NIWIYEGEREZE IMANA
“Ni Imana . . . y’abazima”
Urupfu rwoba rukomeye kuruta Imana? Habe namba! None urupfu canke uwundi “mwansi” uwo ari we wese vyokomera gute kuruta “Imana Mushoboravyose”? (1 Abakorinto 15:26; Kuvayo 6:3) Imana irafise ububasha bwo gutsinda urupfu biciye kw’izuka, kandi ni vyo nyene yasezeranye ko izokora mw’isi nshasha.a Ni igiki none kitwemeza ko ivyo bizoranguka? Yezu Umwana w’Imana yaravuze amajambo atuma twizigira ko bizoranguka.—Soma Matayo 22:31, 32.
Igihe Yezu yariko avugana n’Abasadukayo, bano bakaba batemera izuka, yavuze ati: “Nayo ku vyerekeye izuka ry’abapfuye, mbega ntimwasomye ivyo mwabwiwe n’Imana ngo: ‘Ndi Imana ya Aburahamu n’Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo’? Ni Imana, atari iy’abapfuye, ahubwo y’abazima.” Ng’aho Yezu yariko avuga ya majambo Imana yabwira Musa kuri ca gisaka caka umuriro, hakaba hari nko mu 1514 imbere y’igihe cacu. (Kuvayo 3:1-6) Yezu yabona yuko ayo majambo Yehova yabwiye Musa ati: “Ndi Imana ya Aburahamu n’Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo,” yerekana ko umuhango w’izuka uzoranguka ata kabuza. Uti gute?
Reka tubanze turabe ukuntu ibintu vyari vyifashe igihe Yehova yabwira Musa ayo majambo. Abo ba sekuruza b’imiryango ari bo Aburahamu, Izahaki na Yakobo bari bamaze igihe kirekire barapfuye: Aburahamu yari amaze imyaka 329 apfuye, Izahaki 224, Yakobo na we 197. Mugabo Yehova ntiyavuze ngo “nari” Imana yabo, ahubwo yavuze ngo “ndi” Imana yabo. Abo ba sekuruza b’imiryango batatu, Yehova yabavuze nk’aho ari bazima kandi bari barapfuye. Kubera iki?
Yezu yarabisiguye ati: “[Yehova] ni Imana, atari iy’abapfuye, ahubwo y’abazima.” Iyumvire gatoyi ico ayo majambo asigura. Iyaba izuka ritabaho, rero Aburahamu, Izahaki na Yakobo bogumye mu vyara vy’urupfu ibihe bidahera. Bibaye gutyo, Yehova yobaye ari Imana y’abapfuye. Ivyo vyoca rero bisigura yuko urupfu rukomeye kuruta Yehova, nk’aho yoba adashoboye gukura abasavyi biwe b’abizigirwa mu vyara vy’urupfu.
Tuvuge iki rero ku vyerekeye Aburahamu, Izahaki, Yakobo n’abandi basavyi ba Yehova bose b’abizigirwa bapfuye? Yezu yaravuze aya majambo akomeye agira ati: “Bose [ni] bazima kuri yo.” (Luka 20:38) Emwe, umugambi Yehova afise wo kuzura abasavyi biwe b’abizigirwa bapfuye ni ntakekeranywa ku buryo abona ko bakiriho! (Abaroma 4:16, 17) Yehova azoguma abibuka mu bwenge bwiwe butagira urugero gushika igihe yashinze kigeze c’uko abazura.
Yehova arakomeye rwose kuruta urupfu
Vyoba vyokunezera gusubira kubonana n’abawe bapfuye? Nimba vyokunezera, niwibuke yuko Yehova akomeye rwose kuruta urupfu. Nta kintu na kimwe comubuza gushitsa uwo muhango yatanze wo kuzura abapfuye. Ubona gute none urondeye kumenya n’ibindi ku vyerekeye umuhango w’izuka no ku vyerekeye iyo Mana izowushitsa? Niwabigenza gutyo, nta gukeka yuko uzorushiriza kwiyegereza Yehova, ya “Mana . . . y’abazima.”
Aho tukuremesheje gusoma muri Ruhuhuma
a Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’umuhango Imana yatanze w’uko abantu bazozuka bakaba mw’isi nshasha igororotse, raba ikigabane ca 7 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.