ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/10 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Utwigoro two gukuraho ubukene
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Inkuru nziza ku boro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ubukene
    Be maso!—2015
  • Aho umuti ruhasha w’ubukene ushobora kuva
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/10 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Isi itarangwamwo ubukene yoba izobaho?

Umugore afise agasahani kagaragara agumbiriye agakobwa kiwe

Imana izokora iki ngo kw’isi ntihabe hakirangwa ubukene?​—Matayo 6:9, 10.

Buri mwaka, ubukene butagira izina burahitana abantu amamiliyoni bivuye ku gufungura nabi be n’indwara. Naho kw’isi hari ibihugu bitunze, abantu batari bake baba mu bukene butagira izina. Bibiliya yerekana ko ubukene ari ingorane yamyeho.​—Soma Yohani 12:8.

Vyosaba ko haboneka intwaro iganza isi yose kugira ngo ubukene buhere. Iyo ntwaro yotegerezwa kuba ifise ububasha bwo kugabura neza umwimbu isi itanga no gukuraho intambara, zino zikaba ari co kintu nyamukuru gitera ubukene. Imana yarasezeranye kuzana intwaro nk’iyo iganza isi yose.​—Soma Daniyeli 2:44.

Ni nde ashobora gukuraho ubukene?

Imana yaragenye Umwana wayo ari we Yezu kugira azoganze abantu bose. (Zaburi 2:4-8) Yezu azokiza umukene yongere akureho agahahazo n’ububisha.​—Soma Zaburi 72:8, 12-14.

Yezu, we “Muganwa w’amahoro,” azozana amahoro n’umutekano kw’isi yose. Gutyo ababa kw’isi bose bazokwibera mu mazu yabo bwite, bakore igikorwa kibaryohera kandi baronke umukimba w’ibifungurwa.​—Soma Yesaya 9:6, 7; 65:21-23.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 8 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Kiraboneka no kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika