ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w18 Nyakanga rup. 22
  • Umenya gute amasaha?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umenya gute amasaha?
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Ivyo bijanye
  • Turabe uko tugenda
    Ririmbira Yehova amashemezo
  • Woba wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • “Mwame Mugavye”!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Kubera iki dukwiye ‘kuguma turi maso’?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
w18 Nyakanga rup. 22

Umenya gute amasaha?

UKORA iki iyo ushaka kumenya aho amasaha ageze? Kumbure uca uraba kw’isaha yawe. Hamwe umugenzi yokubaza isaha, womwishura gute? Hariho uburyo bwinshi bwo kuvuga aho amasaha ageze. Uti gute?

Dufate ko kw’isaha handitse ngo 1:45. Woshobora guca umwishura uti ni isaha indwi n’iminota 45, canke uti ni isaha umunani zibura iminota 15. Mu bihugu bimwebimwe bafatira ku masaha 24 agize umusi, maze isaha indwi n’iminota 45 z’umuhingamo bigaca vyandikwa ngo 13:45.

Kubera ko ukunda gusoma Bibiliya, woshobora kwibaza ingene abantu baharura umwanya igihe Bibiliya yandikwa. Bakoresha uburyo butandukanye. Mu Vyanditswe vy’igiheburayo, harakoreshwa imvugo ngo “mu gitondo,” “ku mutaga” no “ku mugoroba.” (Ita. 8:11; 19:27; 43:16; Gus. 28:29; 1 Abm. 18:26) Ariko rero, hari igihe hakoreshwa imvugo irushirije kudomako.

Mu bihe vya Bibiliya, barakunda gukoresha abarinzi, na canecane mw’ijoro. Hagisigaye imyaka amajana ngo Yezu avuke, Abisirayeli bagabura ijoro mu materama atatu. (Zab. 63:6) Mu Bacamanza 7:19, haravuga “iterama ryo mu gicugu.” Mu gihe ca Yezu na ho, Abayuda bagabura ijoro mu materama ane, nk’uko Abagiriki n’Abaroma babigira.

Ayo materama aravugwa akatari gake mu Njili. Nk’akarorero igihe Yezu yagendagenda ku mazi yerekeza ku bwato bwarimwo abigishwa biwe, hari “mu gihe c’iterama rigira kane ry’ijoro.” (Mat. 14:25) Mu kigereranyo kimwe, Yezu yavuze ati: “Iyaba nyen’urugo yari azi iterama igisuma coziyemwo, yogumye arikanuye ntareke ngo inzu yiwe imenwe.”​—Mat. 24:43.

Yezu yarerekeje kuri ayo materama yose uko ari ane, igihe yabwira abigishwa biwe ati: “Nuko rero mugume muri maso, kuko mutazi igihe nyen’urugo azozirako, namba azoza buhwibiriye canke mu gicugu canke mu nkoko canke mu gatondo ka kare.” (Mrk. 13:35) Iterama rya mbere, ni ukuvuga “buhwibiriye,” ryatangura izuba rirenze gushika nk’isaha zitatu z’ijoro. Iterama rya kabiri, ni ukuvuga “mu gicugu,” ryatangura nk’isaha zitatu z’ijoro gushika isaha zitandatu z’ijoro. Iterama rya gatatu, ni ukuvuga “mu nkoko” canke “igihe isake ibika,” ryatangura mu gicugu gushika nk’isaha icenda z’ijoro. Birashoboka ko muri iryo terama ari ho isake yabitse muri rya joro Yezu yafatiwemwo. (Mrk. 14:72) Iterama rya kane, ni ukuvuga “mu gatondo ka kare,” ryatangura nk’isaha icenda gushika izuba riserutse.

Naho rero mu bihe vya Bibiliya batari bafise ibikoresho dufise ubu vyerekana amasaha, bari bafise uburyo bakoresha mu kumenya amasaha y’umurango n’ay’ijoro.

Ya materama ane y’Abayuda mu bihe vya Bibiliya
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika