Amakoraniro Ari n’Ico Yungura Abakiri Bato
1 Umukobwa w’umuyabaga yavuze ati: “Hari aho niyumvira ko abakiri bato ari bo bigora cane kuruta mu buzima. Tubana n’abantu bashurashura, banywa ibiyayuramutwe kandi baborerwa.” Kwoba ari ukwo wiyumva? Nimba ari uko, ni igiki wiyumvira ko kizogufasha kurwanya utwo twosho tubi? Urazi yuko atavyo woshobora! Urakeneye ukwizera, ukwizera gukomeye yuko inzira za Yehova zigororotse, kuko ukwo utagufise ‘ntibishoboka ko umuhimbara.’ (Heb. 11:6) Kwitaba amakoraniro y’ishengero bizogufasha gukomereza ukujijuka kwawe kw’Umukirisu be n’umwiyemezo wawe wo kuzibukira ikibi.
2 Amakoraniro Arafise Vyinshi vyo Kuguha: Ni igiki gituma imfungurwa nziza ziryoha uri kumwe n’abagenzi ba somambike? Mbega si uruvange rw’imfungurwa zimeze neza hamwe no kuba kumwe n’abagenzi bahimbaye turi ahantu twumva tworohewe? Urabona, amakoraniro yacu aratuma duhimbarwa nk’ukwo nyene, ariko hoho ni mu buryo bw’impwemu.
3 Ibintu bishikirizwa ku makoraniro birubaka, uhereye ku bintu bifitaniye isano n’ingorane zo mu buzima bwa misi yose ugashitsa ku vyigwa biva mu buhanuzi bwa Bibiliya bukwegera. Haratangirwa inyigisho zirashe, izo na zo zikakwigisha uburyo bwiza kuruta bwo kubaho hamwe n’ingene wotorera umuti ingorane uhura na zo. Abagenzi duhurira ku makoraniro ni bo beza kuruta abo twosanga ahandi hose, kandi haba hari akayaga ko mu vy’impwemu keza kandi katagiramwo akaga. (Zab. 133:1) Ntibitangaje kubona umukobwa umwe akiri muto yaravuze ati: “Nirirwa kw’ishure umusi wose ukarenga, kandi ivyo biranca intege. Mugabo amakoraniro ameze nk’umugezi mu bugaragwa, aho mpembukira nkitegurira umusi w’ishure ukurikira.” Uwundi yavuze ati: “Nasanze kugira ubugenzi bwa somambike n’abandi bakunda Yehova bimfasha kuguma ndamwiyegereje.”
4 Wiyandikishije mw’Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi, uriga gutororokanya amakuru yo muri Bibiliya, ukayasobanura mu nsiguro ushikiriza, hanyuma maze ukayashikiriza mu buryo bw’ikiganiro imbere y’abantu mu Ngoro y’Ubwami. Iyumvire inyungu iva ku kuba waramenyerejwe kwigisha n’ubuhanga ukuri gukiza ubuzima kwo mw’Ijambo ry’Imana! Ni hehe handi abakiri bato bashobora kuronkera ukumenyerezwa mwene ukwo kw’agaciro?
5 Uburyo bwo Kuronkera ku Makoraniro Akunguko Karushirije: Kugira umuntu aronkere ku makoraniro akunguko karushirije, hariho ibintu bitatu bihambaye bisabwa. Ivyo na vyo ni ugutegura, kugira uruhara mu makoraniro hamwe no kubigendera.
6 Nuyitegurire: Nutegekanye umwanya wo kwama utegurirako amakoraniro. Ntiwemerere ibikorwa vyo kw’ishure, akazi k’igihe gito canke udukorwa two kwiruhura ngo bigutware umwanya ukeneye wo gusubiramwo hakiri kare amayagwa azoshikirizwa kw’ikoraniro ryose. Ivyo birafasha kugira akamenyero keza. Ikintu ca mbere na mbere ukwiye kugira, nugume ukurikiza rwa rutonde rwo gusoma Bibiliya ku ndwi ku ndwi rwo mw’Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi. Gusoma no kuzirikana ku musi ku musi ku bigabane vyatanzwe, bitwara iminuta mikeyi. Niwibikire umwanya wo gutegura Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero be n’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Bamwebamwe ivyo babigira hasigaye umusi umwe canke ibiri ngo ayo makoraniro abe. Uko bishoboka kwose, nubigenze kuno nyene no ku bindi bigabu bitondetse mw’Ikoraniro ry’Umurimo umushamvu ku wundi.
7 Nuyagiremwo Uruhara: Bibiliya ivuga yuko Yezu afise imyaka 12, bamusanze mu rusengero, ariko yumviriza, abaza ibibazo, yongera atanga inyishu. (Luka 2:46, 47) Mu yindi mvugo, yari yagize uruhara atiziganya. Uzokwungukira ku makoraniro bimwe birushirije niwagira akigoro ko kugira uruhara muri yo.—Imig. 15:23.
8 Urakeneye kwitunira n’umwete ku biriko birigishwa ku makoraniro. Rimwerimwe kwumviriza insiguro biragora kuruta kuyishikiriza. Kubera iki? Umuzirikanyi wawe woshobora kuyerera igihe uwundi muntu ariko aravuga. Ivyo wobirwanya gute? Mu kugira utwo wandika. Nuze urandika ibintu bikurubikuru ushaka kuzokwikorako hanyuma. Ugira ico wanditse bizogufasha kuguma ushize umuzirikanyi wawe kuri porogarama. Ikindi, nuze urarondera ivyanditswe, wongere ukurikire igihe ivyo bisomwa n’umushikirizansiguro.
9 Vyongeye, nugire ihangiro ryo kugira uruhara mu kiganiro cose c’ibibazo n’inyishu ku makoraniro. Uzohungukira mbere kuruta niwaguma uzirikana witonze ivyo ushaka kuvuga. Mu Migani 15:28 havuga hati: “Umutima w’umugororotsi witondera ivyo wishura.”
10 Nugendere mu vyo Wiga: Intambwe ya nyuma ni iyo gukenguza neza yuko ivyo wiga biriko ‘bikorera muri wewe.’ (1 Tes. 2:13) Uko ukoresha ingingo nziza wize kw’ikoraniro ryose, uzorushiriza kwiyegereza cane Yehova Imana. Azokubera uwuriho koko, kandi uzogira umunezero usumbirije kandi wumve ko ushize akanyota uko ‘uzogendera mu kuri,’ ukakugira ukwawe.—3 Yoh. 4.
11 Bavukanyi namwe bavukanyikazi mukiri bato, uko muzoza murategura amakoraniro mudahorereza, mukagira uruhara muri yo, kandi mukagendera ivyo mwiga, muzokwinovora amakoraniro bimwe bishitse. Muri ico gihe nyene, muzoyaronkeramwo akunguko karushirije gashoboka. Ukwizera kwanyu kuzokomezwa, mwongere mukomerezwe umwiyemezo wanyu wo kuguma muri abizigirwa kuri So wo mw’ijuru, Yehova.—Zab. 145:18.