Uragaba ku Ngeramizi z’Ikoreshwa ry’Ubuhinga bwa Internet!
1 Ivyabona vya Yehova barahimbarwa no kuba bari kumwe. Barahimbarwa no kubwirana ivyabaye mu gikenurwa co mu ndimiro, kandi bagashima kwumva ivyerekeye ivyabaye bijanye n’Ivyabona vya Yehova be n’umurimo w’ivy’Ubwami hirya no hino kuri uyu mubumbe. Barashima kubwirwa ikintu cose gikomeye gishobora kuba carashikiye abavukanyi bacu, nk’amagume canke icago c’icaduka, kandi barashaka kumenya nimba hari ikintu bashobora gukora kugira ngo bafashe. Mwene ukwo kwitwararika kurerekana ubumwe buri mu bavukanyi, bikagaragaza yuko vy’ukuri dukundana.—Yoh. 13:34, 35.
2 Muri iki gihe, turumva ningoga na ningoga ibintu biba mw’isi. Amakuru yo kw’iradiyo no kuri televiziyo arabwira canke akereka abayakurikira bo kw’isi yose ido n’ido ry’ibiriko biraba. Telefone na yo nyene iratuma ugutumatumanako amakuru n’abantu bo hirya no hino kw’isi gushoboka buno nyene. Mu vy’ugutumatumanako amakuru, ubuhinga buherutse kuboneka buriko burakwegēra abantu benshi ni ubwitwa Internet.—Raba Réveillez-vous! yo ku wa 22 Mukakaro 1997.
3 Iyuburwa rya telefone ryaratumye haba uguhanahana n’abandi amakuru kunyaruka kw’isi yose. Naho telefone ari ngirakamaro cane, harakenewe ukwiyubara mu kuntu ikoreshwa, kuko ishobora kuba igikoresho cotuma haba abo twifatanya batabereye canke ivyo dukora bitabereye, kandi kurenza urugero mu gukoresha telefone birashobora kudutwara vyinshi. Televiziyo n’i radiyo birafise ubushobozi mu vyo kwigisha. Mugabo ikibabaje ni uko ibintu vyinshi mu biganiro bishikirizwa usanga ari ivyononekaye mu vy’ukwigenza runtu, kandi kubikurikira ugasanga ari uguta umwanya. Ubukerebutsi budusaba yuko tuba abarobanuzi mu gukoresha televiziyo n’i radiyo.
4 Ubuhinga bwa Internet buratuma umuntu atumatumanako amakuru n’abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi atarishe menshi, kandi bugatuma aronka amakuru menshi cane. (Réveillez-vous! yo ku wa 8 Nzero 1998) Ariko rero, umuntu atarobanuye ivyo akurikira igihe ariko arakoresha ubwo buhinga, birashobora gutuma ahura n’ingeramizi zihambaye zo mu buryo bw’impwemu no mu vy’ukwigenza runtu. Ivyo bishoboka gute?
5 Abatari bake bararajwe ishinga n’amakuru amaze gushirwa kuri Internet yerekana uburyo bwo gukora ibirwanisho, harimwo n’amabombe. Amahinguriro aridogera umwanya abakozi batakaza bariko bakoresha ubuhinga bwa Internet. Hariho ibintu vyinshi vyavuzwe mu bisohokayandikiro vyacu ku vyerekeye ingeramizi zibonekeza zo mu vy’impwemu abantu bahuye na zo kuri Internet. Ibitari bike mu bishikirizwa n’ubwo buhinga usanga vyerekana ibintu vy’ubukazi n’ivy’ubushegabo bitabereye Abakirisu na gato. (Zab. 119:37) Turetse izo ngeramizi, hariho iyindi ngeramizi itibonekeje Ivyabona vya Yehova canecane bakeneye kubako maso. Iyo ngeramizi ni iyihe?
6 Mbega woha ikaze kavantara mu nzu yawe utabanje kumenya uwo ari we? Wobigenza gute mu gihe ata buryo buriho bwo kumumenya? Mbega kavantara mwene uwo woreka agasigara ari wenyene n’abana bawe? Ivyo ni ibintu bishobora kuba ata kabuza kuri Internet.
7 Ubutumwa buciye muri orodinateri burashobora kurungikwa kandi ukabwakira buvuye ku bantu utazi. Ni na ko bigenda igihe uganirira muri orodinateri canke mu rwego rwo kuganiriramwo rwo kuri Internet. Abo mutumatumanako amakuru rimwe na rimwe barashobora kuvuga ko ari Ivyabona vya Yehova, mugabo kenshi baba atari bo. Umuntu yoshobora kuvuga ko ari uwukiri muto kandi atari vyo. Canke umuntu yoshobora mbere kuvuga abesha yuko ari uw’igitsina kanaka.
8 Amakuru urungikirwa yoshobora kuza ameze nk’ivyabonywe canke insasanuro zerekeye ivyo twizera. Ayo makuru kenshi ahabwa abandi, hanyuma bano na bo bagasubira bakayahereza abandi nyene. Nya makuru kenshi si ayashobora guhinyuzwa, kandi ashobora kuba ari ay’ikinyoma. Izo nsasanuro zishobora kuba ari izo abantu bikingiriza kugira bakwiragize ivyiyumviro vy’abahakanyi.—2 Tes. 2:1-3.
9 Uravye iyo ngeramizi rero, igihe ukoresha Internet niwibaze uti: ‘Ubwo buhinga noba ndabukoresha iki? Vyoshoboka ko mererwa nabi mu vy’impwemu mu buryo ndiko ndabukoresha? Noshobora kuba ndiko ngirira nabi abandi mu vy’impwemu?’
10 Ibibanza vyo Kuri Internet Vyitirirwa vy’Ivyabona vya Yehova”: Rimbura nk’akarorero bimwebimwe mu bibanza vyo kuri Internet vyashizweho n’abantu bavuga ko ari Ivyabona vya Yehova. Baragutumira ngo urabe mu bibanza bahafise kugira ngo usome udukuru twashizweho n’abandi bantu bavuga ko ari Ivyabona. Bakuremesha gutanga ivyiyumviro vyawe no kuvuga ukuntu ubona ibintu ku vyerekeye ibisohokayandikiro vy’Ishirahamwe. Hariho abatanga ivyiyumviro vyokurikizwa ku vy’uburyo bwo gutanguza ikiyago mu gikenurwa co mu ndimiro. Ivyo bibanza biratanga ahantu ho kuganirira kugira ngo abantu baze barahashika, bigatuma bashobora kwihanahanira amakuru n’abandi, bikamera nk’ukuvugana n’umuntu kuri telefone. Kenshi birakurungika ku bindi bibanza aho ushobora guhanahanirako amakuru n’Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino kw’isi. Ariko ubwo woshobora kwemeza ata mazinda ko iyo mibonano itatunganijwe n’abahakanyi?
11 Kwifatanya n’abantu biciye kuri Internet bishobora kuba bitajanye n’ivyo dusabwa mu Banyefeso 5:15-17. Intumwa Paulo yanditse ati: “Mwirinde cane uburyo mugenda, mwoye kugenda nk’imburabgenge, ariko mugende nk’abanyabgenge, mugura uburyo mubugwiza, kukw imisi ari mibi. Nuko ntimube ibipfu, ariko mutahure ivy’Umwami wacu agomba ivy’ari vyo.”
12 Ishengero rya gikirisu ni uburyo bwa gitewokarasi bukoreshwa kugira ngo tugaburirwe mu vy’impwemu na “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Mat. 24:45-47, NW) Mw’ishirahamwe ry’Imana, turaharonkera ubuyobozi kandi tugakingirwa kugira tugume twitandukanije n’isi, tukanavyurirwa umutima wo kuguma turi na vyinshi dukora mu Mukama. (1 Kor. 15:58) Umwanditsi wa Zaburi yarerekanye yuko yagira umunezero kandi akumva ko atekaniwe ari mu basavyi b’Imana bakoraniye hamwe. (Zab. 27:4, 5; 55:14; 122:1) Ishengero kandi rirashigikira rikongera rigasahiriza mu vy’impwemu abifatanya na ryo. Muri ryo, urashobora kuhasanga umugwi w’abagenzi bakundana, bitwararika—abantu ubwawe uzi, biteguriye gufasha babikunze no guhumuriza abandi mu bihe vy’amagorwa. (2 Kor. 7:5-7) Abagize ishengero barakingirwa n’intunganyo ishingiye ku Vyanditswe yo guca abacumura ntibihane canke baremesha ivyiyumviro vy’abahakanyi. (1 Kor. 5:9-13; Tito 3:10, 11) None twokwitega kuhasanga izo ntunganyo ndangarukundo nyene igihe twifatanya n’abandi biciye kuri Internet?
13 Vyabonetse yuko ahubwo ibintu bimeze ukundi. Ibibanza bimwebimwe mu vy’ukuri ni ivyo gukwiragiza poropagande z’abahakanyi. Mwene ivyo bibanza vyo kuri Internet vyoshobora kuvuga ibintu ukundi, kandi abahagarikiye ikibanza kanaka boshobora gutanga insobanuro z’ido n’ido zo kwemeza yuko bo vy’ukuri ari Ivyabona vya Yehova. Boshobora no kugusaba amakuru kugira ngo barabe ko wewe uri Icabona ca Yehova.
14 Yehova ashaka ko ukoresha ugutegera. Kubera iki? Kubera ko azi yuko kuzogukingira ingeramizi zitandukanye. Mu Migani 2:10-19 hatangura havuga hati: “Kuk’ubgenge buzokwinjira mu mutima wawe, kand’ukumenya kuzohimbara ubugingo bgawe. Amakenga azogushibamira, ugutahura kuzokuzigama.” Kuzokuzigama kugukingire iki? Kugukingire ibintu nk’ “inzira mbi,” abata inzira zigororotse, be n’abantu b’abashegabo n’abahuvye mu ngendo basanganywe.
15 Iyo tugiye ku Ngoro y’Ubwami, ntidukwiye gukeka ko turi kumwe n’abavukanyi bacu. Turabazi. Nta n’umwe asaba ikivyemeza kubera ko urukundo rwa kivukanyi rugaragazwa ruvyerekana. Ubwacu ntidusabwa kwitangira ivyemeza ko turi Ivyabona vya Yehova vy’ukuri. Aho ni ho dusanga kwa guhanahana indemesho kw’ukuri Paulo yavuga mu Baheburayo 10:24, 25. Ibibanza vyo kuri Internet biremesha ukwifatanya biciye ku vyuma nta muntu yoshobora kuvyizigira ngo vyobimufashamwo. Kugumya mu muzirikanyi amajambo yo muri Zaburi 26:4, 5 birashobora kutugabisha ku ngeramizi twoshobora guhura na zo igihe dukoresha ibibanza vyo kuri Internet.
16 Amakuru abakoresha Internet babika kandi bagashikira ntashingiwe akarimbi canke ngo habe harimwo ayabuzwa kuraba. Kenshi mu biherekanwa usanga huzuyemwo abana be n’imiyabaga bagirirwa nabi, kandi abantu bakabakoresha ivyo bishakiye. Abana barizigira, bagashaka kumenya, kandi bakarondera cane kwubura ako kandi karere gasa na gashasha kabikwamwo amakuru ka orodinateri. Abavyeyi rero bakeneye gucungera abana babo no kubaha ubuyobozi bwiza bwo mu Vyanditswe ku vyerekeye ikoreshwa ry’ubuhinga bwa Internet, nk’uko nyene bobayobora mu kuntu bacagura imiziki n’amasenema baraba.—1 Kor. 15:33.
17 Ikibabaje ni uko hari bamwebamwe bigeze kuba ari abavukanyi n’abavukanyikazi bacu babwirijwe gucibwa kubera ukwifatanya n’abagenzi kwatanguriye ku kubonana n’abantu bo mw’isi biciye mu rwego rwo kuganiriramwo rwo kuri Internet, hanyuma amaherezo bibashikana ku bushegabo. Ikintu kibabaje c’agahomerabunwa, ni uko abakurambere banditse yuko hari bamwe bataye bute abagabo babo canke abagore babo, baja kugiriranira ubucuti n’umuntu bwatanguriye kuri Internet. (2 Tim. 3:6) Hari abandi bantu bihakanye ukuri kubera ukwemera amakuru atangwa n’abahakanyi. (1 Tim. 4:1, 2) Turavye izo ngeramizi zose zikomakomeye, ntibisa n’ivyumvikana none tubaye maso kugira ngo ntiduhave tuja mu biganiro vyo kuri Internet? Vy’ukuri, gukoresha ubukerebutsi, ubumenyi, ububasha bwo kwiyumvira hamwe n’ugutegera bivugwa mu Migani 2:10-19 bikwiye kutuzigama muri ivyo.
18 Biribonekeza ko hari abantu batari bake batanguje ibibanza kuri Internet ngo kugira bamamaze inkuru nziza. Vyinshi muri ivyo bibanza usanga bihagarikirwa n’abavukanyi batari inkerebutsi. Ibindi bibanza bishobora kuba bihagarikiwe n’abahakanyi bipfuza gukwegakwega abatiyubara. (2 Yoh. 9-11) Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Kigarama 1997, ku rupapuro 3, caragize ico kivuga ku vy’uko abavukanyi bacu boba canke batoba bakeneye gutanguza ibibanza kuri Internet, giti: “Si ngombwa ko hagira uwandika [impapuro zo] gushira muri Internet ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova, imirimo dukora n’ivyo twemera. Ikibanza tuhafise cemewe n’amategeko [ari co www.watchtower.org] kiratanga amakuru arashe ashikirwa n’uwo wese akoresha ubwo buhinga.”
19 Ibikoresho vy’Ukwigiramwo Bicishijwe Kuri Internet? Hari abiyumvira ko bariko barafasha abavukanyi mu gushira kuri Internet amayagwa bashakashatse mu bijanye n’imirimo itandukanye ya gitewokarasi. Nk’akarorero, umuntu yoshobora kugira ubushakashatsi bushimikiye ku rucacagu rw’insiguro y’icese hanyuma agaca abishira kuri Internet, akiyumvira yuko mwene ayo mayagwa azogirira akamaro abakeneye gutegurira kuri urwo rucacagu nyene. Abandi bahashira ivyanditswe vyose vyo mu Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi igiye kugirwa, canke bagatanga ahakurwa amayagwa y’Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi canke ay’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero. Bamwebamwe boshobora gutanga ivyiyumviro vy’uburyo bwo gushikiriza inkuru nziza mu gikenurwa co mu ndimiro. Ubwo ivyo hari ico bifasha vy’ukuri?
20 Ibisohokayandikiro bitangwa n’ishirahamwe rya Yehova birakabura imizirikanyi yacu bikoresheje ivyiyumviro vyubaka, kandi bikatumenyereza “gutandukanya ikibi n’iciza.” (Heb. 5:14) None turashobora kuvuga yuko ivyo tubishikako mu gihe abandi ari bo batugirira ubushakashatsi?
21 Abakirisu b’i Beroya bavuzwe ko “bar’imico myiza kuruta ab’i Tesalonike.” Kubera iki? Kubera ko “bākiriye ijambo ry’Imana n’umutima ukunze, basesa mu vyanditswe uko bukeye, ngo bamenye yukw ivyo ar’ivy’ukuri.” (Ivyak. 17:11) Naho Paulo na Sila bababwiye inkuru nziza, ukuri ntikwashobora kubanyura mu gihe bo ubwabo batavyisomeye.
22 Gukoresha ubushakashatsi uwundi muntu yagize ku nsiguro canke ku gutegura irindi koraniro, mu vy’ukuri birica intumbero y’ukwiyigisha. None ntiwipfuza kwubaka ukwizera wewe ubwawe ufitiye Ijambo ry’Imana? Ushimikiye ku kujijuka ufise, urashobora rero guserura ku mugaragaro ukwizera kwawe—mu nsiguro ushikiriza, mu nsasanuro utanga ku makoraniro, hamwe no mu gikenurwa co mu ndimiro. (Rom. 10:10) Gukoresha ubushakashatsi bwagizwe n’uwundi muntu ntibijanye n’indondoro yo mu Migani 2:4, 5 yuko umuntu ubwiwe ‘yoguma arondera ukumenya Imana nk’ubutunzi bwanyegejwe.’
23 Nk’akarorero, igihe uriko urarondera ivyanditswe muri Bibiliya yawe bwite, urashobora gusubiramwo muri make ivyanditswe bikikije icanditswe kimwe cose. Urashobora “gukurikiranya vyose neza” nk’uko Luka yabigize igihe yandika Injili yitiriwe izina ryiwe. (Luka 1:3) Wongereje akigoro bizogufasha kandi kuba umuhanga mu vy’ukurondera ivyanditswe uri mu gikenurwa, no mu gihe uriko urashikiriza insiguro. Hari abatari bake bavuze yuko batangazwa n’Ivyabona vya Yehova kubera ko bazi gukoresha Bibiliya zabo. Uburyo bumwe rudende bwotuma dushobora gushika kuri ivyo ni mu kugira akamenyero ko kurondera ivyanditswe muri Bibiliya zacu bwite.
24 Gukoresha Umwanya Wacu n’Ubukerebutsi: Ikindi tworimbura muri ivyo, kijanye n’umwanya umuntu amara mu gushira amakuru muri Internet, kuyasoma no kuyishura. Muri Zaburi 90:12 haturemesha gusenga gutya: “Utwigishe guharūra imisi yacu uburyo butuma dutunga imitima y’ubgenge.” Paulo yavuze ati: “Igihe cāgiriye.” (1 Kor. 7:29) Yarongeye ati: “Nuko rero, iyo turonse uburyo, tugirire bose neza, cane-cane ab’inzu y’abizera.”—Gal. 6:10.
25 Izo mpanuro zirerekana ukuntu dukeneye kuba inkerebutsi mu gukoresha umwanya wacu. Ese ukuntu birushiriza kuba ngirakamaro tumaze umwanya dusoma Ijambo ry’Imana! (Zab. 1:1, 2) Iryo ni we mugenzi arushirije kuba mwiza dushobora kuronka. (2 Tim. 3:16, 17) Bavyeyi, mwoba muriko murigisha abana banyu akamaro ko gukoresha umwanya wabo n’ubukerebutsi mu gukurikirana ivy’Ubwami? (Umus. 12:1) Umwanya umuntu amara ariko yiyigisha yongera agirira umuryango inyigisho ya Bibiliya, yitaba amakoraniro, ari mu gikenurwa co mu ndimiro, urafise agaciro karuta rwose umwanya yota kuri Internet arondera kugira ivyo ahungukira.
26 Muri ivyo, inzira y’ubukerebutsi ni uko twokwitwararika ibintu vy’impwemu be n’ibintu ngirakamaro kandi bikaba ari ntahara ku buzima bwacu bwa gikirisu. Ivyo bisaba kugira amahitamwo twazirikanye neza ku vyerekeye amakuru akwiriye ko tuyahebera umwanya wacu kandi tukanayiyumvira. Kubera ko turi Abakirisu, ivyogirira akamaro ubuzima bwacu vyaravuzwe na Kirisitu muri make, uwavuze ati: “Mubanze mwitwararike ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa.” (Mat. 6:33) None ntiwumva umunezero ntangere igihe ubuzima bwawe bwuzuye imirimo yo gukurikirana ivy’Ubwami kuruta iyindi iyo ari yo yose?
27 Ubutumwa Bucishijwe Kuri Orodinateri Ifise Internet: Naho bibereye kuganirira utwo wabonye canke gushikiriza ivyiyumviro vyawe abo mu muryango canke abagenzi baba kure cane, ubwo vy’ukuri vyoba biranga urukundo ubishikirije abandi boba batakuzi canke batazi umuryango wawe canke abagenzi bawe? Canke ivyo vyoba bikwiriye gushirwa kuri Internet kugira ngo uwo ari we wese abisome? Mbega ubwo butumwa bukwerekeye, woba ukwiye kubwimura hanyuma ukaburungikira uwo ari we wese mu bantu woba uzi canke woba utazi? Muri ubwo buryo nyene, mu gihe uronse ubutumwa buvuye ku bandi biboneka neza ko butari burungikiwe wewe, hoho vyoba biranga urukundo uburungikiye abandi?
28 Bite hoho mu gihe agakuru ubashikirije koza atari ak’ukuri? Ivyo none ntikwoba ari ukubandanya gukwiragiza ibitari ukuri? (Imig. 12:19; 21:28; 30:8; Kol. 3:9) Vy’ukuri, kuguma ‘twirinda cane uburyo tugenda, atari nk’imburabwenge ariko nk’abanyabwenge’ vyotuma turimbura ivyo. (Ef. 5:15) Ese ukuntu duhimbawe kuba igitabu c’umwaka Annuaire, Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! vyuzuye udukuru tw’ukuri tuturemesha tukongera tukatuvyurira agatima ko kuguma tugendera mu “nzira”!—Yes. 30:20, 21.
29 Hariho kandi iyindi ngeramizi. Intumwa Paulo yavuze kuri bamwebamwe ati: “Biga kugira ubunebge, bagenda imihana; ariko rero s’ubunebge gusa, ikigeretseko bararegeteranya bīta mu bitar’ivyabo, bavuga ivyo badakwiye.” (1 Tim. 5:13) Ivyo birarwanya kumara umwanya no kugira akigoro umuntu ariko ararungikira abavukanyi bacu amakuru atagira mvura.
30 Iyumvire kandi umwanya bitwara umuntu kugira ngo ugume ukurikirana amakuru menshi acishwa muri orodinateri. Igishimishije, hari igitabu kimwe, Data Smog, cavuze giti: “Uko umuntu amara umwanya munini cane kuri ubwo buhinga, ugutumatumanako amakuru biciye kuri orodinateri birahinduka ningoga bikava ku kuba ubuhinga bushasha bukabura, bikaba umutwaro uheza umwanya, uko bukeye uko bwije umuntu akaza araronka ubutumwa injojo buvuye ku bo bakorana, ku bagenzi, ku muryango, bwo gusoma no kwishura, . . . hamwe n’iyamamazwa utasavye ry’ibidandazwa.” Kirongera kikavuga giti: “Benshi mu bishinga ivya orodinateri baratoye akamenyero kabi cane ko kurungika amakuru yose baronse—uri ibijajuro, imigani yo mu banyagihugu, amakete ahanahanwa, n’ibindi—bakabirungikira umuntu wese yanditse mu gitabu cabo ca aderese za orodinateri.”
31 Ivyo vyarabonekeye ku butumwa buca kuri orodinateri bwatemberejwe mu bavukanyi benshi—nk’ibijajuro canke inkuru zitwenza zerekeye igikenurwa; ivyivugo vy’amazina vyitwa ngo ni ibishingiye ku vyo twemera; ibigereranirizo vyakuwe mu nsiguro zitandukanye zatanzwe ku materaniro, canke ku Ngoro y’Ubwami; ivyabonywe mu gikenurwa co mu ndimiro; n’ibindi—bikaba ari ibintu bisa n’uko ataco bitwaye na gato. Abenshi barakunda kurungika mwene ubwo butumwa buca kuri orodinateri batabanje kuraba iyo buvuye, bigatuma hatamenyekana uwaburungitse vy’ukuri uwo ari we, bikaba vyari bikwiye gutuma umuntu yibaza nimba ayo makuru yoba ari ay’ukuri koko.—Imig. 22:20, 21.
32 Mwene ubwo butumwa butagira mvura si mwene ya majambo mazima Paulo yari afise mu muzirikanyi igihe yandikira Timoteyo avuga ati: “Gumya icitegererezo c’amajambo mazima wanyumvanye, ukigumishe ukwizera n’urukundo rubonerwa muri Kristo Yesu.” (2 Tim. 1:13, ni twe tubihiritse.) “Icitegererezo c’amajambo mazima” ca rwa “rurimi rutunganye” rw’ukuri kwo mu Vyanditswe gishimikiye canecane ku mutwe-shimikiro wa Bibiliya, ni ukuvuga ukugarukirwa kw’ukugaba n’ukuganza kwa Yehova biciye ku Bwami. (Zef. 3:9) Dukwiye kugira akigoro kose gashoboka kugira ngo umwanya dufise wose be n’inkomezi dufise zose tubikoreshe mu gushigikira iryo garukirwa ry’ukugaba n’ukuganza kwa Yehova.
33 Kubera ko tugeze kure mu misi y’iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu, iki si igihe co gusamara. Bibiliya ituburira iti: “Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye: umurezi wanyu, ari we wa Murwanizi, agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa.” (1 Pet. 5:8) Irongerako iti: “Mwambare ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore guhagarara mudatsinzwe n’ubugunge bga wa Murwanizi.”—Ef. 6:11.
34 Bukoreshejwe nabi, ubuhinga bwa Internet burashobora kuba uburyo Shetani akoresha kugira ngo acakire abo akwegakwegesha ububasha bw’ubwo buhinga. Naho nyene bwoshobora kugira akamaro gatoyi, burimwo ingeramizi mu gihe umuntu atoba abukoreshanije ukwiyubara. Abavyeyi canecane barakeneye kwitwararika ukuntu abana babo bakoresha Internet.
35 Tugumye tubona ubuhinga bwa Internet ku burimbane, vyotubera uburinzi. Turashima impanuro ihuye n’igihe yatanzwe na Paulo igira iti: “Abakoresha ivy’isi, bamere nk’abatabishishikaye: kuk’ukw isi imeze uku, kugenda gu[hinduka].” (1 Kor. 7:29-31) Tugumije ivyo bintu mu muzirikanyi, bizodufasha twe n’imiryango yacu kuguma tudasamazwa n’ibintu vyose isi ifise itanga, dushizemwo ibiri kuri Internet.
36 Ni ngombwa rero ko tuguma twiyegereje abavukanyi bacu mw’ishengero kandi tugakoresha umwanya usigaye n’ubukerebutsi, gutyo turonke umwanya wo guteza imbere ivyungura Ubwami. Uko uru runkwekwe rutera rwegereza iherezo ryarwo, “nti[tu]be [tu]kigenda nk’ukw abanyamahanga bagenda, bagendera mu bitagira ikimazi vyo mu bgenge bgabo,” ariko “[tubandanye gutahura] ivy’Umwami wacu agomba ivy’ari vyo.”—Ef. 4:17; 5:17.