ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/5 rup. 13
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Umusaraba
    Be maso!—2017
  • Wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Umwami w’intungane ababarizwa ku giti
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/5 rup. 13

IBIBAZO VY’ABASOMYI

Abisirayeli boba barica inkozi z’ikibi mu kuzimanika ku giti?

Amahanga menshi yo mu bihe vya kera yarica inkozi z’ikibi zimwezimwe mu kuzimanika ku giti. Abaroma barabohera umuntu nk’uwo ku giti canke bakamukomereramwo imisumari kuri co, akaba yashobora kuhamara imisi itari mike atarapfa ababara, anyoterwa, asonza, anyagirwa, yicwa n’umuyaga be n’izuba. Abaroma babona ko kumanikwa ari igihano giteye isoni cahabwa inkozi z’ikibi katwa.

Tuvuge iki ku bijanye n’ihanga rya kera rya Isirayeli? Abisirayeli boba barica inkozi z’ikibi mu kuzimanika ku giti? Itegeko rya Musa ryagira riti: “Nihagira umuntu abonekamwo igicumuro gikwiriye urubanza rwo gupfa, akicwa, kandi mukaba mwamumanitse ku giti, umuvyimba wiwe ntuze urare ku giti; ahubwo utegerezwa kumuhamba kuri uyo musi.” (Gus. 21:22, 23) Biragaragara rero ko mu gihe c’Ivyanditswe vy’igiheburayo, umuntu yaba akwiriye gupfa yabanza kwicwa hanyuma akamanikwa ku giti.

Ku bijanye n’ivyo, mu Balewi 20:2 hagira hati: “Umuntu wese wo muri bene Isirayeli, na kavamahanga wese abayeho ari kavamahanga muri Isirayeli, azoha Moleki uwo ari we wese mu ruvyaro rwiwe, ntaze abure kwicwa. Abanyagihugu baze bamutere amabuye apfe.” Ababa barimwo “impwemu y’ukuvugana n’ibiremwa vy’impwemu canke impwemu y’ukubura ibizoba” na bo nyene bategerezwa kwicwa. Gute? Mu ‘kubatera amabuye.’—Lew. 20:27.

Mu Gusubira mu vyagezwe 22:23, 24, hagira hati: “Nimba hari umwigeme w’isugi yarehejwe n’umugabo, maze hakagira umugabo amusanga mu gisagara akaryamana na we, muze mubasohore bompi kw’irembo ry’ico gisagara mubatere amabuye, bapfe, uyo mukobwa azire kuba atakomye induru mu gisagara, uyo mugabo na we azire kuba yatetereje umugore wa mugenziwe. Ukwo ni ko utegerezwa gukura ikibi hagati yawe.” Mu Bisirayeli bo mu ntango rero, gutera umuntu amabuye ni bwo bwari uburyo nyamukuru bwo kwica abagirwa n’ubukozi bw’ikibi bw’agahomerabunwa.a

Biragaragara ko mu gihe c’Ivyanditswe vy’igiheburayo, umuntu yaba akwiriye gupfa yabanza kwicwa hanyuma akamanikwa ku giti

Mu Gusubira mu vyagezwe 21:23 havuga ko “uwumanitswe ari ikintu kivumwe ku Mana.” Kuba ikiziga c’umuntu w’inkozi y’ikibi w’“ikivume ku Mana” carashirwa aho abantu bose bakibona, nta gukeka ko vyagira ico bikoze ku Bisirayeli. Nkako, kumanika ku giti ikiziga c’uwo muntu yaba yishwe vyaragabisha abandi.

a Incabwenge nyinshi ziremera ko mu gihe ca rya Tegeko, inkozi y’ikibi yabanza kwica imbere y’uko umuvyimba wayo umanikwa ku giti. Ariko rero, hariho ibimenyamenya vy’uko mu kinjana ca mbere inkozi z’ikibi zimwezimwe zamanikwa n’Abayuda zikiri nzima, zikaza gupfira ku giti.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika