ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/11 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo bijanye
  • Abapfuye bazozuka!
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Icizigiro nyakuri ku bawe bapfuye
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Abawe bapfuye bazosubira kuba bazima
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Ni Bande Bazurwa — kandi Bazukira Kuba he?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/11 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Yezu yoba vy’ukuri yarazuye abantu?

Yezu azura Lazaro mu kumuhagara ngo ave mu mva

Yezu yarazuye Lazaro, uwari amaze imisi ine apfuye

Bibiliya iratomora yuko Yezu yazuye abapfuye. Inkuru zibivuga si imigani. Ziradomako igihe vyabereye be n’aho vyabereye. Nk’akarorero, mu ci ryo mu mwaka wa 31 Inyuma ya Kristu, Yezu yaravuye i Kaperinawumu aja i Nayini aherekejwe n’isinzi rinini. Bahashitse, bahasanze irindi sinzi ry’abantu. Aho i Nayini, Yezu yarazuye umuntu. Ivyo urashobora kuvyemera kubera ko bivugwa mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya, bikaba kandi vyabaye abo bantu bose babona.​—Soma Luka 7:11-15.

Yezu yarazuye n’umugenzi wiwe Lazaro yari amaze imisi ine apfuye. N’iyo nkuru urashobora kuyemera kubera ko hari abantu benshi biboneye ingene Yezu yamuzuye.​—Soma Yohani 11:39-45.

Kubera iki Yezu yazuye abantu?

Yezu yazuye abantu abitumwe n’impuhwe. Vyongeye, yashaka kwerekana yuko Se wiwe, ari na we yaremye abantu, yamuhaye ububasha bwo kuzura abapfuye.​—Soma Yohani 5:21, 28, 29.

Kuba Yezu yarazuye abantu biratuma twizigira ivyo yasezeranye ko azokora muri kazoza. Azozura abantu benshi, harimwo n’abantu batakoze ibigororotse kubera batari bazi ivyerekeye Imana y’ukuri. Abo bantu bazohabwa akaryo ko kumenya Yehova Imana no kwerekana ko bamukunda.​—Soma Ivyakozwe 24:15.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 7 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Kiraboneka no kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika