INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA
Kubera iki Yezu yitwa Umwana w’Imana?
Imana ntigira umugore bavyaranye abana. Ni yo yaremye ibifise ubuzima vyose. Abantu baremanywe ubushobozi bwo kwigana kamere z’Imana. Ni co gituma umuntu wa mbere Imana yaremye, ari we Adamu, yitwa “umwana w’Imana.” Yezu na we nyene yitwa “Umwana w’Imana” kubera yuko yaremanywe kamere nk’iza Se.—Soma Luka 3:38; Yohani 1:14, 49.
Yezu yaremwe ryari?
Imana yaremye Yezu imbere y’uko irema Adamu. Kukaba nkako, Imana imaze kurema Yezu, yaciye imukoresha mu gushiraho ibindi bintu vyose, ushizemwo n’abamarayika. Ni co gituma Bibiliya yita Yezu “imfura mu biremwa vyose” vy’Imana.—Soma Abakolosayi 1:15, 16.
Imbere y’uko Yezu avukira i Betelehemu, yaba mw’ijuru ari ikiremwa c’impwemu. Igihe kigeze, Imana yarimuriye ubuzima bwa Yezu mu nda ya Mariya kugira ngo ashobore kuvukira kw’isi ari umuntu.—Soma Luka 1:30-32; Yohani 6:38; 8:23.
Ni kubera iki Imana yashatse ko Yezu avukira kw’isi ari umuntu? Ni uruhara ruhambaye uruhe Yezu yaranguye? Urashobora kuronka inyishu z’ivyo bibazo muri Bibiliya, kandi zizotuma urushiriza cane gutahura no gushima ivyo Imana na Yezu bagukoreye.