ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp16 no. 4 rup. 14-15
  • Gereranya ivyo wemera n’ivyo Bibiliya yigisha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gereranya ivyo wemera n’ivyo Bibiliya yigisha
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INGENE WOGERERANYA IVYO WEMERA N’IVYO BIBILIYA YIGISHA
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Yezu Kirisitu ni nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Abaja mw Ijuru Ni Bande; Kubera Iki?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
wp16 no. 4 rup. 14-15

Gereranya ivyo wemera n’ivyo Bibiliya yigisha

WOBA uri umukirisu? Nimba uri we, uri umwe mu bantu barenga imiliyaridi zibiri bavuga ko ari abakirisu. Nkako hafi umuntu 1 kuri 3 avuga ko ari umukirisu. Muri iki gihe hari amadini menshi y’abitwa abakirisu, mugabo usanga ayo madini atemera bimwe. Ivyo wemera bishobora kuba bitandukanye n’ivyo abandi bakirisu bemera. None hari ico bitwaye? Biragitwaye nyene nimba wipfuza kuba umukirisu ameze nk’uko Bibiliya imusigura.

Abayoboke ba mbere ba Yezu Kristu biswe “abakirisu.” (Ivyakozwe 11:26) Ico gihe ntivyari bikenewe ko bitwa ayandi mazina kubera ko hari umugwi umwe gusa w’abakirisu. Bose barakurikiza inyigisho n’amategeko vy’uwatanguje ubukirisu ari we Yezu Kristu. Idini urimwo ryo bite? Woba ubona ko ryigisha ivyo Kristu yigishije be n’ivyo abayoboke biwe ba mbere bemera? Wovyemezwa n’iki? Icogukura amazinda ni ugusuzuma ivyo ryigisha wisunze Bibiliya.

Zirikana iki kintu: Yezu Kristu yarubaha cane Ivyanditswe vyeranda akabona ko ari Ijambo ry’Imana. Ntiyashigikira abajoborora inyigisho za Bibiliya mu gushira imbere imigenzo y’abantu. (Mariko 7:9-13) Birumvikana rero ko inyigisho z’abayoboke b’ukuri ba Yezu zitegerezwa kuba zishingiye kuri Bibiliya. Umukirisu wese akwiye rero kwibaza ati: ‘Ivyo bigisha mw’idini nsengamwo vyoba bihuje na Bibiliya?’ Kugira wishure ico kibazo, ubona gute ugereranije ivyo idini ryawe ryigisha n’ivyo Bibiliya yigisha?

Yezu yavuze ko dukwiye gusenga Imana mu kuri, ukwo kuri tukaba tugusanga muri Bibiliya. (Yohani 4:24; 17:17) Intumwa Paulo na we yavuze ko kugira tuzorokoke bisaba ko turonka “ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Timoteyo 2:4) Birahambaye rero ko ivyo twemera biba bishingiye ku kuri kutagiramwo amakosa kwo muri Bibiliya. Ahandiho ntitworokoka.

INGENE WOGERERANYA IVYO WEMERA N’IVYO BIBILIYA YIGISHA

Aho hepfo hari uruzitiro rurimwo ibibazo bitandatu. Tukuremesheje kubisoma no kuraba ico Bibiliya ibivugako. Nusome imirongo yo muri Bibiliya yatanzwe, uzirikane no ku nyishu z’ivyo bibazo. Uce wibaza uti: ‘Ivyo batwigisha mw’idini nsengamwo vyoba bihuye na Bibiliya?’

Kugereranya ivyo idini urimwo ryigisha n’ivyo Bibiliya yigisha vyokugirira akamaro kanini cane. Woba witeguriye kubigira? Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kugufasha gutohoza ukuri gutomoye Bibiliya yigisha. Ubona gute usavye umwe muri bo ngo agufashe kwiga Bibiliya ku buntu? Urashobora no kubisaba uciye ku rubuga rwabo jw.org.

1 IKIBAZO: Imana ni nde?

INYISHU: Yehova, Se wa Yezu, ni we Mana ihoraho akaba n’Umuremyi mushoboravyose.

ICO BIBILIYA IVUGA:

“Twama dukengurukira Imana Se w’Umukama wacu Yezu Kristu iyo tubasengeye.”​—Abakolosayi 1:3.

“Urabereye, Yehova, egome wewe Mana yacu, kuronka ubuninahazwa n’iteka n’ububasha, kubera ko waremye vyose.”​—Ivyahishuwe 4:11.

Raba no mu Baroma 10:13; 1 Timoteyo 1:17.

2 IKIBAZO: Yezu Kristu ni nde?

INYISHU: Yezu ni Umwana w’imfura w’Imana. Yaragize intango kubera ko yaremwe. Arayobokera Imana agakora ivyo igomba.

ICO BIBILIYA IVUGA:

“Data a[ra]nduta.”​—Yohani 14:28.

“[Yezu] ni we shusho y’Imana itaboneka, imfura mu biremwa vyose.”​—Abakolosayi 1:15.

Raba no muri Matayo 26:39; 1 Abakorinto 15:28.

3 IKIBAZO: Impwemu nyeranda ni iki?

INYISHU: Impwemu nyeranda ni inguvu Imana ikoresha mu gushitsa ivyo igomba. Si iyindi mana. Abantu barashobora kwuzuzwa impwemu nyeranda bakagira ububasha.

ICO BIBILIYA IVUGA:

“Elizabeti ngo yumve indamutso ya Mariya, uruyoya ruri mu nda yiwe ruca rurasimbasimba; buno Elizabeti yuzura impwemu nyeranda.”​—Luka 1:41.

“Muzoronka ububasha impwemu nyeranda niyabazako.”​—Ivyakozwe 1:8.

Raba no mw’⁠Itanguriro 1:2; Ivyakozwe 2:1-4; 10:38.

4 IKIBAZO: Ubwami bw’Imana ni iki?

INYISHU: Ubwami bw’Imana ni intwaro yo mw’ijuru. Umwami wabwo ni Yezu. Vuba ubwo Bwami bugiye gutuma ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi yose.

ICO BIBILIYA IVUGA:

“Umumarayika agira indwi na we avuza urumbete rwiwe. Mw’ijuru haba amajwi arenga, avuga ati: ‘Ubwami bw’isi bucitse ubwami bw’Umukama wacu n’ubwa Kristu wiwe, kandi azoganza ibihe bitazoshira.’”​—Ivyahishuwe 11:15.

Raba no muri Daniyeli 2:44; Matayo 6:9, 10.

5 IKIBAZO: Abeza bose boba bazoja mw’ijuru?

INYISHU: Oya. Hariho igitigiri kanaka c’abantu b’abizigirwa Imana yatoye ngo bazoje mw’ijuru. Bitwa “ubusho buto.” Bazofadikanya na Yezu kuganza abantu.

ICO BIBILIYA IVUGA:

“Ntimutinye, mwa busho buto, kuko So yashimye kubaha ubwami.”​—Luka 12:32.

“Bazoba abaherezi b’Imana n’aba Kristu, kandi bazoganzanya na we.”​—Ivyahishuwe 20:6.

Raba no mu Vyahishuwe 14:1, 3.

6 IKIBAZO: Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi n’abantu?

INYISHU: Ku ngoma y’Ubwami bw’Imana, isi izoba Iparadizo kandi abantu b’abizigirwa bazoyibako bafise amagara meza, bibereho imyaka yose mu mahoro.

ICO BIBILIYA IVUGA:

“Abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”​—Zaburi 37:10, 11.

“Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”​—Ivyahishuwe 21:3, 4.

Raba no muri Zaburi 37:29; 2 Petero 3:13.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika