ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/3 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Urupfu rwa Yezu rutumariye iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Ikibazo ca 2: Bizongendera gute ninapfa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Urupfu rwa Yezu n’izuka ryiwe vyokumarira iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/3 rup. 16
Abantu bariko basama akayaga ku nkengera y’ikiyaga mw’isi y’iparadizo be n’abana bariko baroga

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Urupfu rwa Yezu rudufitiye akamaro akahe?

Igihe Imana yarema abantu ba mbere, yipfuza ko babaho ibihe bidahera kw’isi ata kurwara canke gupfa. Ariko umugabo wa mbere Adamu yaragambarariye Umuremyi, aba atakaje akaryo ko kubaho ibihe bidahera. Kubera ko dukomoka kuri Adamu, yaraturaze urupfu. (Abaroma 5:8, 12; 6:23) Imana y’ukuri Yehova yararungitse Umwana wayo Yezu kw’isi kugira ngo adupfire, maze agarukane ico Adamu yatakaje.​—Soma Yohani 3:16.

Yezu yapfuye kugira ngo abantu bashobore kubaho ibihe bidahera. Wibaza ko ubuzima budahera kw’isi buzoba bumeze gute?

Urupfu rwa Yezu rutuma dushobora guharirwa ibicumuro vyacu no kubaho ibihe vyose. Bibiliya iratwereka ukuntu ubuzima buzoba bumeze kw’isi tutagisaza, tutakirwara canke ngo dupfe.​—Soma Yesaya 25:8; 33:24; Ivyahishuwe 21:4, 5.

Dukwiye kwibuka gute urupfu rwa Yezu?

Ku mugoroba buca Yezu apfa, yarabwiye abayoboke biwe ngo bazokwibuke urupfu rwiwe mu kugira ibirori bisanzwe. Kwibuka urupfu rwa Yezu muri ubwo buryo buri mwaka, biraduha akaryo ko kuzirikana ku rukundo Yezu na Yehova bafitiye abantu.​—Soma Luka 22:19, 20; 1 Yohani 4:9, 10.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 4 n’ica 5 vy’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Iki kiganiro urashobora kukivoma kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika