ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp17 no. 2 rup. 3-4
  • Ingabire iruta izindi zose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingabire iruta izindi zose
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ivyo bijanye
  • Ingabire ntangere y’Imana: Kubera iki ari iy’agaciro cane?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ingabire iruta zose ni iyihe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Yezu Kristu—Ukuntu ubutumwa bwiwe bukuraba
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Incungu ni ingabirano iruta izindi zose Imana yatanze
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
wp17 no. 2 rup. 3-4
Umutama ahaye agahungu kamwe agakoresho ko gusongora ikaramu y’igiti

IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | WOBA UZOKWAKIRA INGABIRE NTANGERE Y’IMANA?

Ingabire iruta izindi zose

AKO kantu kameze nk’ubwato Jordan ahawe, ni agakoresho gasongora ikaramu y’igiti. Naho umenga nta co kavuze, ni kimwe mu bintu vyiwe vy’agaciro. Jordan asigura ati: “Umutama umwe w’incuti yitwa Russell ni we yakampaye igihe nari nkiri muto.” Uwo mutama amaze gupfa, Jordan yahavuye amenya yuko yari yarafashije cane abavyeyi biwe hamwe na sekuru, arababa hafi mu bihe vy’ingorane. Jordan yongerako ati: “Aho menyeye vyinshi ku vyerekeye Russell, iyi ngabire ntoyi yampaye naciye ndushiriza kuyiha agaciro.”

Nk’uko ivyashikiye Jordan bivyerekana, hari abobona ko ingabire kanaka ifise agaciro gato canke ko idafise agaciro namba. Ariko iyo uwayihawe ari umuntu akenguruka, yoshobora kubona ko ifise agaciro ntangere. Hariho ingabire y’agaciro kadasanzwe Bibiliya idondora muri aya majambo azwi cane, agira ati: “Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.”​—Yohani 3:16.

Iyumvire nawe ingabire izotuma turonka ubuzima budahera! Hoba hari iyindi ngabire yoza iruta iyo? Naho bamwebamwe boba badaha agaciro iyo ngabire, abakirisu b’ukuri bobo babona ko ari iy’“agaciro.” (Zaburi 49:8; 1 Petero 1:18, 19) Kubera iki none Imana yatanze Umwana wayo?

Intumwa Paulo arabisigura ati: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruzanwa] n’igicumuro, gutyo urupfu [rukwira] ku bantu bose.” (Abaroma 5:12) Wa muntu wa mbere Adamu yaragambarariye Imana n’ibigirankana, bica bituma aronka igihano c’urupfu. Adamu yaciye akwegera urupfu abamukomotseko bose.

“Impembo igicumuro gitanga [ni] urupfu, mugabo ingabirano Imana itanga ni ubuzima budahera biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu.” (Abaroma 6:23) Mu ntumbero yo gukiza abantu urupfu, Imana yararungitse kw’isi Umwana wayo Yezu Kristu kugira ngo adupfire. Iyo “ncungu” rero, izotuma abizera Yezu bose baronka ubuzima budahera.​—Abaroma 3:24.

Ku bijanye n’imihezagiro yose Imana ironsa abasavyi bayo biciye kuri Yezu Kristu, Paulo avuga ati: “Hashimirwe Imana ku bw’ingabirano yayo ya gusa itagira uko yovugwa.” (2 Abakorinto 9:15) Egome, incungu irahambaye cane ku buryo tutoshobora kuyidondora nk’uko bikwiriye. Ariko none, ni kubera iki incungu ihambaye cane kuruta ingabire nziza zose Imana yaduhaye? Ni mu buryo ki iruta izindi ngabire zose Imana itanga?a Mbega hoho, twokwerekana gute ko tuyikenguruka? Turakwinginze usome ibiganiro bibiri bikurikira kugira ngo ubone inyishu Bibiliya itanga kuri ivyo bibazo.

a Yezu yaremeye ‘kutwigura’ n’umutima ukunze. (1 Yohani 3:16) Ariko kubera ko iyo ncungu yari mu mugambi w’Imana, ibi biganiro bishimika ku ruhara rw’Imana, yo yatanze iyo ncungu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika