bwa Paulo, ari ho gusa “dutahura umutwaro wo kwicuza utegerezwa kuba wari kuri we, be n’agacokoro ashobora kuba yaracokorwa n’abansi barondera kumugirira nabi.” Kumbure vyarashika abavukanyi bo mu mashengero atandukanye Paulo yagendera bakamwegera, abavukanyi baba babonanye na we ari bwo bwa mbere, bakavuga bati: ‘Eee uri Paulo, umwe yahora aduhama!’—Ivyak. 9:21.
8. Paulo yabona gute imbabazi n’urukundo Yehova na Yezu bamugaragarije, kandi ni icigwa ikihe tuhakura?
8 Ariko rero, Paulo yaratahura yuko yashoboye kurangura ubusuku bwiwe kubera gusa ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana. Avuga ibijanye n’iyo kamere iranga imbabazi y’Imana incuro nka 90 mu makete 14 yanditse, kuruta uwundi mwanditsi wa Bibiliya uwo ari we wese. (Soma 1 Abakorinto 15:10.) Paulo yarakenguruka cane ukuntu yafashwe mu buryo buranga imbabazi, kandi yaripfuza kwiyemeza neza yuko ubuntu ata wari abukwiye bw’Imana yari yaragiriwe butabaye impfagusa. Ni co gituma ‘yabize akuya kurusha’ izindi ntumwa zose. Akarorero ka Paulo karerekana neza yuko Yehova yiteguriye kwirengagiza mbere n’ibicumuro bikomakomeye yishimikije inkuka y’incungu ya Yezu, mu gihe twatuye ibicumuro vyacu maze tugahindura ingendo. Mbega icigwa ciza ku muntu uwo ari we wese bigora kwemera ko ivyiza biva ku nkuka ya Kristu ashobora kuvyungukirako we ubwiwe! (Soma 1 Timoteyo 1:15, 16.) Naho Paulo yari yarahamye Kristu bimwe bikomeye, yanditse ati: “Umwana w’Imana ya[ra]nkunze a[r]anyigura.” (Gal. 2:20; Ivyak. 9:5) Egome, Paulo yarize ukuntu yokorera Imana atiyagiriza cane. Woba nawe warabigize?
Paulo yarize gukorera Imana aticuza
WOBA WICUZA?
9, 10. (a) Ni kubera iki abasavyi ba Yehova bamwebamwe bicuza? (b) Ni ikibi ikihe kiri mu kubandanya kwicuza ku bijanye na kahise?
9 Woba warakoze ibintu ukaba uvyicuza ubu? Woba warigeze gupfisha ubusa inguvu n’umwanya vy’agaciro mu gukurikirana ibintu bitabereye? Woba warakoze mu buryo bunaka bwagiriye nabi abandi? Canke woshobora kuba wicuza kubera iyindi mvo. Ikibazo ni iki: Wokora iki?
10 Abantu benshi barahagarika umutima! Kubandanya guhagarika umutima ni ukwigirira nabi, ukwibabaza be n’ukwihama. Biratera amaganya menshi. Guhagarika umutima vyoba bitorera umuti ingorane n’imwe? Uwokubesha! Guhagarika umutima ni ugupfisha ubusa umwanya n’inguvu. Aho guhagarika umutima, hariho ibintu bibereye wokora bikavamwo ivyiza. Urashobora gusaba ikigongwe uwo wakoshereje, kumbure mugasubira kugiranira imigenderanire myiza. Urashobora kwirinda ikintu cose catumye ukora ico kintu kibi, gutyo ukaba wirinze kuzoteza ingorane muri kazoza. Ku rundi ruhande, hari aho woba ubwirizwa gusa gushikirwa n’ibintu bimwebimwe mu buzima. Mugabo guhagarika umutima bimeze nk’ubumuga bushobora kubuza umuntu gukorera Imana bimwe bishitse. Vyongeye, nta mpera iva mu guhagarika umutima.
11. (a) Twokora iki kugira ngo Yehova atugirire imbabazi n’ubuntu bwuzuye urukundo? (b) Ni uburyo ubuhe Imana yashizeho budufasha kugira amahoro yo mu muzirikanyi ku bijanye n’amakosa twakoze muri kahise?
11 Hari abo usanga bafise impengamiro yo kureka amakosa bakoze kera akabarengera gushika aho biyumvamwo ko ata gaciro bafise imbere y’Imana. Boshobora kwiyumvamwo ko Imana idashobora kubagirira imbabazi, kubera ko bataye inzira bagashika kure cane canke kubera ko bayita kenshi. Ikizwi coco ni uko naho boba barakoze iki muri kahise, bashobora kwigaya, bagahindura bakongera bagasaba imbabazi. (Ivyak. 3:19) Yehova arashobora kubagirira imbabazi n’ubuntu bwuzuye urukundo, nk’uko nyene yabigiriye n’abandi benshi. Yehova azoraba ryiza umuntu yicisha bugufi kandi atagira uburyarya yongere arabe ryiza ukwigaya kwiwe kuvuye ku mutima. Ivyo ni vyo Imana yagiriye Yobu, uwavuze ati: “N[d]igaya koko ndi mu mukungugu no mu minyota.” (Yobu 42:6) Twese dutegerezwa gukurikiza uburyo Imana yashizeho budufasha kugira amahoro yo mu muzirikanyi, na bwo bukaba ari ubu: “Uwupfuka ibigabitanyo vyiwe ntazororanirwa, mugabo uwuvyatura kandi akabiheba azogirirwa imbabazi.” (Imig. 28:13; Yak. 5:14-16) Turashobora rero kwaturira Imana amakosa twakoze, tukayisaba ngo itugirire imbabazi tukongera tugatera intambwe zo gusubiza ibintu mu buryo. (2 Kor. 7:10, 11) Tumaze kugira ivyo bintu, turashobora rero kubabarirwa n’Umwe ‘ababarira cane.’—Yes. 55:7.
12. (a) Akarorero ka Dawidi katwigisha iki ku bijanye n’uburyo bwiza kuruta ubundi bwo gutunganya ingorane ijanye no kwiyagiriza? (b) Ni mu buryo ubuhe Yehova yicujije, kandi kumenya ico kintu bidufasha gute? (Raba uruzitiro.)
12 Isengesho rirafise ububasha; rirarangura ibintu vyinshi imbere y’Imana. Dawidi yaraseruye inyiyumvo ziwe zigera kure mw’isengesho riranga ukwizera ryazigamwe neza mu Mazaburi. (Soma Zaburi 32:1-5.) Nk’uko Dawidi yavyiyemereye, kugerageza kunumya ijwi ryo mu mutima ryamwagiriza vyatuma ashira yumva! Biboneka ko vyamugiriye nabi mu bwenge no ku mubiri yongera aratakaza umunezero kubera ko atari yatuye ibicumuro vyiwe. Ni igiki catumye Dawidi ababarirwa kandi akaruhurirwa? Nta kindi atari ukwaturira Imana ibicumuro vyiwe. Yehova yarishuye amasengesho ya Dawidi yongera aramukomeza kugira ngo abandanye ubuzima bwiwe yongere arangure ikintu c’ingirakamaro. Muri ubwo buryo nyene, usenze ubikuye ku mutima, urashobora guhera amazinda ko Yehova azotega yompi ugutakamba kwawe. Nimba amakosa wakoze kera akubuza amahoro, nuyakosore uko ushoboye kwose uheze wizigire yuko Yehova yakubabariye!—Zab. 86:5.
NUHANGE AMASO KAZOZA
13, 14. (a) Ni igiki gikwiye kuturaza ishinga kuruta ibindi muri iki gihe? (b) Ni ibibazo ibihe bishobora kutuvyurira umutima wo gusuzuma ukuntu ivyacu vyifashe ubu?
13 Hari abavuga yuko umuntu ashobora gutahura ubuzima mu gutereza amaso inyuma, mugabo ko ategerezwa kubaho mu guhanga amaso imbere. Ku bw’ivyo, aho guhagarikwa umutima na kahise, dukwiye kurazwa ishinga na kubu be na kazoza. Ni igiki turiko turakora ubu, canke tutariko turakora, ku buryo nihaca imyaka tuzovuga ngo iyo tumenya tukareka kugikora canke tukagikora ukundi? Twoba dushishikara ingendo y’ubwizigirwa izoturinda ukwicuza ukwo ari ko kwose kwoshobora gushika muri kazoza?
14 Uko ya makuba akomeye yegereza, ntitwipfuza guhagarikwa umutima n’ivyiyumviro bitera amaganya nk’ibi ngo: ‘Ubwo sinari gukora vyinshi mu murimo w’Imana? Kubera iki ntakoze ubutsimvyi kandi nari mfise akaryo? Ni igiki cambujije kurondera gukwiza ibisabwa kugira ngo mbe umukozi w’ishengero? Noba naragize akigoro gakomeye ko kwambara wa muntu mushasha? Yehova yoba abona ko mbereye kuba mw’isi yiwe nshasha?’ Aho guhagarikwa umutima n’ibibazo nk’ivyo vy’inkoramutima, twipfuza kubikoresha mu kwisuzuma no mu kwiyemeza neza yuko turiko turakora ivyo dushoboye vyose mu murimo wa Yehova. Ahandiho, twoshobora gusanga turiko turabandanya guca mu nzira y’ubuzima yoshobora gutuma mbere turushiriza kwicuza.—2 Tim. 2:15.
NTUKIGERE WICUZA KU BIJANYE N’UMURIMO WAWE MWERANDA
15, 16. (a) Ni ibiki abantu benshi bahevye kugira ngo bashire umurimo w’Imana mu kibanza ca mbere mu buzima bwabo? (b) Ni kubera iki tudakwiye kwicuza ku bijanye n’ikintu ico ari co cose twahevye kugira dushire ivy’Ubwami imbere?
15 Tuvuge iki ku bijanye na mwebwe mwagize ivyo muhevye kugira ngo mukorere Yehova igihe cose? Kumbure warahevye akazi kari kukuronsa amahera menshi canke urudandaza rwagenda neza kugira ngo woroshe ubuzima bwawe maze uronke umwanya wiyongereye wo gukurikirana ivy’Ubwami. Canke ushobora kuba wagumye utubatse canke nimba warubatse, urafata ingingo yo kutavyara kugira ngo ukoreshwe mu muce kanaka w’umurimo w’igihe cose utari gushobora gukora iyo uba ufise abana, nk’umurimo wo kuri Beteli, kuba umwubatsi mvamakungu, igikorwa co kugendera amashengero, canke umurimo w’ubumisiyonari. Woba ukwiye kwicuza kuri izo ngingo wafashe ubu uriko uriterera mu myaka mu murimo wa Yehova? Woba ukwiye kubona yuko utwigoro wagize tutari dukenewe canke ko watugize mu gihe kitabereye? Ihibambewe!
16 Wafashe izo ngingo wishimikije urukundo rukomeye ukunda Yehova be n’icipfuzo gikomeye co gufasha abandi bipfuza kumukorera. Ntukwiye kwiyumvira ko wari kumererwa neza iyo ubaho mu bundi buryo. Urashobora guhimbarwa cane no kumenya yuko wakoze ico wari uzi ko kibereye. Urashobora kunezerezwa n’uko wakoze uko ushoboye kwose kugira ngo ukorere Yehova. Ntazokwibagira ubuzima bwawe bwo kwitanga. Mu gihe ca bwa buzima nyakuri buri imbere, azoguha imihezagiro iruta kure n’iyo iyo ari yo yose ushobora kwiyumvira ubu!—Zab. 145:16; 1 Tim. 6:19.
UKUNTU WOKORERA IMANA UTICUZA
17, 18. (a) Ni ingingo ngenderwako iyihe yafashije Paulo gukorera Imana aticuza? (b) Wiyemeje iki ku bijanye n’umurimo waranguriye Yehova muri kahise, uwo uriko uramurangurira ubu be n’uwo uzomurangurira muri kazoza?
17 Ni ingingo ngenderwako iyihe Paulo yize yamufashije gusukurira Imana aticuza cane? Paulo yanditse ati: “Mu kwibagira ibiri inyuma nkaramiriza ku biri imbere, ndashishikara urugendo rwanje ngana kw’ihangiro.” (Soma Abafilipi 3:13, 14.) Paulo ntiyagumiza umutima ku ngendo itabereye yari yarakurikiranye mw’idini ry’Abayuda. Ahubwo nyabuna, yitunira ku gukwiza ibisabwa kugira ngo azoronke agashimwe k’ubuzima budahera kari imbere.
18 Twese turashobora gushira mu ngiro ingingo ngenderwako iri muri ayo majambo ya Paulo. Aho guhagarikwa umutima na kahise kacu, tukaguma twiyumvira ibintu tudashobora gusubiza inyuma, turakwiye kuramiriza ku biri imbere. Ego ni ko, hari aho tutokwibagira amakosa twakoze muri kahise, mugabo ntidukwiye kuguma twitako ishavu kubera yo. Turashobora kwihatira kwibagira ibiri inyuma, tugakorera Imana uko dushoboye kwose ubu, maze tugahanga amaso kazoza keza igitangaza!
a Kuba abagore bavugwa incuro zibiri yuko na bo nyene bahamwa na Sauli birerekana ko bagize uruhara runini mu gukwiragiza ubukirisu mu kinjana ca mbere, nk’uko nyene babigira muri iki gihe.—Zab. 68:11.