ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/10 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo bijanye
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Inkuru nziza iva ku Mana
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/10 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Kubera iki twosenga dusaba yuko Ubwami bw’Imana buza?

Yezu Kristu agendera kw’ifarasi ngo atsinde abansi b’Ubwami bw’Imana

Woba ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’Ubwami bw’Imana n’ico buzokora?

Ubwami bw’Imana ni intwaro yo mw’ijuru. Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga basaba yuko bwoza kubera yuko ari bwo buzotuma kw’isi hasubira kuba ubugororotsi n’amahoro. Nta ntwaro y’abantu n’imwe ishobora gukuraho ubugizi bwa nabi, akarenganyo canke indwara ubutakigaruka. Ariko Ubwami bw’Imana bwobwo burashobora kubikuraho kandi buzobikora. Yehova Imana yaragenye Umwana wayo Yezu ngo abe Umwami w’ubwo Bwami. Yaragenye kandi umugwi w’abayoboke ba Yezu kugira ngo bazofadikanye na we kuganza muri ubwo Bwami.​—Soma Luka 11:2; 22:28-30.

Vuba Ubwami bw’Imana bugiye gukuraho abantu bose barwanya ubutegetsi bwayo. Igihe rero dusenga dusaba ko Ubwami bw’Imana buza, tuba turiko dusaba ko iyo ntwaro y’Imana yoza igasubirira intwaro z’abantu.​—Soma Daniyeli 7:13, 14; Ivyahishuwe 11:15, 18.

Kubera iki Ubwami bw’Imana buri n’ico buzomarira abantu?

Yezu ni Umwami abikwiye kubera yuko ari umunyempuhwe. Kubera ko ari Umwana w’Imana, arafise kandi ububasha bwo gufasha abantu bose bitura Imana ngo ibafashe.​—Soma Zaburi 72:8, 12-14.

Ubwami bw’Imana buzoronsa ivyiza abantu bose basenga ata buryarya basaba ko buza, bakabaho bahuza n’ivyo Imana igomba. Niwamenya ico Bibiliya yigisha ku bijanye n’Ubwami bw’Imana, ntuzokwigera wicuza.​—Soma Luka 18:16, 17; Yohani 4:23.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 8 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Kiraboneka no kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika