ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w18 Mukakaro rup. 30-31
  • Icogufasha kwiga Bibiliya neza kandi bikakuryohera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Icogufasha kwiga Bibiliya neza kandi bikakuryohera
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Ivyo bijanye
  • Yipfuza ko twererwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yosuwa 1:9: “Gira umutima rugabo kandi ukomere”
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Ukwiga—Birahesha Impera Kandi Biraryoshe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ukuntu Bibiliya yorushiriza kukugirira akamaro
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
w18 Mukakaro rup. 30-31
Yosuwa ariko asomera Itegeko kw’ikoroboyi

Icogufasha kwiga Bibiliya neza kandi bikakuryohera

Yosuwa ariko asoma Itegeko; impome za Yeriko ziratemvye ariko inzu ya Rahabu igumye ihagaze; Yosuwa ariko arasenga adugije amaboko

YOSUWA arafise igikorwa kitoroshe. Ategerezwa kuyobora ihanga rya Isirayeli akarishikana muri ca Gihugu c’isezerano naho hari intambamyi zikomeye. Yamara, Yehova aramukura amazinda ko azororanirwa, kandi akamuremesha ati: ‘Ugire umutima rugabo kandi ukomere cane. Ukore wisunze Itegeko ryanje. Urisome umurango n’ijoro, kugira ngo witwararike gukora wisunze ivyanditswe muri ryo vyose. Aho ni ho uzotuma inzira yawe iroranirwa kandi ugakorana ubukerebutsi.’​—Yos. 1:7, 8.

Muri ibi “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira,” na twebwe turashikirwa n’intambamyi zikomeye. (2 Tim. 3:1) Nk’ukwo kwa Yosuwa, turashobora kuroranirwa dukurikije iyo mpanuro Yehova yamuhaye. Turakwiye kwama dusoma Bibiliya, kandi tukitwararika gushira mu ngiro ingingo ngenderwako ziri muri yo igihe dushikiwe n’ingorane.

Ariko rero, benshi muri twebwe bokwiyemerera ko kwiga atari ikintu kiturimwo. Yamara kubera ko kwiga Bibiliya bihambaye cane, nurabe uruzitiro ruvuga ngo “Nugerageze ibi vyiyumviro.” Uraza kuronka impanuro nziza zishobora gutuma wiga neza kandi bikakuryohera.

Umwanditsi wa zaburi yaririmvye ati: “Nutume ngendera mu munyuro w’amabwirizwa yawe, kuko nahimbawe na wo.” (Zab. 119:35) Urashobora guhimbarwa cane no kwiga Ijambo ry’Imana. Niwimba uzokwubura ubutunzi buri muri ryo.

Naho udasabwa kuyobora ihanga nka Yosuwa, na wewe ntubuze intambamyi. Cokimwe na Yosuwa rero, niwige kandi wisunge ivyo Yehova yandikishije kugira bikugirire akamaro. Niwabigira, na wewe uzororanirwa kandi ukorane ubukerebutsi.

NUGERAGEZE IBI VYIYUMVIRO

  • Umuntu apfumbase amaboko ariko arasenga

    Nusenge imbere yo kwiga. Bibiliya irimwo ivyiyumviro Imana Mushoboravyose yandikishije kugira bigufashe. Igihe rero ugira usome Bibiliya, numusabe agufashe gutahura ivyo usoma, kuvyibuka no kubishira mu ngiro mu buzima bwawe.​—Ezr. 7:10.

  • Umuntu ariko yibaza ibibazo

    Niwibaze ibibazo igihe usoma Bibiliya canke ibisohokayandikiro bishingiye kuri yo. Wokwibaza uti: ‘Ibi nsomye binyigishije iki ku vyerekeye Yehova? Bifitaniye isano nyabaki n’ubutumwa nyamukuru buri mw’Ijambo ryiwe? Nokoresha gute ibi vyiyumviro mu gufasha abandi?’

  • Umuntu ariko arazirikana

    Nuzirikane ku vyo wize. Nuhagarare gato maze uzirikane. Niwibaze uti: ‘Ibi nize bituma niyumva gute? Kubera iki bitumye niyumva gutya? Bifitaniye isano gute n’ivyo naciyemwo muri kahise, ibiriko biranshikira ubu canke ibishobora kunshikira mu gihe kiri imbere? Noshira gute mu ngiro izi ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya be n’izi mpanuro?’ (Yobu 23:5; Zab. 49:3) Nurabe nimba woshobora gusigura igituma Yehova ahimiriza abasavyi biwe kwirinda imigenzo imwimwe be n’ingaruka zoshikira uwuhisemwo gukora ibinyuranye n’ivyo asaba.​—Gus. 32:28, 29.

  • Umuntu ariko yiha ishusho y’ivyo asoma muri Bibiliya

    Nugerageze kwiha ishusho y’ivyo uriko urasoma. Nk’akarorero, woba ushobora kwiha ishusho abo bavukana na Yozefu bariko baramugurisha ku Bishimayeli? (Ita. 37:18-28) Gerageza kubona, kwumva no kumoterwa n’ivyo usoma. Niwishire mu kibanza c’abariko baravugwa. Wibaza ko bariko biyumvira iki kandi biyumva gute? Ivyo vyiyumviro bizotuma ubona mu bwenge ivyo wiga kandi birushirize kukugirira akamaro.

  • Ibikoresho vyo kugira ubushakashatsi

    Niwikore ku bikoresho turonswa kugira ugire ubushakashatsi. Niwimenyereze gukoresha ibikoresho biboneka mu rurimi rwawe, vyaba ivyo kuri internet canke ivyo mu mpapuro. Ntugonanwe gusaba abandi ngo bagufashe kumenya ingene wobikoresha neza. Nk’akarorero, ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova kizogufasha kumenya amakuru yasohowe ku bintu bitandukanye n’insobanuro y’imirongo itari mike yo muri Bibiliya. Nukoreshe ka Gatabu gafasha kwiga Ijambo ry’Imana karimwo amakuru ngirakamaro yerekeye indondabihugu, ingene ibintu vyagiye birakurikirana, ingero z’uburemere be n’iz’ibindi bintu, n’ibindi n’ibindi.

  • Umuntu ariko arasubiramwo ivyiyumviro nyamukuru yize

    Nugire isubiramwo ry’ivyiyumviro nyamukuru kugira bigufashe kwibuka ivyo uhejeje kwiga. Ikiruta vyose, nubiyagire abandi. Hoba hari ivyo wokoresha mu busuku? Niwabigenza gutyo, ntibizogufasha gusa kwibuka ivyiyumviro nyamukuru, ariko kandi uzoba uriko urabikoresha kugira ufashe abandi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika