ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/5 rup. 15
  • INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Ubwo Imana izombabarira?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Imana “yiteguriye kubabarira”
    Niwiyegereze Yehova
  • Iyo Imana ibabariye umuntu, yoba yibagira?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Yehova, Imana ‘Igabirije Guharira’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/5 rup. 15

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Ibicumuro vyacu vyoba bishobora guharirwa?

Gushimwa n’Imana si amananiza

Bibiliya ivuga ko abantu bose ari abacumuzi. Impengamiro yo gukora igicumuro twayirazwe na wa muntu wa mbere, ari we Adamu. Ni co gituma rimwe na rimwe dukora ibintu bitabereye mu nyuma tukicuza. Yezu Kristu, Umwana w’Imana, yarishuye ibicumuro vyacu mu kudupfira. Inkuka y’incungu yatanze yatumye bishoboka ko duharirwa. Ni ingabirano iva ku Mana.—Soma Abaroma 3:23, 24.

Abantu bamwebamwe vyashitse bagakora ibicumuro bikomeye baribaza nimba Imana ishobora kubaharira. Ariko Ijambo ry’Imana riraduhumuriza riti: “Amaraso ya Yezu Umwana wayo aratwoza igicumuro cose.” (1 Yohani 1:7) Yehova ariteguriye mbere kuduharira n’ibicumuro bikomeye twakoze, mu gihe twoba dufise agatima kabereye ko kwigaya.—Soma Yesaya 1:18.

Twokora iki kugira ngo duharirwe?

Kugira ngo Yehova Imana aduharire, dukwiye kwiga ibimwerekeye, tukamenya inzira ziwe, impanuro aduha be n’ivyo adusaba. (Yohani 17:3) Yehova araharira cane abigaya ingendo yabo mbi maze bakagira utwigoro two guhinduka.—Soma Ivyakozwe 3:19.

Gushimwa n’Imana si amananiza. Yehova aratahura intege nke zacu. Ni Imana y’imbabazi n’ubuntu. None uzirikanye ubuntu bwayo bwuzuye urukundo, wumva bitakuvyurira umutima wo kumenya n’ibindi ku bijanye n’ico wokora ngo uyihimbare?—Soma Zaburi 103:13, 14.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika