ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp17 no. 6 rup. 16
  • Bibiliya ibivugako iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya ibivugako iki?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Harumagedoni ni iki?
  • Woba ushobora kurokoka intambara ya Harumagedoni?
  • Intambara ya Harumagedoni ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Harumagedoni—Intango iteye akanyamuneza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Harumagedoni—Bamwe bavuga ko ari iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Harumagedoni ni agakuru keza cane
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
wp17 no. 6 rup. 16
Abantu bava mu mahanga atandukanye bo muri rya “sinzi rinini” barokotse Harumagedoni

Abantu badaharurika bo mu mahanga yose bagize “isinzi rinini” bazorokoka Harumagedoni

Bibiliya Ibivugako Iki?

Harumagedoni ni iki?

Bamwebamwe bavuga . . .

yuko kazoba ari agatikizo k’isi yose biciye ku birwanisho ruhonyanganda canke ku bidukikije. Uvyibazako iki?

Ico Bibiliya ivuga

Harumagedoni ni “intambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose,” ikaba ari iyo guhonya ababisha.​—Ivyahishuwe 16:14, 16.

Ibindi Bibiliya ivuga

  • Imana ntizoteza intambara ya Harumagedoni irondera guhonya isi, ahubwo ni ukugira iyikingire abayihonya.​—Ivyahishuwe 11:18.

  • Intambara ya Harumagedoni izorangiza intambara zose.​—Zaburi 46:8, 9.

Woba ushobora kurokoka intambara ya Harumagedoni?

Wokwishura gute?

  • Ego

  • Oya

  • Kumbure

Ico Bibiliya ivuga

Mu Vyahishuwe 7:9, 14 havuga ko abagize “isinzi rinini” bo mu mahanga yose bazorokoka “ya makuba akomeye,” ayazorangirana n’intambara ya Harumagedoni.

Ibindi Bibiliya ivuga

  • Imana yipfuza ko abantu benshi bashoboka, barokoka Harumagedoni. Imana ihonya abanyakibi ari uko ubundi buryo bwose bwanse.​—Ezekiyeli 18:32.

  • Bibiliya iratubwira ico twokora kugira tuzorokoke Harumagedoni.​—Zefaniya 2:3.

Ushaka ayandi makuru, raba ikigabane ca 8 c’igitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’ivyabona vya yehova

Kiraboneka no kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika