ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp18 no. 2 rup. 10-11
  • Imihango izoranguka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imihango izoranguka
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “ATA KABUZA RIZORORANIRWA”
  • Abakunzi b’Imana Bazoba mw’Iparadizo
    Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
  • Icizigiro
    Be maso!—2018
  • Ingorane zikwiye kw’isi yose zizotorerwa umuti kw’isi yose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ivyahishuwe 21:4​—«Izohanagura amosozi yose ku maso yabo»
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
wp18 no. 2 rup. 10-11
Umugabo ariko yihweza imisozi

Imihango izoranguka

Inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana iriko iramamazwa kw’isi yose, nk’uko Yezu yari yarabivuze. (Matayo 24:14) Bibiliya itubwira ko ubwo Bwami ari intwaro y’Imana. Muri Daniyeli ikigabane ca 2, haravugwa ubuhanuzi bwerekeye urukurikirane rw’intwaro z’abantu zimwezimwe, guhera kuri Babiloni ya kera gushika muri kino gihe. Ku bijanye n’ibizoshika muri kazoza, umurongo wa 44 ugira uti:

“Imana yo mw’ijuru izoshinga ubwami butazokwigera busenyurwa. Kandi ubwo bwami ntibuzohabwa ikindi gisata c’abantu. Buzojanjagura ubwo bwami bwose bubuherengeteze, yamara bwobwo buzohangama gushika ibihe bitagira urugero.”

Ubwo buhanuzi hamwe n’ubundi bwo muri Bibiliya bwaravuze imbere y’igihe yuko Ubwami bw’Imana buzosubirira intwaro z’abantu zose, buzane ugutekanirwa n’urutonde kw’isi. None ubuzima buzoba bumeze gute igihe Ubwami bw’Imana buzoba butegeka? Raba imihango idasanzwe imwimwe igiye kuranguka vuba.

  • Bakoranye mu minwe

    NTA NTAMBARA IZOBA IKIRIHO

    Zaburi 46:9: “[Yehova Imana] ahagarika intambara gushika ku mpera y’isi. Umuheto aravunagura, emwe, icumu agahimbagura; imikogote ayituririra mu muriro.”

    Ibaze ukuntu isi yoba imeze igihe ubutunzi be n’ubuhanga ubu bikoreshwa mu guhingura ibirwanisho, vyokoreshwa mu gufasha abantu aho kubica! Uwo muhango uzoranguka vy’ukuri igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza.

  • Ariko araduga

    NTA NDWARA ZIZOBA ZIKIRIHO

    Yesaya 33:24: “Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”

    Ibaze nawe kuba kw’isi ata n’umwe arwara umutima, kanseri, malariya canke akandi karwara ako ari ko kose. Ibitaro canke imiti ntibizoba bigikenewe. Abazoba bari kw’isi bazoba bifitiye amagara atagira agahaze.

  • Urutete

    NTA MAPFA AZOBA AKIRIHO

    Zaburi 72:16: “Hazoba umukimba w’intete kw’isi; kw’isonga ry’imisozi hazoba umusesekara.”

    Isi izotanga ivyimburwa bikwiye bose, kandi umwe wese azobironka. Inzara no gufungura nabi bizoba ari umugani.

  • Umugabo, umugore n’umwana

    UBUBABARE, INTUNTU CANKE URUPFU NTIBIZOBA BIKIRIHO

    Ivyahishuwe 21:4: “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”

    Abantu bazobaho ibihe bidahera batunganye, kw’isi izoba yahindutse Iparadizo! Ivyo ni vyo Umuremyi wacu adukunda Yehova Imana yasezeranye.

“ATA KABUZA RIZORORANIRWA”

None ivyo vyose vyoba bizoranguka koko? Naho abantu nka bose bemera ata gukeka ko ivyo Imana yasezeranye dusanga muri Bibiliya ari agahore, benshi babona ko kubaho ibihe bidahera bigoye gutahura, kubera imvo zitandukanye. Ivyo ntibitangaje kubera ko ata muntu n’umwe arigera abaho ibihe bidahera ngo atubwire ukuntu bimeze.

Abantu baramaze igihe kinini cane biganziwe n’igicumuro be n’urupfu kandi bashikirwa n’imibabaro be n’amarushwa, ku buryo benshi basigaye babona ko ari ibisanzwe. Mugabo ukwo si ko namba Umuremyi wacu Yehova Imana yashaka ko abantu babaho.

Kugira Imana idufashe kwemera ata mazinda imihango yose yatanze, yavuze ishimitse ku bijanye n’ijambo ryayo iti: “Ntirizogaruka kuri jewe hatagize ikivamwo, mugabo rizokora koko icampimbaye, kandi ata kabuza rizororanirwa mu co naritumye.”​—Yesaya 55:11.

Muri Bibiliya, Yehova avugwa ko ari Imana “idashobora kubesha.” (Tito 1:2) Ko Yehova yadusezeraniye ivyo vyiza vyose, turakwiye rero kwibaza duti: Vyoba bishoboka vy’ukuri ko abantu baba ibihe bidahera kw’isi izoba yahindutse Iparadizo? Twokora iki kugira twungukire ku vyo Imana yasezeranye? Mu mpapuro zikurikira z’iki kinyamakuru, urahasanga inyishu z’ivyo bibazo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika