ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/2 rup. 5-7
  • Ni nde vy’ukuri ateza intambara n’imibabaro?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni nde vy’ukuri ateza intambara n’imibabaro?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IKIMENYETSO C’IMISI YA NYUMA
  • GUSAMBURA IBIKORWA VYA SHETANI
  • Abagendera kuri za farasi zine ni bande?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Abagendera ku mafarasi bane!
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Amahera amamiliyaridi ibihumbi arakoreshwa mu ntambara: None vy’ukuri hasohoka ayangana gute?
    Ibindi biganiro
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/2 rup. 5-7

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INTAMBARA YAHINDUYE ISI

Ni nde vy’ukuri ateza intambara n’imibabaro?

Ku wa 11 Munyonyo 1918, Intambara ya mbere y’isi yose yararangiye. Urudandazwa rumwerumwe rwarahagaze, abantu na bo baratambira mu mabarabara. Ariko umunezero bari bafise ntiwamaze na kabiri. Ngo amabi ntasiga ayandi, hari ikiza caciye gikurikira iyo ntambara y’isi yose, kikaba mbere cahitanye abantu baruta abahitanywe n’iyo ntambara.

Hari ikiza gitikiza inganda ciswe ngo akamangu ko muri Espanye cari cateye ingabo z’Abafaransa muri Ruheshi 1918. Ako kamangu ntikatevye kwiha inkumbi. Nk’akarorero, mu mezi nk’angahe, karahitanye abasoda b’Abanyamerika bari mu Bufaransa baruta abishwe n’abansi babo. Vyongeye, igihe iyo ntambara y’isi yarangira, abasoda basubiye mu bihugu vyabo bagiye bajanye ako kamangu, gutyo gaca gakwiragira ningoga kw’isi yose.

Imyaka yakurikiye iyo ntambara yaranzwe kandi n’inzara be n’ubukene. Igice kinini c’Abanyaburaya cari kigeramiwe n’inzara igihe iyo ntambara yarangira mu 1918. Mu 1923, ifaranga ry’Ubudagi nta gaciro ryari rigifise. Imyaka itandatu inyuma y’aho, isi yose yaracupiye mu vy’ubutunzi. Amaherezo, mu 1939 haciye haduka Intambara ya kabiri y’isi yose, mu mice imwimwe ikaba ari ya Ntambara ya mbere y’isi yose yari ibandanije. None ayo mabi yakurikiranye gutyo yagaragaza iki?

IKIMENYETSO C’IMISI YA NYUMA

Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buradufasha kumenya igituma ibintu bimwebimwe vyagiye biraba, na canecane Intambara ya mbere y’isi yose. Yezu Kristu yaravuze ivyerekeye igihe ‘ihanga ryohagurukiye irindi hanga,’ ibiza n’amapfa na vyo bigakwiragira kw’isi yose. (Matayo 24:3, 7; Luka 21:10, 11) Yabwiye abigishwa biwe yuko ivyago nk’ivyo vyobaye ari ikimenyetso c’imisi ya nyuma. Mu gitabu c’Ivyahishuwe turahasanga ayandi makuru ajanye n’ivyo, kino kikaba cerekana isano riri hagati y’ivyago biba kw’isi be n’intambara yabaye mw’ijuru.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Intambara kw’isi be n’intambara mw’ijuru.”

Ico gitabu nyene co muri Bibiliya c’Ivyahishuwe kiradondora ibijanye n’abagendera ku mafarasi bane. Batatu muri bo bagereranya vya vyago nyene Yezu yari yaramenyesheje, ari vyo intambara, amapfa n’ikiza. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ya mafarasi yoba ariko ariruka vy’ukuri?”) Si ivy’imbeshere, intambara ya mbere y’isi yose yatanguje ikiringo c’amarushwa atigeze agabanuka. Vyongeye, Bibiliya irerekana yuko Shetani ari we nkomoko y’ayo marushwa. (1 Yohani 5:19) None ububasha afise bwoba buzokwigera buhagarikwa?

Igitabu c’Ivyahishuwe kiraturemesha kandi mu kutubwira yuko Shetani asigaje “igihe gito” gusa. (Ivyahishuwe 12:12) Ni co gituma yuzuye uburake, bigatuma ateza isi amarushwa atovugwa. Naho ari ukwo, ivyago tubona vyerekana ko Shetani asigaje umwanya uri ku rushi.

GUSAMBURA IBIKORWA VYA SHETANI

Intambara ya mbere y’isi yose yaratumye vy’ukuri haba amahinduka akomeye. Yabaye intango y’ikiringo c’intambara zikomakomeye, ukutizigirwa kw’abategetsi be n’imigumuko yo guharanira amahinduka mu vya politike. Vyongeye, ni ikimenyamenya gikomeye c’uko Shetani yirukanywe mw’ijuru. (Ivyahishuwe 12:9) Ariko kandi uwo mutware w’isi ataboneka yaciye akora nk’intwazamukazo itagira ikigongwe izi yuko isigaje igihe gito. Ico gihe nicahera, ikiringo c’ivyago catanguranye n’Intambara ya mbere y’isi yose na co nyene kizoca kirangira.

Twisunze ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, uri n’imvo zo kwizigira ko Umwami wacu wo mw’ijuru, ari we Yezu Kristu, vuba agiye “[gusambura] ibikorwa vya Shetani.” (1 Yohani 3:8) Abantu amamiliyoni bama basenga basaba ko Ubwami bw’Imana bwoza. Weho bite? Biciye kuri ubwo Bwami, abantu b’abizigirwa amaherezo bazobona ingene kw’isi haranguka ivyo Imana igomba, aho kuba ivyo Shetani agomba. (Matayo 6:9, 10) Ubwami bw’Imana nibwaganza isi, nta ntambara y’isi yose canke intambara iyo ari yo yose zizokwongera kuvugwa! (Zaburi 46:9) Niwige ivyerekeye ubwo Bwami, ubone kuzobaho igihe isi izoba yuzuye amahoro!—Yesaya 9:6, 7.

Intambara kw’isi be n’intambara mw’ijuru

Ibinjana nka 19 imbere y’uko Intambara ya mbere y’isi yose yaduka, Shetani yarashatse guha Yezu “ubwami bwose bw’isi.” (Matayo 4:8, 9) Yezu yaramiriye kure iyo nyosha mbi. Mu nyuma yaravuze ko Shetani ari we “mutware w’isi.” (Yohani 14:30) Vyongeye, intumwa Yohani yaranditse ko “isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.”​—1 Yohani 5:19.

Nimba Shetani afise ububasha bukomeye gutyo kuri iyi si, wumva none bitumvikana ko ategerezwa kuba yaragize uruhara mu bijanye n’intambara ya mbere y’isi yose be n’ivyago vyakurikiye? Vy’ukuri, igitabu c’Ivyahishuwe kirerekana isano riri hagati ya Shetani n’ivyago vyashikiye isi kuva mu 1914. Ng’iyi incamake y’ibintu vyabaye bivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 12:

  • Umurongo wa 7: Intambara yaduka mw’ijuru hagati ya Mikaheli (Yezu Kristu) na ca gisato (Shetani).

  • Umurongo wa 9: Shetani, “umwe azimiza isi yose,” araririzwa kw’isi.

  • Umurongo wa 12: “Haragowe isi n’ikiyaga, kuko Shetani amanutse kuri mwebwe, afise ishavu ryinshi, azi ko afise igihe gito.”

Urukurikirane rw’ibihe rwo muri Bibiliya be n’ivyabaye kw’isi birerekana ko iyo ntambara yo mw’ijuru yabaye inyuma y’aho Ubwami bw’Imana bushingiwe mw’ijuru mu 1914.a Intambara yabaye kw’isi be n’iyabaye mw’ijuru vyabaye rero muri uwo mwaka nyene uhambaye.

a Raba ikigabane ca 8 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Ya mafarasi yoba ariko ariruka vy’ukuri?

Ifarasi yera n’umwami wo mw’ijuru ayigenderako

Ifarasi yera, uwuyigenderako akaba ari umwami wo mw’ijuru. Umwami Yezu Kristu ni we ubwiwe ayigenderako kugira ngo aburanire ubugororotsi. (Zaburi 45:4) Igikorwa yatanguriyeko kwabaye ukwirukana mw’ijuru Shetani n’amadayimoni yiwe.​—Ivyahishuwe 6:2; 12:9.

Ifarasi y’ibara ry’umuriro n’abasoda bari ku rugamba

Ifarasi y’ibara ry’umuriro, uwuyigenderako akaba yahawe “gukura amahoro kw’isi.” (Ivyahishuwe 6:4) Kuva mu 1914, intambara ntizigeze ziha agahengwe abantu. Inyuma y’imyaka 21 gusa Intambara ya mbere y’isi yose ibaye, haciye haduka Intambara ya kabiri y’isi yose yatikije inganda gusumba iya mbere. Icegeranyo kimwe kivuga yuko iyo ntambara ya kabiri yahitanye abantu nk’imiliyoni 60. Kuva mu 1945, intambara zagumye zikaze naho zaba mu mihingo imwimwe. Hari abahinga mu vya kahise bavuga yuko intambara zabaye mu kinjana ca 20 zahitanye nk’abantu barenga imiliyoni ijana.

Ifarasi yirabura n’abana benshi bariko bicwa n’inzara

Ifarasi yirabura igereranya amapfa, uwuyigenderako akaba afise umunzane mu minwe. (Ivyahishuwe 6:5, 6) Mu ntambara ya mbere y’isi yose, ibihano vyafatiwe Ubudagi vyatumye abantu nka 750.000 bicwa n’inzara muri ico gihugu. Abarusiya barenga imiliyoni zibiri barishwe n’inzara mu 1921, kandi ivyago nk’ivyo ntivyatevye gushika no mu bindi bihugu. Bivugwa ko abantu bose bishwe n’inzara mu kinjana ca 20 ari nk’imiliyoni 70. Gufungura nabi kuracari kimwe mu bituma buri mwaka hapfa abana barenga imiliyoni zitatu bari munsi y’imyaka itanu.

Ifarasi ibenjutse n’abantu barwaye

Ifarasi ibenjutse, uwuyicayeko akaba ateza urupfu biciye ku kiza cica. (Ivyahishuwe 6:8) Ikiza ca mbere gikomeye cateye mu kinjana ca 20 cabaye ka kamangu ko muri Espanye. Naho abantu badahuriza ku bitigiri vy’abahitanywe n’ako kamangu, hari icegeranyo kimwe kivuga ko kahitanye abantu nk’imiliyoni 50. Igitabu kimwe (Man and Microbes) kivuga giti: “Ico kiza ni kimwe mu vyago vy’ubugesera vyashikiye abantu.” Mbere n’ibiza bikomeye vyabaye imbere y’ico ntivyahitanye abantu benshi gutyo mu mwanya mutoyi. Indwara y’ibihara, malariya be n’igituntu ni izindi ndwara ziterwa n’imigera zahitanye abantu imiliyoni amajana mu kinjana ca 20.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika