ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/6 rup. 3-5
  • Ico ubuhinga bukumariye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico ubuhinga bukumariye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IVYO ABAHINGA BADASHOBORA GUSIGURA
  • Ivyabona vya Yehova boba bemera siyansi?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Ubuhinga burafise aho bugarukira
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Bibiliya yoba ivuga rumwe na siyansi?
    Be maso!—2011
  • Irema
    Be maso!—2014
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/6 rup. 3-5
Amaterambere mu vy’ubuhinga yaratuzaniye imiduga, GPS, amasatelite, indege, ivyuma vyo gusuzuma ubwonko

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | UBUHINGA BWOBA BWARASUBIRIYE BIBILIYA?

Ico ubuhinga bukumariye

Abahinga baratohoza neza ingene ibidukikije n’ibiri mu kirere vyose bimeze be n’ingene bikora. Ivyo babigira mu kuvyihweza, mu kugira ubushakashatsi no mu gupima. Ni igikorwa kitoroshe kandi kenshi gitesha umutwe. Abahinga baramara amayinga, amezi canke mbere imyaka bariko barihweza bongera bagira ubushakashatsi. Rimwe na rimwe bararuha ntibashike ku co bipfuza, ariko kenshi barashika ku bintu bigirira akamaro abantu. Reka tuvuge bimwebimwe.

Ishirahamwe rimwe ry’i Buraya ryarakoze ibikoresho bikomeye vya plastike birimwo utuyungiro duhanitse bikingira abantu indwara ziva ku kunywa amazi mabi. Ibikoresho nk’ivyo vyarakoreshejwe mu bihe vy’ivyago vy’ivyaduka, nko mu gihe ca ya nyamugigima yaba mu 2010 muri Hayiti.

Uguhanahana amakuru hagati y’ibigendajuru vyitwa amasatelite, gutuma haboneka ubuhinga bwitwa GPS bufasha umuntu gutora ahantu kanaka no kumenya ingene yohashika. Naho mu ntango ubwo buhinga bwari bwagenewe gukoreshwa mu vya gisirikare, ubu burafasha abagendesha indege, imiduga, amato mbere n’abahigi be n’abagenda n’amaguru. Ivyo vyose tubikesha abahinga biyumviriye ico kintu.

Woba ukoresha terefone ngendanwa, orodinateri canke internet? Woba warakize indwara yinaka canke amagara yawe ararushiriza kumera neza kubera ko ubuvuzi bwateye imbere? Woba ufata indege? Uriko urungukira rero ku bintu bimwebimwe ubuhinga bwashitseko bigirira akamaro abantu. Ubuhinga buragufasha mu buryo bwinshi.

IVYO ABAHINGA BADASHOBORA GUSIGURA

Mu ntumbero yo kwagura ubumenyi, abahinga bariko baragira ubushakashatsi bukomeye mu bidukikije no mu biri mu kirere vyose. Abahinga mu vya fizike baratohoza ibijanye n’uduhimba tunzwinya bita atome tugize ibintu vyose bibaho, abahinga mu vy’imibumbe na bo bakagira ubushakashatsi ku vyabaye kera cane. Bose barondera gutahura ingene ikirere cabayeho. Mu bushakashatsi bugera kure bagira, baratohoza n’ibintu bitaboneka be n’ivyo badashobora gukorako. Bamwe bavuga ngo iyaba Imana ivugwa muri Bibiliya ibaho, baba barayibonye.

Abahinga bamwebamwe bakomakomeye n’incabwenge bobo barayica umurya. Nk’uko bivugwa n’umwanditsi umwe yitwa Amir D. Aczel, barondera “kwerekana ko Imana itabaho bafatiye ku vyo abahinga batohoza.” Nk’akarorero, umuhinga rurangiranwa mu vya fizike avuga yuko “kubona ata cerekana ko Imana ifise uruhara ruboneka mu biri kw’isi no mu kirere ari icemeza cumvikana c’uko ico bita imana kitabaho.” Abandi bavuga ko ivyo Imana yakoze bivugwa muri Bibiliya ari “amageza” n’“ibintu nsigabwenge vyo guhenda abantu.”a

Ariko ikibazo gica kivyuka ni iki: Ivyo abahinga bazi ku bijanye n’ibiriho vyoba bihagije ku buryo ivyiyumviro boshikako vyoba ntabanduka? Habe namba. Naho ubuhinga bwateye imbere bimwe bidasanzwe, abahinga benshi bariyemerera yuko hakiriho vyinshi batazi kandi kumbure batazopfa bamenye. Umuhinga mu vya fizike yitwa Steven Weinberg, akaba yaranatsindiye ka gashimwe kitiriwe Nobeli, avuga yuko “tutazokwigera dutahura vyose” ku bijanye n’ibiriho. Umuhinga mu vy’imibumbe akomeye cane wo mu Bwongereza yitwa Martin Rees, yanditse ati: “Hashobora kuba hariho ibintu abantu batazokwigera batahura.” Ikizwi coco ni uko kuva ku kagingo ngengabuzima kanzwinya gushika ku kirere amahero, hakiriho ibintu vyinshi abahinga bo muri iki gihe badatahura. Raba ubu burorero:

  • ADN

    Abahinga b’ibinyabuzima ntibatahura neza ibibera mu tugingo ngengabuzima tugize umubiri wacu. Abahinga ntibaramenya neza ingene utwo tugingo dukoresha inguvu, ingene duhingura indemamubiri be n’ingene twigabagura.

  • Agahungu kariko karadunda agapira

    Inguvu isi ifise zo gukwega ibintu zama ziriko zirakora mu buzima bwacu bwa misi yose. Yamara, ziracasiga ubwenge abahinga. Ntibazi neza ingene izo nguvu zituma umuntu asubira hasi igihe asimvye, canke ingene zituma ukwezi kuguma kuzunguruka isi.

  • Ikirere

    Abahinga mu vy’imibumbe bavuga yuko hafi ibice 95 kw’ijana vy’ibigize ikirere ari ibintu bitaboneka kandi abahinga badashobora gupimisha ivyuma. Babishira mu mice ibiri: ibintu bitazwi n’inguvu zitazwi.

Hari n’ibindi bisiga abahinga. Kubera iki? Umwanditsi umwe azwi cane yanditse ati: “Ivyo tutazi ni vyinshi cane kuruta ivyo tuzi. Kuri jewe, ivyo abahinga bubura vyari bikwiye gutuma umuntu atangara, agashaka kumenya vyinshi aho kuba umuntu yumira ku vyiyumviro vyiwe.”

Nimba rero wibaza ko ubuhinga buri mu gusubirira Bibiliya, bugatuma abantu bataba bacemera Imana, zirikana kuri iki ciyumviro: Nimba abahinga bakomeye bataratahura vyose ku bijanye n’ibiriho kandi bafise ibikoresho bikomeye, wumva vyoba vyumvikana duciye twanka kwemera ibintu bibaho ariko abahinga badashobora gutohoza? Mbere n’ikiganiro kimwe co mu gitabu c’inkoranyabumenyi gisozera giti: “Inyuma y’imyaka hafi 4.000 abahinga bamaze biga ivy’imibumbe, ibiri mu kirere biracabasiga ubwenge nk’uko vyari biri mu gihe c’Abanyababiloni.”

Ivyabona vya Yehova barubahiriza uburenganzira umuntu afise bwo kwihitiramwo ivyo yemera ku bijanye n’ico kibazo. Tugerageza gukurikira impanuro Bibiliya itanga igira iti: “Ukugira ibitegereka kwanyu kumenyekane ku bantu bose.” (Abafilipi 4:5) Tukuremesheje nawe kubigenza gutyo igihe utohoza mu kiganiro gikurikira ingene ivyo abahinga bubuye bihuza na Bibiliya kandi bikunganirana na yo.

a Hari abatemera Bibiliya kubera inyigisho za kera zo mu madini canke iz’ubu, nk’imwe yavuga ko ibiri mu kirere vyose bizunguruka isi canke imwe ivuga ko Imana yaremye ijuru n’isi mu misi itandatu y’amasaha 24.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ivyo abahinga batohoje birahuza na Bibiliya.”

Ivyo abahinga batohoje birahuza na Bibiliya

Bibiliya si igitabu c’ivy’ubuhinga. Ariko rero, hariho ibintu vy’ukuri abayanditse bavuze, abahinga bozirikanako. Raba bimwebimwe.

  • Ikirere

    Imyaka isi n’ijuru bimaze

    Abahinga bavuga yuko isi imaze nk’imyaka imiliyaridi 4 be n’uko ikirere kimaze imyaka iri hagati y’imiliyaridi 13 na 14. Bibiliya ntivuga igihe isi n’ijuru vyaremewe. Nta na hamwe yerekana ko isi imaze imyaka ibihumbi bikeyi gusa. Umurongo wa mbere wo muri Bibiliya uvuga uti: “Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi.” (Itanguriro 1:1) Kubera ko Bibiliya itadomako igihe ijuru n’isi vyaremewe, abahinga barashobora guharura imyaka bimaze, bafatiye ku bintu bifise ishingiro abahinga batohoje.

  • Imisozi, ibimera n’amazi

    Gutegura isi ngo abantu bayibeko

    Mw’​Itanguriro ikigabane ca 1 harakoresha ijambo “umusi” mu kwerekana intambwe zagiye zirakurikirana mu gutegura isi kugira ngo ishobore kubako ibinyabuzima vy’ubwoko butandukanye. Kaminuza mu bihavugwa ni igihe umuntu yatangura kubaho. Bibiliya ntivuga ingene iyo “misi” itandatu y’irema yangana. Ivyo bituma abahinga bashobora gutohoza bakerekana neza ingene iyo misi yareha. Turazi yuko “imisi” y’irema yari miremire gusumba imisi y’amasaha 24.

  • Isi

    Ingene isi ihagaze

    Bibiliya ivuga ko isi yenetse “ku busa.” (Yobu 26:7) Nta ho ivuga ko isi iri ku kintu amahero canke ko yicaye ku migongo y’inzovu zihagaze ku kinyamasyo, nk’uko abantu benshi ba kera bahora bavuga. Ahubwo ivyo ivuga vyarahaye abahinga akaryo ko kugira ubushakashatsi. Mu nyuma, Nicolas Copernic na Johannes Kepler baravuze yuko imibumbe izunguruka izuba ikoreshejwe n’inguvu zitaboneka. Isaac Newton na we yahavuye yerekana ingene ibisyo vyo mu kirere vyose bifise ubushobozi bwo gukwegakwegana.

  • Utunyabuzima twitwa bagiteri

    Amabwirizwa y’isuku no kwirinda indwara

    Igitabu c’Abalewi kirimwo amabwirizwa Abisirayeli bahawe yatuma birinda indwara zandukira, muri yo hakaba harimwo n’ugushira ukwa wenyene uwurwaye indwara yandukira. Ku bijanye n’isuku, itegeko riri mu Gusubira mu vyagezwe 23:12, 13 ryasaba Abisirayeli kwituma ahantu hiherereye kure y’ikambi. Bategerezwa kwimba hanyuma ‘bagapfuka umwanda wabo mukuru.’ Muri iyi myaka 200 iheze ni ho abahinga n’abaganga bahavuye babona ko amabwirizwa nk’ayo akenewe.

Ayo makuru yose yo muri Bibiliya duhejeje kubona, amaze ibinjana vyinshi yanditswe. None abanditse Bibiliya bashoboye gute kumenya amakuru nk’ayo y’ukuri n’incabwenge zo mu gihe cabo zitari zizi? Uwo Bibiliya ikomokako avuga ati: “Nk’uko amajuru ari hejuru cane y’isi, ni ko n’inzira zanje ziri hejuru cane y’inzira zanyu, n’ivyiyumviro vyanje bikaba hejuru cane y’ivyiyumviro vyanyu.”​—Yesaya 55:9.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika