ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp16 no. 1 rup. 4-5
  • Ingaruka zivamwo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingaruka zivamwo
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UKUBESHA KURASENYURA UBUGENZI
  • KUBESHA BIRANDUKIRA
  • Kuba imvugakuri birimwo impera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Nube imvugakuri muri vyose
    Nugume mu rukundo rw’Imana
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
wp16 no. 1 rup. 4-5
Abagore babiri bariko baraganira

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | KUBERA IKI TWOBA IMVUGAKURI?

Ingaruka zivamwo

“Hama hariho ibintu bitoroshe bishobora gutorerwa umuti n’akanyoma gatoya.”​—Samantha wo muri Afrika y’Epfo.

Woba wemera ayo majambo? Cokimwe na Samantha, twese birashika tugahangana n’ibintu bitoroshe. Uko tuvyifatamwo igihe dushikiwe n’ibintu bituma twumva twobesha ni vyo vyerekana ingingo ngenderwako twisunga. Nk’akarorero, nimba uko abandi batubona ari vyo bihambaye, hari aho twobona ko kubesha vyodufasha kuguma tuboneka neza. Ariko rero igihe ukuri kugiye ahabona, kenshi kubesha bidukwegera ingaruka mbi. Raba zimwezimwe.

UKUBESHA KURASENYURA UBUGENZI

Ubugenzi bushingiye ku kwizigirana. Igihe abantu babiri bizigirana bituma bumva batekaniwe. Ariko ivyo ntibipfa kwizana. Kwizigirana kuva ku kuba abo bantu bamarana umwanya, bakavugana ukuri kandi bakitwararikana. Naho biri ukwo, ikinyoma kimwe gusa kirashobora gutuma ukwo kwizigirana gukamangana. Kandi ivyo biratuma bigora gusubira kwizigirana.

Woba urahemukirwa n’uwitwa ko ari umugenzi? Nimba vyarashitse, wumvise umerewe gute? Nta gukeka ko wababaye mbere uravunika umutima. Kandi birumvikana. Ntawoharira ko kubesha vyoshobora gusenyura ubucuti bwari bukomeye.

KUBESHA BIRANDUKIRA

Mu cigwa cagizwe na Robert Innes, umwigisha kuri kaminuza yo muri Kaliforniya, yasanze “ububeshi bwandukira.” Vyogereranywa n’umugera. Uko urushiriza kugiriranira imigenderanire n’umuntu abesha, birashoboka cane ko nawe “wandukirwa.”

Wokwirinda gute kugwa muri uwo mutego? Bibiliya irashobora kugufasha. Turakwingize urabe impanuro Bibiliya itanga.

Kutaba imvugakuri birimwo:

Kubesha

Umugabo ariko arakura impeta

ICO ARI CO Ni ukubwira ibintu bitari vyo umuntu yategerezwa kumenya ukuri. Aho harajamwo kugoreka ukuri, guhisha amakuru amwamwe canke kurenza urugero kugira uhende umuntu.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Umunyamayeri [ni] ikintu giteye ishishi kuri Yehova, mugabo kugirana ubugenzi somambike na We ni ivy’abagororotse.” (Imigani 3:32) “Ubu ko mwiyambuye ibinyoma, umwe wese muri mwebwe navugane ukuri na mugenziwe.”​—Abanyefeso 4:25.

Urusaku

Abagabo babiri bariko barongoreranira mu gihe uwundi yinjiye

ICO ARI CO Ni ukuvuga ibintu bibi kandi bitari vyo ku muntu kugira umucafuze.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Umuntu w’imigambi y’uruyeri aguma yandurutsa amahane, kandi umubesheranyi atandukanya abasanganywe.” (Imigani 16:28) “Ahatagira inkwi umuriro urazima, kandi ahatagira umubesheranyi, amahane arahwama.”​—Imigani 26:20.

Amanyanga

Umugabo ariko yerekana amasaha yanyegeje mw’ikoti

ICO ARI CO Ni ukugunga amahera canke ikintu c’umuntu ukoresheje ikinyoma.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Ntuze ugunge umucangero ari mu ngorane kandi akaba mworo.” (Gusubira mu vyagezwe 24:14, 15) “Uwugunga umuntu mutoyi aba asize iceyi Uwamuhinguye, mugabo uwumuninahaza ni uwugirira ubutoni umworo.”​—Imigani 14:31.

Ubusuma

Umuntu ariko yiba ikotomoni ayikuye mw’isakoshi

ICO ARI CO Ni ugutwara ikintu c’uwundi utabifitiye uruhusha.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Uwiba ntiyongere kwiba, ahubwo nakore cane, akoreshe amaboko yiwe igikorwa ciza, kugira aronke ico aha uwuri mu mukeno.” (Abanyefeso 4:28) “Ntimuzimizwe. Nta . . . bisuma, canke abanyamunoho, canke imborerwa, canke abatukana, canke abanyazi bazotorana ubwami bw’Imana.”​—1 Abakorinto 6:9, 10.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika