ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 15/6 rup. 8-11
  • Abo dusangiye ukwizera bahukanye twobafasha gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abo dusangiye ukwizera bahukanye twobafasha gute?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • BARAGIRA INYIYUMVO ZITANDUKANYE
  • URUGAMBA RWO GUSUBIRA KUBONA IBINTU NEZA
  • IGIHE BAGIZE IRUNGU KANDI BAKIYUMVAMWO KO ATA WUBAHA NIRWERE
  • Kubandanya ubuzima inyuma y’ukwahukana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Kwahukana bigira ingaruka izihe ku bana?
    Icofasha umuryango
  • Nokora iki abavyeyi banje bahukanye?
    Urwaruka ruribaza
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 15/6 rup. 8-11

Abo dusangiye ukwizera bahukanye twobafasha gute?

Umugore ariko arahoza mushiki wacu yahukanye

Ushobora kuba uzi umuntu umwe canke kumbure abantu nka bangahe bahukanye. Ivyo bitumwa n’uko kwahukana bisigaye vyeze. Nk’akarorero, ubushakashatsi bwagizwe muri Polonye bwerekanye ko abantu b’imyaka 30 bamaze imyaka iva kuri itatu gushika kuri itandatu bubatse bishoboka rwose ko bazokwahukana; ariko si abo bonyene bahukana.

Nkako, Urwego rujejwe ivy’imiryango muri Espanye ruvuga ko “ibiharuro vyerekana yuko [i Buraya] ica kabiri c’abubaka izabo bazokwahukana.” No mu bindi bihugu biteye imbere ni ko vyifashe.

BARAGIRA INYIYUMVO ZITANDUKANYE

Iyo ngorane ikunda gushika iterwa n’iki? Umuhanuzikazi umwe yakanongoreye mu vy’imibano y’abubatse wo mu Buraya bwo mu buseruko yavuze ati: “Kwahukana kwemeza imbere y’amategeko ibiba vyaramaze kuba, ari vyo vy’ibi: ugusambuka kw’ubucuti be n’ugutandukana guca gukurikira, bino bikaba bibabaza rwose mu mutima.” Yongeyeko ati: “Akenshi haca hakurikira inyiyumvo zikomeye kandi zirenze urugero, nk’ishavu, ukwicuza, ukuvunika umutima, ukwihebura n’ukumaramara.” Rimwe na rimwe, ivyo bituma umuntu aca yiyumvira kwiyahura. “Igihe amaherezo sentare yemeye ko haba ukwahukana, intambwe ikurikira ica itangura. Kubera ko uwahukanye aba asigaye yiyumvamwo ko ata co amaze be n’uko ata wukimuha nirwere, yoshobora kwibaza ati: ‘None ko nahukanye, maze iki? Mbereyeho iki?’ ”

Ewa aribuka ukuntu yǔmva amerewe mu myaka nk’ingahe iheze. Avuga ati: “Tumaze kwahukana n’umugabo, naramaramara cane igihe ababanyi n’abo dukorana bavuze ko ndi ‘uwahukanye.’ Narashavura cane. Kubera ko umugabo yari yantanye abana babiri, nabwirizwa kuba nyina wabo nkaba na se wabo.”a Uwitwa Adam, akaba yamaze imyaka 12 ari umukurambere yubahwa, avuga ati: “Ubu nsigaye numva umengo nta co maze ku buryo bishika ngashavura cane kandi nkumva noca kure abantu bose.”

URUGAMBA RWO GUSUBIRA KUBONA IBINTU NEZA

Bamwebamwe, kubera ko baba bahagaritswe umutima cane na kazoza kabo, bararwana urugamba rutoroshe kugira basubire kubona ibintu neza, naho haba haciye imyaka bahukanye. Boshobora kwibaza yuko abandi batabitaho. Vyongeye, umumenyeshamakuru umwe yandika amakuru ajanye no kwahukana, avuga ko abahukanye baca babwirizwa “guhindura ivyo bari bamenyereye gukora maze bakiga kwirwanako mu ngorane.”

Stanisław yibuka ibi: “Igihe twahukana, umugore twahora twubakanye yarambujije ko nza ndaja kuraba udukobwa twanje tubiri. Ivyo vyatumye mbona ko ata wukimbabaye, ko mbere na Yehova ategerezwa kuba yarampevye. Sinabaye ncipfuza kubandanya kubaho. Nahavuye mbona ko ivyo niyumvira bitari vyo.” Wanda, akaba yarahukanye, na we nyene yarabura amahoro kubera yumva umenga ntabona neza kazoza kiwe. Avuga ati: “Nabona neza ko haciye igihe kinaka, abantu, ushizemwo n’abo dusangiye ukwizera, batotwitayeho na gato twe n’abana banje. Ariko ubu ndabona ko abavukanyi batubaye hafi cane, baramfasha mu rugamba rwo kurera abana banje kugira babe abasavyi ba Yehova.”

Ufatiye kuri ivyo abo bavuze urashobora kubona ko inyuma yo kwahukana bamwebamwe barengerwa n’inyiyumvo zica intege. Boshobora gutangura kubona nabi ibiberekeye, bakiyumvira ko ata co bakimaze be n’uko batabereye kwitwararikwa. Vyongeye, boshobora gutangura gutora amahinyu abandi bantu. Ivyo vyoshobora gutuma batangura kubona ko ishengero ritabagaragariza igishika kandi ko ritabumvira impuhwe. Ivyo vyashikiye Stanisław na Wanda birerekana ko abahukanye bashobora kubona ko abavukanyi na bashiki babo batabitwararika koko. Mu vy’ukuri, abakirisu bagenzi babo barabitwararitse bimwe bidasanzwe, naho mu ntango wamenga ntibabibona.

IGIHE BAGIZE IRUNGU KANDI BAKIYUMVAMWO KO ATA WUBAHA NIRWERE

Twibuke ko naho twogira utwigoro twiza gute, abo dusangiye ukwizera bahukanye vyoshika bakaza barumva irungu. Canecane bashiki bacu bahukanye boshobora kubona umenga abantu bake ni bo babitwararika. Alicja yiyemerera ati: “Ubu haraciye imyaka umunani nahukanye. Yamara n’ubu birashika nkumva umengo nta co maze. Muri ivyo bihe ndakunda kwikumira, nkarira kandi nkiganyira.”

Naho izo nyiyumvo duhejeje kuvuga zikunda gushikira umuntu ariko yihanganira ukwahukana, Bibiliya ivuga ko atari vyiza ko umuntu yigungira ukwa wenyene. Gukora ibihushanye n’iyo mpanuro vyoshobora gutuma umuntu atera akagere “ubukerebutsi ngirakamaro bwose.” (Imig. 18:1) Ariko rero, nyene kwumva irungu akwiye gutahura ko yoba agaragaje ubukerebutsi ngirakamaro yirinze kuza araronderera impanuro canke uruhoza ku wo badasangiye igitsina. Ivyo vyotuma atsimbataza inyiyumvo z’urukundo zitabereye.

Abo dusangiye ukwizera bahukanye boshobora kugira inyiyumvo nyinshi zitoroshe, nko guhagarika umutima ku bijanye na kazoza, kwumva irungu, no kwiyumvamwo ko ata wubaha nirwere. Turatahura yuko izo nyiyumvo zikunze gushika kandi ko zitoroshe gutsinda, ari na co gituma dukwiye kwigana Yehova mu kubandanya gufata mu mugongo mwene abo bavukanyi na bashiki bacu. (Zab. 55:22; 1 Pet. 5:6, 7) Nta nkeka ko imfashanyo iyo ari yose tubaha bazoyikenguruka cane. Nakare, bazoba bafashijwe n’abagenzi nyakuri bo mw’ishengero.​—Imig. 17:17; 18:24.

a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

Uko dukwiye kubona ukwahukana

Abasavyi ba Yehova barubaha cane umubano w’abubatse. Turawubaha kubera ko twisunga ico Ivyanditswe bivuga. Nk’akarorero, muri Malaki 2:16, Imana iratomora ko ‘yanka ukwahukana.’ Imvo imwe rudende ishingiye ku Vyanditswe yotuma umuntu yahukana ni igihe umwe mu bubakanye akoze ubuhumbu. Umuntu rero yoba yihenze rwose hamwe yokwiyumvira kwahukana kandi ata mvo ishingiye ku Vyanditswe ihari, kumbure amaze gutegekanya guca yubakana n’uwundi.​—Ita. 2:22-24; Gus. 5:21; Mat. 19:4-6, 9.

Bishitse umuntu akahukana, nk’igihe uwo bubakanye yahemutse, abavukanyi na bashiki bacu bo mw’ishengero baramufata mu mugongo. Barigana Yehova mu gukora uko bashoboye kwose ngo bafashe abagororotsi bamara igihe kinaka “bajanjaguritse mu mutima.”​—Zab. 34:15, 18; Yes. 41:10.

WOFASHA GUTE?

Ubona wofasha? Wofasha gute umuntu afise inyiyumvo nk’izavuzwe muri ico kiganiro? Raba ivyo Bibiliya ivuga be n’ingene abakirisu b’intahemuka bafashije mu buryo ngirakamaro.

Numutege ugutwi umutahura. (Imig. 16:20, 23)

Uramenya ko iyo umuntu amaze kwahukana bishika ntashake kuvuga ivyatumye haba ukwahukana. Kandi ico womenya coco ni uko umuntu aseruye umubabaro afise vyoshobora kuvamwo ibitari vyitezwe kandi ntibigabanye vy’ukuri amaganya. (Imig. 12:25; Rom. 12:15) Michał, akaba yarafashije umwe Adam twavuga, aremeza ko ushobora gutega ugutwi uwahukanye ubigiranye impuhwe n’ugutahura utiriwe urumva akantu kose. Avuga ati: “Naragerageje gufasha Adam kubona ko igihe aba acitse intege, nk’iyo arengewe n’inyiyumvo zica intege, yoshobora kumbwira atabizi ikintu azokwicuza igituma yarakimbwiye.” Michał yaramutomorera rero ko atarondera kumenya akantu kose. Yamara yaramutega yompi nk’umugenzi nyakuri. Twoshobora gushika ku vyiza vyinshi n’imbere y’uko ikoraniro ritangura canke rirangiye mu kuvuga ikintu gisanzwe nk’iki ngo: “Ubu ni gute? Nibaza ko uriko uraca mu bihe bitoroshe. Ndakuzirikana.”

Numwitwararike. (Flp. 2:4)

Mirosław yibuka ibi: “Twe n’umugore wanje twarategekanije umwanya wo gufasha mushiki wacu yahukanye. Nk’akarorero, twaramukoreye igitasha c’urugi. N’ikindi kandi, twaramwunguruje agiye kwa muganga.” Hari aho umuntu yobona umengo ivyo ni ibisanzwe; yamara vyari ngirakamaro, kandi vyarafashije koko. Uwo mushiki wacu bafashije yagiye buhorobuhoro arasubira kubona ibintu mu buryo bwiza. Vyongeye, yahavuye atangura gukora ubutsimvyi, agakobwa kiwe k’imyaka 11 na ko karabatizwa.

Abubakanye bariko baritwararika mushiki wacu yahukanye

Numusubirize umutima mu nda ko Yehova atahura ivyiwe.

Nimba hari uwubona ko ata co amaze, numusubirize umutima mu nda ko Imana iha agaciro umwumwe wese mu basavyi bayo. Mu vy’ukuri, turi “n’agaciro kuruta utujuri twinshi”; Imana ibona ko twebwe abasavyi bayo tudasanzwe be n’uko turi n’ico tumaze. (Mat. 10:29-31) “Yehova ni we musuzumyi w’imitima,” akaba rero ashoboye gutahura abahukanye. Ntazoheba n’umwe mu basavyi biwe b’abizigirwa. (Imig. 17:3; Zab. 145:18; Heb. 13:5) Rero, igihe werekana ko witwararika uwahukanye, numusubirize umutima mu nda ko Imana ishima urukundo akunda ukuri be n’utwigoro agira two gushigikira ugusenga kw’ukuri.​—Flp. 2:29.

Numuremeshe kuguma yiyegereje ishengero.

Hari abo bigora kuja ku makoraniro igihe bugarijwe n’inyiyumvo zihushanye. Ariko ayo makoraniro nyene afise intumbero yo gukomeza no kuremesha; ariho “ku bw’ukwubaka.” (1 Kor. 14:26; Zab. 122:1) Igihe ibintu vyifashe gutyo, biraba ngirakamaro abakurambere bagize ico bakoze. Umwe Wanda twavuga agira ati: “Turacibuka ingene batwitwararikanye urukundo.”

Numuremeshe gukomeza ubucuti afitaniye n’Imana biciye kw’isengesho, ku kwiyigisha, no ku kuzirikana. (Yak. 4:8)

Naho Yehova ari Mushoboravyose kandi akaba aba mw’ijuru, aritwararika “umuntu w’umurushwa, adogombwa mu mutima, ajugumizwa n’ijambo [ryiwe].” Nusubirize umutima mu nda uwahukanye kuri ico kintu, kandi umwereke ko isengesho no kwiyigisha bifasha umwe wese muri twebwe kurushiriza kwiyegereza Imana.​—Yes. 66:2.

Numubaze ko mwojana mu ndimiro canke mwotegurira hamwe amakoraniro.

Bene wacu babiri bariko barakorana mu busuku bwo mu ndimiro

Ivyo bizofasha umukirisu yahukanye kurushiriza kwiyumvamwo ko hari ico amaze uko abandanya ubuzima. Marta, akaba yarafashije mushiki wacu w’umunyamwete yari yaravunitse umutima aho amariye kwahukana, avuga ati: “Turakunda kujana mu busuku. Iyo tubonye ko dushitse ku mahangiro tuba twishingiye, turanezerwa. Rimwe na rimwe turigira hamwe mu kwitegurira ikoraniro, tugaca dutegura akantu karyoshe ko gufungura.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika