ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/9 rup. 11-13
  • Bibiliya ya Bedell

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya ya Bedell
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • BABUZWA GUKORESHA URURIMI RWO MURI IRLANDE
  • BIBILIYA YA BEDELL
  • YARATEVYE IRASOHORWA
  • YARI INTAMBWE NTOYA ARIKO IHAMBAYE
  • Sinari bwaje mu karuhuko keza ukuraho!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Robert Boyle
    Be maso!—2013
  • Ingorane Abantu Bafise Zoba Zizoteba Zigahera?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ukuntu Bibiliya yadushikiriye
    Be maso!—2007
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/9 rup. 11-13
Izina Yehova ryashizwe ahabona ku rupapuro rwo muri Bibiliya ya Bedell

Bibiliya ya Bedell Yarafashije abantu gutahura neza Bibiliya

IGIHE umukuru mu vy’idini w’Umwongereza yitwa William Bedell yaja muri Irlande mu 1627, yarabonye ikintu gitangaje cane. Naho Irlande igwiriyemwo abagatolika, yasanze itegekwa n’Ubwongereza kino kikaba ari igihugu kigwiriyemwo abaporoti. Abaporoti baharanira amahinduka mu vy’idini bari bamaze gushira Bibiliya mu ndimi zitandukanye zakoreshwa i Buraya. Ariko vyasa n’uko ata wushaka kuyishira mu rurimi rwo muri Irlande.

Bedell yabona ko abantu bo muri Irlande “batari bakwiye kwirengagizwa kugeza bamenye icongereza.” Yaciye atangura guhindura Bibiliya mu rurimi rwo muri Irlande. Ariko abaporoti baramurwanije cane. Kubera iki?

BABUZWA GUKORESHA URURIMI RWO MURI IRLANDE

William Bedell

Bedell yariyemeje kwiga urwo rurimi. Igihe yaba umuyobozi wa kaminuza bita Trinity College iri i Dublin mu nyuma na ho akaba musenyeri w’i Kilmore, yaguma ahimiriza abanyeshure kuvuga urwo rurimi. Nkako, igihe Umwamikazi Elizabeth wa mbere wo mu Bwongereza yatanguza iyo kaminuza, yari afise intumbero y’uko yosohoye abapasitori bashoboye kwigisha Bibiliya abo atwara mu rurimi rwabo kavukire. Bedell nta ko atagize ngo ivyo bishoboke.

Kuri diyoseze y’i Kilmore, ururimi rwo muri Irlande rwavugwa n’abantu benshi. Bedell rero yasavye ashimitse ko hoboneka abamenyeshamana bazi urwo rurimi. Yishimikije amajambo intumwa Paulo yavuze mu 1 Abakorinto 14:19, ahagira hati: “Mw’ishengero nopfuma mvuga amajambo atanu n’umuzirikanyi wanje kugira nigishe n’abandi ku munwa, hako mvuga amajambo ibihumbi cumi mu rundi rurimi,” ni ukuvuga mu rurimi abantu benshi batazi.

Abategetsi bakomakomeye nta ko batakoze ngo bamuburabuze. Abahinga mu vya kahise berekana ko hari abavuze ko gukoresha urwo rurimi vyari “bigeramiye igihugu” abandi na bo bavuga ko kwari “ukurwanya inyungu za Leta.” Hari ababona ko Ubwongereza ari bwo bwahungukira abantu bo muri Irlande bagumye mu kutamenya. Nkako, harashinzwe amategeko yabasaba guheba ururimi rwabo n’imico yabo bakiga icongereza bakongera bagakurikiza imico yo mu Bwongereza.

BIBILIYA YA BEDELL

Bedell ntiyaciwe intege n’abo bantu batwaza umukazo. Mu ntango z’imyaka ya 1630, yaratanguye gushira mu rurimi rwo muri Irlande Bibiliya yari iherutse gusorwa mu congereza (ikaba ari King James Version yo mu 1611). Yashaka ko hoboneka Bibiliya abantu benshi batahura. Yarababazwa cane no kubona abantu batobato badashobora gusoma Bibiliya ngo batahure ingene boronka ubuzima budahera kubera yari mu rurimi badatahura.​—Yohani 17:3.

Bedell si we yatanguye kubona ico kintu. Hari haciye nk’imyaka 30 uwundi musenyeri yitwa William Daniel abonye ingene bigoye gutahura Bibiliya igihe “iri mu rurimi utazi.” Daniel yari yarashize Isezerano rishasha mu rurimi rwo muri Irlande. Bedell wewe yaciye atangurira kw’Isezerano rya kera. Bibiliya ikunze kwitwa iya Bedell irimwo igice yahinduye be n’icari cahinduwe na William Daniel. Iyo Bibiliya, akaba ari na yo yabaye iya mbere yuzuye yo mu rurimi rwo muri Irlande, yahavuye imara imyaka 300 ari yo yonyene iboneka muri urwo rurimi.

Bedell yarasavye abantu babiri b’imvukira bavuga ururimi rwo muri Irlande ngo bamufashe gushira Bibiliya muri urwo rurimi bayikuye mu congereza. Bedell yari umuhinga mu giheburayo. Uko igikorwa cabo catera imbere, we hamwe n’umuntu umwe canke babiri yizigira barasuzumye bitonze umurongo umwumwe wose. Barisunze Bibiliya yo mu gitaliyano yahinduwe n’umunyatewolojiya w’Umuswise yitwa Giovanni Diodati, hamwe na Bibiliya y’ikigiriki yitwa Septante be n’igisomwa ca kera ca Bibiliya yo mu giheburayo.

Abagize uwo mugwi bakurikije akarorero k’abahinduye Bibiliya yitwa King James Version (benshi muri bo bikaba bishoboka ko Bedell yari abazi) bashira izina ry’Imana ahatari hake muri iyo Bibiliya. Nk’akarorero, muri Kuvayo 6:3, bakoresheje izina “Iehovah.” Igisomwa Bedell ubwiwe yiyandikiye carazigamwe mu bubiko bumwe bw’ibitabu (Marsh’s Library) buri i Dublin muri Irlande.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Barashimye ivyo Bedell yakoze.”

YARATEVYE IRASOHORWA

Bedell yahejeje igikorwa ciwe nko mu 1640. Ariko ntiyashobora guca asohora iyo Bibiliya. Kubera iki? Kimwe coco, bari bakimurwanya. Abamurwanya baravuze nabi uwo yari yashinze ico gikorwa, bizigiye ko bica bitukisha ivyo bakoze. Mbere babigiranye amayeri baratumye afatwa maze arapfungwa. Ngo amagorwa ntasiga ayandi, mu 1641 haradutse akagwi k’inkozi z’ikibi karwanya Abongereza. Abantu bo ng’aho muri Irlande baramaze igihe bakingira Bedell naho yari Umwongereza kubera babona ko abitwararika vy’ukuri. Ariko rero abasoda b’abaroberi bahavuye bamuta mw’ibohero rimeze nabi cane. Nta gukeka ko ivyo biri mu vyasongereye isibe bigatuma apfa mu 1642. Ntiyigeze abona iyo Bibiliya isohorwa.

1. Urupapuro rutangura rwa Bibiliya ya Bedell yo mu ntango; 2. Bibiliya ya Bedell, yasohowe mu 1685

Urupapuro rutangura rwa Bibiliya ya Bedell yo mu ntango, nko mu 1640, be n’imwe yasohorwa mu 1685

Bibiliya ya Bedell yarahatswe kuzimangana igihe basakambura inzu yiwe maze bakayisambura. Igishimishije, hari umugenzi wiwe yashoboye kurokora ivyo yanditse vyose. Mu nyuma, ivyo bintu vyarashitse mu minwe ya Narcissus Marsh, uwahavuye aba musenyeri mukuru w’i Armagh na kizigenza w’idini ryo muri Irlande. Umuhinga yitwa Robert Boyle yaramuhaye uburyo maze abigiranye umutima rugabo arasohora Bibiliya ya Bedell mu 1685.

YARI INTAMBWE NTOYA ARIKO IHAMBAYE

Si abantu bose bakiriye neza Bibiliya ya Bedell. Naho ari ukwo, yari intambwe ntoya ariko ihambaye yatumye abantu barushiriza gutahura Bibiliya na canecane abavuga ururimi rwo muri Irlande. Ariko ntiyafashije abo muri Irlande gusa yarafashije n’ababa muri Ekose be n’ahandi henshi. Ico gihe barashobora kwumva ko biyegereje Imana mu gusoma Ijambo ryayo mu rurimi rwabo kavukire.​—Matayo 5:3, 6.

“Igihe twaba dusomye Bibiliya ya Bedell, twarumva amajambo y’Imana mu rurimi rwacu kavukire. Ico ni co kintu nyamukuru cahavuye gituma jewe n’umuryango wanje tumenya ibintu vyiza igitangaza biri muri Bibiliya”

Gushika n’ubu Bibiliya ya Bedell iracafasha abakunda ukuri. Umugabo umwe ata gihe kinini cane amaze yiga Bibiliya avuga ururimi rwo muri Irlande, agira ati: “Igihe twaba dusomye Bibiliya ya Bedell, twarumva amajambo y’Imana mu rurimi rwacu kavukire. Ico ni co kintu nyamukuru cahavuye gituma jewe n’umuryango wanje tumenya ibintu vyiza igitangaza biri muri Bibiliya.”

Barashimye ivyo Bedell yakoze

Kuvayo 6:3 muri Bibiliya yitwa Maynooth

KUVAYO 6:3 BIBILIYA YITWA MAYNOOTH

Bibiliya ya Bedell imaze gusohorwa mu 1685, haraciye imyaka nka 300 hataraboneka iyindi Bibiliya yuzuye yo mu rurimi rwo muri Irlande. Mu 1981, abahinga mu vya Bibiliya b’abagatolika barasohoye Bibiliya yo mu rurimi rwo muri Irlande rukoreshwa muri kino gihe yitwa Maynooth. Mu kajambo kayo k’intangamarara, iyo Bibiliya iremera ko “idini ryo muri Irlande ryakoze igikorwa gikomeye igihe ryasohora Bibiliya mu kinjana ca 17.” Aho hariko havugwa ya Bibiliya ya Bedell naho ata gihe kinini kihaciye Ekleziya Gatolika yemereye abagatolika gusoma iyo Bibiliya.

Kuvayo 6:3 muri Bibiliya ya Bedell

KUVAYO 6:3 BIBILIYA YA BEDELL

Abo bahinga basohoye iyo Bibiliya yitwa Maynooth batanguye gusohora ibisomwa vya mbere mu 1971. Kimwe muri ivyo bisomwa citwa Pentatúc, ni ukuvuga vya bitabu bitanu vya mbere vyo muri Bibiliya. Mu kwerekana ko baha agaciro igikorwa Bedell yari yarakoze, mu biri ku rupapuro rutangura abo bahinga banditse bati: “Ku bwo kwibuka William Bedell.”

Abahinduye ivyo bitabu bitanu ahantu henshi hari izina ry’Imana mw’Isezerano rya kera bahashize izina ryo mu rurimi rwo muri Irlande “Iávé.” Mu giheburayo iryo zina ryandikwa mu ndome zine ari zo YHWH. Akarorero ni nko muri Kuvayo 6:2-13. Ikibabaje ni uko igihe iyo Bibiliya yitwa Maynooth yuzuye yasohorwa, abasuzuma igisomwa bafashe ingingo yo gukuramwo izina ry’Imana aho riboneka hose barisubiriza izina “an Tiarna” (Umukama). Emwe bari batandukanye na Bedell!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika