ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/3 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki Yezu yitwa Umwana w’Imana?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Kubera iki Imana yarungitse Yezu kw’isi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Yezu Kristu ni nde?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Yezu Kristu ni nde?
    Bibiliya itwigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/3 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Kubera iki Yezu yitwa Umwana w’Imana?

Imana ntigira umugore bavyaranye abana. Ni yo yaremye ibifise ubuzima vyose. Abantu baremanywe ubushobozi bwo kwigana kamere z’Imana. Ni co gituma umuntu wa mbere Imana yaremye, ari we Adamu, yitwa “umwana w’Imana.” Yezu na we nyene yitwa “Umwana w’Imana” kubera yuko yaremanywe kamere nk’iza Se.—Soma Luka 3:38; Yohani 1:14, 49.

Yezu yaremwe ryari?

Imana yaremye Yezu imbere y’uko irema Adamu. Kukaba nkako, Imana imaze kurema Yezu, yaciye imukoresha mu gushiraho ibindi bintu vyose, ushizemwo n’abamarayika. Ni co gituma Bibiliya yita Yezu “imfura mu biremwa vyose” vy’Imana.—Soma Abakolosayi 1:15, 16.

Imbere y’uko Yezu avukira i Betelehemu, yaba mw’ijuru ari ikiremwa c’impwemu. Igihe kigeze, Imana yarimuriye ubuzima bwa Yezu mu nda ya Mariya kugira ngo ashobore kuvukira kw’isi ari umuntu.—Soma Luka 1:30-32; Yohani 6:38; 8:23.

Ni kubera iki Imana yashatse ko Yezu avukira kw’isi ari umuntu? Ni uruhara ruhambaye uruhe Yezu yaranguye? Urashobora kuronka inyishu z’ivyo bibazo muri Bibiliya, kandi zizotuma urushiriza cane gutahura no gushima ivyo Imana na Yezu bagukoreye.

Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 4 c’iki gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika