ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/4 rup. 3-6
  • Baritanze babikunze—Muri Megizike

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Baritanze babikunze—Muri Megizike
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “TWABWIRIJWE KUGIRA IVYO DUHINDUYE”
  • “IKINTU CIZA KURUTA IBINDI VYOSE BIMAZE KUDUSHIKIRA”
  • NI IGIKI KIVYURIRA UMUTIMA ABAKOZI IBIHUMBI BITANGA BABIKUNZE?
  • UKUNTU WOTORERA UMUTI INGORANE
  • UKUNTU WOVYITEGURIRA
  • Woba ushobora gukorera aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta ahandi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Baritanze babikunze
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Baritanze babikunze muri Tayiwani
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Baritanze babikunze muri Filipine
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/4 rup. 3-6

Baritanze babikunze—Muri Megizike

BIRAKORA ku mutima kubona yuko igitigiri kirushiriza kwongerekana c’Ivyabona bakiri bato bariko barorosha ubuzima bwabo kugira ngo bashobore kwagura ubusuku bwabo bwa gikirisu. (Mat. 6:22) Ni amahinduka ayahe bagira? Ni intambamyi izihe bahura? Kugira ngo turonke inyishu, nimuze turabe ibijanye na bamwebamwe bariko barakorera muri Megizike muri iki gihe.

“TWABWIRIJWE KUGIRA IVYO DUHINDUYE”

Dustin na Jassa

Dustin na Jassa baturuka muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bubakanye muri Nzero 2007. Haciye igihe gito, barashoboye gushitsa ikintu bari bamaze igihe kirekire bipfuza, ico na co kikaba cari ukwironsa ubwato butwarwa n’umuyaga no kububamwo mu kiringo c’umwaka. Ubwato bwabo babuhagaritse hafi ya Astoria muri Orégon muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, kino kikaba ari igisagara giteye igomwe gikikujwe n’imirambi iriko amashamba be n’imisozi ipfutswe n’ibibarafu, kiri hafi y’Ibahari Pasifike. Dustin avuga ati: “Aho watereza amaso hose, wasanga habereye ijisho!” Uwo mugabo n’umugore babona yuko bari babayeho mu buryo busanzwe, biheka kuri Yehova. Biyumvira bati: ‘Nakare, tuba mu bwato bw’imetero nk’umunani, tugakora akazi katadusaba gukora umwanya munini, tukaba turi mw’ishengero rikoresha ururimi runyamahanga, tukaba kandi ducishamwo tugakora ubutsimvyi bwo gufasha.’ Mugabo haciye igihe gito, barabonye ko bariko barihenda. Dustin avuga ati: “Aho gushigikira ishengero, umwanya munini twawumara turiko turakora ubwato bwacu. Twari tuzi ko nimba twipfuza vy’ukuri gushira Yehova imbere mu buzima bwacu, twabwirizwa kugira ivyo duhinduye.”

Jassa yongerako ati: “Imbere y’uko nubaka urwanje, naba muri Megizike, aho nifatanya n’ishengero ry’icongereza. Narahimbarwa no gukorera ng’aho, kandi nari nshashaye gusubirayo.” Mu gihe c’ugusenga kwo mu muryango, kugira ngo Dustin na Jassa bakomeze icipfuzo bari bafise co gukorera mu mahanga, baratanguye gusoma inkuru z’ubuzima zerekeye abavukanyi na bashiki bacu bimukiye mu bihugu aho imirima yari igeze kwimbura. (Yoh. 4:35) Dustin avuga ati: “Twipfuza guhimbarwa gutyo.” Igihe Dustin na Jassa babwirwa n’abagenzi babo bari muri Megizike yuko hari umugwi wari uherutse gushingwa wari ukeneye gufashwa, barafashe ingingo. Barahevye ubuzi bwabo na bwa bwato bwabo maze bimukira muri Megizike.

“IKINTU CIZA KURUTA IBINDI VYOSE BIMAZE KUDUSHIKIRA”

Dustin na Jassa bagiye kuba mu gisagara ca Tecomán, na co nyene kikaba cari hafi y’Ibahari Pasifike mugabo nko ku bilometero 4.345 mu bumanuko bwa Astoria. Dustin avuga ati: “Aho kwumva akayaga gakanye no kubona imisozi, twumva ubushuhe bukaze tukongera tukabona ibiti vy’indimu gushika aho tugarukiriza amaso.” Ntibashotse baronka akazi. Kubera ko ata mahera bari bafise, bafungura umuceri n’ibiharage kabiri ku musi, buri ndwi. Jassa avuga ati: “Mugabo igihe ivyo bifungurwa vyagira biturambire, abo twigisha Bibiliya baratanguye kuduha imyembe, imihwi, amapapayi tutibagiye n’utumwanya twuzuye indimu!” Mu nyuma, uwo mugabo n’umugore bararonse akazi mw’ishure ryigisha ururimi biciye kuri Internet rifise icicaro muri Tayiwani. Ubu amahera baronka muri ako kazi aratuma bironsa ivyo bakenera vyose buri musi.

None Dustin na Jassa babona gute ubwo buzima bushasha? Bavuga bati: “Ukwo kwimuka ni co kintu ciza kuruta ibindi vyose bimaze kudushikira. Ubucuti dufitaniye na Yehova be n’ubwo dufitaniye hagati yacu burakomeye kuruta uko twahora twibaza ko bwokomera. Buri musi dukorera hamwe ibintu vyinshi cane, nko kujana mu murimo wo mu ndimiro, kuyaga ukuntu twofasha abo twigisha Bibiliya no gutegura amakoraniro. Vyongeye, ntitwiyumvamwo imikazo nk’iyo twahora twiyumvamwo kera.” Bongerako bati: “Ubu turatahura ikintu tutari bwigere dutahura neza, ni ukuvuga ukuntu uwu muhango uboneka muri Zaburi 34:8 ari uw’ukuri, uwugira uti: ‘Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe.’”

NI IGIKI KIVYURIRA UMUTIMA ABAKOZI IBIHUMBI BITANGA BABIKUNZE?

Abavukanyi na bashiki bacu barenga 2.900, abubatse n’abatubatse, benshi muri bo bakaba bari mu myaka 20 na 30, baragiye gukorera mu turere twa Megizike aho abamamaji b’Ubwami bagikenewe cane. Ni kubera iki none ivyo Vyabona bose bemeye gukora ico gikorwa kitoroshe? Igihe bamwe muri bo babazwa ico kibazo, batanze imvo nyamukuru zitatu. Uti ni izihe?

Leticia na Hermilo

Kugira ngo berekane urwo bakunda Yehova n’abantu. Leticia yabatijwe afise imyaka 18. Avuga ati: “Igihe niyegurira Yehova, naratahura ko ivyo vyasobanura kumukorera n’umutima wanje wose be n’ubuzima bwanje bwose. Kugira ngo nerekane rero ko nkunda Yehova n’umutima wanje wose, naripfuje gukoresha umwanya wanje mwinshi n’inguvu zanje nyinshi mu murimo wiwe.” (Mrk. 12:30) Hermilo, ubu akaba yubakanye na Leticia, yari afise imyaka irenga gato 20 igihe yaja gukorera ahari hakenewe abandi bamamaji b’Ubwami. Avuga ati: “Narabonye ko gufasha abantu kwironsa ivyo bakeneye mu vy’impwemu bwobaye bwo buryo bwiza kuruta ubundi bwo kwerekana ko nkunda mugenzanje.” (Mrk. 12:31) Yaciye rero ava mu gisagara gitunze ca Monterrey aho yakora muri banki kandi abayeho neza, yimukira mu gasagara gatoya.

Essly

Kugira ngo bagire umunezero nyakuri kandi uramba. Haciye igihe gito Leticia abatijwe, yarajanye na mushiki wacu w’umutsimvyi aciye uruma mu gisagara cari ukwa conyene, aho bamaze ukwezi bamamaza. Leticia yigana ati: “Naratangaye. Kwibonera ukuntu abantu bakiriye neza ubutumwa bw’Ubwami twababwiye, vyaranezereje cane. Ukwo kwezi kurangiye, nibwiye nti: ‘Ukwo ni ko nipfuza gukoresha ubuzima bwanje!’” Muri ubwo buryo nyene, uwitwa Essly, akaba ari mushiki wacu atarubaka urwiwe arengeje gatoya imyaka 20, umunezero yiboneye ni wo watumye akunda uwo muce w’umurimo. Igihe yari akiri mu mashure yisumbuye, yaramenyanye n’Ivyabona b’abanyamwete batari bake bakorera aho abamamaji bari bakenewe kuruta. Avuga ati: “Kwibonera ukuntu abo bavukanyi n’abavukanyikazi banezerewe vyatumye nipfuza kugira ubuzima nk’ubwabo.” Bashiki bacu benshi bishuye nka Essly. Nkako, muri Megizike bashiki bacu batarubaka izabo barenga 680 ni bo bakorera aho abamamaji bakenewe kuruta. Mbega akarorero keza baha abato n’abakuze!

Kugira ngo bagire ubuzima bufise intumbero kandi bumara akanyota. Essly akirangiza amashure yisumbuye, yaremerewe kurihirwa kaminuza. Urunganwe rwiwe rwamuremesheje kuvyemera no gukurikirana icitwa ngo ni ubuzima nk’ubw’abandi bose, ni ukuvuga kuronka urupapuro rw’umutsindo rwa kaminuza, akazi, umuduga no kurondera umwanya wo gufata ingendo. Yamara, ntiyemeye impanuro zabo. Essly avuga ati: “Abatari bake mu bagenzi banje b’abakirisu barakurikiranye ivyo bintu, kandi narabonye ko batabandanije gushira imbere imigambi yo mu vy’impwemu. Narabonye kandi ko baruhiye kuvunika umutima kubera ingorane zabashikiye uko barushiriza kuja mu vy’iyi si. Nari mfise icipfuzo co gukoresha ubuto bwanje mu gusukurira Yehova bimwe bishitse.”

Racquel na Phillip

Essly yarize ibindi vyigwa vyamufashije kuronka akazi kotumye yironsa ivyo akeneye ariko arakora ubutsimvyi, hanyuma yimukira mu karere aho abamamaji b’Ubwami bari bakenewe bimwe vyihutirwa. Yarakoze mbere ikintu kitoroshe co kwiga indimi kavukire zavugwa n’aba Otomi be n’aba Tlapaneco. Ubu, yibutse imyaka itatu amaze yamamaza mu turere turi ukwa twonyene, avuga ati: “Gukorera aho abamamaji bakenewe kuruta vyatumye ngira ubuzima bumara akanyota kandi bufise intumbero koko. N’ikiruta vyose, vyatumye ubucuti mfitaniye na Yehova burushiriza gukomera.” Phillip na Racquel, bakaba ari abubakanye barengeje gato imyaka 30 baturuka muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, baremeza ico kintu. Bavuga bati: “Isi iguma ihindagurika ningoga na ningoga ku buryo abantu benshi babona ko ubuzima bwabo budatekanye. Mugabo gukorera aho turonka abantu benshi cane bumviriza ubutumwa bwo muri Bibiliya bituma ubuzima bwacu burushiriza kugira intumbero. Biratuma duhera akanyota rwose!”

UKUNTU WOTORERA UMUTI INGORANE

Verónica

Ariko ntiwumve, gukorera aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta ntibibuzemwo ingorane. Imwe muri izo ngorane ijanye no kuronka amahera wifashisha. Kugira ngo uyaronke, urakeneye kugira umutima ukunze wo guhuza n’ukuntu ivy’aho hantu vyifashe. Verónica, akaba ari umutsimvyi aciye uruma, asigura ati: “Mu karere kamwe nakoreramwo, narateka nkongera nkagurisha mwene za mfungurwa zinyaruka gutegurwa za make. Mu kandi karere, naragurisha impuzu nkongera nkamwa abantu. Ubu, ndagira isuku mu nzu kanaka nkongera nkigisha abaheruka kwibaruka ukuntu boseruriranira akari ku mutima n’abana babo.”

Kumenyera uwundi muco kama be n’iyindi migenzo birashobora kukugora canecane igihe ubana n’abantu b’imvukira mu karere kari ukwa konyene. Ivyo ni vyo vyashikiye Phillip na Racquel igihe bakorera mu karere kavugwamwo ururimi rw’ikinahuwatali. Phillip avuga ati: “Imico kama yaho yari itandukanye rwose n’iy’iwacu.” Ni igiki none cabafashije kumenyera? Abandanya ati: “Twibanda ku bintu vyiza twabona mu Banahuwatali, nk’akarorero ukuntu abo mu muryango wasanga bafatanye mu nda, ukuntu bari inziraburyarya mu vyo bagiriranira be n’ukuntu batanga batitangiriye itama.” Racquel yongerako ati: “Kuba ng’aho no gukorana n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu b’imvukira vyaratwigishije vyinshi.”

UKUNTU WOVYITEGURIRA

Nimba wipfuza gukorera mu turere turi ukwa twonyene ahakeneye gufashwa, ni igiki wokora ubu mu kuvyitegurira? Abavukanyi na bashiki bacu baciye uruma muri uwo muce w’umurimo bavuga bati: Imbere y’uko wimuka, nutangure kworosha ubuzima bwawe no kubumbwa n’ivyo ufise. (Flp. 4:11, 12) Ni ikindi kintu ikihe wokora? Leticia yigana ati: “Naririnze ubuzi bwansaba kwemera kumara igihe kirekire ndi ahantu hamwe. Nari mfise icipfuzo co gushobora kwimuka umwanya uwo ari wo wose, ni ukuvuga kwimuka igihe cose ndabikeneye no kwimukira ahantu aho ari ho hose nkeneye.” Hermilo avuga ati: “Narize guteka, kumesa no kugorora.” Verónica yigana ati: “Igihe nari nkibana n’abavyeyi banje be n’abo tuvukana, narafasha mu vyo kugira isuku nkongera nkiga guteka ibifungurwa bizimbutse mugabo birimwo ivyangombwa. Narize kandi kudasesagura.”

Amelia na Levi

Levi na Amelia baturuka muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bakaba bamaze imyaka umunani bubakanye, barigana ukuntu amasengesho adomako yabafashije kwitegurira gukorera muri Megizike. Levi avuga ati: “Twaraharuye amahera twokeneye kugira ngo tumare umwaka dukorera mu mahanga maze turasaba Yehova mw’isengesho ngo adufashe kuronka ayo mahera nyene.” Mu mezi makeyi, barashoboye kuziganya amahera bari basavye mw’isengesho batuye, baca barimuka badatebaganye. Levi avuga ati: “Kubera ko Yehova yari yishuye ikintu twamusavye tudomako, natwe twabwirizwa kurangura uruhara rutwega.” Amelia yongerako ati: “Twiyumvira yuko twomazeyo umwaka umwe gusa, mugabo ubu haciye imyaka indwi turiyo, kandi ntitwiyumvira kuvayo! Kuba ng’aha biratuma twibonera ukuntu Yehova adufasha. Buri musi, turibonera ikimenyamenya c’ukumera neza kwiwe.”

Adam na Jennifer

Adam na Jennifer, bakaba ari abubakanye baturuka muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bakorera mu karere kavugwamwo icongereza ko muri Megizike, na bo nyene babona ko isengesho ryaranguye uruhara ruhambaye cane. Bakugira inama bati: “Nturindire igihe ibintu bizoba vyifashe neza cane. Nushire mw’isengesho icipfuzo ufise co gukorera mu mahanga, maze uce ukora uhuza n’ivyo wasavye. Niworoshe ubuzima bwawe, wandikire ishami ryo mu gihugu wipfuza gukoreramwo, maze uhejeje guharura ico vyogusaba, uce wimuka!”a Niwabigenza gutyo, ubuzima bushimishije kandi burimwo ibikorwa vyinshi vyo mu vy’impwemu buzoba bukurindiriye.

a Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikiganiro kivuga ngo “Woba ushobora ‘kujabuka ukaja i Makedoniya’?” kiri mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Myandagaro 2011.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika